Inyigisho yuguruye isabukuru y’ingo ya II muri Diyosezee Nkuru ya Gitega, kuva ku wa 7 gushika ku wa 11 Nyakanga 2015.
Intambuko z’iyi nyigisho :
1. Inyinjizo
2. Urugo n’umuryango mu Burundi.
3. Imana yaremye umuntu, irema umugabo n’umugore.
4. Inyigisho y’Ekleziya mu Nama Nkuru ya Vat.ya II.
5. Inyigisho zibangamiye urugo n’umuryango iki gihe: uguhakana ubutumwa bw’urugo; urugo ruhindanye rukaba urw’abasangiye ibitsina.
1. Inyinjizo.
Ntanguriye ku gushimira Imana na mwebwe mwese mudushikanye kuri rino sango ryiza cane, aho tugiye kuganira ibituraba twese. Nkako, urugo ni urwa bose, umuto n’uwukuze, uwutwara n’uwutwarwa, uwushinzwe kurongora abandi mu kwemera, n’abemera bose, ntasize inyuma n’urya muntu atemera Imana, kuko na bo bariho. Nta muntu n’umwe atibaza ingene urugo rumerewe, kandi akaboneraho kunezerwa iyo rumerewe neza, canke akwumva amaganya menshi mu mutima iyo rumerewe nabi. N’umutwe w’ino sabukuru urabishingira intahe : « Kw’izina rya Yezu Kristu, tuvire hasi rimwe, turwanire itorwa n’iteka ry’urugo, rwo mpetso y’ubuzima ». Kandi ko urugo ari rwo mpetso y’ubuzima, tugiuye uyaga ubizima bw’umuntu, umuntu wese : tugiye kuvuga ibiraba umwe umwe muri twebwe.
Ndakengurukira n’umutima wanje wose mwebwe bavukanyi banje mw’ibanga ry’ubusaserdoti, mukaba murongoye amaparuwase n’iyindi mirwi y’abakristu, mu mwete mwerekanye mu kuronderera iyi sabukuru uburyo bwo kuyirangura. Ndashimiye nivuye inyuma, mwebwe bakristu nkunda cane, kuko mwategereye ico nabatumye, aho nabasaba kumfasha ngo tuyage ibiraba ingo zacu, ari zo zanyu, ari zo mwebwe mwese. Mbega nyene iyo Mutima Mweranda wa Mana Data atabamurikira, kandi akwugurura imitima yanyu, twari kuvyifatamwo dute ? Noneho, ngi vyo birashobotse, turahuriye kuri rino sango twipfuza ko ryodusigira imigisha myinshi izoherekeza ingo zacu, mu rugendo rwazo rwo kugeza umwe umwe wese aba muri zo ku co Umakama amushakako.
Sinoreka gukengurukira Umugwi w’abo dusangiye ubutumwa bw’ingo mw’idiyoseze, Patiri Yuvinali Nkenguburundi n’abagenzi be bamaze imisi, mbere n’amezi badasinzira, kugirango iri sango ntiricererwe na gatoyi. Imana nibahezagire bose.
Muri abo bose, nkengurukira Imana ikorera muri bo. No muri jewe nyene. Iyo Imana itaba ariyo yatugiye imbere, ngo tubone ubukene dufitiye ihwaniro nk’iri, iyo Imana idakorana n’abo bariterereye, iyo itamurikira abaritunganije, iyo tutibuka ko ari yo nkomoko y’urugo, ntituba twicaye hano. Nituyininahaze, nituyishimire, nituyikunde, kandi tuyikorere, muri iyi sabukuru twubaha, kuko iraba ico Imana yo nyene yiterekeye mu muntu. Ir adutabaza ingo nyinshi kandi nyeranda zitumbereye ishaka ryayo, kandi zishobora kwemanga zishimitse, kandi zidakekeranya, ico izituma na ntaryo.
Tugiye rero kumara imisi ine tuyaga ibanga ry’ingo. Murashiruka ubute. Murabigira muvyigirira. Murabigira muzi ko mubitumwe n’Imana, mu gihe c’amahindagu y’abantu, uyu musi bashaka iki, ejo bakipfuza kiriya. Ejo bundi, ingwano ya kabiri y’isi itikije umugabane w’Uburaya, nta wakurako umunwa ngo avuge ivyo kugabanya imvyaro mu rugo ; uyu musi, aho agahimbo kariko karatuma abantu bikwegerako twose, , aho ifaranga ririko riratabagaza imitima, bagahava bahereza ku kwinezereza gusa, bagahindura baartyo urukundo rufatanya umugabo n’umugore mu rugo, ni ho bariko barahamagaza abantu bose , na cane cane twebwe abo mi mugabane wa Afrika, ngo ntibibaruke, naho bobicisha mu buryo butajanye n’ico Imana ishaka ku rugo no ku bantu barugize, canke bukabagirira nabi, kuko bubatera indwara ya kanseri. Mu kwezi kumwe i Roma, abungere bacu bazoba bakoranye ngo babandanye bige inyishu zohabwa intambamyi zigeramiye urugo iki gihe.
Intumbero y’ino sabukuru iri mu civugo cayo : « Kw’izina rya Yezu Kristu, tuvire hasi rimwe, turwanire itorwa n’iteka ry’urugo, rwo mpetso y’ubuzima ». Na co icigwa ngirengo ndabashikirize ni iki : « Ico Imana yashatse mu kurema urugo n’umuryango ».
Ng’iyi ngendo tugiye gukurikira muri co :
v Urugo n’umuryango mu Burundi.
v Imana yaremye umuntu, irema umugabo n’umugore.
v Inyigisho y’Ekleziya mu Nama Nkuru ya Vat.ya II.
v Inyigisho zibangamiye urugo mu bantu b’ubu.
2. Urugo n’umuryango mu Burundi.
Naho twemeza ko ubwenge burahugwa, ni ngombwa ngo twiyibutse ico twonse mw’ibere, ico twahawe mu maraso ya murundi wese, ico abavyeyi n’Imana rero batwibarukanye, kandi bakakiturerana. Ubwo bumenyi bwo mu ntango y’ubuzima bwacu, ubwo bumenyi bwo haziko, ni bwo shingiro bukaba n’iremezo ry’ubundi bwose tugenda turaronka mu buzima bwacu. Ni bwo muco wacu mu Burundi. Kubukengera bihava bitwicira vyinshi, iyo bitaduhitanye twebwe ubwacu.
Urugo ni rwo abarundi bakuriramwo. Hambere aho, n’umwana yabura nyina wiwe yaguma mu rugo. Hashitse isanganya rivuye ku mvo zitandukanye, umwana akavukira ku ndaro, canke akaza kuba ahantu atariho abavyeyi biwe bose baba, uwomwana yaraguma mu rugo gushika akuze, hanyuma akarondererwa inyishu y’ikibazo kimuraba, cane cane ibiraba iragi ryiwe akuze.
Urugo rero ni iyogi ritanga ubuzima, rikongera rikabubungabunga. Urugo ni harya hantu umusore n’umwigeme bafatira ingingo yo kubana iyo bashitse mu bigero, kandi bakerekaniraho ko bageze mu bigero, mu gutanga ubuzima. Ni ho rero abo bemeranije kubana biyemeza gusenyera ku mugozi umwe, ico bafise bakama bagihuriza hamwe. Hambere aho, ukwambara kwasigura ugushika mu bigero, ugushobora gutanga ubuzima. Ni co gituma aha iwacu, imbere yo kumenyana n’abantu b’i Buraya, abambara bari abashitse mu bigero vyo gushinga urugo, ariko abandi bisizeko akabindo, vyaba bikwiye, kuko bitwa ko ari abana. None nta mwana aba gusa imbere y’abavyeyi n’abo bavukana.
Urugo rumaze gushingwa, rwaba urwa babiri, kuko abarundi ntibashima uguharika. Bati : « Rwitey’imanza yenze abagore babiri ». Nako akene se ni ko gasambura imibano n’imigenderanire. Ni ho rero abarundi bo hambere, bagerageza kwirinda ihari n’izindi nyifato zagunda urugo mu buzima bwarwo.
Icemeza ko urugo rwafashe, kwari ugutanga ubuzima. Ntiyari amatungo, canke ukwiyumvikanira gusa kwa bene rwo, ariko kwari ukwibaruka. Abageni babonye ko basamye, barahimbarwa, bakabimenyesha abavyeyi babo, urugo rukaba rugumye, kandi rwemewe. Murumva ingene ivyo vyashobora kuzana ingorane zitari nke mu rugo, iyo hatabonetse umwizero wo gushobora gutanga ubuzima. Abantu baca baja gutabira, mu mayira mwese muzi : kuja ku bapfumu, ugukoresha imihamuro, kwambara ibiheko, n’ayandi mabi yiyongera mu rugo. Wa wundi ati : « Hakuramba, wovyara ». Urugo rumaze guhezagirwa n’Imana ikaruronsa akana, rwaca rukomera, benerwo bakabirira akuya hamwe mu kurutunga, kandi bagakomeza umwumvikano n’ubucuti bw’imiryango bavamwo.
Naho ivyo vyiyumviro bitatweretse ubumenyi bwose buraba imero, ingiro n’ingendo y’urugo rwiza, harimwo ivyiyumviro ngenderwako tudashobora kuvirira ngo n’uko twumvise ivy’iki gihe, canke ngo n’uko abatunzi b’aya mango bashatse kutunigisha inzara tudakurikije ivyabo gusa. Ako ni akarenganyo mu bindi vyose ababanyi bacu mu makungu bashobora kutwosha, tutabishaka, cane cane bitajanye n’ico Imana yaremeye urugo. Ingendo y’uwundi iravuna, cane cane igihe itubaka umuntu mu mpande ziwe zose, nko kumwankanisha n’ico Imana imushakako.
Ndahimbawe no kwumva ingene abarundi, n’imbere yo kumenya Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, bari bafise ibikuru bikuru Imana yatumye urugo, kuva ikiruturemera, kandi ikaruturungikamwo : ugusangira urukundo hagati y’umugabo n’umugore, ugutanga ubuzima, ukuremeshanya mu buzima mu gusangira amatungo n’ibindi.
3. Imana yaremye umuntu, irema umugabo n’umugore (Amam 1,27).
Urumuri rwa mbere dushatse gukurikira ni Ijambo ry’Imana. Ni ryo tara ritumurikira. Ijambo ry’Imana ni umutima n’ubuzima (raba Yoh 6,63). Ku wemera, nta yindi nzira ishikana ku kuri. Na ho abantu bogenda baranyegurura ibintu bitari bike mu biremwa vy’Imana, nta na kimwe coza kivuguruza ico Imana yashize mu kiremwa na kimwe kimwe. Mbere, baranyegurura, ntibarema: ijambo ry’intango ni iry’Imana. Na wo umusozo w’ico abantu bize, ntiwoheza ngo usambure ico Imana yadushatseko « kuva mu ntango » (Amam 1,1).
Imana ni yo yaturemye. Ntitwaje tuva m nguge, canke mu kindi kiremwa nka twe coba cegereye umuntu. Kandi, naho ivyo vyoba vyarabaye, aho ubutigu bugereye, Imana yarashize mu muntu « agashusho kayo », intango ya mbere y’ubwuzure bwayo na twe. Nta kindi kiremwa gifise ako gashusho. Ubwiza bw’ibiremwa naho bwongana bute, nta buza bwegera canke busa n’ako gashusho dusanga muri bene Adamu. Iteka ry’umuntu rifatira aho, kandi ntidushobora kuryirementaniriza ngo turishobore. Nta ho biraboneka.
Mu kumurema, Imana iti : « Ase na twe » (Amam 1, 26). Ukwo gusa n’Imana kutubwira ko duhabwa ubuzima bukomoka ku Mana ; ko na twe dufise ububasha bwo gutanga ubwo buzima nyene.
Imana iraheza irema umuntu, « umugabo n’umugore » (Amam 1,27) : mu bantu harimwo umugabo, hakabamwo umugore. Abo bantu baratandukanye, naho bafise ivyo basamwo. Aho basa, ni ukwo Imana yabahaye ukugenderanira, ukwuzuzanya muri ukwo kugenderanira, kandi bigatumbera ico Imana yabasangije, ubuzima. Yarabahaye "gukundana », nkuko na yo ari « rukundo » (raba 1 Yoh 4, 8). Rya shusho ryari kuba iki canke rikamara iki, ritabaye kuba urukundo n’ukurwerekana ?
Mu mugabo no mu mugore, hari ubuhinga n’uburyo umwe wese yisangije mu guserura urukundo-gashusho k’Imana umwe wese ari. Ugushaka kubinyuranya, ugushaka kuvyiyibagiza, ngo umuntu yitoze we nyene ico ashaka, ni co Ekleziya idashaka gushigikira vyanse bikunze. Ku ruhandee rw’umuntu mu guserura ukuba umuntu kwiwe, birashoboka ko ahengama, canke akihenda yibwira ko ari mu kuri. Arashobora kujana n’urunganwe, canke agahitanwa n’impararo, canke n’umudeli w’ivyiyumviro aba aashitseko, canke abamwo. Aha ni ho twogamburuka impanuro, ukurerwa, biva mw’Ijambo ry’Imana, imbere yo gushoka twemeza urugerekerane rw’imero rwoba ruri muri kanaka. Kuko nyene mu mico y’abantu b’iki gihe ata kibanza kiriho co kwihangana, co kwihanura, co kwibabaza ngo dushobore kwegera rwose ka gashuho k’Imana muri twebwe, turashobora kwihuta mu kwemeza ubutisubirako, ko urwo rugerekerane rw’imero ari ntibukuka. Aha hantu ni aho kwitondera rwose.
Tugaruke kuri ka gashusho-rukundo Imana yadushizemwo. Ni ko kari mu ntango yo gushaka kubaka urugo. Ni ko kerekana umuntu n’iteka ryiwe ryo gusa n’Imana. Ni ko gakurira mu ntuntu, hanyuma kakamutegurira kubana na mugenzi we bakurikije bwa budasa bwabo bwo guserura urwo rukundo, ari vyo twita « igitsina ». Ubuzima nkomokagitsina canke ndangagitsina na bwo bukarangukira mu rugo babiri bashinze, ari naho baheza bagahurira ku ngingo yo gutanga ubuzima babuha uwo bibarutse. Ubwo buzima ndangagitsina bwagenewe kwungira mu rukundo no mu bumwe ababutoranye, ngo barangure muri bo umugambi Imana yahaye umuntu, aho yamutereka ngo abe ipfundo ry’urukundo nka yo.
4. Inyigisho y’Ekleziya dusanga mu Nama nkuru y’Ekleziya ya Vat. ya II.
Uyu mwaka, duhimbaza imyaka 50 Inama Nkuru y’Ekleziya i Vatikano ubugira kabiri imaze iheze. Ni yo twita mu mpfunyapfunyo, Vatikano ya II. Iyo nama yarakoranije abungere b’Ekleziya yose, bararimbura kandi barigisha igihugu c’Imana cose, mu bibazo vyose cari gifise ico gihe. Twerekeje amaso ku nyigisho iyo Nama Nkuru yadusigiye, turasanga yaradushikiye ku nyishu dushobora kuzigama mu ngo zacu iraba imero, n’ubutumwa vy’urugo.
Iyo Nama Nkuru iyaga urugo ishitse mu bibazo bikuru bikuru kandi vyihutirwa vyaraba abantu b’ico gihe. Npne ha kworoha, ivyo bibazo nyene vyagiye birononekara, inyishu vyoronse ikaza irasubira inyuma kubera imvo nyinshi cane. Iyo nyigisho reero iyaga ubuzima bw’Ekleziya muri iki gihe ca none « Gaudium et Spes », mu numero zayo 46-52. Iyo nyigisho ifatira ku kubaka urugo no ku bibazo biruraba,igateba igashika ku rugo ubwarwo nyene.
N°.47 : Ugutunganirwa kw’abantu bose, abakristu n’abatari bo, kurafatanye rwose n’ugutunganirwa kw’abubatse n’ingene baba fatanye mu nda. Abakristu barahimbarwa babonye ko urugo rwabo ruba rumeze neza , kandi rukunganira mu kumererwa neza kw’abanyagihugu babana.
Ntituyobewe ko henshi hari intambamyi nyinshi zigeramiye urugo rukristu, nk’uguharika, ukwahukana, ukwikunda kwatswe amakanda, ukwinezereza umwe umwe ukwiwe, ingiro n’ingendo yo kubuza ibangaryo gutanga ubuzima.
N°48 :Amategeko y’umubano w’urukundo rw’ababiranye yatanzwe n’Umuremyi. Atangurira wa musi, imbere y’Imana n’imbere y’Ekleziya umugabo n’umugore basezerana kubana nk’abubatse. Babigira bashaka ibintu bitatu : ineza yabo, ineza y’abana , ineza y’abantu bose babana na bo. Imana ni yo sôko ry’ukwabirana . Abana bibarutswe babwrizwa kurerwa neza. Abo basangie urugo muri ubwo buryo « babaye umwe, umubiri umwe » (Mt 19,6). Ni co gituma babwirizwa gutabarana, kandi bakihambirira ku bumwe bwabo bw’intahemuka, kandi bw’intacika.
Kristu ni we yujuje iryo teka, mu kurihunda imigisha ikomoka kwa Mana Data. Nkuko Imana yapfunditse insezerano yayo n’igihugu cayo, Kristu agaserura ubwo bumwe mu kwigura Ekleziya bwa Mucance wayo, ni ko n’ababiranye babwiriizwa kugiriranira. Ni co amarira abubatse rukristu, mu kuguma hamwe nabo mu masakramentu bahabwa. Urukundo rw’ababiranye ruvomma imero n’inguvu zarwo mu rukundo Imana ikunda igihugu cayo, rugakomezwa na Kristu Mucunguzi wacu, na Ekleziya iishikana abantu bose ku rukiza rwa Kristu.
Abana bavukira muri ubwo bumwe na bo barigishwa n’abavyeyi babo urukundo ruva ku Mana, bakarukuriramwo.
Ugupfakara na kwo nyene kugumye kugaburirwa n’urukundo rukomeye rwafatanije abari bubatse , kurashobora gushikana mu bweranda uwusigaye inyuma y’urupfu rwa mugenziwe. Kugaburiwe na bwa bumwe bwari bufatanije senaka na Inanaka, kwunganiwe n’ibanga uwo asigaye agumiriza uwashengeye, kurashobora kugumya mu bumwe abari basangiye urugo.
N°49 : Urukundo ruri hagati y’ababiranye rurisangije imero n’ingendo. Rukomoka ku Mana. Ruzigamwa mu bwerentegerwa bw’abubatse, bubafasha kuzigamanira ibanga ; Rwerekana ka kanyota Imana yandika mu muntu, ngo yame acuditse na mugenziwe badasangiye igitsina ; rufatanya imibiri n’imitima ya bene kurruhamagarirwa ; Umukama yararutosoye akabi kwose, ararutagatifuza we nyene ubwiwe, ararutera iteka ryo gusa n’urukundo rw’Imana. Ntirusa rero n’ivyo umuntu akoreshwa n’ibishobisho vyiwe, canke n’ubundi bushirasoni buhenda umuntu.
Urwo rukundo ni rweranda. Urwo rukundo rushira mu nzira y’ubweranda bene kururangura kw’izina rya Kristu. Ruzira guharikwa. Ruzira kwahukana. NOneho abarurangura kw’izina rya Kristu bararonkera muri rwo ubukomezi bw’ibanga ryabo, bakarishikana mu butungane no mu bweranda.
Urwo rukundo nyene ni rwo rutuma abubatse rukristu bbitangiranira ngo barondoke. Baronse umwana, baramwihebera mu kumurerana urukundo ruva ku rwa mbere.
N°50 : Ukurondoka kw’ababiranye rukristu ni ho kuva. Ukwibaruka abana ni ingabirano abubatse bakirana urukundo bafitiye Imana. Kuko bakunda Imana rukundo, bakishushanya na yo, na bo bahamagariwe kurushikana ku bandi bantu bashasha, ari bo bana babo . Uwaremye abantu ba mbere, ni we yashatse gusangira igikorwa ciwe co kurema n’abo bantu nyene, ati : « Nimurondoke, kandi mugwire » (Amam 1,28). Abubatse rukristu barabwirizwa gusangira n’Imana urukundo rwayo rurema, kandi rugakiza.
Abubatse rukristu barategerezwa reero gutanga ubuzima, mu kwibaruka abana bashobora kurera. Ni ibanga ryabo bwegu. Ni bo baritunganya, bafatiye ku buryo bwabo no ku neza y’abo bibarutse, imbere y’Imana n’umutima wabo, batibagiye n’ineza y’abandi bantu. Ababiranye rukristu ntibashobora kurondoka ukwo bishakiye, biyibagije ko ari abatumwa b’Imana rurema. Mu kurangura ico gikorwa c’ubutumwa, baarifashisha na none izindi ngabirano ndemanwa Imana yabaremanye, kandi zidashobora kurwanya intumbero ya mbere baronse, kwa gusangira n’Imana ibanga ryo gutanga ubuzima. Ni ho umukristu abwirizwa kwama yibaza ingene yorangura neza ubwo butumwa, ntapfe gutorana uburyo bwononera iryo torwa rihambaye yaronse. Abubatse barabwirizwa guhanuza no kugamburukira abarongoye Ekleziya baramutse badatomokewe muri ubwo butumwa, mbere bagafata inzira beretswe n’abo barongozi bashinzwe kumurikira abana b’Imana mu gushira mu ngiro ubutumwa bwo gutanga ubuzima bajejwe. Vyongeye, ni bo basa bashobora kwigenera igitigiri c’abana bokwibaruka, mu mwumvikano, ata gahato kari kw’izosi. Si Leta, si ubutegetsi ubwo ari bwo bwose, si n’idini, kuko atari ryo rishinzwe rya banga rihambaye rifatanya abubatse n’Imana Rurema.
Ukwabirana ntikwatumwe gusa iryo banga ryo gutanga ubuzima. Iyo bidashobokeye abubatse rukristu ko bibaruka, babwirizwa kumenya kwakira iyo ngorane y’ubuzima bwabo, mu gushigikirana no mu guhuriza hamwe ngo bafate ingingo yobunganira neza, nk’ukurera impfuvyi, n’ibindi bikorwa vyiza bishobora kwerekana ubuvyeyi bwabo.
N°50 :Urukundo rw’abubatse n’ugusonera ubuzima bw’umuntu biraherekeranya mu rugo. Iri jambo riraba ubuzima butangwa mu rugo.Igitigiri c’abana bibarukwa n’urugo ni ikibazo gihambaye. Ariko kibwirizwa kwitabwa na bene urugo. Nta bandi bagifiseko uburenganzira. Abandi barashobora guhanura, guterera ivyiyumviro. Ariko nta muntu n’umwe asubirirra bene urugo. Amaleta amwe amwe arahohotera ingo mu kuzitegeka ko zibaruka igitigiri yashinze. Ariko iyo ngendo ni iy’intwaro y’agahotoro, y’ingimba, y’akarenganyo. Ni ho rero ico kibazo kidashobora kwibagirwa, ngo abubatse bacigirwe n’abandi.
Hari abantu baca mu mayira adatunganye, barondera gushika ku nyishu y’ikibazo c’abana bokwibaruka. Ayo mayira na yo ni ya yandi yo kugabanya imvyaro uciye ku rushing no ku binini bibuza ubuzima gutera imbere, kandi buba bwatanguye. Niho tubwirizwa kwitondera. Nta cobangamira rwa rukundo rw’abubatse n’amateka y’Imana adutuma gutanga ubuzima. Tubwirizwa kwitwararika, ngo vyompi nyene bironke inzira yavyo isanzwe.
Ntidushobora kuvuguruza Imana : ni yo nyene ubuzima. Ico ivuga ku kuzigama no gusonera ubuzima bwa kiremwa muntu ntikivirirwa. Ukwica abana mu buryo ubwo ari bwo bwose, canke ugukorora inda, ntibishobora kuronka ikibanza mu buzima bw’umwana w’Imana. Mu kuringaniza ukurondoka kwiza, ukurondoka gukundira abavyeyi bompi kugumana amagara meza, ay’umubiri n’ay’umutima, abana b’Ekleziya ntibashobora gukoresha uburyo butemewe n’inyigisho yayo. Erega iryo banga ntituzoribazwa n’abo kw’isi gusa : tuzoribazwa n’Imana nyabuna, aho tuzorengukira imbere yayao. Kandi n’ubu, ko turi kumwe na yo, turirangura itubona, turirangurira mu maso yayo, ari na co gituma tworyamiza imbere yayo, mu rukundo rwayo. Tubwirizwa rero kurirangura dukurikije ishaka ry’Imana.
5.Inyigisho zibangamiye urugo mu bantu b’ubu.
Ivyo tubona aha iwacu.
Ukubura ikiyago mu rugo, kubera ububegito bw’umwe mu bagize urugo. Ukutaganira mu rugo, andi bikaba akamenyero k’imisi mike birasambura urugo, bikarwica, iyo bitavuwe hakiri kare. Sinovyita inyigisho ubwavyo. Ariko hari abantu bamwe bamwe babitorako ingiro n’ingendo, bigahava bibasiturira urugo.Ibi bifatanye n’ugusinda, ugukubitana n’ayandi mabi ababaza umubiri w’umuntu, gushika n’aho umutima wiwe utunguruka.
Ukwuja ku bihuha ni vyo bihava bikurikira iyo ngiro n’ingendo. Birahava bikaba ukubesheranira gusanzwe, maze bene urugo bagakimbiranira, gushika n’aho bafata ingingo yo kuvana.
Ukutitwararika ineza y’abana mu buryo bukwiye, na vyo nyene biriko birata mu rudubi abana n’abavyeyi. Kenshi, abana ntibiyumvirwa bikwiye, mbere, hariho abavyeyi bittwararika kurara bariye, canke bakijije igufa ryabo, ariko abana batamerewe neza. Erega na bo bari mu rugo, kandi barafise uburenganzira bwo kumererwa neza bungana, canke mbere buruta ubw’abavyeyi babo.
Ibiyayuramutwe n’inzoga biriko birasivya itorwa ry’urugo n’iteka rufise imbere y’Imana n’abantu. Bifatanye n’amatungo ya cane avuye ku butare bwimbwa irya n’ino mu Burundi. Mu micungararo y’aho bukorerwa ijoro n’umutaga, ingo zarasivye : abagabo n’abana barazimiriye muri ivyo bikorwa vyoshoboye gukiza ingo, ariko bifatanye n’ukunywa inzoga be n’ibiyayuramutwe, bigaca bizisuka mu manga.
Ntitwibagire amaronko azanana na politike : iyo umwe mu bagizze urugo asunitswe n’abafise ubutegetsi mu bukuuru canke mu kazi kari kure y’imuhira, ntituba tukibara urugo rwacu : ni ho rero iharika riba ndanse kuri abo bantu.
Naho uguharika bitigeze vyerera abarundi, kuko bamye babona ikibi cinyegejemwo (ibuka ya migani yo hambere), muri iyi misi biriko biribagiza itegeko ry’igihugu ryo 1980 ribuza guharika. Ukwo guharika na kwo kuva ku butunzi, canke ku kazi kaba katari hafi y’imuhira, maze urugo rukayangara na bene intwaro babibona. Ha kubura akazi, ugata urugo rwawe, ukaruburira umwanya n’ibindi birushigikira. Ibi biriko birafata iyindi ngendo mu bisagara no mu bigwati vyababa ibisagara : ukuguranana abacance, abantu bashaka ukwinezererwa kurengeye urugero. Ivyo biri cane cane mu gisagara ca Bujulbura, ca Rumonge. Ariko n’ahandi turahakwa gufatwa.
Ukwahukana na kwo nyene kwasubiye kwongerekana, bifatiye ku mashure abacance batanganya, ku maronko badashobora koronkera hamwe, ku mohe ava irya n’ino, akaremera abacance, hanyuma bagacanamwo, bagahava basaba ugutandukana.
Ukutibaruka kwamye kwononera abarundi urugo. Na none nkuko twatanguye tubivuga, ukwibaruka kwari icemeza gikuru c’urugo rwaramye. Kuri benshi, iyo kudashotse kuba, bizana icuka kibi mu rugo, gushika n’aho benerwo basaba kurusambura.
Ikiza Sida carononye ingo nyinshi cane : ntoko n’izindi ndwara z’intakira ziteragira amarira mu ngo, Sida yo iragisibije. Ni co gituma uburyo bwiza bwo gutuza iyo ndwara, ari ukugumya urugo rwiza, rurangwa n’urukundo be n’ikiyago ca misi yose.
Inyigisho zigeramiye urugo zivuye mu makungu.
Ubwigenge bw’umupfasoni, canke bw’igitsina kobwa bizoshitsa kure abantu b’imihingo yose kw’isi. Twese turazi ingene Imana yagabiye ingeso nziza umwana w’umwigeme : uretse rero abaca bafatiraho ngo bamwigize kure y’ishure canke y’ubundi bumenyi bumutuma abangabanganwa n’umuhungu, hari abafatira ku ngeso ndemanwa ziwe zo gukunda ibikorwa vyo muhira, bagaca bamubuza gutera imbere nk’abandi. No ngaha iwacu, biribonekeza rwose, kandi biratuma ingo zacu zidatera imbere kuri bose. Ya nyigisho yo guhabuza ubwigenge bw’umukobwa, kandi bukaririmba ukungana kwiwe n’umuhungu, ni yo iriko irabica bigacika, bene kuyigwaqnira bagashaka kuyicisha mu mpande zose z’ubuzima. N’inyambaro ari inyambaro, ikaza ishaka kubishira imbere, maze ku muntu atabizi akagura impuzu ukwo ayisanze, ariko yo yagiriwe gushikana kure ivyo vyiyumviro. Mu rugo rero ntitworindiriye kubibwirwa. Twokwitwararitse guha abana bacu indero izobateza imbere bose, ata wandya wangura. N’aya mashirahamwe y’abapfasoni agenda anyejemwo ako gatima, gushika naho abayakunda itabuntu bashika imuhira bahindanye, bayoberanye, maze urugo ntirube rukiri ruzima.
Ukwiyumvamwo igitsina utambariye, wari umuhungu ukiyumvamwo umukobwa, wari umukobwa ukiyumvamwo umuhungu, ngiyo iyndi ngorane ihambaye iriko irateragirwa mu bantu, canecane aha iwacu, aho tubisukwamwo n’amakungu, twebwe ubwacu tutaronse uburyo bwo kuvyibonera neza, kugirango dufasheee abana kubaho muri vyo. Amatati vyazanye ari kwinshi : kubimenya neza mu mwana ariko araruka ; kubimufasha ngo ashobore kubitegera neza yongere avyakirane umutima w’Imana ; kubihubura mu bantu bavyiyumvamwo ; gukundira abo bantu kwubana bwa rugo, nkuko amakungu amwe amwe ariko arabishikako. Iki kibazo kiriko kirateranya abantu n’abandi, kuva aho abadashotse bavyemera mu migenzo yabo baca barabwa nk’abamenja. Twebwe ibihugu bikiri vyoro, amakungu aca aduhanisha kutwima imfashanyo z’iterambere, canke tugahanwa mu bundi buryo bwinshi.
Umusozo.
Urugo ni intabonwa. Aho rukiramye, abantu barakomeye ku mutima no ku mubiri, naho batoba batunze umurengera. Aho urugo ruriko rurapfa, ibintu vyose biratanguye kubura epfo na ruguru. Washaka amatungo arashobora kuba menshi, ariko ataho uyashikiza, aca ashira nk’ifu y’imijira.
Ntitwijajare namba, kuko urugo rurashobora kuduca mu myanya y’intoke, tukarubura iyo twarubonye. Ni igikorwa ca twe : abakuze, urwaruka, abana bakiri bato, abantu bariko barashika mu zabukuru.
(+ Simon NTAMWANA , Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega)