Skip to main content

Guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro muri paruwase SHOMBO

Kw’igenekerezo rya 19/11/2023, inyuma y'inkuka y'imisa yaherejwe mw’isengero ya paruwase, aboro batowe mumibano yose igize Paruwase, bakoraniye hamwe barasangira inzimano muntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe.

Uko umwaka utashe paruwase ya SHOMBO iratunganya ingene bohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro aho abajejwe ubutumwa bwa karitasi bafashanije na Patiri mukuru baheza bagasaba izina rimwe ry'umworo k’umubano maze bagakoranira hamwe uyo munsi bagasangira inzimano n'ikiyago.

Mw'ijambo ryiwe, Patiri mukuru NDAGIJIMANA Jérémie yashikirije abari bitavye urwo rubanza yagize Ati: Ndahimbawe no kwicarana namwe kuri uno musi Ekreziya yashimyeko duhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro. Ariko kandi ntawoguma yifuzako haba aboro ahubwo tworabira hamwe ingene twoduzanya ku buryo atawokwama aharurwa ...ikurikira

UKWUGURURA UMWAKA W'UBUTUMWA 2023-2024 MURI PARUWASE RUSAMAZA.

Kwugurura umwaka w’ubutumwa ni igikobwa ngombwa gihera ku rwego rwa Diyosezi kikabandaniriza mu ma paruwase ayigize.

Kw’igenekerezo rya 12/11/2023, muri Paruwase Rusamaza, Diyoseze Nkuru ya Gitega, haruguruwe Umwaka W'UBUTUMWA wa 2023-2024. Abari imbere y'abandi yari komite y’inama nkuru ya Paruwase, inshingwamuryango zo mu bisata vyose, abaserukira imihari n'imigwi yose y’ubutumwa yo muri Paruwase, abaserukira urwego rw'abakristu balayike. Ivyo birori vyabaye mu misa ya 2 birongowe na nyakubahwa Patiri mukuru Yozefu BIGIRIMANA.

Mu nsiguro yiwe, yaribukije ko icivugo c'umwaka uheze cadutumirira kunywanisha rwose liturujiya n'ubuzima bwacu. Ico civugo rero ntigihereye aho ko ari ukubandanya tugishira mungiro mu buzima bwa misi yose. Yaciye asomera abakristu inyigisho y'Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, inyigisho yugurura icese umwaka w’ubutumwa.

Icivugo c'uyu mwaka kigira kiti:"Twisunze Inama y'umuryango wa Diyoseze yacu: dukundire Yezu Kristu atunywanishe nawe, dushobore kurekuriranira no gusubiza hamwe".

Igihugu cacu caciye muri vyinshi bibi vyagifutanije: ehe rabe intambara z'urutavanako, urwanko mu bantu, ukwikekana uburozi, abarara ku mugono abandi.... Ivyo vyose bidusigamwo ibikomere ni co gituma kurekuriranira no gusubiza hamwe ari ngombwa. Ni umuti urura ariko uranyobwa kugira dushobore kwubaka ikibano ciza kizira uburyarya. (Innocent ND.)

 

IHIMBAZWA RYA YUBILE Y'IMYAKA YA 75 MUSENYERI SIMONI NTAMWANA

"Naje kugira ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima bwuzuye". (Jn 10,10)

 Hari kuri uwu w’Imana igenerekerezo rya 4 / 7 /2021 ku kirimba ca Bikira Mariya nyina w’Ikigongwe kiri ku Mushasha, aho hahimbajwe  yubile y’imyaka 75 nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana amaze avutse.

Uwo musi mukuru watangujwe n’inkuka ya misa yabereye ku ku kirimba ca Bikira Mariya kiri ku Mushasha irongowe n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega ari nawe nyene urubanza. Iyo misa yagiye gutangura igihe c’isaha zine n’inusu (10h30)

Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe n’umusaserdoti arongoye ico kirimba yarahaye ikaze abenicubahiro bari bitavye urubanza, ati ni iteka dutewe ryo kwakira impundu ya Yubile iza gutererwa muri iki kibanza. Yasabiye umwungere ko ingabirano za yubire zosigasiga umwungere wacu. yagiriyeko anabereka ubukene buri muri ico kirimba ku bijanye n’inyubako kugira ngo abaje gusenga biyumve kuruta kandi bashobore kuronka aho barara mugihe vyoba bikenewe canke inzu y’amana.

Mu nyigisho yiwe, musenyeri Simoni ntamwana yagize ati « umuntu wese mu kanya kose aciye kuri iyi si ni ingabirano y’Imana y’imboneka rimwe, tutakirane urukundo ». yongeye avuga, mugusubiramwo izaburi ya 117 canke 118ati nimushimagize umukama kuko ubuntu bwiwe ari ubw’Imyaka yose.

Yarasavye Imana ko yomugabira kwigura abana bayo, iyo bava bakagera ntihagire n’umwe azimira yaramunshinzwe. Yavuze ati ngabira ubutore bwawe nabura kuri kagashusho kawe wandemana kugira nshobore kurondera ntatezura ubutore bwawe. Ukuramba si ivya muntu, igikorwakinini ni ic’imana, ahandi naho ni ahabandi bantu.

Yarongeye aravuga ko uwo musi ari akaryo keza ko gukengurukira abo bose bagize ico baterera ku buzima bwiwe.

Umuntu wese n’aho yoba imbanyi y’umusi umwe ; n’aho yoba uwatugiriye nabi ni ingabirano Imana iha umuryango w’abantu. Imana yamurelanye agashushio kayo, gatigera gatituka na rimwe….Umwumwe wese muri twebwe arabwirizwa kwunganira mwene wabo…. Nta muntu w’imburakuimazi, ntawe….umuntu wese ni imboneka rimwe, ni ngabirano duhawe ubu, tuyakiriye turayivyaza ibindi vyishi, tuyikengereye naho turayihomba gushika ku muhero w’isi, mbere Imana ikazoyitubaza. Urukundo ni bwo buryo bumwe rudende bwo gusangira uwo dusangiye na Rugira igira ibibondon niyo nzira inshikana kwa mwene wanyu… yabandanije abahamagarira gushira ubwoba ahubwo gukurikira Kristu we yadushikanye ku Mana no kuri benewacu.

Nu mpera y’inkuka ya missa, kabaye akaryo keza ko guha ijambo umukuru w’igihugu cacu Evariste NDAYISHIMIYE. Ati ntiyari kureka kuza kunezerwa hamwe n’umwungere dushimira Imana yo yaduhaye umuntu tuvomamwo ivyiza vyishi. Yarongeye arakeza cane Umwungere kuko yacioye muri vyishi kuko yanabonye igice c’intwaro ya gikorono, yarabonye ukuntu abarundi bo hambere birondera, mbere bikavyara amatati muri bene buruundi. Yahamagariye abari aho kurema muri bo umurundi mushasha, azira amacakubiri.

Yabandanije avuha ati Umusi wose ni intabwe nshasha kansi intabwe nshasha ni inguvu nshasha. Uno musi utanguye intabwe nshasha kandi uzanye inguvu nshasha. Tukuzeyeko vyishi kuko utanguye intambwe nshasha. Kw’izana ry’abarundi yaramukengurukiye kuvyo yakoreye igihuga agakengurukira na Ekleziya Gatolika kuvyo yama aikoro, canecane ibicishije mu gisata cayo ca ODAG-caritas …

Imisa irangiye, urubanza rwabandanirije mu kindi kibanza ahari hateguriwe inzimano. Ni muri ico kibanza nyene hatangiwe utuganuke bashikirije Umwungere, aho hari imiryango , harimwo umuryango w’umukuru w’igihugu, uwa Adolphe Nshimirimana, Uwa Vénérand Ntikazohera n’uwa Hon. Constantin) yamugabiye imodokari yo mubwoko bwa V8 nshasha, ishirahamwe ODAG naryo rimushikiriza intama 25, ikimenyetso c’imyaka amaze aragira ubusho muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

Twobamenyesha ko urwo rubanza rwar rwitabwe n’abanyacubahiro benshi duhereye ku mukuru w’igihudu cacu c’uburundi,uwahoze arongoye uburundi, perezida Sylvestre Ntibantunganya, umushikiranganyi wo gufatana munda, uw’ubutungane, umugwizatunga Venerand ntikazohera, ukushingamateka Constatin, nabandi benshi.

Imana ibandanye ikomeza umwungere wacu nawe abshe gukomeza ubusho yaragijwe.

 

“UMUSASERDOTI YODUSHIKA KU NYOTA”

Inyigisho y’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, ku wa Gatatu Mweranda - Imisa yo guhezagira Amavuta-Umusi Mukuru w’Ubusaserdoti Bweranda. 8/4/2020.

Umusi mukuru wa Pasika uyu mwaka udusanze, kw’isi yose, mu maganya n’ubwoba bw’ikiza c’ingwara iterwa n’umugera witwa CORONA VIRUS. Mugihe ahenshi kw’isi, abakristu bataronse akaryo keza ko guhimbariza hamwe pasika mu Nkuka ya Misa kuko bugaranywe kubera ico kiza, Diyoseze Gitega yoyo yaronse akaryo keza ko kwinovora ivyiza vya Pasika, abakristu bakikije Umwungere wabo.

Ku musi wa gatatu mweranda, kari akanyamuneza mw’isengero nkuru y’Umwungere ku Mushasha mu misa aho abasaserdoti basubiramwo indagano zabo, umwungere agaca ahezagira n’amavuta meranda. Abihebeye Imana n’abakristu isinzi bari bitavye iyo migirwa myeranda. Umwungere,yishimikije ibisomwa vy’uyo musi (Ibisomwa: Iz.61,1.3a.6a.8b-9; Zab. 88; Ivyah.1,5-8; Luk.4, 16-21),  yigishije igihugu c’Imana cari aho muri aya majambo ati:

1.Turi mu misi y’amageragezwa.

Turashimiye Imana idushikanye kuri uyu musi, aho twegereje kwigina Pasika Nyeranda y’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni umusi abakunzi ba Kristu basubira kunezerwa, naho baba baciye mu bibagora bitandukanye. Ni umusi Umukama adusubiza ubuzima, we Soko ridakama ryabwo. Ni umusi dutsinda ...ibikurikira ... 

 

IMPUNDU I NYAKERU N'I MUKOBE !

« Mukanyamuneza ka Yubile y’imyaka 60 Diyoseze yacu imaze, dukenguruke Mutima Mweranda, Ngabirano ya Data na Mwana, we adukomezamwo ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe n’ukuranga hose ivyiza vy’ikigongwe »

Ukwo Umwaka wa Liturgiya utanguye, Umwungere wa Diyoseze arugurura Umwaka w’Ubutumwa mu Ntara zose z’Ubutumwa zigize Umuryango wa Diyose.  Um ntara z’ubutumwa za Mugera na Giheta, uyu mwaka, yabifatanije no kwugurura amaparuwase mashasha.

Nyakeru, Paruwase Paulo Mweranda Umutumwa, ije hageze!  

Kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo niho umwungere mukuru ya Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana yugurura paruwase Nyakeru yitiriwe umweranda Paulo Umutumwa. Uwo musi niho yaciye yugurura umwaka w’ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Mugera, agirako yatira abasangizi bashasha. Mu nyigisho yatanze, yashimikiye kur’aya majambo ngo “Tube abatumwa b’imico myeru yubaka abantu n’igihugu cacu”. Yaramenyeshe abari aho igikorwa ca paruwase : gushikana mu bantu urukundo rw’Imana ivoma mw’ijambo ry’Imana n’amasakaramentu; gukuza abantu ngo bave mu kibi bitwararike iciza, ngo bave mu gicumuro baje mu bweranda. Imico, ibikorwa, ubuzima bwa misi yose atari mu bisabisho gusa,... vyose bitegerezwa kwiyambika ubutore bukomoka ku bweranda. Yatumiriye abari aho kwibaza ico bagiye gukoresha iyo paruwase kugira nti bazotane ikivi abandi mu kumenyesha Kristu Rukundo rwa Data.

Mu kumenyesha ico ari co abasangizi, yavuze ko ari abakristu bemera gutumwa kugaburira abandi Umukama Lire plus... 

 

Iseminari nkuru y’i Gitega yaraye ihimbaje Yubile y'imyaka 25 ibayeho

Yubile yamye ari igihe co kuvuza inzamba, impundu z’akanyamuneza zikasirana, abantu bagashima Imana ku ngabirano yabahaye, mbere bayitura imigambi ya kazoza. Uko niko vyagenze mu gusozera Yubile y’Imyaka 25 y’Iseminari Nkuru y'i Songa, i Gitega.

Mu guzosera Yubile y’Imyaka 25, Iseminari nkuru y’i Gitega (i Songa) yaragijwe Yozefu Mweranda ikongera ikitirirwa Umweranda Papa Yohani Paulo wa II, ibiringo bibiri nyamukuru ni vyo vyaranze urwo rubanza rw’iteka.

1º) Ku mugoroba wo kuwa gatanu, itakiki 17 rusama, habaye uguhezagira ikibanza citiriwe Umweranda Papa Yohani wa II, hamwe no guhezagira icibutso (monument) c’uwo mweranda nyene, cabumbwe n’abanyeshure bo mwishure ryisumbuye ETESA (Ecole Technique Secondaire d’Art de Gitega). Ibirori vyarongowe kuri uwo mugoroba na Nyakwubahwa Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, akaba n’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga.

2º) Bukeye, ku musi w’urubanza nyezina, ku wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Rusama, niho hahimbazwa mu kanyamuneza kamuje iyo Yubile. Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Lire plus...

 

Ukuranga Inkuru nziza y’Ukurekuriranira n’ugusubizahamwe, ihangiro ry’Umuryango w’abihebeyimana watangujwe na Musenyeri Simoni Ntamwana.

Ukurekuriranira no gusubiza hamwe ni igikorwa kitarazwa, ngombwa kandi kikaba umushinge w’ukwogorora mu mahoro arama.

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2019, wari umusi w’Imana ugira gatanu w’ikarema.Umuryango w’abatumwa buzurizamana washinzwe kandi ukaba urongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, waragendeye paruwase Mugera. Intumbero y’urwo rugendo kwari ugusangiza abaho akarangamutima n’akarangabutumwa vy’uwo Muryango, navyo ni ugusasagaza inkuru nziza y’ukurekuriranira n’ugusubizahamwe.

Umwungere yaboneyeho n’ukuganira n’abakozi ba Leta bahurikiye mu mubano Lire plus...

 

Radio-Mariya i Kibeho ! Umva ijwi risemerera!

Ejo haheze kw’italiki 8 kigarama, twarahimbaje umusi mukuru w’isamwa ata gicumuro rya Bikira Mariya. Mu gihugu c’Urwanda naho, kuwa 28/11/2018 i Kibeho, magingo bariko baribuka imyka 37 iheze Bikira Mariya ahabonekeye (ku ncuro ya mbere), Radiyo Mariya-Rwanda yahashinze icese ikibanza co gusamiraniramwo yisunze ko Bikira Mariya yabonekeye mur’ico kibanza, yisunze kandi ko ubukandizi bwa Bikira Mariya mu gikorwa co gusamiriza Inkuru nziza ya Kristu ari ntangere.  Birabereye rero ko turata uwo muvyeyi, tukazirikana n’ingene yaduteye iteka ku kuza kuturamutsa mu gihugu kibanyi.

Amabonekerwa y’I Kibeho. Yatanguye 28/11/1981 gushika 28/11/1989. Niyo ya mbere yemejwe muri Afrika ; Ekleziya yayemeje mu mwaka w’2001, inyuma y’amatohoza akomeye, kandi yisunze amategeko bijanye.

Vyatanguriye mw’ishure rikuru ry’abakobwa riri mu minwe y’ababikira Bene Bikira i Kibeho, atari kure y’i Butare (hagati ya kibeho na butare hari ibirometero 30). Uwitwa Alfonsine MUMUREKE ni we yatanguye kwumva ijwi rya Bikira Mariya , mu nyuma aramubona ngo ari mwiza cane, amuhishurira ko ari Nyina wa Jambo, ko aje kumuhoza, amusaba kwigisha  abandi bana gusenga no kwambaza uwo muvyeyi. Mu ntango benshi baramutwenga bibaza ngo ararwaye ; niho yasaba  Nyina wa Jambo ko yobonekera n’abandi kugirango bashobore kwemera yuko ariwe yaje koko. Yaramwumviye kuko yahavuye abonekera n’uwitwa Nataliya MUKAMAZIMPAKA, hamwe na Mariya Clara MUKANGANGO.

Yarababwiye ko ubutumwa bumuzanye atari ubw’abanyarwanda gusa, ariko ko ari ubw’isi yose. Ahanini ubutumwa bwari ubwo kuturemesha, no kudusaba ibi bikurikira : guhinduka, guharanira ubumwe n’amahoro, kugira utwigoro no gusangira ububabare na Kristu. Yarigeze no kuboneka ariko ararira, ababonekewe baravuga ko beretswe ikiyaga c’amaraso n’abantu bicana. Aho habereye ubwicanyi mu ntambara yo mu Rwanda yo 1994 niho bagiye imahwi baratahura ko Bikira Mariya yari yaje kubaburira.

Igikorwa c’itohoza giheze, niho kuwa 29/6/2001 Musenyeri Ogustino Misago, umwungere wa Gikongoro, kw’izina rya Ekleziya, yatangaza icese, imbere y’intumwa ya Papa, n’abandi bepiskopi, ko Bikira Mariya yabonekeye i Kibeho ku wa 28/11/1981 no mu mezi akurikira , akimenyesha nka Nyina wa Jambo ; ko yabonekeye abo bigeme batatu (Mureke Alphonsine, Mukamazimpaka Nathalie na Mukangango Mariya Clara). Kuwa 31/5/2003 sa yine yo mu gatondo, niho Kardinali Crescenzio Sepe yarungitswe na Papa gukwangura no guhezagira icese isengero ryitiriwe Mariya umugabekazi w’ububabare ryubatswe aho I Kibeho.             

I Kibeho,  BikiraMariya yaravuze ati :

“Ndi Nyina wa Jambo; Umwana wa Mariya ntatana n’imibabaro; Ni mwisubireko bidatevye; Ni mwibabaze mufatanya na Yezu gucungura isi; Ni muzirikane ishapure y’ububabare bwa Bikira Mariya; Ni musenge ubudasiba musengera Ekleziya; Ni mukomere mu kwemera; Ni musenge cane musabira isi; Ni mwisubireko kugira ntimugwe mu manga; Ni muzirikane ishapure n’irozari; Ntawe uzagera mw’ijuru utababaye; Ni mugarukire Imana”.  

A. Timothée HAKIZIMANA. 

 

IIème CONGRES DIOCESAIN DES FAMILLES (GITEGA). Umusi wa mbere (8/9/2015)

Isabukuru ry’ingo rigira 2 muri Dioseze Nkuru ya Gitega ryashitse, ryuguruwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega, ku Mushasha, kuwa mbere (7/9/2015). Ibirori vyo kuritanguza vyabereye mu nkuka ya Misa yaherejwe muri Cathédrale, kuva isaha 9 z'umuhingamo (15h).

Isabukuru ry’ingo rigira 2 muri Dioseze Nkuru ya Gitega ryashitse, ryuguruwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega, ku Mushasha, kuwa mbere, igenekerezo rya 7 nyakanga 2015. Ibirori vyo kuritanguza vyabereye mu nkuka ya Misa yaherejwe muri Cathédrale ya Gitega kuva isaha icenda z’umuhingamo (15h).

UMUSI WA 1:

Abaje mw’isabukuru bahuriye muri Centre Magnificat, mu kigo c’Incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha, igihe c’isaha zibiri n’igice. Batanguriye ku gisabisho kirongowe n’umwibutsamana w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze nkuru ya Gitega, Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI (Kwambaza Mutima Mweranda: Ururirimbo: “Veni creator spiritus mu kirundi”. Ijambo ry’Imana: Ps 127 : Kwizigira indavyi.  +Notre Père + Ave Maria.

1. IJAMBO RYO KWAKIRA ABATUMIRE MURI FORUM.

Umwibutsamana  w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze, A. Juvenal NKENGUBURUNDI yagize ati: “Ino sabukuri ibaye iyigira ka 2, muri Diyoseze yacu ya Gitega. Iya mbere yari yabaye ku magenekerezo ya 28-30/8/2002. Hari mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Papa Yohani Paulo wa kabiri, i Songa-Gitega. Twiteze ko iyi sabukuru izoduha ivyiza vyinshi nk’iyambere, mbere no kuyiruta. Kaze rero batumire, mw’isange ! Mumererwe neza mu misi yose tugiye kumarana. Niyo hagira ico mukenera, murabaze umwe umwe muri twebwe twayitunganije. Muzotumenyera kuri « bage » na « Foulards » (isa n’ibendera rya Vaticano).

Abatumiwe bari mu migwi myinshi, nk’uko  biri kw’ifoto y’abatumiwe (raba hejuru). 

Abaje turavye intara z’Ubutumwa ni aba (abari bamaze gushika izo saha bibiri n’igice z’agatondo):

I. GITEGA : Mushasha: 4; Rukundo 5; Bon Pasteur: 5, Yoba: 2; Magarama: 1; Mucunguzi: 3, Gihiza:5, St Ambroise : 2 ; Reine des Pauvres (Prison) : 0; Mubuga Rutonde: 3

II. GIHETA: Giheta : 5; Murayi : 3; Kibungere:5 ; Mpanuka : 4

III. MUGERA: Mugera : 3, Kirimbi :3 Bugendana : 3 ; Mutoyi : 1

IV. MAKEBUKO:   Makebuko: 5; Buhoro :3; Bukirasazi :4; Ndava : 2; Murenda : 3; Mumuri:1

V. KARUSI: Karusi: 5; Gihogazi: 3; Rabiro:3; Nyabikere:5; Shombo:3;  Gatonde: 1

VI. MWARO: Mwaro: 3; Nyabihanga: 2; Kibumbu: 2; Gisozi: 3; Mbogora: 3;

VII. GISHUBI:  Gishubi: 4; Nyabiraba:6, Nyangwa: 4, Nyarusange: 2, Muyuga, 3; ntita:3

Abandi :

EPM-Gitega: 2, ISPM-Nyabugogo: 1; G.S Kiryama : 1, G.S Gitega: 1;UPG: 3; Université Espoir d’Afrique :2, 

Ly. Communal Karusi: 3; Ly. Ste Marie Auxiliatrice de Gitongo: 1; Ly. Gishubi: 1

Diocèse Muyinga: 1; Rutana:1; Bujumbura:1, Ngozi: 1

Umwibutsamana yaciye asaba ko Umwepiskopi yotwugururira ku buryo bwisanzuye isabukuru.

Umwungere Mukuru, Simoni NTAMWANA  yaciye avuga ijambo ryo kwugurura Isabukuru rigira kabiri ry’Ingo muri Diyosezi ya Gitega, ashimira abariteguye, abariterereye (cane cane abakristu bakwiragiye mu ma paruwase ya Gitega begeranije 13.000.000 Fbu), abarijemwo n’abandi babandanya barisabira.  Yaciye akurikiza inyigisho ya mbere y’iryo sabukuru, nayo yari ifise ijambo ry’Umutwe ngo: “ICO IMANA YAREMEYE URUGO N’UMURYANGO URUKOMOKAKO”.

Yagabuye iyo nyigisho mu mice ine ariyo y’iyi:  

  1. Urugo n’umuryango mu Burundi.
  2. Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore.
  3. Inyigisho y’Ekleziya mu  Nama Nkuru ya Vat.ya II.
  4. Inyigisho zibangamiye urugo n’umuryango iki gihe : uguhakana ubutumwa bw’urugo ; urugo ruhindanye rukaba  urw’abasangiye ibitsina.

Ibiri aha iwacu :

a) Ukubura ikiyago mu rugo : kandi ivyo bikaba akamenyero ka misi yose. Bidatevye ico kintu kirasambura urugo. Ico kiyago tubwirizwa kukirerana abana bacu, kuko batakireranywe bazoca bahengamira kuri wa mu gani ngo . «Umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi ».

b) Ukuja mu bigirwamana : ukugereka ibintu bibi ku bandi, ugasanga imiryango iracanyemwo, iricanye

ukubesheranira, ukwiganza, n’abubakanye bagahava bafata ingingo yo kuvana.

c) Ukutitwararika indero n’ineza y’abana bikwiye : benshi baragenda iyo, bakagisha ! Ntibitwararika abana na cane cane abana bamugaye ! ntibamenya ibitabahimbaye ngo babikosore hakiri kare.

d) Ibiyayuramutwe n’inzoga : abana ba bene abo bantu ntibagoye kumenya : ntibambara, ntibiga neza, … Ahegereye aho bacukura ubutare hoho, abagabo n’abagore barazobereye muri ico gikorwa, bagaca bafatanya n’ukunywa, ibintu bigaca biyangara,..

e) Amaronko azanana na politike n’akazi ka kure y’urugo : bikunda gushikana ku guharika.

Muri iyi misi ivyo biriko biribagiza itegeko ry’igihugu ribuza guharika, bivuye kuri ya maronko, ka kazi kari kure yo muhira. Hari n’umugenzo wa kuguranana abacance wadutse (“échangisme” !).

f) Ukwahukana, bivuye ku mvo nshishi

 (Iyi nyigisho turashobora kuyisoma umurava muri « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru-)

Inyuma y’akaruhuko k’isaha zitanu n’igice, hakurikiye Inyigisho ya 2 y’uwo musi, yateguwe ishikirizwa n’: Umushingantahe Deo SINZINKAYO, akora muri Action Familiale-Gitega.

 

INYIGISHO YA 2: IBIBAZO HIHANZE URUGO AYA MANGO (Mr Deo SINZINKAYO)

 

Mu ntangamarara yaratubwiye ati: “Urugo ni umugambi w’Imana. Ni Ingabirano y’ubuzima. Nico rwatorewe.

Mu gihugu, iyo rwubatse neza rufasha mu guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere. Ariko aya mango, ntirworohewe muri ico gikorwa co guterera mw’iterambere, no mw’ibanga ryarwo nyene.” Ng’izi inkingi z’ikiganiro yaduteguriye: 

 Ingorane canke ibibazo bihanze urugo biri mu mice ibiri: Hari ingorane z’imbere mu rugo nyene n’iziva hanze.

 A) Iziva mu rugo:

 1. Ukudategera neza ibanga ry’ukwubaka urugo:

2. Ubunebwe mu ngo z’abirimizi:

3. Ukuba kubiri kw’abubakanye bitewe n’akazi.

4. Ukutaja inama n’ingingo mw’ibanga ryo kurondoka.

 B) Ingorane ziva inyuma y’urugo.

 1. Itituka ry’imico y’abarundi n’ugutambira akaje.

2. Ubukene buhanze isi:

3. Uruhagarara rutumwa n’ivya politike.

 (n’iyi nyigisho nyene turashobora kuyisanga muri “Souffle pour l’âme”)

Inyuma y’umutaga, twarakirikiranye ikiganiro ca 3 citwa : inyifato ibereye abakristu imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro cashikirijwe na Patiri Deo NITUNGA, patiri mukuru wa Paroisse RUSHUBI, Diosezi ya Bujumbura.

 

INYIGISHO YA 3: INYIFATO IBEREYE  ABAKRISTU IMBERE Y’UBURYO BUKORESHWA MW’IRINGANIZWA RY’IMVYARO (Patiri Deo NITUNGA, Curé de RUSHUBI-Buja)

Murazi ko Imana mu kurema umuntu yavuze ati : “Tugire umuntu, tumwishushanyeko, ase natwe” ibarema ari umugabo n’umugore,irabahezagira, ica ibabwira kugaba isi n’ibiri kuriyo vyose ariko  sivyo bimugaba .

Tobito nawe igihe yarongora Sara, yavuze ati : “Mu kurongora Sara ico nishakira si akaryohemubiri”

Inyifato ibereye umukristu rero imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro ni inyifato  Yezu yadusigaranye : urukundo, ukwihangana, ikiyago mungo, n’ukuraba igitera iteka umuryango kikaninahaza Imana. Ekleziya nico yigisha kuko arico yatumwe kugira ntihagire umuntu numwe yotakara kubera ukutamenya ico Imana imusaba. 

(Rondere iyi nyigisho muri « Souffle pour l’âme »)

 

 

(…Biracaza!)

 

UMUSI UGIRA KA 2 W'ISABUKURU RY'INGO RIGIRA KA 2 MURI DIOSEZE YA GITEGA (9/9/2015)

UMUSI WA 2 (Le 9/9/2015):

 

Ku musi wa 2 w’Isabukuru, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri  zo mugitondo. Umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA yaradushikirije mu majambo make icegeranyo c’ivyizwe n’ivyaganiriwe ku musi wa mbere (ITALIKI 8/9/2015). Haciye hakurikira ikiganiro kigira kane catanzwe na muganga Melchior NGOWENUBUSA, akoreka mu bitaro vyo mu kibumbu, intara ya Mwaro, Diyoseze nkuru ya Gitega.     

 IKIGANIRO CA 4: ITERAMBERE N’AMAGARA MEZA MU RUGO (Dr NGOWENUBUSA Deo Hopital Kibumbu)

 Intangamarara :

 Yatanguye ashima ubutumire aca abaza abahari ko bazi neza ico arico urugo.

Urugo ni iki? Abihebeyimana babana ni urugo? Bamwe n’abandi baratanzde ivyiyumviro vyabo, hama biraboneka ko bitoroshe guhuriza hamwe naho womengo ivyo bibazo biroroshe !

Muganga ati : « Urugo ni abantu baba hamwe kandi bose barondera iterambere ry’ubutunzi hamwe. Abo bantu bashobora kuba bagize umuryango, kandi kenshi bavuga ko ari urugo bafatiye ku muryango ugizwe n’umugabo n’umugore ».

Ng’uku uko yatanze ikiganiro ciwe :

        Urugo ni iki

        Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

        Ibijanye n’iterambere ry’ubutunzi

        Bikuru bikuru bituma iterambere ritaboneka

        Gusozera hamwe n’impanuro ku ngo

 

  1. Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

Muganga Melchior ati: “Nta terambere rishoboka, amagara y’abantu adateye imbere!”

Mu migambi munani y’iterambere y’ikimpumbi ca 3, itatu yose ifatiye ku magara y’abantu:

       Kugabanya impfu z’abana bari musi y’imyaka itanu

       Kugabanya impfu z’abavyeyi (abapfasoni cane cane)

       Kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, malaria n’izindi

 

Nk’uko ishirahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu ribivuga « Gushira imbere amagara y’abantu ni uburyo nyabwo bworohereza iterambere ry’ubutunzi n’imibano » :

Mu cigwa ca gizwe mu mwaka w’2003, basanze kwitaho amagara y’abakene woba umushinge w’ugutorera umuti ibibazo vy’iterambere rirama kw’isi. Bisigura ko gushira umutahe mw’iterambere ry’amagara y’abantu vyofasha cane mu kugabanya ubukene.

 

  1. Iterambere ry’ubutunzi 

Iterambere ry’ubutunzi rijanye cane cane n’iterambere ry’ubumenyi. Aha rero mu rugo hategerezwa gushirwa imbere kurwanya ubujuju. Ubujuju ni intandaro y’amabi menshi :

vUbujuju butuma wigerezako

vUbujuju butuma utigerera

vUbujuju butuma udashishoza

vUbujuju butuma ugenza itima

vUbujuju butuma ugenza umutwe nk’imbasha.

Aha dushaka kuvuga ko ishure n’ibindi bigo bitunganya gukarihiriza ubwenge abantu ari nkenerwa gose kugira tugire ubumenyi bwotuma tuja mw’iterambere.

 

Iterambere ry’ubutunzi rirajanye kandi n’iterambere ry’umutima ni ukuvuga

Bimwe bita kugira agatima nkebuzo (conscience) kuko n’ubumenyi butagira agatima nkebuzo buba bupfuye kandi bukica na kame ka muntu.

Iterambere kandi rirajanye n’ukuja hamwe na cane cane ku bagize urugo, bakaja inama n’ingingo y’ukugene bohangana n’ibibangamiye iterambere ryabo.

vMu kwirinda gusuzugurana

vMu kworohereza iciyumviro c’umwe umwe

vMu guharanira guteza imbere n’ugushigikira ubushobozi bw’umwe umwe wese

vKutarya imitsi abandi

 

Iterambere rirajanye kandi n’amagara meza mu rugo

Ø  Nk’uko twabibonye ahandi hato, urugo rushobora kuba rugizwe n’umugore n’umugabo hamwe n’abana canke ukaba ugizwe n’uwundi mugwi w’abantu bashize hamwe.

Ø  Ku bijanye n’amagara meza mu rugo bijanye n’ivyo twadondaguhe hejuru ariko ukongerako n’imigenzo n’inyifato ya kurwanya ingwara

Ø  Kuko ingwara ituma umuntu abaho ataco akora, bigasaba abamugwaza kandi bompi bari kwunganira urugo mw’iterambere, canke igatuma anapfa bigahungabanya abo mu muryango mbere n’iterambere rigahungabana.

Ø  Ibikuru bikuru bijanye n’amagara y’abantu bindi vyokorwa mu rugo  navyo ni ibi :

Ø  Gucandagisha abana

Ø  Gukurikiza amabwirizwa cumi y’isuku

Ø  Gukurikirana neza ivyo kugaburira umwana, umukenyezi yibungenze canke yonsa

Ø  Gukurikirana ivyo gutandukanya imvyaro

Ø  Kumenya ibimenyetso bimwe bimwe vy’ingwara zituma zifata abantu benshi canke  zihitana abantu benshi : Nka malariya, Ingwara z’ugucibwamwo, Igituntu, etc.  

 

Ø  Kwirinda ibiyayura mutwe

Ø  Gupimisha imbanyi kwa muganga ukurikije ikiranga misi

Ø  Kwitaho kumenya ivyitonderwa mu gihe hari uwibungenze mu rugo (Les signes de danger)

Ø  Kwirinda ico cose cotuma SIDA iza mu rugo

Ø  Kwitwararika kuja kwa muganga hakiri kare utarasinzikara

 

GUSOZERA

Iterambere ry’igihugu rihera mw’iterambere ry’urugo (ry’imiryango) naryo rikavana n’uko abagize umuryango  canke  urugo bakomeye ni ukuvuga bafise amagara meza kandi bitayeho iryo terambere.

 

Inyuma y’ico kiganiro harabaye ibibazo n’ivyiyumviro vyo gusaba umuco no kwunganira iyo nyigisho muri bimwe bimwe.

Isaha zitanu, abari mw’isabukuru  bose baciye bahamvya abandi bakristu isinzi mu nkuka ya Misa yo kwibuka igandagurwa rya Musenyeri Yohakimu RUHUNA (kumwibuka ku ncuro ya 19). Imisa yabereye muri Katedrale ya Kristu Mwami, ku Mushasha, hakurikira gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe iri aho mw’isengero no kucibutso ciwe nyene kiri muri karatiye ya RANGO.

Abari mw’isabukuru babandanije ibikorwa vyabo isaha indwi n’igice, bahera kugufungura, hakurikira ikiganiro kigira ga 5 kivuga IVYIYUMVIRO NDONGORAMIGENZO (Nouvelle éthique mondiale), categuwe, gishikirizwa na Patiri Felix FUPI, Umwibutsamana w’ubutumwa nyunganirango, muri Diyoseze ya Bujumbura.

Ikiganiro ciwe cari gishingiye ku ngingo nkuru nkuru zikurikira:

1°.   Ivyiyumviro ndongoramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu ni ukuvuga iki ?

2°.   Gusambura urugo biciye mu mugambi wo kunganisha ibitsina.

3°.   Ugushira imbere politike y’irondoka rijanye n’amagara meza.

 

(Iki kiganiro tuzokibashirira cose muri ya « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru aha nyene)

 

UMUSI UGIRA 3 W'ISABUKURU IGIRA 2 Y'INGO N'IMIRYANGO MURI DIYOSEZE YA GITEGA (10/10/2015)

UMUSI WA GATATU:

Ku musi ugira gagatu, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri n’igice, bitangurira ku gushikirizwa incamake y’ivyakozwe ku musi wa kabiri (italiki 8/9/2015). Yashikirijwe n’umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA. Haciye hakurikira ikiganiro kigira gatandatu cashikirijwe na Patiri Audace NZOPFABARUSHE, ajejwe Ibiro Nshingwabutumwa muri Diyoseze ya Gitega.:

 

IKIGANIRO CA 6: KUGWANIRA ITORWA N’ITEKA RY’URUGO (Abbé Audace NZOPFABARUSHE, ). 

Yatanguye agira ati: "Iki kiganiro kimeze nk’isubiramwo ry’ivyari bimaze kuvugwa, kuko nza gushimangira ivyo abindi biganiro vyabigishije!"  

 Intambwe z'ico kiganiro ni izi: 

1. Ibisomwa bibiri vyo muri Biblia (A.T) 

 a) Gn 1,26-29: Imana ivuga iti: “Tugire umuntu, tumwishushanye, ... irema umugabo n’umugore..., irabahezagira,...ibabwira iti: ni murondoke,...mugabe ibiri kw’isi vyose..."

b) Gn 2, 4b-25: “Igihe umukama Imana yagira ibintu vyose, nta kintu nakimwe cari kw’isi... nta n’umuntu yari kw’isi ngo ayirime, ..hama Imana irarema umuntu..."

P. Audace ati: “Narondeye aho nfatira, kuko inyoni iguruka yisunga igiti; Imana itavuze umuntu ntiyovuga!

 

2. Amajambo yo gusigura dufatiye kuri ibi bisomwa:

 

a) URUGO: ni iki? Iyo tuvuze urugo ngaha, tuba tuvuze umugabo n’umugore wiwe be n’abana babo. Mugabo, hari Hari abariko barafata ijambo umuryango bakarisubiriza urugo.

b) ITORWA:

Imana yatoreye urugo ibintu bitatu: 1º) Ugutanga ubuzima, 2º) Urukundo no 3º) Gutunganya ibindi biremwa

c) ITEKA: ku bwa  Marie Rodegem, iteka n’icubahiro. Iteka ry’urugo ni ico gituma rwubahwa, rusonerwa atanuwurinze kubikubarira.

Imvo zituma urugo rusonerwa:

-         Ku bwa Africae Munus, n.41: urugo ni ingoro y’ubuzima. Ni umuribo w’umuryango w’abantu (cellule de la famille) 

-         Ku bwa Familiaris Consortio n, 75: kazoza k’isi n’ak’Ekleziya gaca murugo.  

-      :Inama nkuru ya Vaticano igira kabiri  (C.Vat. II, G.S, 47-52) nayo iti: !Iteka n’ibanga ry’ukwubaka rukistu, n' ibanga ry’urugo.

 

d) UKUGWANA/UKUGWANIRA: ni ukugwanya ikikugeramiye. Kugwana ni ugufora ibigwanisho ushaka kugwanya. Ibiganiro vya 2 na 4 vyarekeranye ko itorwa n’iteka ry’urugo biriko biragwanywa. Kandi vyatanguye kuva rukiremwa. None rero dutegerezwa kurugwanira.

 

3) Ingene itorwa n’iteka vyogwanirwa.

 

-         Igisabisho: kumwe kwa Yezu yavuga ati: “Ivyimburwa ni vyinshi abakozi bakaba bake, ni susabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Yemwe abeshe buhoro. Ingo ni nyishi, turategerezwa gusenga ngo zigwanirwe kandi zikingirwe n’Imana yaziremye ikazitera iteka n’ishaza. Turategerezwa kwigisha ingo zikisabira.

 

-         Ubumenyi n’inyigisho vyerekeye ingo: ibihanze ingo ni vyinshi ariko kandi hari n'ivyo gukora ngo tuziteze imbere, tubimenye kandi tubimenyeshe abandi. Erega umbujuju burasubiza inyuma urugo. Ikiganiro  ca 4 carabidushikiyeko: izo nyigisho ziza mu nyigisho z’Ekleziya no mu nyigisho menyamuntu

-         Gutororokanya ibihanze urugo aha, na hariya , kuko ntibisa hose

-         Kwigisha neza ibwirizwa yra 4, irya 5, n’irya 6.

Irya 4 ririgisha abavyeyi n’abana ingene bazigana itorwa ry’urugo. Irya 5 riratanga umuco ku vyerekeye kwubaha gose ubuzima bw'umuntu. Irya 6 ritegura urwaruka rikabazigamira kuzokwubaka neza, batiyanduje.

-         Gutegura neza abitegurira kwubaka rukristu, (badukundiye): harakwiye inovisiya yigisha kwitegurira ibanga rivyara ayandi yose!

-         Kugwiza no kwigisha abategura abubaka ingo rukristu. 

 

Hejuru y’ivyo vyose rero, ni ugushiraho Imana. Imana isumba abahinga, bamwe batuzanira ivyiyumviro bishasha ndongoramigenzo vyiba kandi vyica itorwa n’iteka ry’urugo. Imana irashobora guhongora amenyo ivyo vy’iyumviro vy’abantu.

 

 

Ahejeje kutuyagira, Patiri Audace baramubajije ibi bibazo bikurikira:

 

1. Mbega ntimwofata ingingo itegeka abageni kwigira hamwe, bakareka kwigira ahantu habiri kuko usanga abo 2 badatahuye kumwe inyigisho kandi bategerezwa kubana bazisunze?

 

R/ Patiri Audace yishuye ati: “Kwigirira hamwe inyigisho zibategurira kwubaka rukristu, nivyo vyiza, kandi ntibirekuwe ko biga inyigisho zose batandukanye. Naho bokwigira kubiri, barategerezwa guhuzwa mu nyigisho bari kumwe imbere y’uko bubakana”.

Patiri Fupi aramwunganira ati: “aba fiancés i Bujumbura barabasaba barabategurira kandi bakabatumira mu nyigisho zidasanzwe umwaka wose, imbere yo kwiyandikisha ngo bazokwubakane, hama hazogere kwubakana bafise umushinge mwiza kandi ukomeye. Si ukwigisha abageni gusa, ni ukwigisha cane abitegura kuzobana, tukabigira hakiri kare”.

 

2. Abubakanye bataronse umwana, ni urugo canke si rwo?

 R/ Ni urugo nyene. Abo bantú babashira mu migwi idasanzwe y’ingo. Umwana ni icamwa c’urugo niko, ariko ni kandi ingabirano y’Imana. Iyo abubakanye bataronse ikibondo, barihangana,  urukundo rwabo rugaca rwibaruka ibindi vyiza, na cane cane mu kurera impfuvyi (engendrement spirituel), ukwakira utwanwa bakatugira gwabo mu kutwandikisha kw’izina ry’urugo (adoption). 

3. Dusavye iko mwoduha nyigisho zose mu gitabu.

R/Patiri Juvenal ati: “Ni mureme, harategekanijwe 1.500.000Fbu yo gukora igitabu c’izi nyigisho zose ku baje muri iri sabukuru n’abandi. Tubasavye kutazoca mukivundika kure! Muzogisome mucigishe buri munsi.

 

4. Ko abagabo benshi bataha batevye ntibafashe mu ndero y’abana mwobabwira iki, na rirya urugo ari babiri?

R/ Nka hose mu migwi ifasha ubutumwa bw’Ekleziya, abagabo ni inkehwa: mu mihari, mw’isengero, no mu gutanga imperezwa nyene,... Ico gukora rero ni ukibahanura, bukebuke, ni ukubasabira, na kare Paulo mweranda agira ati: “Ubweranda bw’umugabo w’ikigaba buri mu mugore wiwe”, ariko kandi n’ubweranda bw’umugore w’ikigaba buri mu mugabo wiwe”.

 

 Inyuma y’ico kiganiro bahaye akanya Pariti FUPI Felix  ngo yishure ibibazo bamubajije ku nyigisho yiwe. Yarishuye afashijwe n’umwepiskopi.

 

Bimwe muri ivyo bibazo ni ibi:

1. Mu ntonde z’ivyigwa mu mashure harimwo ivyo kwigisha gukoresha udufuko. None umwigisha w’umukristu yobisimba canke yovyigisha?

R/ Hariho ibintu bibiri vyo gukorerako:

1º) Ico umuntu w’umukristu ári n'ico yogenderrako nk’umukristu: “objection de conscience”: “Uwugutumye kwica uri umukristu ntushobora kubikora”.

2º) Umwigisha arigisha vyose, avuga ukuri kwose, akigisha n’inkurikizi z’ubwo buryo bw’ubuhingurano. Hari abaganga bamaze gufata ico cemezo kandi iyo bahejeje kubisigurira neza abantu, bakababwira ibishobora gushikira uwabukoresheje, benshi baca bababwira bati: “Bayi, urakoze!”. Mu gusigura rero ntitwohera ku nkurikizi zo ku mubiri.

Twohera kuziraba umutima, tugahereza ku nkurikizi ziraba umubiri. Erega  ivyo kwishiramwo ibintu mu mubiri bimuhindura uko Imana y’amuremye bimubuza kunywana n’Imana!

3. Abamaraya babigira kubera ubukene. None boheba umwuga ubabeshejeho?

R/ Nta numwe Imana yarekuriye gucumura na rimwe! Iyo abana bakuriye muri bimwe bita kwifasha ku mashure, hari igihe bahava bimenyera bakibaza ko hari igihe babirekuriwe. N’uwiba agira ati nifashije! None Ekleziya yohava igashigikira abo bantú? Ikintu kitwubaka twese nk’abantu kandi kidutandukanya n’ibikoko ni ukwirimbura no kwigumya. Bene abo bantu rero ni ukubegera, tukabanza tukabakiza ku mutima, ahandi ho naho wobaha umutahe ungana iki, ntiboheba ico bagize ingeso, Imana bataye!

5. Abaremesha kiyago bigisha ugukoresha ubuhinga bw’ubuhingurano bwo kurondoka  barashobora gusangira?

R/ Birakenewe ko abantu bigishwa bakamenya uko ibintu bimeze. Uwakoze igicumuro akizi we nyene ategerezwa kwibwiriza kutegera Ukaristiya. Ari ukwigisha gusa atari uguhimiriza kubukoresha, ntangorane, no mu mashure n’ahandi  abigisha barabigira. Hari ibicumuro bigoye cane rero nko gukorora inda, kubifashamwo, guterera amahera, n’ibindi, ... uwabikoze ntashobora kwegera Yezu mu Karistiya. N’ikigongwe akironka arekuriwe n’umwepiskopi canke uwo yatumye. Icumvikana kandi ni uko umuntu yoba ari nk’umusangizi, umumenyeshamana, aramutse yemera kuja gukwiragiza ubufuko, ntiyosubira kuza muri ubwo butumwa bw’Ekleziya, canke kwakira Yezu.

6. Ko dukenye, hama abazanye udufuko bakabuduha ku buntu, bakanatanga akanoti muri uwo mugambi, turemeshe!

      R/ Yemwe ntawushobora guhitamwo Mamon (imana y’amafaranga) n’Imana y’ukuri  icarimwe!

8. Wotubwira iki kunyambaro mbi z’ubu n’indirimbo za Rock-satanique, n’igwirirana ry’amadinidini?

R/ Hari ba bantú bavuga ngo “Kirazira kuvuga ngo kirazira” bararondera uburyo bwinshi bwo gukwegera abantu mu biterasoni, bakoresheje amafranga. Hari aho batanga 1.000.000 y’amadolari  bakayaha umwigeme yifotoje yamabaye agahuzu gato gashoboka ngo bamanike iyo foto kw’ibarabara.

Igwirirana ry’amadini naryo nyene rigamije kugwanya ivyiza nshimikiro vy’Ekleziya, ngo mu nyuma hazobe idini rimwe ritagira ishingiro (New age).

9.   None abo bantú bishimiye iki ko twebwe abemera twishimiye Imana?

 

R/ Bishimiye ubutegetsi n’ amafaranga kuko bose ntawuhobahoba mu vy’amafaranga Barimwo abarongoye ibihugu, intara, ibisagara, amashirahamwe akomakomeye kw’isi, … 

(...Biracaza...)

 

UMUSI UGIRA 4 W’ISABUKURU Y’INGO IGIRA 2 MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA (Le 11-9-2015).

Umusi wo gusozera Isabukuru igira 2 y'ingo muri Diyoseze ya Gitega.

Umusi ugira 4 w’isabukuru y’ingo igira 2 muri Diyoseze ya Gitega wabaye umusi wo gusozera ibikorwa vyatunganijwe igihe cababa umwaka (kuko inama yambere itegura iyo sabukura yabaye mu kwa gatandatu 2014) biraranguka muri iyi misi itatu yuzuye, kuva italiki 8 gushika kw’10 nyakanga 2015.

Umusi wo gusozera waranzwe n’ibintu bitatu bikomakomeye:

-  8h30-9h30: Gutanga ikigongwe kubaje mw’isabukuru (vyabereye muri Cathédrale ya Gitega)

-         9h30-13h15: Imisa yo gusozera (Muri Cathédrale ya Gitega)

-        13h50-15h30: Agatutu ko gusozera (Centre Magnificat – mu Ncoreke za Bikira Mariya).

Muri iyo misa yo gusozera yaherejwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega akikijwe n’abasaserdoti bashika 60, 51 muri bo bakaba ari abari bitavye iyo sabukuru tuvuga, harabaye umugirwa wo gusaba ikigongwe ku buryo budasanzwe ku mabi abantu b’imice yose bakoze akabangamira urugo n’imiryango. Abantu 8 barasserukiye abandi mu gusoma ibisabisho vyo gusaba ikigongwe. Nabo bari mu mice ikurikira: 1º) umugabo yaserukiye abagabo bose, 2º)umupfasoni yaserukiye abapfasoni bose, 3º)umwana yaserukiye abana bose, 4º)uwaserukiye intwaro, 5º)uwaserukiye abigisha, 6º)uwuserukiye abaganga, 7º)uwaserukiye abihebeyimana, 8º)uwaserukiye abakristu bose bitavye urubanza.

Harashikirijwe, mu mpera y’inkuka ya misa,amajambo atatu: itangazo risozera isabukuru, ijambo rya Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI -umwibutsamana w’ibiro nyunganirango muri Diyoseze ya Gitega-, hamwe n’iry’uwaserukiye abitavye isabukuru bose.

Aha, tugomba tubashikirize iryo tangazo risozera isabukuru, ryasomwe n’umushinganathe Deo SINZINKAYO, akora mu biro vy’Ubutumwa Nyunganirango muri Diyoseze ya gitega.

ITANGAZO RISOZERA ISABUKURU Y’INGO IGIRA KABIRI MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA

Kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika ku rya 11 nyakanga 2015 mu kigo Magnificat c’incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha harabereye isabukuru y’ingo igira kabiri muri diyoseze nkuru ya Gitega.  Iyo sabukuru yari yitabwe n’abantu 250 b’imigwi itandukanye bavuye mu paruwase ya DiyosezeNkuru ya Gitega n’abaserukiye ayandi ma diyoseze na Leta y’Uburundi.

Inyuma y’ibiganiro bitandukanye bahawe n’uguhanahana ivyiyumviro mu bikorwa vyo mu mirwi ku bibazo bihanze ingo aya mango no kuvyokorwa kugirango itorwa n’iteka vy’urugo bigarukirwe abanyenama basavye ibi bikurikira :

I.                 KU NAMA Y’ABEPISKOPI

1.      Abepiskopi bogiriranira  amasezerano  na leta hamwe n’amashirahamwe yigenga ; yo  gushigikira ubutumwa bw’ingo kugirango ubutumwa bwo kuremesha ingo kibe igikorwa c’Ekleziya na Leta n’abo bose vyega .

2.      Abepiskopi botegura inyigisho nshasha igenga ingo bafatiye ku gatabu ko kwubaka rukristu.  Turasaba ko bokwongeramwo n’inyigisho nsasha zifayiye ku migenzo yo kwubaka isi y’ubu kugira bahe umuco aba kristu kuri ivyo bihubisha abantu.

3.      Mu ma diyoseze yose no mu maparuwase yose hotunganywa inyigisho zitegura abageni igihe gikwiye hakajamwo icigwa c’uburyo bw’ukurondoka bijanye na kamere y’umuntu mu vy’irondoka  kandi  abashimanye  bakitegura bari kumwe. 

4.      Dusavye inama y’abepiskopi katorika ko ibiro vy’ ubutumwa  nyunganirango  ku rwego rw’igihugu vyosubira gukora ubutumwa vyabwo kuko bwarahagaze kuva 1994.  Maze ivyo biro bikihutira gutunganya inyigisho zigabisha ingo n’imiryango ku nkurikizi z’ivyiyumviro ndon goramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu.

5.      Ibiganiro nyunguranyifato vyokwongerezwa ku rwaruka rwose abize n’abatize ; izo nyigisho zikaba zimwe mu ma diyoseze yose. 

6.      Abepiskopi bosaba Leta ikabaha akanya ko gushikiriza ibiganiro kw’iradiyo y’igihugu ku ndwi kundwi kubijanye n’irondoka hakurikijwe kamere y’umuntu

7.      Gutunganya inama ku mashirahamwe na leta batanga uburyo n’bikoresho vyigisha gukoresha uburyo bw’ubuhingurano kugira ngo babasigurire umugambi w’Ekleziya  mu vyerekeye irondoka.

8.      Hoshingwa ishure ry’ubuvuzi ryegamiye Ekleziya Katolika ryokwigisha neza uburyo bwo kurondoka neza bufatiye kuri kamere y’umuntu mu vy’irondoka.

9.      Hohinyanyurwa inyigisho ndoramana bagashiramwo  inyigisho ishimikiye kw’itorwa n’iteka ry’urugo; hogwizwa n’ ibitabu vy’ inyigisho zofasha abakristu gutegera ibanga ry’ukubaka urugo.  

10.    Hotunganywa isabukuru y’ingo ku rwego rw’igihugu rimwe mu myaka itanu.

11.   Inama y’abepiskopi yoja inama na Leta y’ingene hogenzurwa amazu berekaniramwo amasinema yerekana ibityoza imico myiza runtu na rukristu, bikenewe ivyo bibanza bikugagwa. Hogwizwa amasinema yigisha indero nziza.

12.   Inama y’abepiskopi yosaba Leta gushinga ikigo kigenzura imiti ikoreshwa mu Burundi ku vyerekeye irondoka

II.                KU MA DIYOSEZE :

  1. Mu nyigisho umwepiskopi arungikira imibano rukristu yokwitwararika gushiramwo inyigisho yerekeye ubutumwa bw’ingo.
  2. Amakete umwepiskopi arungikira abakristu ku vyerekeye ubutumwa bw’ingo yokwongerezwa.
  3. Kugena no gutegura abasaseredoti boshingwa ubwo butumwa bwegu
  4. Horungikwa abasaseredoti n’abakristu balayike boja kunonosora ivyigwa vyerekeye ingo n’imiryango kugira ngo haboneke abahinga benshi. Hokomezwa n’ivyo vyigwa mu maseminari makuru. Ico gisata coshingwa no mu mashure ndoramana no mu makaminuza yegukira Ekleziya Gatorika.
  5.  Igikorwa co guterereza aba kristu uburyo bwo kwunganira ubutumwa nyunganirango cokurikiranwa neza bikamenyekana ko intererano zatanzwe n’abakristu zashitse iyo zija kandi zakoreshejwe ico zigenewe.
  6. Hoshingwa kandi hakagwizwa ibigo  vyo kwumviririzwamwo ibibazo bigoye ingo (centre d’ecoute).
  7. Amavuriro yegukira Ekleziya na Leta yotanga ibibanza abunganirango bokwakiriramwo ababitura.

III.              KU MAPARUWASE

1.      Hoba ibiro nyunganirango mu ma paruwase yose, aho bisanzwe bikongereza inguvu kugirango abunganirango baronke aho bakirira kandi bumviririza abakristu babitura. Honashingwa ama komite ajejwe ubutumwa bw’abunganirango gushika mu mibano rukristu.

2.      Amaparuwase yoronsa agashirukabute ku bunganirango.

3.      Amaparuwase yotunganya amanama ahuza abavyeyi  kugira baganire  ivyerekeye ibanga ry’ukurondoka no kurera neza.

4.      Amaparuwase yokwitwararika gusuzuma ko  abitegurira ubugeni aribo koko bakurikirana inyigisho kandi bakaraba ko bakwije ibisabwa.

5.      Amaparuwase yokwitwararika  gutunganya neza indwi yahariwe ingo rimwe mu mwaka.

6.      Abakurikiranye izi nyigisho bogira isekeza ryo kuja kuzishikiriza abandi mu ma paruwase iwabo gushika no mu mibano nyene.

7.      Amaparuwase amwe amwe arenza urugero mu kworohereza  abitegurira kwubaka izabo bigatuma n’abandi bahunga indinganizo ziri mu maparuwase  iwabo yokwisubirako.

8.      Amaparuwase yose yokwitwararika ko inyambaro z’abageni zoba iz’urupfasoni.

Murakoze! Tugire KRISTU!

Inyuma y’ayo majambo, Umwepiskopi yarashikirije abaje mw'isabukuru ijambo rigufi ryo kubarungika mu butumwa bwo gukomeza no kunagura ingo  bisunze ivyarivuyemwo. Yahejeje atanga umuhezagiro ku bakristu bari bahari yunganiwe n’abasaserdoti bose.

Vyose vyarangijwe n’agatutu ko gusozera kabereye mu kigo Magnificat co mu ncoreke za Bikira Mariya. Amajambo yasubiye kuhavugirwa yabaye ayo gukengurukiranira hagati y’abatunganije isabukuru n'abayijemwo, no kwiyemeza kugira inguvu zose zishoboka ngo urugo rugwanirwe, rukomere kandi rurangure ici Imana yaruremeye. 

 

IYUGURURWA RY'UMWAKA W'UBUTUMWA 2020-2021 I GITEGA

Twisunze inama y’umuryango wa diyoseze yacu: duhinduke, twijukire kuremesha amahoro, kurekuriranira no gusubiza hamwe.

Twisunze inama y’umuryango wa diyoseze yacu: duhinduke, twijukire  kuremesha amahoro, kurekuriranira no gusubiza hamwe. Ico ni icivugo ndongorabutumwa muri iyi myaka itanu itanguye muri diyoseze nkuru ya Gitega.

Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 7/11/2020 aho hugurugwa icese Umwaka w’ubutumwa muri diyoseze nkuru ya gitega. Inkuka  y’imisa yo kwugurura yatangujwe n’urugendo igihe c’isaha zine z’agatondo, irongowe na nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega. Iyo nkuka y’imisa hahererejwe muri cathédrale Kristu Mwami yo ku Mushasha. Inyigisho yiwe yari ahagaze ahanini kukurekuriranira no gusubizahamwe. Yagize ati: “Ukurekuriranira Somabikurikira...

 

UBUZIMA BWA DIYOSEZE NKURU YA GITEGADIYOSEZE NKURU YA GITEGA

Diyoseze nkuru ya Gitega yaraye ihimbaza imyaka 60 imaze. Imbere yuko ishingwa ngo yitwe Diyoseze, ikirere cayo cari gifatanye n’ibindi birere vya Ekleziya yacu iri mu Burundi vyari vyashizwe ubwa mbere mu cibare ca Papa ca Tanganyika kuva 1878 gushika 1895, abamisiyonari bakigerageza kwinjira mu burundi ntibikunde (baciye mu Rumonge na Busige).

Kuva mu 1895 gushika 1912, ingingo ya Papa yashize ico gihugu c’Imana c’ i Burundi mu cibare ciwe ca Unyanyembe, uwaragihagarikiye kw’izina ryiwe  ariwe Mgr François Gerboin yarafise intebe i Ushirombo muri Diyoseze nkuru y’uno musi ya Tabora mu gihugu ca Tanzaniya.

Kuva mu 1912 gushika 1922, igihugu c’Imana c’Uburundi  cashizwe hamwe n’Urwanda kigira icibare ca Papa ca KIVU, uwuhagarariye Papa (Mgr HIRTH) afise intebe yiwe i Nyundo mu Rwanda hanyuma ija i Kabgayi.

Kuva mu 1922 gushika 1949, igihugu c’Imana c’Uburundi cagizwe icibare ca  Papa ca URUNDI, kiragizwa ubwa mbere kuva uwo mwaka w’ 1922  Musenyeri Julien Louis Gorju yarafise intebe yiwe i Mugera gushika yimukire i Gitega ku Mushasha mu 1936. Mu mpera z’uwo mwaka niho Papa yagena Musenyeri Grauls ngo akorere mu ngata Musenyeri Julien Louis Gorju.

Mu mwaka w’1949, ni ho icibare ca URUNDI cagaburwamwo ivyibare bibiri : ica KITEGA n’ica NGOZI

Igenekerezo rya 18 Mukakaro 1959 ni ho Papa yashinga Lire plus... 


[1] P. Jean PERRAUDIN, Notre Eglise a cent ans, 1998, pp. 176-178.

[2] Idem, p. 180.

[3] Ibidem, p. 171 et 187

DUFISE ITORWA RIMWE RYUZUYE, RINENGESEREYE, KANDI RITAGEREKWA: KUBA ABANA B’IMANA MURI EKLEZIYA-MURYANGO

Inyigisho y’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA ku musi w’Imana wa 2 w’Ikarema Umwaka -A-, ku wa -08/3/2020, aho yasozera urugendo rwo kuramutsa Paruwase ya Gahemba (Amam. 12,1-4ª; ZaB. 32; IITim. 1,8b-10; Mat.17,1-9)

1. Turashimiye Imana idusangije ikarema.

Ni igihe abakunzi n’abavukanyi ba Kristu twihatira gukuza no gushikana mu bigero itorwa ryacu ry’abana b’Imana, ari na ryo ridukoranije  irya n’ino kw’isi, uno musi, dukikije Umuvyeyi n’Umuremyi wacu, Mana Data, tuyobowe na Mutima Mweranda Rukundo.

Ndahimbawe rwose n’uko nsangiye na mwe uyu musi w’Imana utwibutsa  iryo torwa mu buryo bwiyongereye, kuko Ijambo ry’Imana ry’uno musi ni co ritwibutsa Raba ibikurikira... . 

 

UKWIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA W’2020 (1-1-2020)

“Umwaka mwiza, kuko tuwusangijwee n’Imana”

Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega yaraye yipfurije umwaka mwiza abasaserdoti, abihebeye Imana, abari mumarerero yo kwihebera Imana n’igihugu cose c’Imana ca Ekleziya Muryango iri i Gitega.Uyo musi mukuru wabereye muri Paroisse Mpanuka yitiriwe Bikira Mariya yabonye amagorwa yose. Hari kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 01/01/2020, ku musozi ukirurutse cana wa Gihinga bita Gikoboke. Hari hakoraniye abasaserdoti n’abihebeye Imana hamwe n’urwaruka ruri muma rerero atandukanye y’abihebeye Imana be n’abafaratiri. Abo rero, bagiwe imbere n’icegera c’Umwungere Mukuru, nyakwubahwa Musenyeri Nestor NIYOKINDI, barateye impundu yo kwipfuriza umwaka mwiza Umwungere mukuru. Uyo nawe, ahejeje kubakengurukira, yarabipfurije nawenyene umwaka mwiza mw’ijambo yabashikirije ryari mu bigabane bitandatu. Umwungere ati,“ umwaka w’2020 ni umwaka w’ubutumwa bwo gukenguruka, umwaka twipfuza gushira mu ngiro Inama y’Umuryango wa Diyoseze Nkuru ya Gitega; ni umwaka kandi w’amatora mu gihugu cacu, umwaka wawe n’Umukama, umwaka wawe na bene wanyu, abantu bose baba muri kino gihugu. Ni umwaka mwiza rero kuko uwuherekejwemwo n’Imana ubwayo,ukawumara ufashanya na bene wanyu”. (P. Théophile NDAYISHIMIYE)

 

JUENES DU CHRIST À l'ECOLE DU MAITRE: FORUM DIOCESAIN DES JEUNES A LA PAROISSE MAKEBUKO (4 AU 8 AOUT 2015)

Inyuma y’amasabukuru yagiye arakurikirana mu ntara z’ubutumwa n’amaparuwase amwamwe yo muri Diyosese yacu ya Gitega, haciye hashikirwa Isabukuru ry’urwaruka rwose rwa Diyoseze. Ryabereye muri Paruwase ya Makebuko, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 8 myandagaro 2015. Aho hahuriye urwaruka rwinshi cane rwaserukiye abandi. Baragize isabukuru ryagakura, bariga vyinshi, barigishwa i Nkuru nziza bongera barayimenyesha mu gusenga, mu kuninahaza Imana, mu gukwiza akanyamuneza mu mihana yabakiriye n’ahandi,… baranatanga ubutumwa bukomeye cane… eka ntiworavye! Iryo Sabukuru ryari rishingiye ku civugo ngo: HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA (Mt 5,8).