Kuri uyu wa kane 09/7/2020, kari akanyamuneza mu muryango w'abatumwa b'icungurwa kuko niho ababikira, abafurera n'ingo zubatse basubiramwo indagano zabo. Aho kuri iryo dsango twobamenyesha ko ari ho duhimbariza umuvunyi mukuru w'uyo muryango ariwe Mriya Clara Nanetti.
Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 02/02, amakungu yama ahimbaza umunsi mukuru udasanzwe wahariwe ibanga ry’Ubuzima bw’ukwitura Imana. Uno mwaka ukaba wahimbajwe ku ncuro ya 21 (kw’isi yose) kuva ushinzwe na Nyene ubweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri mu 1996, ariko muri Ekleziya y’i Burundi, yabaye incuro ya 17, ni ukuvuga ko Umusi mukuru w’Abihebeyimana watanguye guhimbazwa biboneka mu Burundi kuva mu 2000.
Muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, uwo musi mukuru wahimbajwe ku musi w’Imana igenekrezo rya 05/02/2017 muri Paruwase Kristu Umwami yo ku Mushasha, aho wahuriranye n’amibukiro y’imyaka 28 Umwepiskopi wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, amaze yatiwe muri iryo banga. Inkuka y’Imisa rero niwe yahihereje, iberamwo imigirwa idasanze kubera izo mvo zibiri, ariko kandi hari n’umugwi munini w’abahurikiye mu muhari wa CHIRO bariko barahimbaza umuvunyi wabo Patiri Yohani Bosco.
Kubera ko umusi mukuru mpuzamakungu w’Abihebeyimana wamaze kumenyekana cane no ngaha iwacu i Burundi, uno mwaka wariteguriwe bimwe bidasanzwe mu ntambuko zitatu.
Intambuko ya mbere ikaba yabaye iyo kuremesha igisabisho c’Imisi icenda (neuvaine) no kwegeranya agafashanyo ko kunganira abagwaye bo mu bitaro bikuru vy’i Gitega. Muri ico gisabisho, Abihebeyimana bararose akanya ko kuzirikana bitonze ingene mukugumya ibanga mu buzima bwabo bwihevyi, baba ivyabona vy’ikigongwe c’Imana bahereye mu mibano yabo nyene».
Iryo jambo kandi, niryo ryabaherekeje mu ntambuko ya kabiri yari ijanye n’umwiherero ubategurira guhimbaza umusi mukuru nyezina. Uwo nawo wabaye ku wa gatandatu italiki 4/2/2017, ubera ku kirimba ca Bikira Mariya, Muvyeyi w’Ikigongwe (ku Mushasha). Uwabafashije kuzirikana, Mama Yozofina TOYI, MWENE-TEREZIYA, yarabibukije yongera arabigisha ingene ikigongwe c’Imana cokwibonekeza gihereye mu mubano umwe umwe wose, ati: “Ikigongwe c’Imana tubanze tucakire nk’ingabirano Imana ivotorera umwe umwe”. Agirako kandi amenyesha ko abanyamubano bose bahamagariwe gusabikanya ivyo bafise vyose nkuko vyaranze abigishwa ba mbere. Aronger ati: “Ubudasa bw’abanyamubano bube itunga ry’Umubano wose”… Yasozereye yerekana ko ikigongwe giha akandi karyo umuntu kugirango asubire atangure ubuzima bushasha muri Kristu.
Intambuko ya gatatu,yabaye iy’Inkuka y’Imisa yaherejwe na Nyene Icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, aho yabanje guhezagira amatara, haca hakurikira urugendo rw’Abihebeyimana bose bava ku kirimba c’Umwepiskopi bagana ingoro y’Imana; Inkuka y’Imisa ica iratangura.
Akanyamuneza kari kose na mwanya Umwepiskopi mukuru wa Diyosezi nkuru ya Gitega, yari aramutse ahimbaza umwaka ugira 28 yatiwe mu bwepiskopi. Mu nsiguro yiwe, yarasiguriye ishengero ryari aho ko: “Ubuzima bw’ukwiheberimana aribwo buryo busumbirije bwo kwitanga wese wihereza Data ukurikije akarorero ka Kristu”. Arabandanya ati: “Indagano ndangankurunziza (ubwubashi, ubwewe ntegerwa n’ubworo), zigirwa n’Abihebeyimana, zibafatanya gose na Ekleziya n’amabanga yayo”. Musenyeri yarongeye kandi gutera intege Abihebeyimana mu kubaremesha mw’Ibanga batoranye ati: “Murame mwibuka ko mwagenewe kuba umuco n’umunyuvy’isi! Mwatorewe kuranga ubwami bw’Imana mu bantu, muyihereze mufise imitima itryoroye, mwihangane mu mageragezwa muhura mu butumwa ubwo ari bwo bwose. Murame mutubera itara n’ikimenyetso kizima kitwereka ubuzima tuzoba turimwo mw’ijuru, mwitwararike kugumya ibanga ukwo mushoboye kwose”.
Eka n’abandi bagiye barafata amajambo, bagumye bagaruka k’ubugumyabanga bw’abo Bihebeyimana no kukarorero keza bokwama berekana aho bari hose, muvyo bakora vyose. Aha twovuga nk’ijambo rya Patiri Alexis IHORIHOZE, CBY, arongoye Urunani rw’Imiryango y’Abihebeyimana mu Burundi bwose (ASUMA). Uwo yarasavye Abihebeyimana ko bokwama bashira mungiro indagano z’ubutumwa, bakabukora bishimikije UKURI, URUKUNDO n’UBUTUNGANE KURI BOSE, kandi bikiha ihangiro ryo gushira mu ngiro ibiri mu gisabisho c’Umweranda Francisko w’i Asize citwa “Mukama ungire intumwa y’amahoro”. Yagize ati:
“Ese muri ubu Burundi bwacu no kwisi yose Abihebeyimana twotegera ibanga n’ubutumwa bwacu, tukarangwa na wa mutima wa Francisko w’i Assize Mweranda, ca gisabisho ciwe kikatwama ku muzirikanyi tuti :
Mukamadufashe tube abantu baharanira amahoro.
Ahari urwanko, dushireho urukundo ;
Ahari imitongano, dushireho ikigongwe ;
Ahari amacakubiri, dushireho ubumwe ;
Ahari ikinyoma, dushireho ukuri ;
Ahari amakenga, dushireho ukwemera ;
Ahari ukwihebura, dushireho ukwizera ;
Ahari umwijima, dushireho umuco ;
Ahari amaganya, dushireho akanyamuneza…..”
Inyuma y’Inkuka y’Imisa, Abihebeyimana bose n’abatumire babo baciye babadaniriza ikiyago ca kivukanyi mu nyubakwa z’amanama zo mukigo c’Incoreke za Bikira-Mariya, baboneraho no gukeza Nyene icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ku myaka 28 aze mw’ibanga ry’Umwepisikopi.
Furera Onephore BIGIRIMANA; cby.