UMUSI WA GATATU:
Ku musi ugira gagatu, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri n’igice, bitangurira ku gushikirizwa incamake y’ivyakozwe ku musi wa kabiri (italiki 8/9/2015). Yashikirijwe n’umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA. Haciye hakurikira ikiganiro kigira gatandatu cashikirijwe na Patiri Audace NZOPFABARUSHE, ajejwe Ibiro Nshingwabutumwa muri Diyoseze ya Gitega.:
IKIGANIRO CA 6: KUGWANIRA ITORWA N’ITEKA RY’URUGO (Abbé Audace NZOPFABARUSHE, ).
Yatanguye agira ati: "Iki kiganiro kimeze nk’isubiramwo ry’ivyari bimaze kuvugwa, kuko nza gushimangira ivyo abindi biganiro vyabigishije!"
Intambwe z'ico kiganiro ni izi:
1. Ibisomwa bibiri vyo muri Biblia (A.T)
a) Gn 1,26-29: Imana ivuga iti: “Tugire umuntu, tumwishushanye, ... irema umugabo n’umugore..., irabahezagira,...ibabwira iti: ni murondoke,...mugabe ibiri kw’isi vyose..."
b) Gn 2, 4b-25: “Igihe umukama Imana yagira ibintu vyose, nta kintu nakimwe cari kw’isi... nta n’umuntu yari kw’isi ngo ayirime, ..hama Imana irarema umuntu..."
P. Audace ati: “Narondeye aho nfatira, kuko inyoni iguruka yisunga igiti; Imana itavuze umuntu ntiyovuga!
2. Amajambo yo gusigura dufatiye kuri ibi bisomwa:
a) URUGO: ni iki? Iyo tuvuze urugo ngaha, tuba tuvuze umugabo n’umugore wiwe be n’abana babo. Mugabo, hari Hari abariko barafata ijambo umuryango bakarisubiriza urugo.
b) ITORWA:
Imana yatoreye urugo ibintu bitatu: 1º) Ugutanga ubuzima, 2º) Urukundo no 3º) Gutunganya ibindi biremwa
c) ITEKA: ku bwa Marie Rodegem, iteka n’icubahiro. Iteka ry’urugo ni ico gituma rwubahwa, rusonerwa atanuwurinze kubikubarira.
Imvo zituma urugo rusonerwa:
- Ku bwa Africae Munus, n.41: urugo ni ingoro y’ubuzima. Ni umuribo w’umuryango w’abantu (cellule de la famille)
- Ku bwa Familiaris Consortio n, 75: kazoza k’isi n’ak’Ekleziya gaca murugo.
- :Inama nkuru ya Vaticano igira kabiri (C.Vat. II, G.S, 47-52) nayo iti: !Iteka n’ibanga ry’ukwubaka rukistu, n' ibanga ry’urugo.
d) UKUGWANA/UKUGWANIRA: ni ukugwanya ikikugeramiye. Kugwana ni ugufora ibigwanisho ushaka kugwanya. Ibiganiro vya 2 na 4 vyarekeranye ko itorwa n’iteka ry’urugo biriko biragwanywa. Kandi vyatanguye kuva rukiremwa. None rero dutegerezwa kurugwanira.
3) Ingene itorwa n’iteka vyogwanirwa.
- Igisabisho: kumwe kwa Yezu yavuga ati: “Ivyimburwa ni vyinshi abakozi bakaba bake, ni susabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Yemwe abeshe buhoro. Ingo ni nyishi, turategerezwa gusenga ngo zigwanirwe kandi zikingirwe n’Imana yaziremye ikazitera iteka n’ishaza. Turategerezwa kwigisha ingo zikisabira.
- Ubumenyi n’inyigisho vyerekeye ingo: ibihanze ingo ni vyinshi ariko kandi hari n'ivyo gukora ngo tuziteze imbere, tubimenye kandi tubimenyeshe abandi. Erega umbujuju burasubiza inyuma urugo. Ikiganiro ca 4 carabidushikiyeko: izo nyigisho ziza mu nyigisho z’Ekleziya no mu nyigisho menyamuntu
- Gutororokanya ibihanze urugo aha, na hariya , kuko ntibisa hose
- Kwigisha neza ibwirizwa yra 4, irya 5, n’irya 6.
Irya 4 ririgisha abavyeyi n’abana ingene bazigana itorwa ry’urugo. Irya 5 riratanga umuco ku vyerekeye kwubaha gose ubuzima bw'umuntu. Irya 6 ritegura urwaruka rikabazigamira kuzokwubaka neza, batiyanduje.
- Gutegura neza abitegurira kwubaka rukristu, (badukundiye): harakwiye inovisiya yigisha kwitegurira ibanga rivyara ayandi yose!
- Kugwiza no kwigisha abategura abubaka ingo rukristu.
- Hejuru y’ivyo vyose rero, ni ugushiraho Imana. Imana isumba abahinga, bamwe batuzanira ivyiyumviro bishasha ndongoramigenzo vyiba kandi vyica itorwa n’iteka ry’urugo. Imana irashobora guhongora amenyo ivyo vy’iyumviro vy’abantu.
Ahejeje kutuyagira, Patiri Audace baramubajije ibi bibazo bikurikira:
1. Mbega ntimwofata ingingo itegeka abageni kwigira hamwe, bakareka kwigira ahantu habiri kuko usanga abo 2 badatahuye kumwe inyigisho kandi bategerezwa kubana bazisunze?
R/ Patiri Audace yishuye ati: “Kwigirira hamwe inyigisho zibategurira kwubaka rukristu, nivyo vyiza, kandi ntibirekuwe ko biga inyigisho zose batandukanye. Naho bokwigira kubiri, barategerezwa guhuzwa mu nyigisho bari kumwe imbere y’uko bubakana”.
Patiri Fupi aramwunganira ati: “aba fiancés i Bujumbura barabasaba barabategurira kandi bakabatumira mu nyigisho zidasanzwe umwaka wose, imbere yo kwiyandikisha ngo bazokwubakane, hama hazogere kwubakana bafise umushinge mwiza kandi ukomeye. Si ukwigisha abageni gusa, ni ukwigisha cane abitegura kuzobana, tukabigira hakiri kare”.
2. Abubakanye bataronse umwana, ni urugo canke si rwo?
R/ Ni urugo nyene. Abo bantú babashira mu migwi idasanzwe y’ingo. Umwana ni icamwa c’urugo niko, ariko ni kandi ingabirano y’Imana. Iyo abubakanye bataronse ikibondo, barihangana, urukundo rwabo rugaca rwibaruka ibindi vyiza, na cane cane mu kurera impfuvyi (engendrement spirituel), ukwakira utwanwa bakatugira gwabo mu kutwandikisha kw’izina ry’urugo (adoption).
3. Dusavye iko mwoduha nyigisho zose mu gitabu.
R/Patiri Juvenal ati: “Ni mureme, harategekanijwe 1.500.000Fbu yo gukora igitabu c’izi nyigisho zose ku baje muri iri sabukuru n’abandi. Tubasavye kutazoca mukivundika kure! Muzogisome mucigishe buri munsi.
4. Ko abagabo benshi bataha batevye ntibafashe mu ndero y’abana mwobabwira iki, na rirya urugo ari babiri?
R/ Nka hose mu migwi ifasha ubutumwa bw’Ekleziya, abagabo ni inkehwa: mu mihari, mw’isengero, no mu gutanga imperezwa nyene,... Ico gukora rero ni ukibahanura, bukebuke, ni ukubasabira, na kare Paulo mweranda agira ati: “Ubweranda bw’umugabo w’ikigaba buri mu mugore wiwe”, ariko kandi n’ubweranda bw’umugore w’ikigaba buri mu mugabo wiwe”.
Inyuma y’ico kiganiro bahaye akanya Pariti FUPI Felix ngo yishure ibibazo bamubajije ku nyigisho yiwe. Yarishuye afashijwe n’umwepiskopi.
Bimwe muri ivyo bibazo ni ibi:
1. Mu ntonde z’ivyigwa mu mashure harimwo ivyo kwigisha gukoresha udufuko. None umwigisha w’umukristu yobisimba canke yovyigisha?
R/ Hariho ibintu bibiri vyo gukorerako:
1º) Ico umuntu w’umukristu ári n'ico yogenderrako nk’umukristu: “objection de conscience”: “Uwugutumye kwica uri umukristu ntushobora kubikora”.
2º) Umwigisha arigisha vyose, avuga ukuri kwose, akigisha n’inkurikizi z’ubwo buryo bw’ubuhingurano. Hari abaganga bamaze gufata ico cemezo kandi iyo bahejeje kubisigurira neza abantu, bakababwira ibishobora gushikira uwabukoresheje, benshi baca bababwira bati: “Bayi, urakoze!”. Mu gusigura rero ntitwohera ku nkurikizi zo ku mubiri.
Twohera kuziraba umutima, tugahereza ku nkurikizi ziraba umubiri. Erega ivyo kwishiramwo ibintu mu mubiri bimuhindura uko Imana y’amuremye bimubuza kunywana n’Imana!
3. Abamaraya babigira kubera ubukene. None boheba umwuga ubabeshejeho?
R/ Nta numwe Imana yarekuriye gucumura na rimwe! Iyo abana bakuriye muri bimwe bita kwifasha ku mashure, hari igihe bahava bimenyera bakibaza ko hari igihe babirekuriwe. N’uwiba agira ati nifashije! None Ekleziya yohava igashigikira abo bantú? Ikintu kitwubaka twese nk’abantu kandi kidutandukanya n’ibikoko ni ukwirimbura no kwigumya. Bene abo bantu rero ni ukubegera, tukabanza tukabakiza ku mutima, ahandi ho naho wobaha umutahe ungana iki, ntiboheba ico bagize ingeso, Imana bataye!
5. Abaremesha kiyago bigisha ugukoresha ubuhinga bw’ubuhingurano bwo kurondoka barashobora gusangira?
R/ Birakenewe ko abantu bigishwa bakamenya uko ibintu bimeze. Uwakoze igicumuro akizi we nyene ategerezwa kwibwiriza kutegera Ukaristiya. Ari ukwigisha gusa atari uguhimiriza kubukoresha, ntangorane, no mu mashure n’ahandi abigisha barabigira. Hari ibicumuro bigoye cane rero nko gukorora inda, kubifashamwo, guterera amahera, n’ibindi, ... uwabikoze ntashobora kwegera Yezu mu Karistiya. N’ikigongwe akironka arekuriwe n’umwepiskopi canke uwo yatumye. Icumvikana kandi ni uko umuntu yoba ari nk’umusangizi, umumenyeshamana, aramutse yemera kuja gukwiragiza ubufuko, ntiyosubira kuza muri ubwo butumwa bw’Ekleziya, canke kwakira Yezu.
6. Ko dukenye, hama abazanye udufuko bakabuduha ku buntu, bakanatanga akanoti muri uwo mugambi, turemeshe! –
R/ Yemwe ntawushobora guhitamwo Mamon (imana y’amafaranga) n’Imana y’ukuri icarimwe!
8. Wotubwira iki kunyambaro mbi z’ubu n’indirimbo za Rock-satanique, n’igwirirana ry’amadinidini?
R/ Hari ba bantú bavuga ngo “Kirazira kuvuga ngo kirazira” bararondera uburyo bwinshi bwo gukwegera abantu mu biterasoni, bakoresheje amafranga. Hari aho batanga 1.000.000 y’amadolari bakayaha umwigeme yifotoje yamabaye agahuzu gato gashoboka ngo bamanike iyo foto kw’ibarabara.
Igwirirana ry’amadini naryo nyene rigamije kugwanya ivyiza nshimikiro vy’Ekleziya, ngo mu nyuma hazobe idini rimwe ritagira ishingiro (New age).
9. None abo bantú bishimiye iki ko twebwe abemera twishimiye Imana?
R/ Bishimiye ubutegetsi n’ amafaranga kuko bose ntawuhobahoba mu vy’amafaranga Barimwo abarongoye ibihugu, intara, ibisagara, amashirahamwe akomakomeye kw’isi, …
(...Biracaza...)