Skip to main content

IYATIRWA MW’IBANGA RY’UBUSACERDOTI MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA 2021

« Ni je nabatoye ndabashinga kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho » (Jn 15,16).

Kari akanyamuneza ntangere muri diyoseze nkuru ya Gitega kuri uwu wa 3/7/2021 muri paruwase Nyabiraba iri  mu ntara y’ubutumwaya Gishubi. Aho Ekleziya y’i Gitega n’iyo kwisi yose yagabana abatumwa bashasha, biciye mwiyatirwa mw,ibanga ry’ubusaserdoti.

Ibirori vyatangujwe n’urugendo rugana ikibanza kiza kuberamwo inkuka y’imisa y’iyatirrwa mu musacerdoti cari ku kibuga c’umupira w’abaguru kiri kumetero atari nke uwuye mu ngoro w’imana ahatanguriye urwo rugendo. Urwo rugendo rwatanguye  igihe c’isaha 9h36. Inkuka ya Misa yari iyobowe n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana ahagatiwe n’isinzi ry’abasacerdoti bavuye irya n’ino baje gushigikira barumuna babo.  Abo nabo bangana n’imisore 9 yatiwe mw’ibanga rw’ubusacerdoti, 10 babaye abadiyakoni ;  15 bahawe igice c’ubukorezi hamwe na 24 bahawe igice c’ubusomyi bw’ijambo ry’Imana.

 Akanyamuneza karagaragara ku maso y’abari bitavye urwo rubanza canecane ku bakristu ba paruwase nyabiraba aho bari basidukanye n’iyonka kwirabira ivyo vyiza na rirya hari haciye imyaka 20 yose ivyo birori bitabereye muri paruwase nyabiraba.

Mu nyigisho yiwe, umwungere mukuru wa Giyoseze nkuru ya Gitega  yatumiriye abari bagira batirwe guhekana urukundo n’akanyamuneza umutwaro wa Ekleziya Muryango. Yarashimiye abakukira diyoseze nkuru ya gitega abakeza kuko bariko barakuru mw’ibanga, mbere bakagabira ibibondo vyabo kugirango  Imana ibigirire abatumwa. Yaranashimiye abakristu ba paruwase Nyabiraba ku kuntu bikokoye bagashariza uwo musi, mbere agirako awugereranya n’umusi Yezu Kristu yinjira icese i Nyeruzaremu. Afatiye ku mitama basasiye Yezu n’ukuntu aba Nyabiraba basasiye abaje kw’izina ry’Umukama Ati kristu arongera kutugabira abasacerdoti bashasha, abadiyakoni bashasha…yabwiye abari ng’aho ati « muririnda gusamazwa n’ibihita kuko mupfumbatiye Kristu » . Kubagiye kwatirwa yababwiye ati tubagabiwe n’imana kugira ngo mutwihebere rwose. Ati murame muhanze Kristu n’umutima ukengurutse kuko yabasangije iviza gihimbaye : kwihebera abantu. Ati ntakwihebera inzahabu canke amafaranga kuko bitagusubiriza mundumane, ariko mugihe wihebeye umuntu araheza akagusubiriza mu ndumana.  Yarabatumiriye kunonokera iryo banga kugeze aho twihebera abandi kandi twegeranye abashwiragiye.

…..iyo habuze ukwiheberanira abantu bacika ba nshingabihenuka, ba mpinga yanje. Yabandanije atumirira abari aho  kwijukira kwitunganiriza ubuzima n’ubutumwa bwa Diyoseze na Paruwase.  ….abakiri ku ntabwe zindi yabipfurije gutambuka bashingura kushika aho bshikira igihagararo ca Kristu. Ati ubusacerdoti busuku nibwo bwubaka kandi bugasobanya Ekleziya. Ni Kristu apima ikibereye Ekleziya  yiwe. Ashaka kimwe gisa : nimunkurikire nzibagira abarovyi b’abantu. Mubatize abantu, mubahe ubuzima. Umwe wese abwirizwa kuba urugingo rw’umubiri wa Kristu….. « Musaserdoti we  uri umuvyeyi n’umurezi, uri umwigisha, amurikira ùbe,e Mana uri umuganga yama yiwararika amagara ya Ekleziya, uri umuvyeyi yama agaburira abagize Ekleziya, niwewe mworozi n’umwungere yama arikanuye ngo iyo aragiye ntitakare canke ngo itahe imuhira itarishije bikwiye…. »

Uwaserukiye   abasacerdoti bashasha yagaragaje akanyamuneza afise aho mbere yanashimira abo bose bagize ico bakora kuguira ngo bashike kuri iyo ntabwe, yemera kandi ko bazokora batiziganya kugira ng basasagaze ubwami bw’imana mu bantu  ati muvyo bazokora harimwo ikibazo c’icuru kugira abantu baze bakore berekeza amaso . kwigisha gutagatifuza, kuyobora abantu babajana mw’ijuru. Bari kumwe n’umukama bazobishobora kandi baravyishinzi. Barasavye abari aho ko bokwama babasabira kugira baberwe n’iryo banga.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyari vyatexe iteka n’abenicubahiro batandukanye harimwo uwahoze arongoye igihugu c’uburundo perezida Sylvestre NTIBANTUNGANYA asanzwe ari n’imvukira y’iyo paruwase, abashinga mateka n’abandi. Inkuka y’imisa irangiye baciye bafata urugendo bagana ahateguwe ikinaza c’agatutu ahaciye habandaniriza akanyamuneza k’uyo Musi. (Patiri Vianney Nshimirimana).

 

YOZEFU MWERANDA, WEWE WAKIRIYE UWA MBERE KRISTU, UMUSASERDOTI MUKURU, DUSABIRE NGO DUKOMERE MW’IBANGA TWASANGIJWE NA WE.

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega ku musi wa Gatatu Mweranda-Umusi Mukuru w’Ibanga ry’Ubusaserdoti. Guhezagira Amavuta Meranda. Guha ubutumwa bw’Ubukorezi Fratri Prosper Martino KEZIMANA na Fratri Léonidas BIGIRIMANA

Ibisomwa : Iz. 61,1-3.6.8-9; Izab. 88,21-22.25 et 27; Ivyahi. 1,5-8 ; Lk. 4,16-21

1.Turi mu mwaka witiriwe Yozefu Mweranda.

Basaserdoti nkunda, Bihebeyimana b’Umukama, Bakristu mudukuriza ingo, mukazigira amasengero yo kwambarizamwo Umuremyi wacu, mbere mukazigira amayogi y’itorwa, birabereye ko twibuka ko turi kumwe na Yozefu Mweranda. Kuri uyu musi duhimbaza Ubusaserdoti Busuku, umwaka Ekleziya yamwitiriye nudufashe kumukunda, kumubona hafi y’ibanga ryacu, kurisangira na we, we « yabikijwe kandi akazigama amabanga y’urukiza rwacu » (Igisabisho c’Umusi mukuru wa Yozefu Mweranda, 19 Ntwarante).

Ntidutinye kumwizigira, kuko «  recteur » w’Iseminari Nkuru ya mbere ni we ! Nkako ni we yatuvyiruriye Kristu, Umusaserdoti Mukuru wa Mana Data. Yozefu Mweranda azoheza atwunganire, aduhanure, aturereshe ico yareresheje « Manirakiza » wa Data, gushika n’aho arangwa n’ukuba « Umunyanazareti » (raba Matayo 2,23 ; Yohani 19 ,19 ; Luka 2,51) nk’umurezi wiwe. Nimuze rero tuzirikane ibanga yarezemwo Yezu, turi kumwe na we.

2.Uturanga turemwa muri twebwe na Yezu Umusaserdoti Mukuru.

Mu rugo rwa Yozefu, harashitse ibintu, bidasanzwe. Imana yararamukije koko umusuku wayo, (raba Luka 1,68) iramwizigira, na we arayizigira. Ni ko kumutuma.

Bikira Mariya yabwiwe ijambo rihambaye, kandi rimusubiriza umutima mu nda. Umumalayika yamubwiye ati : « Uza gusama inda » (Luka 1,31). « Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bwa Rudasumbwa bugutwikire. Ni co gituma uwo uzovyara azoba mweranda kandi akitwa mwene Mwana (Luka 1,35) ». Kuva ubwo, hari haje uwuzuwe na Mutima Mweranda. Uwibarutswe na Bikira Mariya mu rugo rwa Yozefu yatiwe na Mutima Mweranda icese  (Luka 3,21) wa musi yabatizwa muri Yordani, ariko yasamwe ku bubasha bwa Mutima Mweranda nyene (Luka 1,35). Turashobora kuvuga tudatinya ko Mutima yasize Yezu w’i Nazareti akamwatira mu busaserdoti bweranda, kuva agisamwa mu nda kwa nyina. Yahavuye avyemeza we nyene ubwiwe, imbere y’ishengero rinini, imbere rero y’Ekleziya, muri Yordani ; eka mbere na ca gihe yashira ahabona ubutumwa bumuzanye ati : « Mutima w’Umukama ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo menyeshe Inkuru Nziza aboro. Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahumye ko bahumutse, abacinyijwe ko babohowe, andungika no kumenyesha umwaka w’ubuntu bw’Umukama » (Luka 4, 18-19).

Naho Yozefu atoba yarumvise kandi yarategera akari kinyegeje mu mwana yari yakiriye, tweho turamenye ko muri Yezu w’i Nazareti, muri iyo sinagoga ashobora kuba yarasengeyemwo ari kumwe na « recteur » wiwe, hihishije – oya nyabuna hahagaze bimwe bitomoye wa Museserdoti Mukuru aje, « Yezu Kristu icabona, intahemuka, imfura y’abapfuye akaba ari we mutware w’abami bo kw’isi. Uwudukunda akadukiza ibicumuro vyacu mu maso yiwe, akatugira ubwami bw’abaherezankuka bakorera Mana Se wiwe » (Ivyahishuwe 1,5-6).

Uwo Yozefu Mweranda yareze ijoro n’umutaga nkuko bibereye umuvyeyi n’umurezi w’ibanga, ni « Umweranda » (Luka 1,35) azanywe no kugorora abo agiye kurongora, ngo abajane ku Mana, (Luka 1,32) ; ni wa wundi izina ryiwe Yezu risigura « Imana irakiza », iciye kuri we, kuko na none izina ni ryo muntu. Nkako, umusi Yezu avuka, Abamalayika baje bavumereza iryo, bati : « Uyu musi, Umukiza yabavukiye, ni Kristu Umukama » (Luka 2,11). Wa mupfasoni Anna, mwene Fanueli ariko  arakira uwo mwana yari yazanywe na Yozefu Mweranda guherezwa mw’Isengero i Yeruzaremu, amenyesha uwo Mwana abari biteze ko Yeruzaremu irokoka » (Luka 2,38).

Ivyo vyose mpejeje kudondagura, naho vyoba vyari binengesereye muri Jambo wa Data, Yozefu Mweranda yabibereye inzira ibishikana hagati yacu kw’isi, yabibereye ijwi riduhamagara ngo tuje kubitangarira, yatubereye akarorero ko kugamburukira Dawe wa twese ngo Umusaserdoti Mukuru aturungikiye agire ico atumariye n’ico atumajije.

Twa turanga Kristu Umusaserdoti Mukuru asangiza twebwe barumunabe muri iryo banga, tudutegera kubera Yozefu ; tudushika no mu ndiba y’umutima, tuvugiwe na Yozefu Mweranda aho atubera mu ngoro, ngo,nka we tube « abasuku b’ibanga » bashobora gushingura no kuzigama neza amabanga y’icungurwa ry’abantu.

3.Ehe rero igisabisho kiduhuriza kuri Yozefu Mweranda.

Turumvise ko Yozefu Mweranda yaranguye ico Imana yashaka. Mana Data yipfuza uwoshogomangana Kristu hagati yacu, hanyuma Imana ikarangurira muri we ico yashaka.

Uno musi na twe twazindukanye umutima wo gushemeza Imana kw’ibanga ry’Ubusaserdoti, ari na ryo rituma ya mabanga ya Pasika ashobora gushikira abantu, ni duhurire kuri kino gisabisho, tuti : « Yozefu Mweranda, wewe wakiriye uwa mbere Kristu, Umusaserdoti Mukuru, dusabire ngo dukomere mw’ibanga twasangijwe na we mw’isigwa ryeranda rya Mutima Mweranda, aho twatirwa mu Busaserdoti busuku, wongere ubere akarorero k’umuco aba Seminari babiri duhava twatira mu butumwa bw’Abakorezi, intambwe iheze ikabarongora ibajana muri iryo banga nyene ». Amen.  (+Simoni NTAMWANA Umwepiskopi Mukuru wa Gitega)

 

“UMUSASERDOTI YODUSHIKA KU NYOTA”

Inyigisho y’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, ku wa Gatatu Mweranda - Imisa yo guhezagira Amavuta-Umusi Mukuru w’Ubusaserdoti Bweranda. 8/4/2020.

Umusi mukuru wa Pasika uyu mwaka udusanze, kw’isi yose, mu maganya n’ubwoba bw’ikiza c’ingwara iterwa n’umugera witwa CORONA VIRUS. Mugihe ahenshi kw’isi, abakristu bataronse akaryo keza ko guhimbariza hamwe pasika mu Nkuka ya Misa kuko bugaranywe kubera ico kiza, Diyoseze Gitega yoyo yaronse akaryo keza ko kwinovora ivyiza vya Pasika, abakristu bakikije Umwungere wabo.

Ku musi wa gatatu mweranda, kari akanyamuneza mw’isengero nkuru y’Umwungere ku Mushasha mu misa aho abasaserdoti basubiramwo indagano zabo, umwungere agaca ahezagira n’amavuta meranda. Abihebeye Imana n’abakristu isinzi bari bitavye iyo migirwa myeranda. Umwungere,yishimikije ibisomwa vy’uyo musi (Ibisomwa: Iz.61,1.3a.6a.8b-9; Zab. 88; Ivyah.1,5-8; Luk.4, 16-21),  yigishije igihugu c’Imana cari aho muri aya majambo ati:

1.Turi mu misi y’amageragezwa.

Turashimiye Imana idushikanye kuri uyu musi, aho twegereje kwigina Pasika Nyeranda y’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni umusi abakunzi ba Kristu basubira kunezerwa, naho baba baciye mu bibagora bitandukanye. Ni umusi Umukama adusubiza ubuzima, we Soko ridakama ryabwo. Ni umusi dutsinda urupfu muri we, kuko ata bwoba dusigarana turi kumwe na we.

2.Kristu si akamashini gatanga ubuzima ufyonze aho buzirikiye. Imana ntibwirizwa.

Imana irigenga. Imana ntitegekwa na twebwe, nkuko abantu benshi bama bavyipfuje. Imana ishaka imbere ya vyose ko ducudika na Yo, tukanywana na Yo, tukayereka urukundo ruzira agatotsi, tugashinga ubuzima bwacu ku mabwirizwa n’amategeko yayo.    

3.Kugirango rero Pasika itwerere, ni uko tuba duhuriye mu rukundo rwa Kristu, tugahuza Mutima Mweranda n’umutima wacu, tukaba turiko turarangura ico Data wa twese ashaka.

Mbere, naho twoba turiko turarangura ico atwipfuzako, ntitumubwiriza kudukorera ico dushaka. Tubwirizwa nyabuna gukundira Mushobora vyose, ngo yirangurire iciza we nyene adushakira. Muri ubwo bugamburutsi, ni ho hari urukiza rwacu.

4.Navuze ko turi mu misi  y’amageragezwa.                                

Turiko turategura amatora mu gihugu. Hamwe hamwe abantu barashamirana, bakibagira isano rikuru ryabo, ari iry’uko twese turi abana b’Imana. Navuze ko turi mu misi y’amageragezwa, kuko uhura n’umuntu wari wizeye ko muvukana, ariko agaca akwihakana, ngo n’uko mutanditswe mu mugambbwe umwe ! Nta mageragezwa aruta ayo, kuko kino gihe gikwegakwegera bamwe mu buhakanyi bw’Imana, yo yatwiremeye twempi turi abana bayo ikunda, ariko tweho tugashaka kuyibeshera mu kwitandukanya na mwenewacu kubera :

5.Turi mu misi y’amageragezwa kandi kubera iki kiza ca Coronavirusi kimira abantu kidahaga ! Nta muti, nta mutabazi akigonda.

Abantu bakubita ijisho umurwayi, bagaca bahunga ! Umuti umwe uruta iyindi, ni uguhera mu nzu vyose bituma abantu batekerwa n’ubwoba, butuma bihebura !

6.Igihe c’amageragezwa, kino gihe, kuko Shetani iriko irimikwa, mu kinyoma cayo !

Mu rwamo n’urwataga rw’inyigisho zidasonera umuntu mw’iteka ryiwe, zimwemerera urukiza rw’uruhendo, kuko rutamara kabiri, inyigisho zikwizigiza matungo benezo batarigera bakabakaba. Ni ho rero izo nyigisho za Shetani zitungurwa umutima, abajanye na zo bakicwa n’intuntu n’akabonge !

7.Bavukanyi basaserdoti, turi mu gihe turonderwa cane, bamwe bakadushakira ubugenzi bwiza mwashaka, abandi bakipfuza kutuyobeza no kudutesha ibanga ! Ivyo vyose bikaba mu gihe na twebwe dushobora kuganzwa n’imyitwarariko myinshi, imwe ivuye ku butumwa bwacu, iyindi ifatiye ku magara make yacu, iya gatatu nayo igashobora kuva ku bushobozi buke  dufise. Ejo bundi, Umuvyeyi wacu Papa ariko aripfunga hamwe n’abasaserdoti b’idiyoseze y’i Roma, yafatiye ku myitwarariko nk’iyo mu kuremesha abo batumwa ba Kristu bamutwaje igihugu c’Imana aho hantu.

8.Na jewe, ndipfuza ko twokira urukebu ruturabisha hirya, rushaka kuduhushisha Kristu. Ndaritoboye ntatinya = ni tube abasaserdoti, abahanuzi b’igihugu c’Imana, abarongozi b’abana bayo duhanze amaso Kristu, we Musaserdoti Mukuru, we Muhanuzi n’Umwigisha akura bose, we Ndongozi itigera izimiza. Nitugume hamwe na we, duteramane na we, twoye kwisinzirira mu gihe ariko aradutakambira kwa Se (raba Matayo 26,36-46). Nitumushinge amaso y’urukundo, mu gisabisho, mu mwete w’ubutumwa, mu mwizero aduha imisi yose kandi utazerutswa, kuko ari we Nzira imwe rudende, akaba Kuri kwa Data, we Buzima butazimata, kandi butayama.

9.Bavukanyi, ari ibiraba ubumenyi n’ubwenge, mwari mu bantu bize vyinshi, mbere umurengera, ntimwokeneye kuzirikwa ku katsi, ngo n’uko mubwiwe bimwe bisayangana bitavuye ku Mweranda w’Aberanda ari we Kristu Mukama . Ntimwokwegewe mu matungo y’ino si, kuko muzi neza ko naho yoba ajejeta ku muntu, yama amusiga yipfumbereje, wa musi ava kuri iyi si. Itunga ryanyu rizobaherekeza kwa Kristu wacu, ni kwa kwicisha bugufi mw’ibangga ryanyu ry’ubusuku mw’Ekleziya, ukwicisha bugufi kubegereza Kristu karorero kacu Paulo Mweranda yategereye ahatira Abanyafilipi (Abanyafilipi 2,6-11)

10.Mfise ijambo rimwe, na ryo nyene kandi ndarivuze ntabahema, kuko ari ryo rizima : ntiye Paulo Mweranda : « Kristu ni we buzima bwanje » ni we buzima bwanyu, ni we buzima bw’Abasaserdoti (raba Abanyafilipi1,21). Nimunezerwe, muhimbarwe muri we na ntaryo (raba Abanyafilipi 4,4). Ni ho muzotubera abasaserdoti badushika ku nyota. Amen.       (+Simoni NTAMWANA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega)

 

Iseminari nkuru y’i Gitega yaraye ihimbaje Yubile y'imyaka 25 ibayeho

Yubile yamye ari igihe co kuvuza inzamba, impundu z’akanyamuneza zikasirana, abantu bagashima Imana ku ngabirano yabahaye, mbere bayitura imigambi ya kazoza. Uko niko vyagenze mu gusozera Yubile y’Imyaka 25 y’Iseminari Nkuru y'i Songa, i Gitega.

Mu guzosera Yubile y’Imyaka 25, Iseminari nkuru y’i Gitega (i Songa) yaragijwe Yozefu Mweranda ikongera ikitirirwa Umweranda Papa Yohani Paulo wa II, ibiringo bibiri nyamukuru ni vyo vyaranze urwo rubanza rw’iteka.

1º) Ku mugoroba wo kuwa gatanu, itakiki 17 rusama, habaye uguhezagira ikibanza citiriwe Umweranda Papa Yohani wa II, hamwe no guhezagira icibutso (monument) c’uwo mweranda nyene, cabumbwe n’abanyeshure bo mwishure ryisumbuye ETESA (Ecole Technique Secondaire d’Art de Gitega). Ibirori vyarongowe kuri uwo mugoroba na Nyakwubahwa Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, akaba n’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga.

2º) Bukeye, ku musi w’urubanza nyezina, ku wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Rusama, niho hahimbazwa mu kanyamuneza kamuje iyo Yubile. Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, Nyakwubahwa Musenyeri Simoni NTAMWANA, niwe yayoboye Inkuka ya Misa, ahagatiwe n’Abespiskopi bose b’i Burundi, Intumwa ya Papa mu Burundi, n’Isinzi ry’Abasaserdoti bavuye mu Burundi bwose, mbere no hanze. Aha twovuga nk’abasaserdoti babiri bayoboye amaseminari abiri makuru y’i Rwanda, Umusaserdoti yari yaje ava i Kigoma muri Tanzaniya, n’Umusaserdoti yari yaje aserukiye Missio Autriche. Abihebeyimana n’abandi bakristu balayike bari bakubise harazima. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo, Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka, Nyakwubahwa Agathon Rwasa, … ba Buramatari b’intara za Gitega na Ngozi, n’abandi banyacubahiro benshi bari bahishikiye.

Menya Iseminari Nkuru y’i Gitega!

Iseminari nkuru y’i Gitega ni Iseminari nkuru yigishirizwamwo ivyigwa-ndoramana, ikaba ikukira Inama y’Abepiskopi Katorika b’i Burundi kuko ihurirwamwo n’abasemirari bakuze bo mu madiyoseze yose y’i Burundi. Ni Iseminari irabwa rero ubwa mbere na mbere n’Inama y’Abepiskopi. Umuyobozi n’abandi barezi bahari bagenwa n’iyo Nama, bakayibera ijisho. Muri uyu mwaka w’2019, hari abigisha-barezi 11. Iruhande yabo, hari umubano w’Ababikira 6 Bene Tereziya bafasha gutunganiriza Iseminari muri ibi na biriya.

Iyo Seminari rero yuguruye imiryango italiki 6 Nzero 1994, ku musi mukuru wa Epifaniya; itangurana abafaratiri 58. Naho, umwaka w’ishure ukunda gutangura mu kwezi kw’i cumi, ivyashitse mu Burundi mu 1993, kandi kubera inyubakwa zitari bwahere neza, vyatumye ico gihe umwaka w’ishure utangura utevye. Umurezi wa mbere muri iyo seminari, yabaye Musenyeri Venansi BACINONI (1994-1998), arongoye uyu musi Diyoseze ya Bururi. Yari kumwe n’abandi barezi, nk’umunyabigega ari na we yashizweho imbere yuko Iseminari itangura ngo abe arakurikirana inyubako, umuhisi Patiri Sirivestre HAKIZIMANA yavuka muri Diyoseze ya Ngozi. Abo nibo bamenye umushike. Mu nyuma abagiye barakurikira kuyirongora, mu nyaka 25, ni umwepisikopi Mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA (1998-2000), hakurikira Patiri Leonarudo MANIRABONA (2000-2010), inyuma yiwe haje Musenyeri Joriji BIZIMANA, umwepisikopi samuragwa wa diyoseze ya Bubanza (2010-2014), ubu naho irongowe na Patiri Maritino SINUMVAYAHA (2014 -).

Iseminari nkuru y’i Gitega ni mpuzamiryango, ni mpuzabantu kandi ni mpuzamakungu guko abagiye bahiga si abarundi bonyene: harimwo abanyarwanda, abanyekongo n’abo muri Kameruni. Iseminari y’i Gitega ni mpuzabikorwa kandi kuko kuva yubatswe amanama y’imigwi itandukanye aguma ahabera ni injojo: uri abanyepolitike, inzego z’igihugu, abasaserdoti, abihebeye Imana bagira amanama canke imyiherero,.... Iruhande y’abaseminari bakuze, Iseminari y’i Gitega irakira kandi abo mu marerero amwe amwe y’imiryango y’Abafurera n’abakikira bamwe bamwe, baza kuhiga kuko mu gihugu c’Uburundi ata Kaminuza y’ukwigiramwo ivy’inyigisho ziraba ivy’Imana iraboneka. Abo, basaba uruhusha inama nkuru y’abepisikopi, ibemereye bakaza kwiga kandi bakaronka urupapuro rw’umutsindo nk’urwo abasaserdoti bahize baba baronse.

Twobamenyesha ko kuva Iseminari yitiriwe Yohani Paulo wa II mweranda itanguye gushika mu mwaka w’2018, abaseminari bamaze kuyigamwo ni 833. Muri abo 742 barashoboye guheza neza inyigisho barubikwako ibiganza baraba abasaserdoti. Abasaserdoti b’i Burundi benshi baciye muri iyo Seminari.  

(Patiri Timothée HAKIZIMANA

Patiri Pius NDUWIMANA yararengutse i Bukama atanumwe yari avyiteze! (9 myandagaro 2018)

Ku musi wa kane, igenekerezo rya 9 myandagaro 2018, niho hashinguranwa iteka Patiri Pius Nduwimana. Inkuka y’imisa yahererejwe muri Katedrale yo ku mushasha, iherezwa n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega ahagatiwe n’abungere b’ama Diyoseze ya Ruyigi na Rutana, n’isinzi ryabasaserdoti. Abihebeyimana n’abakristu batari bake nabo nyene bari baje kumuherekeza.

Patiri Pius Nduwimana yari yavukiye mu Giheta /Rutegama/ kuwa 10/10/1971. Ama-shule matoya yayize kuva 1980 gushika 1988, ayisumbuye ayiga mw’iseminari ntoya y’i Mugera kuva 1988 gushika 1995. Inyuma yaho, amaze umwaka atohoza umuhamagaro w’ubusaserdoti mu bamisiyonari ba Afrika, yahisemwo gusaba Umwungere wa Diyoseze ya Gitega kuja mw’iseminari nkuru, atangurira i Burasira, asubira i Bujumbura, ahereza i Gitega. Umwaka wo kwimenyereza ubutumwa yawugize muri Paroisse Mutoyi. Yatiwe mu busaserdoti kuwa 16/7/2005. Aca atangura kurangurira ubutumwa muri paruwase Bugenyuzi muri 2005, hanyuma bamushira ku Rukundo muri 2007.  Kuva muri 2011 gushika ubu yarangurira ubutumwa muri Paruwase Nyangwa.

Patiri Pius yarafise ingabirano zidasanzwe nk’izo kwumviriza n’ukwunganira imitima imenetse, agasabira cane abarwaye. Yakunda gutumirwa kenshi kugirisha amapfungo abihebeyimana mbere n’abasaserdoti.  Yitabiye Imana ku kivi kuwa 4/8/2018, aho yari muri Kongo kwipfungisha ababikira bene Doroteya  b’i Cemmo. Nta gwara ihambaye yagendana. 

Nkuko umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, yavyerekanye mu nsiguro yatanze mu nkuka y’imisa gusabira Nyakwigendera Patiri Pius, ubuzima bwose bwuwo musaserdoti, ni “ishure rizima”: yaranzwe n’ukunywana gose na Kristu mu gisabisho, ubugamburutsi, ukwicisha bugufi, urukundo rw’ubutumwa,... Musenyeri Simoni ati: “Urwo rupfu rwamubereye nk’agasimbaryango kamushikana kuwo yemeye: Indagano ziwe z’ubusaserdoti zirarangutse mu buryo bwuzuye. Kristu mfungurwa y’ubuzima ari kumwe nawe”.

Patiri Pius, ni wiruhukire mu mahoro y’Imana wamye wizigiye, wakunze kandi ugakorera !

 

 

INYIGISHO Y'UMWEPISCOPI MUKURU SIMONI NTAMWANA MU GUSOZERA AMAPFUNGO Y'ABASASERDOTI (Giheta le 26-06-2015)

« KO DUKIZE, TUGAKOMERA, DUTWARE AHADATA IKIMENYETSO C’UWADUKIJIJE, IKIREZI C’UBWERANDA.


Ibisomwa :     Gn  17, 1.9 -10.15-22           

                            Ps 127 (128)

                                    Mt 8, 1-4

(Foyer de Charité Notre Dame d’Espérance de Giheta. 21-26 / 06/ 2015.

  1. Amapfungo arakiza, kandi akaruhura.

Ku musi w’Imana ushize, twashitse muri uno mubano wa Foyer twikoreye umutwaro w’ubutumwa bwari bumaze umwaka, umutwaro w’imyitwarariko y’ibitugoye n’iy’ibigoye igihugu cacu. Iyo mitwaro twayishikanye ku birenge vya Yezu, kenshi turabicisha kuri Bikira Mariya Mawe, Mugabekazi w’Ubusaserdoti Bweranda, eka mbere no ku bavunyi bacu, n’aberanda bose bari mw’ijuru.

Mboneyeho gukengurukira umubano wa Foyer wa twakiriye, ukaduha indaro iherekejwe n’urukundo n’ubuntu. Niko mwama : none murabandanya murtyo. Nshaka no gukengurukira Patiri Venansi MPOZAKO, we atwigoreye kabiri kwose muri uno mwaka. Nyenicubahiro Patiri, uwaguhaye ni we akwongera ! Kuko watwipfungishije neza, uzotwongere nyene : ntitwahaze na gatoyi. Twahonjeje ! Kandi twaryohewe ! Uwaguze neza arongeza !

Amapfungo rero mwaduhaye yaraturuhuye. Aho twari turushe ku mutima no ku mubiri, twumva hatoye mitende. Twaje tubwira Umukama Yezu, tuti : « Mukama, ubishatse wonkiza » (Mt 8, 2). Imibembe yacu, imwe yeruye, iyindi na yo ikibemba, Yezu arashoboye kuyikiza.

Bavukanyi basaserdoti, naho tudakukira wa mutigiri w’Abihebeyimana Papa Fransisko amaze imisi aherekeza, na twe ntitworeka kubaza umutima imibembe imaze igihe itwigiza kure y’abavukanyi. Nta n’umwe yokwishima ngo « ndazirana n’ubumuga ! » Muri ino misi rero, ndizeye ko umwe umwe yashoboye kwereka Yezu akagwara kiwe kandi ave ngaha yaronse mitende, kuva ku kagendeka, gushika mbere kuri karya twokwita « urujanyi ». Kenshi turashobora kutimenyera nka wa mupfumu wo hambere aho ! Tugahisha mbere aho turwaye, kandi tuzi neza ko tutamerewe. Ico ni igikorwa c’umwe umwe muri twebwe, igikorwa co kurata indwara kugirango Kristu, umuvuzi w’imitima, aturasaneko. Muragakira mwese. Turagakira twongere dukize abo bose Imana idushinze.

  1. Amapfungo yabwirizwa kudusigira ikimenyetso c’urukiza twaronse.

Imana yatuyagiye Ijambo yadusangije na Aburahamu, iti : « Gendera imbere yanje, ube intungane » (Amam 17, 1). Iti kandi : «  Uzogendera insezerano yanje, wewe n’uruvyaro rwawe » (Amam 17, 9). Yongerako mbere n’ikimenyetso kiboneka, umwe umwe muri bene – Aburahamu abwirizwa gutwara : ni ukugenyerwa ku mubiri no ku mutima (raba Amam 17, 10).

Amapfungo meza asa rwose n’isezerano hagati yacu n’Imana. Muri yo, Mutima Mweranda aranyigisha, arampanura, aramfasha kwifatira ingingo. Ni zo ziheza zikamperekeza inyuma y’amapfungo. Ni co kirezi nambara, gisa rwose n’ico Imana yambitse Aburamu : «  Gendera imbere yanje ube intungane ! »

 Ico kirezi, Mutima Mweranda akinshikirije cera de ! Ese kitokwigera gicuya ! Ese cokwereka bose ko ano mapfungo ankijije, ubutagisubira inyuma. Ngiye nitwa ko nkukira Umukama we musa. Kwa kugenyerwa ku mubiri nikwinjire rwose muri jewe, gushikire umutima wanje, kwungire umusavyi w’Imana abushitse. Wa munyamibembe yakizwa yaratumwe na Yezu gutanga ituro ryari ryategetswe na Musa. Umukama Yezu na twe aradusavye ikimenyetso c’uko twakize. Mbere nka wa mupfasoni bahatsa kubera igicumuro yagirizwa, Umukama atubwiye ko tutosubira kugwa, kuko twoshikirwa n’ibiruta.

  1. Turunganirwe n’ibanga ry’Ukwihebera Imana twigina uno mwaka, be n’Umwaka Mweranda udasanzwe w’Ikigongwe c’Imana.

Vyompi ni twebwe bizocako ngo bishikire benewacu. Murabanze mwumvirize ko iyo ngaburo iryoshe imbere y’ukuyiha abandi. Uwaje gutera ubureza arabwibanza. Mbere ngubwo ubutumwa mujanye imuhira mu bisata vy’ubutumwa mujejwe. Shikana hose iteka ry’ukwihebera Imana, mu kwereka abandi ico ribamariye. Aho hazogerera, muze mwugurure amarembo n’amasôko y’ikigongwe c’Imana. N’ivyabaye mu gihugu uyu mwaka, vyaratwononeye ukwemera kw’abakristu, biranagabanya umwete bari bafitiye Ekleziya – Muryango. Mugende mu butumwa muzi ko tubwirizwa kwigura abavukanyi bacu. Amen.  

 

+ Simoni NTAMWANA

   Umwepiskopi Mukuru

wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

MESSE CHRISMALE 2016 . Mushasha, 23-3-2016

« ABASASERDOTI BA KRISTU – ABASASERDOTI NKA KRISTU.»

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi  wa 3 Mweranda – Umwaka C. Twahimbeje umusi Mukuru w’Ubusaserdoti Bweranda bwa Yezu Kristu – 23. 03. 2016.

                                                                                              Ibisomwa : Izaya 61, 1-3°.6°.8b-;       Za 88(89);  Ivy 1, 5-8;   Lk 4, 16-21                                                                             

1. Basaserdoti ba Kristu, bakristu mwese, umusi mukuru mwiza.

 Umusi mukuru w’iteka rya Kristu Musaserdoti Mukuru agaburira ibanga rya twebwe abasaserdoti banyu, kuva umusi aridutegurira, gushika n’aya mango ariko ararirangura muri twebwe. Umusi mukuru ushaka kutumurikira twese, abasaserdoti n’abo barangurira ibanga ryabo, kugirango turikunde ukuruta, turyubake na ntaryo, mu kurikuza no mu kurikomeza.

 Turahiriwe twebwe dushoboye kwigina iryo banga, tukarikorera muri aba bavukanyi, tukaryinovora mu butumwa abasaserdoti baturangurira bwose. Imana nininahazwe. Se w’Umukama wacu Yezu Kristu nashimirwe imyaka yose. Ekleziya – Muryango nikomezwe n’aba bana bayo bayihebeye mw’ibanga ry’agatangaza ry’ubusaseroti bwa Kristu.

2. Kristu, Umusaserodti w’Ubwuzure bushasha.

 Ni we yatiwe na Se, mu kumusiga Mutima Mweranda, akamurungika w’isi ngo atubere indongozi n’umukiza : « Mutima w’Umukama ari kuri jewe, kuko yansinze amavuta ngo menyeshe Inkuru Nziza aboro. Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahumye ko bahumutse, abacinyijwe ko babohowe, andungika no kumenyesha umwaka w’ubuntu bw’Umukama ». (Lk 4, 18-19 / Izaya 61, 1-2). Se wiwe ni we yamutugenekereje kuri wa musozi wa Tabor, ati : «  Uyu n’umwananje nkunda cane, nimumwumvire » (Mt 17, 5).

Mana Data yaranguriye abantu urukundo rwiwe rwose mu kurungika Umwana wiwe w’Ikinege kw’isi, ngo abamwakiriye, abamwemeye, abamugamburukiye, bashobore kuronka muri we ubuzima budahera (raba Yoh 3, 16-18). Mana Data ni we yamugeneye iryo banga ryo gutanga ubuzima, ryo kubabungabunga, ryo kubukiza iyo butosekawe mu muntu kubera igicumuro. (raba He 5, 5-6). Kristu Umukama n’Umusaserdoti w’Insezerano rishasha kandi rizokwamaho ni we murongozi wacu, ni we mwami wacu ; ni we muhanuzi adasumbwa, ni we atugaburira amabanga ya Data, muri Ekleziya-Muryango.

3. Twebwe turi abasaserdoti bamuka kuri we.

Ivyo bikorwa vyo kwigisha, gutagatifuza no kuyobora abana b’Imana bihabwa abo Kristu yihamagariye, Ekleziya-Muryango ikabakira mu murobanuro uhagarikiwe na Mutima Mweranda.

Birakenewe ko igihugu c’Imana gitegera ko abasaserdoti batitwa kandi batari « Nyawirarika » - Imana yarabatoye koko. Nta n’ugukekereza ko ikiganza c’Imana kibatwikiriye, ko batiwe na Mutima Mweranda bahabwa ku rugero bisangije.

 Uko abakristu – eka mbere n’abatari bo bagenda bategera ko abasaserdoti ari abatumwa b’Imana ubwayo, niko bakunda kandi bakubaha muri bo ingabirano Imana yahaye umuryango w’abantu. Mu musaserdoti, abakristu nibabonemwo umuvyeyi abibaruka mu mabanga y’Imana, umurezi ayabarereramwo, umurongozi ayabashikanamwo aho hose bayakenera.

 Wa musaserdoti na we, ntiwigaba ! Uri Umusaserdoti wa Kristu, we Musaserdoti w’Abasaserdoti, we Musaserdoti Mukuru. Naho uri umuvukanyi wiwe, ibanga ryawe rikomoka ku ryiwe, rikomezwa n’iryiwe, risharijwe n’iryiwe. Urabikijwe ! Uzosubiza ingabirano n’inyungu yayo, nka ya matalenta Umwami yasigarana abasuku biwe (raba Mt 25, 14-30). Iryo banga rero wirinde kurikoresha ico ushaka ! Wirinde kurivanga n’umwambiro mubi w’isi, wirinde kwonona umutamana waryo, ugizwe na kwa kwigana Kristu.

4. Abasaserdoti nka kristu

 Kristu yaje kubera umuco zina muntu wese ari kuri iyi si (raba Yoh 1, 9). Kristu yaje kumurikira ibibera mu buzima bw’umuntu vyose, ata na kimwe kivuyemwo. N’ubu, hari abashaka kwimira Kristu ngo ntagere mu twabo no mu babo bakoreshwa « utwo twabo » ! Kristu ni we mucunguzi abohora umuntu wese kubera umuco zina mu magorwa ajanwamwo n’igicumuro ciwe : yarungitswe mu baboshwe, ababwire ko babohowe ; mu bahumye, ngo bamenye ko muri we baronse umuco ; mu bacinyijwe, ngo abasubize ukwishira n’ukwizana kwabo kandi kwuzuye ; mu batuntuye umutima, ngo abahoze ; mu bariko barakora ineza iyo ari yo yose ngo bashobore gushishikazwa na we, kunganirwa na we, bashikire koko ineza isumbirije.

 Bavukanyi bakristu, murame mwiyubara ico umusaserdoti yatumwe muri Ekleziya. Niyabatoneka aho murwaye, mubonereho ariho kumukundira ngo abavure. Niyabagaburira ivyiza vy’Imana mwari mwiteze, muvyakirane « akayabagu » k’umutima, kandi muhereho «  mwama ivyamwa bihoraho » (raba Yoh 15, 16), kandi bihimbara Data.

 Basaserdoti nkunda, nitwiteho n’umutima wacu wose gukorera abantu nka Kristu. Nta na hamwe yimiriwe. Ni we afise ububasha bwose kw’isi no mw’ijuru (raba Mt 28, 18). Nimwakire ubwo bubasha bwa Kristu yazutse, MUBUKUNDIRE BUSHIKE AHO BUSHAKA, tumushingire intahe duhereye aho tuba n’aho turangurira ubutumwa, kushika no ku mpera y’isi, na yo ikaba ishika aho umuntu ari hose, no mu co akora cose, kugirango abe umwana w’Imana abikwiye, ashikire ijunja rya Kristu (raba Ef 4,       


+ Simoni NTAMWANA 

Umwepiskopi Mukuru  wa Diyoseze Nkuru ya Gitega

 

 

ABASASERDOTI N’ABADIYAKONI BAHERUKA KWATIRWA MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA

Hari kw’igenekerezo rya 15 muakakaro 2017, niho Umwepiskopi Mukuru wa Diyosese Nkuru ya Gitega, Nyenicuahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, yatira mw’ibanga ry’ubusaserdoti imisore 13, be no mw’ibanga ry’ubudiyako abandi 11. Vyabereye muri Paruwse Gisozi. Uwo musi nyen, yaranatanze ibice vy’ubukorezi n’ubusomyi kuyindi miyabaga iriko iritegurira ibanga ry’ubusaserdoti.

 

             ABASASERDOTI

          ABADIYAKONI

 

Izina

Paroisse

Izina

Paroisse

  1

P.Baragafise Therence

Gisozi

D.Bigirimana Alexis

Kibumbu

  2

P.Irankunda Emery

Mushasha

D.Hakizimana Fabrice

Gisozi

  3

P.Fr Ndihokubwayo Elvis

Gitongo

D.Ndayizigiye Nestor

Mutoyi

  4

P.Niyomwungere Ezechiel

Nyangwa

D.Habonimana Deodatus

Kibungere

  5

P.Ngendanganya Joseph Desire

Mutoyi

D.Ndayishimiye Theophile

Muyuga

  6

P.Nijimbere Desire

Nyabiraba

D.Niyonzima Gerard

Gitongo

  7

P.Nkengurutse Denis

Nyarusange

D.Nzoyihaya Janvier

Gisozi

  8

P.Nkurunziza Leopold

Buhoro

D.Fr Gahungu Desire

Jenda

  9

P.Nkurikiye Suggesper

Buhoro

D.Fr Ndayizeye François

Mpanuka

10

P.Nshimirimana Sixte

Yoba

D.Fr Niyonkuru Georges 

Gihogazi

11

P.Fr Nzobakenga Etienne

Rabiro

D.Fr Ntukamazina Pacifique

Munanira

12

P.Fr Sinzo Desire

Mugera

D.Nsabimana Aimé Désiré

Nyangwa

13

P.Surwigano Evariste

Mutoyi

 

 

Abasaserdoti begukira Diyoseze ni 10. Babiri ni abumuryango w’Abatumwa b’Umwungere Mwiza n’umugabekazi w’isenakuro (nº 11 na nº12), umwe ni Umusaveriyano (nº2). Mu badiyakoni naho, batatu ni Abatumwa b’Umwungere Mwiza n’Umugabekazi w’Isenakuro (nº 9,10 na 11).

Dukengurukire Imana kur’iyo ngabirano y’abatumwa bashasha, ku butwari n’ubwira bw’abo bose yicaguriye ngo bayihebere ubuzima bwabo. Erega batabayeho, mu bantu hokomera agatima k’inyamaswa ! Tubashigikize igisabisho ngo bamane ingoga, bame bahimbawe n’ibanga ryabo, bakangure isi mu kuba abahanuzi n’ivyabona (A. Timothée HAKIZIMANA).