Umusi mukuru wa Pasika uyu mwaka udusanze, kw’isi yose, mu maganya n’ubwoba bw’ikiza c’ingwara iterwa n’umugera witwa CORONA VIRUS. Mugihe ahenshi kw’isi, abakristu bataronse akaryo keza ko guhimbariza hamwe pasika mu Nkuka ya Misa kuko bugaranywe kubera ico kiza, Diyoseze Gitega yoyo yaronse akaryo keza ko kwinovora ivyiza vya Pasika, abakristu bakikije Umwungere wabo.
Ku musi wa gatatu mweranda, kari akanyamuneza mw’isengero nkuru y’Umwungere ku Mushasha mu misa aho abasaserdoti basubiramwo indagano zabo, umwungere agaca ahezagira n’amavuta meranda. Abihebeye Imana n’abakristu isinzi bari bitavye iyo migirwa myeranda. Umwungere,yishimikije ibisomwa vy’uyo musi (Ibisomwa: Iz.61,1.3a.6a.8b-9; Zab. 88; Ivyah.1,5-8; Luk.4, 16-21), yigishije igihugu c’Imana cari aho muri aya majambo ati:
1.Turi mu misi y’amageragezwa.
Turashimiye Imana idushikanye kuri uyu musi, aho twegereje kwigina Pasika Nyeranda y’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni umusi abakunzi ba Kristu basubira kunezerwa, naho baba baciye mu bibagora bitandukanye. Ni umusi Umukama adusubiza ubuzima, we Soko ridakama ryabwo. Ni umusi dutsinda urupfu muri we, kuko ata bwoba dusigarana turi kumwe na we.
2.Kristu si akamashini gatanga ubuzima ufyonze aho buzirikiye. Imana ntibwirizwa.
Imana irigenga. Imana ntitegekwa na twebwe, nkuko abantu benshi bama bavyipfuje. Imana ishaka imbere ya vyose ko ducudika na Yo, tukanywana na Yo, tukayereka urukundo ruzira agatotsi, tugashinga ubuzima bwacu ku mabwirizwa n’amategeko yayo.
3.Kugirango rero Pasika itwerere, ni uko tuba duhuriye mu rukundo rwa Kristu, tugahuza Mutima Mweranda n’umutima wacu, tukaba turiko turarangura ico Data wa twese ashaka.
Mbere, naho twoba turiko turarangura ico atwipfuzako, ntitumubwiriza kudukorera ico dushaka. Tubwirizwa nyabuna gukundira Mushobora vyose, ngo yirangurire iciza we nyene adushakira. Muri ubwo bugamburutsi, ni ho hari urukiza rwacu.
4.Navuze ko turi mu misi y’amageragezwa.
Turiko turategura amatora mu gihugu. Hamwe hamwe abantu barashamirana, bakibagira isano rikuru ryabo, ari iry’uko twese turi abana b’Imana. Navuze ko turi mu misi y’amageragezwa, kuko uhura n’umuntu wari wizeye ko muvukana, ariko agaca akwihakana, ngo n’uko mutanditswe mu mugambbwe umwe ! Nta mageragezwa aruta ayo, kuko kino gihe gikwegakwegera bamwe mu buhakanyi bw’Imana, yo yatwiremeye twempi turi abana bayo ikunda, ariko tweho tugashaka kuyibeshera mu kwitandukanya na mwenewacu kubera :
5.Turi mu misi y’amageragezwa kandi kubera iki kiza ca Coronavirusi kimira abantu kidahaga ! Nta muti, nta mutabazi akigonda.
Abantu bakubita ijisho umurwayi, bagaca bahunga ! Umuti umwe uruta iyindi, ni uguhera mu nzu vyose bituma abantu batekerwa n’ubwoba, butuma bihebura !
6.Igihe c’amageragezwa, kino gihe, kuko Shetani iriko irimikwa, mu kinyoma cayo !
Mu rwamo n’urwataga rw’inyigisho zidasonera umuntu mw’iteka ryiwe, zimwemerera urukiza rw’uruhendo, kuko rutamara kabiri, inyigisho zikwizigiza matungo benezo batarigera bakabakaba. Ni ho rero izo nyigisho za Shetani zitungurwa umutima, abajanye na zo bakicwa n’intuntu n’akabonge !
7.Bavukanyi basaserdoti, turi mu gihe turonderwa cane, bamwe bakadushakira ubugenzi bwiza mwashaka, abandi bakipfuza kutuyobeza no kudutesha ibanga ! Ivyo vyose bikaba mu gihe na twebwe dushobora kuganzwa n’imyitwarariko myinshi, imwe ivuye ku butumwa bwacu, iyindi ifatiye ku magara make yacu, iya gatatu nayo igashobora kuva ku bushobozi buke dufise. Ejo bundi, Umuvyeyi wacu Papa ariko aripfunga hamwe n’abasaserdoti b’idiyoseze y’i Roma, yafatiye ku myitwarariko nk’iyo mu kuremesha abo batumwa ba Kristu bamutwaje igihugu c’Imana aho hantu.
8.Na jewe, ndipfuza ko twokira urukebu ruturabisha hirya, rushaka kuduhushisha Kristu. Ndaritoboye ntatinya = ni tube abasaserdoti, abahanuzi b’igihugu c’Imana, abarongozi b’abana bayo duhanze amaso Kristu, we Musaserdoti Mukuru, we Muhanuzi n’Umwigisha akura bose, we Ndongozi itigera izimiza. Nitugume hamwe na we, duteramane na we, twoye kwisinzirira mu gihe ariko aradutakambira kwa Se (raba Matayo 26,36-46). Nitumushinge amaso y’urukundo, mu gisabisho, mu mwete w’ubutumwa, mu mwizero aduha imisi yose kandi utazerutswa, kuko ari we Nzira imwe rudende, akaba Kuri kwa Data, we Buzima butazimata, kandi butayama.
9.Bavukanyi, ari ibiraba ubumenyi n’ubwenge, mwari mu bantu bize vyinshi, mbere umurengera, ntimwokeneye kuzirikwa ku katsi, ngo n’uko mubwiwe bimwe bisayangana bitavuye ku Mweranda w’Aberanda ari we Kristu Mukama . Ntimwokwegewe mu matungo y’ino si, kuko muzi neza ko naho yoba ajejeta ku muntu, yama amusiga yipfumbereje, wa musi ava kuri iyi si. Itunga ryanyu rizobaherekeza kwa Kristu wacu, ni kwa kwicisha bugufi mw’ibangga ryanyu ry’ubusuku mw’Ekleziya, ukwicisha bugufi kubegereza Kristu karorero kacu Paulo Mweranda yategereye ahatira Abanyafilipi (Abanyafilipi 2,6-11)
10.Mfise ijambo rimwe, na ryo nyene kandi ndarivuze ntabahema, kuko ari ryo rizima : ntiye Paulo Mweranda : « Kristu ni we buzima bwanje » ni we buzima bwanyu, ni we buzima bw’Abasaserdoti (raba Abanyafilipi1,21). Nimunezerwe, muhimbarwe muri we na ntaryo (raba Abanyafilipi 4,4). Ni ho muzotubera abasaserdoti badushika ku nyota. Amen. (+Simoni NTAMWANA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega)