Skip to main content

UGUSUBIRAMWO INDAGANO MU MURYANGO W'ABATUMWA B'ICUNGURWA, KU WA 09/7/2020

Kuri uyu wa kane 09/7/2020, kari akanyamuneza mu muryango w'abatumwa b'icungurwa kuko niho ababikira, abafurera n'ingo zubatse basubiramwo indagano zabo. Aho kuri iryo dsango twobamenyesha ko ari ho duhimbariza umuvunyi mukuru w'uyo muryango ariwe Mriya Clara Nanetti.

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 02/02, amakungu yama ahimbaza umunsi mukuru udasanzwe wahariwe ibanga ry’Ubuzima bw’ukwitura Imana. Uno mwaka ukaba wahimbajwe ku ncuro ya 21 (kw’isi yose)  kuva ushinzwe na Nyene ubweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri mu 1996, ariko muri Ekleziya y’i Burundi, yabaye incuro ya 17, ni ukuvuga ko Umusi mukuru w’Abihebeyimana watanguye guhimbazwa biboneka mu Burundi kuva mu 2000. 

Muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, uwo musi mukuru wahimbajwe ku musi w’Imana igenekrezo rya 05/02/2017 muri Paruwase Kristu Umwami yo ku Mushasha, aho wahuriranye n’amibukiro y’imyaka 28 Umwepiskopi wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, amaze yatiwe muri iryo banga. Inkuka y’Imisa rero niwe yahihereje, iberamwo imigirwa idasanze kubera izo mvo zibiri, ariko kandi hari n’umugwi munini w’abahurikiye mu muhari wa CHIRO bariko barahimbaza umuvunyi wabo Patiri Yohani Bosco.  

Kubera ko umusi mukuru mpuzamakungu w’Abihebeyimana wamaze kumenyekana cane no ngaha iwacu i Burundi, uno mwaka wariteguriwe bimwe bidasanzwe mu ntambuko zitatu.

Intambuko ya mbere ikaba yabaye iyo kuremesha igisabisho c’Imisi icenda (neuvaine) no kwegeranya agafashanyo ko kunganira abagwaye bo mu bitaro bikuru vy’i Gitega. Muri ico gisabisho, Abihebeyimana bararose akanya ko kuzirikana bitonze ingene mukugumya ibanga mu buzima bwabo bwihevyi, baba ivyabona vy’ikigongwe c’Imana bahereye mu mibano yabo nyene».

Iryo jambo kandi, niryo ryabaherekeje mu ntambuko ya kabiri yari ijanye n’umwiherero ubategurira guhimbaza umusi mukuru nyezina. Uwo nawo wabaye ku wa gatandatu italiki 4/2/2017, ubera ku kirimba ca Bikira Mariya, Muvyeyi w’Ikigongwe (ku Mushasha). Uwabafashije kuzirikana, Mama Yozofina TOYI, MWENE-TEREZIYA, yarabibukije yongera arabigisha ingene ikigongwe c’Imana cokwibonekeza gihereye mu mubano umwe umwe wose, ati: “Ikigongwe c’Imana tubanze tucakire nk’ingabirano Imana ivotorera umwe umwe”. Agirako kandi amenyesha ko abanyamubano bose bahamagariwe gusabikanya ivyo bafise vyose nkuko vyaranze abigishwa ba mbere. Aronger ati: “Ubudasa bw’abanyamubano bube itunga ry’Umubano wose”… Yasozereye yerekana ko ikigongwe giha akandi karyo umuntu kugirango asubire atangure ubuzima bushasha muri Kristu.

Intambuko ya gatatu,yabaye iy’Inkuka y’Imisa yaherejwe na Nyene Icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, aho yabanje guhezagira amatara, haca hakurikira urugendo rw’Abihebeyimana bose bava ku kirimba c’Umwepiskopi bagana  ingoro y’Imana; Inkuka y’Imisa ica iratangura.

Akanyamuneza kari kose na mwanya Umwepiskopi mukuru wa Diyosezi nkuru ya Gitega, yari aramutse ahimbaza umwaka ugira 28 yatiwe mu bwepiskopi. Mu nsiguro yiwe, yarasiguriye ishengero ryari aho ko: “Ubuzima bw’ukwiheberimana aribwo buryo busumbirije bwo kwitanga wese wihereza Data ukurikije akarorero ka Kristu”. Arabandanya ati: “Indagano ndangankurunziza (ubwubashi, ubwewe ntegerwa n’ubworo), zigirwa n’Abihebeyimana, zibafatanya gose na Ekleziya n’amabanga yayo”. Musenyeri yarongeye kandi gutera intege Abihebeyimana mu kubaremesha mw’Ibanga batoranye ati: “Murame mwibuka ko mwagenewe kuba umuco n’umunyuvy’isi! Mwatorewe kuranga ubwami bw’Imana mu bantu, muyihereze mufise imitima itryoroye, mwihangane mu mageragezwa muhura mu butumwa ubwo ari bwo bwose. Murame mutubera itara n’ikimenyetso kizima kitwereka ubuzima tuzoba turimwo mw’ijuru, mwitwararike  kugumya ibanga ukwo mushoboye kwose”.  

Eka n’abandi bagiye barafata amajambo, bagumye bagaruka k’ubugumyabanga bw’abo Bihebeyimana no kukarorero keza bokwama berekana aho bari hose, muvyo bakora vyose. Aha twovuga nk’ijambo rya Patiri Alexis IHORIHOZE, CBY, arongoye Urunani rw’Imiryango y’Abihebeyimana mu Burundi bwose (ASUMA). Uwo yarasavye Abihebeyimana ko bokwama bashira mungiro indagano z’ubutumwa, bakabukora bishimikije UKURI, URUKUNDO n’UBUTUNGANE KURI BOSE, kandi bikiha ihangiro ryo gushira mu ngiro ibiri mu gisabisho c’Umweranda Francisko w’i Asize citwa “Mukama ungire intumwa y’amahoro”. Yagize ati:

 

“Ese muri ubu Burundi bwacu no kwisi yose Abihebeyimana twotegera ibanga n’ubutumwa bwacu, tukarangwa na wa mutima wa Francisko w’i Assize Mweranda, ca gisabisho ciwe kikatwama ku muzirikanyi tuti :

Mukamadufashe tube abantu baharanira amahoro.

Ahari urwanko, dushireho urukundo ;

Ahari imitongano, dushireho ikigongwe ;

Ahari amacakubiri, dushireho ubumwe ;

Ahari ikinyoma, dushireho ukuri ;

Ahari amakenga, dushireho    ukwemera ;

Ahari ukwihebura, dushireho ukwizera ;

Ahari umwijima, dushireho umuco ;

Ahari amaganya, dushireho akanyamuneza…..”

Inyuma y’Inkuka y’Imisa, Abihebeyimana bose n’abatumire babo baciye babadaniriza ikiyago ca kivukanyi mu nyubakwa z’amanama zo mukigo c’Incoreke za Bikira-Mariya, baboneraho no gukeza Nyene icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ku myaka 28 aze mw’ibanga ry’Umwepisikopi.  

Furera Onephore BIGIRIMANA; cby. 

 

Ukuranga Inkuru nziza y’Ukurekuriranira n’ugusubizahamwe, ihangiro ry’Umuryango w’abihebeyimana watangujwe na Musenyeri Simoni Ntamwana.

Ukurekuriranira no gusubiza hamwe ni igikorwa kitarazwa, ngombwa kandi kikaba umushinge w’ukwogorora mu mahoro arama.

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2019, wari umusi w’Imana ugira gatanu w’ikarema.Umuryango w’abatumwa buzurizamana washinzwe kandi ukaba urongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, waragendeye paruwase Mugera. Intumbero y’urwo rugendo kwari ugusangiza abaho akarangamutima n’akarangabutumwa vy’uwo Muryango, navyo ni ugusasagaza inkuru nziza y’ukurekuriranira n’ugusubizahamwe.

Umwungere yaboneyeho n’ukuganira n’abakozi ba Leta bahurikiye mu mubano rukristu wo kw’i paruwase ya Mugera ivyerekeye ingene boba nabo abatumwa b’iyo ngendo.

Ku batumwa bahurikiye mu muryango w’abuzurizamana, umusi w’Imana wa gatanu w’ikarema urahambaye cane. Boga ku ngiro yaseruwe na Papa Yohani Paulo wa kabiri mweranda. Mu mwaka w’2000 wari umwaka w’Umucunguzi, ku musi w’Imana wa gatanu w’Ikarema, yarapfukamye imbere y’Imana n’ishengero ryayo arayisaba ikigongwe ku bicumuro vyose vyakozwe n’abana b’Ekleziya kuva ishingwa gushika ayo mango. Kubera iyo mvo, abuzurizamana uwo musi bawufashe ko ari umusi mukuru w’ikigongwe c’Imana. Barawuhimbaza rero bibuka ivyaranguwe n’uwo mweranda. Bama bafata imisi ibiri kuwa gatandatu no kuw’Imana mw’iparuwase yabisavye canke basavye, bakamara uwo mwanya basenga basaba Imana umutima w’ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe, bakifatanya n’abaho kuyisaba ikigongwe ku bicumuro biba bihabangamiye kuruta ibindi. Abakristu b’i Mugera barongowe na Patiri mukuru wabo, Venansi Mpozako, barahimbawe cane kuko ari iyindi ntambwe yabafashije kubandanya bitegurira yubire y’imyaka 125 iyo paruwase imaze ishinzwe. Bipfuza ko boyihimbaza abantu bose barekuriraniye bagasubiza hamwe.

Twobamenyesha ko Umuryango w’Abuzurizamana urimwo amashami atatu: Ishami ry’Abafurera n’abasaserdoti (Pères Missionnaires de la Réconciliation: PMR); Ishami ry’Ababikira (Soeurs Missionnaires de Marie Mère de la Réconciliation: SMMMR) n’Ishami ry’Abalayike bitwa Umuvukano wa Augustino Mweranda (Fraternité Saint Augustin). Augustino Mweranda niwe Muvunyi mukuru kubiraba akarangamutima k’uwo Muryango.

(Dismas NTAHOMVUKIYE)

 

Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda i Gitega (12-19 Myandagaro 2018)

Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 12 myandagaro, niho ibisigi vya TereziyaMweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda vyakirwa icese muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Uwo mushitsi w’iteka twakiriye mu bisigi vyiwe yakiranywe igishika cinshi n’abantu isinzi bari bakinje, hariya mu Rukoki rwa Bukirasazi.

 Akirenguka agana Katedrale nkuru ya Gitega, ijwi ry’inkengeri ryaciye risamirana, maze riza kunywana n’ayandi majwi y’indirimbo n’invyino, eka ijuru n’isi vyari binywanye bunywane. Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega niwe yamuhaye ikaze ngo aze yisange, ashungurure imvura y’amaroza ku Burundi n’abarundi batuye i Gitega, abinjize mw’ishure ryiwe ry’ukwicisha bugufi n’urukundo... Baciye bamwinjiza mu ngoro y’Imana, hakurikira igisabisho kuninahaza Imana, inkuka y’imisa be n’igiteramo c’ijoro ryose.

Mu majambo umwungere yashikirije mu kumwakira, hari aho yagize ati : Tereziya ni  nyina wa Ekleziya y’i burundi, nyina w’abarundi n’abarundikazi. N’umuvunyi w’abarundi bose. Nico gituma abungere banyu bashimye cane ko aza, akaramutsa Uburundi, abakristu bashaka kumubona bakamuteramira bakamuganiriza. Nti muze mutinye kumuganiriza! Nti muze mutinye kumutura Uburundi. Papa Leo wa 13 niwe yatanguye kumushira mu bavunyi b’Ekleziya, cane cane iyiriko iramenyeshwa inkuru nziza vya vuba. Nico gituma rero Ekleziya yacu yavutse muri 1898 bayiragije Umushaha wa Yezu, Bikira Mariya nyina wa Yezu, Yozefu mweranda, Fransisko Gisaveri mweranda, na Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu”. Umwungere yaramwakirije kandi akaririmbo bahora bamuririmbira kera bakitabiriza bati : “Tereza we wa muvunyi, tunga abarundi bose, gir’utwize tukwigane dukunde Yezu rwose”.

Nkuko rero indinganizo y’urwo rugendo yabitegekanya, abakristu bararonse akanya ko kuyagisha Tereziya w’Umwana Yezu no kumwereka igishika bari bamufitiye. Mur’urwo rugendo, inyuma yo kwakirwa no guteramirwa ijoro ryose mw’isengero nkuru ya Diyoseze, harabayemwo kandi ibihe bibiri bikomeye Tereziya yabanyemwo n’abakristu mu  buryo bw’inkoramutima.

Yubile y’imyaka 150 ya Musenyeri Gorju n’indagano z’Abene Tereziya (18/8/2018).

Ku wa 18 myandagaro, rwari urubanza rudasanzwe kuri Bene Tereziya! Rwari rwatewe iteka n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, ari we yari arongoye inkuka y’Imisa, ari kumwe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Musenyeri mukuru Gervais BANSHIMIYUBUSA,  Umwungere-Samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza, Musenyeri Georges BIZIMANA, abahoze ari abungere b’amdiyoseze ya Bujumbura (Musenyeri Evariste NGOYAGOYE)  na Ngozi (Musenyeri Stanislas KABURUNGU). Hari kandi icegera c’umwepiskopi wa Ruyigi, hamwe rero n’abasaserdoti, abihebeyimana n’abakristu benshi cane. Urwo rubanza rwarimwo i intu bitatu bihambaye:

1º)Indagano z’ubwihevyi n’ubuzigama-banga (15 bagira indagano za mbere, 11 biyegura burundu, 6 bahimbaza yubile y’imyaka 25).

 2º)Yubile y’imyaka 150 y’amavuka ya Musenyeri Julien Gorju: Umwepiskopi wa mbere wa Ekleziya y’i Burundi, umwungere w’intwari yamaze amezi 5 agenda n’amaguru ngo amenye neza ibikenewe mu karere ashinzwe. Ni we yatanguje Ekleziya y’i Burundi; niwe yatiye abasaserdoti bambere b’abarundi (25/12/1925); atanguza Iseminari ntoya ya Mugera mu 1926, hanyuma atanguza n’umuryango wa mbere w’abihebeyimana b’abarundikazi mu 1931, abaha Tereziya ngo ababere umuvunyi.

Musenyeri Simoni NTAMWANA ati: “Bene-Tereziyani mwe mfura z’abihebeyimana... Ndabifurije umugisha wo kubandanya mukura mu bweranda no mu gitigiri... Ese ico mugiye gukora cobegereza rwose Kristu kuruta uko mwahora. Kura mu bweranda, komera mu butumwa”.

3º) Indamutso ya Tereziya mu bisigi vyiwe: Patiri Zakariya, wo mu muryango w’aba Carmes ati: “Uguhurirana kw’indagano za Bene-Tereziya, Yubile y’imyaka 150 y’uwatanguje umuryango n’indamutso ya Tereziya mu bisigi vyiwe, ni ishaka ry’Imana. Ni nkuko Tereziya yovuga ati: nshaka kuba kumwe namwe kur’uwo musi muhimbaza uwabampayeko umuvunyi!”

Mu nyigisho y’uwo musi,  Umwepiskopi w’i Gitega yarasubiriye ahamagarira Abene Tereziya kurondera ubweranda bishimikije Umuvunyi wabo, mu guca muri ka kayira ko kwicisha bugufi, urukundo no kwizigira.Yatanguye avuga ati: “Bavukanyi Bene-Tereziya, ubugeni bwanyu na Yezu ni bwunganire ubweranda bw’Ekleziya”.Arongera ati: “Tereziya aje ngo abasangize ku bugeni bwiwe na mwene Rudasumbwa. Yaje ngo atwigishe twese kwigura imitima, kuyironkera urukiza, kuyitagatifuza nkuko nawe yavyiyemeje. Ni tube rero twese abatumwa b’inkoramutima muri Ekleziya y’uno munsi, duciye mu makanda ya Tereziya”....

Ese ubukandizi bwa Bikira Mariya bufatanye n’ubwa Tereziya bwodufasha gukirurutsa imitima tugahinduka, tukarekuriranira, tukisubiza itoto n’iremba, tukarangwa n’umutima w’urukundo rw’ukuri rwokwiserurira  mu nyifato n’ingiro zacu. (Mlle Générose KARADEREYE)

PROFESSIONS RELIGIEUSES CHES LES SOEURS FRANCISCAINES DE LA CROIX GLORIEUSES ( Nyabiraba le 1 nov.2015)

INDAGANO Z’ABABIKIRA BENE FRANCISKO B’UMUSALABA WANINAHAJWE (SOEURS FRANCISCAINES DE LA CROIX GLORIEUSE) I NYABIRABA, Kuwa 1 /11/ 2015.

Kw’igenekerezo rya 1 munyonyo 2015, hariya  muri Paruwase ya Nyabiraba, mu ba Bikira Bene Francisko, bari baramukanye umunsi mukuru w’Indagano. Abanovise 4 bararaganiye icese  Imana mu ndagano zabo za mbere, gurtyo bacika ababikira.  Abandi babikira baraganye indagano zabo z’ubuzima bwose.  Ngaya amazina yabo batumwa n’amavukiro yabo :   

 

Ab’indagano zambere:

Amazina

Paruwase

Diyosezi

1.Sr Judus NAYIGIHUGU

SHANGA

RUTANA

2. Anastasie NDAYISASIYE

BURUHUKIRO

BURURI

3. Sr Aline NDAYIZEYE

MURAYI

GITEGA

4. Sr Céline NAHIMANA

KIBUNGERE

GITEGA

 

Ab’indagano za burundu:

1. Sr Spéciose NDENZAKO

NYANGWA

GITEGA

2. Sr Stéphanie NTIRABAMPA

MUYAGA

RUYIGI

3. Sr Félicité NIYONZIMA

GITONGO

GITEGA

4. Sr Rosette MANIRAMBONA

KIGANDA

BUJUMBURA

5. Sr Janvière NINDORERA

MUYAGA

RUYIGI

6. Sr Esperance NTAKIYIRUTA

MUYAGA

RUYIGI

7. Sr Longine KAMANA

GITWENGE

RUYIGI

8. Sr Chantal IRANKUNDA

VYANDA

BURURI

9. Sr Spès Caritas NIBOGORA

MUREMERA

RUYIGI

10. Sr Faustine NTAHIZANIYE

MURIZA

RUYIGI

 

Ibirori vyatangujwe n’urugendo bagana ingoro y’Imana yitiriwe Bikira Mariya yasamwe atagicumuro y’i Nyabiraba,  kw’isaha ya gatatu n’igice (9h30). Vyari birongowe n’Umwepiskopi Mukuru wa Diyosezi Nkuru ya Gitega, nyen’icubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, ahagatiwe n’abasaserdoti barenga 30.  Hari kandi abihebeyimana bo mu miryango itandukanye n’abakristu  benshi bavuye imihingo nka yose y’Ekleziya y’i Burundi.  

 Mu nyigisho yiwe, Umwungere wa Gitega, yaribukije abagize indagano ko bokwama, imisi yose na ntaryo, bisunga iragi ry’Umuvunyi wabo, Francisko w’i Assise Mweranda, we, mu buzima bwiwe, yaranzwe no kubaho mu buryo bujanye rwose n’Inkuru nziza, akama yitwararika abatagira shinge na rugero, kandi akama yigisha kurekuriranira no gusubiza hamwe.  

 Inyuma y’inkuka ya misa, ibirori vyabandanirije mu gatutu nk’uko vyari vyategekanijwe.

Mama Spes Caritas NIBOGORA