Skip to main content

Guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro muri paruwase SHOMBO

Kw’igenekerezo rya 19/11/2023, inyuma y'inkuka y'imisa yaherejwe mw’isengero ya paruwase, aboro batowe mumibano yose igize Paruwase, bakoraniye hamwe barasangira inzimano muntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe.

Uko umwaka utashe paruwase ya SHOMBO iratunganya ingene bohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro aho abajejwe ubutumwa bwa karitasi bafashanije na Patiri mukuru baheza bagasaba izina rimwe ry'umworo k’umubano maze bagakoranira hamwe uyo munsi bagasangira inzimano n'ikiyago.

Mw'ijambo ryiwe, Patiri mukuru NDAGIJIMANA Jérémie yashikirije abari bitavye urwo rubanza yagize Ati: Ndahimbawe no kwicarana namwe kuri uno musi Ekreziya yashimyeko duhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe aboro. Ariko kandi ntawoguma yifuzako haba aboro ahubwo tworabira hamwe ingene twoduzanya ku buryo atawokwama aharurwa muri uwo mutigiri w'aboro. Yanamenyesheje ko ubworo buri kubiri: hari ubworo bw'umutima n’ubworo bwo ku mubiri. Ku bw’ivyo yahamagariye bose gufashanya kugira ngo abakristu bashobore gutsinda ubwo bworo mu mpande zose.

Urubanza rwasozerewe no gutanga agafashanyo kuri ba boro batororokanijwe n'imibano, aho hatanzwe amashuka 50; inkwavu 34; amasuka 63; ibitenge 7; imipira yo kwambara 4 hamwe n’amasabune yo kumesura 126. Iyo mfashanyo ifise agaciro k'amafranga angana 1.193.000Fbu.

Mwomenya ko Paruwase ya SHOMBO igizwe n'ibisata 7 n'imibano rukristu 125. Hari kandi n'umukirisu yaronkejwe ibahasha y'amafranga ibihumbi ijana na kimwe(101.000F) kugira azoshobore kuriha facture yo kwa muganaga. Urubanza rwasozerewe mukanyamuneza ntangere no mubukengurutsi bw’abaronkejwe imfashanyo. (Aloys NDAY.)

 

UKWUGURURA UMWAKA W'UBUTUMWA 2023-2024 MURI PARUWASE RUSAMAZA.

Kwugurura umwaka w’ubutumwa ni igikobwa ngombwa gihera ku rwego rwa Diyosezi kikabandaniriza mu ma paruwase ayigize.

Kw’igenekerezo rya 12/11/2023, muri Paruwase Rusamaza, Diyoseze Nkuru ya Gitega, haruguruwe Umwaka W'UBUTUMWA wa 2023-2024. Abari imbere y'abandi yari komite y’inama nkuru ya Paruwase, inshingwamuryango zo mu bisata vyose, abaserukira imihari n'imigwi yose y’ubutumwa yo muri Paruwase, abaserukira urwego rw'abakristu balayike. Ivyo birori vyabaye mu misa ya 2 birongowe na nyakubahwa Patiri mukuru Yozefu BIGIRIMANA.

Mu nsiguro yiwe, yaribukije ko icivugo c'umwaka uheze cadutumirira kunywanisha rwose liturujiya n'ubuzima bwacu. Ico civugo rero ntigihereye aho ko ari ukubandanya tugishira mungiro mu buzima bwa misi yose. Yaciye asomera abakristu inyigisho y'Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, inyigisho yugurura icese umwaka w’ubutumwa.

Icivugo c'uyu mwaka kigira kiti:"Twisunze Inama y'umuryango wa Diyoseze yacu: dukundire Yezu Kristu atunywanishe nawe, dushobore kurekuriranira no gusubiza hamwe".

Igihugu cacu caciye muri vyinshi bibi vyagifutanije: ehe rabe intambara z'urutavanako, urwanko mu bantu, ukwikekana uburozi, abarara ku mugono abandi.... Ivyo vyose bidusigamwo ibikomere ni co gituma kurekuriranira no gusubiza hamwe ari ngombwa. Ni umuti urura ariko uranyobwa kugira dushobore kwubaka ikibano ciza kizira uburyarya. (Innocent ND.)

 

INFASHANYO KURI PARUWASE KIBUMBU (10-3-2021)

Ku wa 3 w’Indwi ya 3 y’Ikarema. Umwaka B. Amaparuwase n’abihebey’Imana bose bari mw’idiyoseze Nkuru ya Gitega, barashikirje imfashanyo Paruwase ya Kibumbu yononewe n’igihuhusi ku wa 18.2.2021

INCAMAKE Y'INYIGISHO Y'UMWUNGERE 

Ibisomwa : Amategeko 4,1.5-9;  Izaburi 147 (148); Matayo 5,17-19

1.Imvo yatuzanye kubakubitirako : ni uko « tuvukana twese ». Ijambo ry’Umuvyeyi wacu Papa Fransisko niratwereye twese.

kuko tuvukana, twaje tubazaniye agatu twamanuye kuri duke tudutunze.

2.Ico gikorwa caranguwe n’umutima ushaka kwihambirira ku Mabwirizwa n’Amateka y’Umukama.

Umviriza Israeli…umviriza mukristu NTUSHOBORA KWITWA IRYO ZINA UTAGAMBURUKIYE IMANA RUKUNDO.

Amabwirizwa y’Imana kuri twebwe : ni akaranga, ni imanzi. Ni co gituma tuyagira ikirago twipfuka, impuzu twambara, karangamukristu twamana, ico cose turi. Ni yo « soko ry’ubuzima bwacu ».

« Murabizigame, mubikurikize » - « ni ubwitonzi bwacu » ; ni « ubwenge bwacu », ni bwo butungane bwacu ; ni co kimenyamenya cacu ; ni ryo ragi tuzoha abana bacu.

3.Nka Kristu, twebwe twabaye abigishwa biwe, mu gushira mu ngiro ayo mabwirizwa, no mu kwita ku rutare ngo tuyashikane ku rugero rwayo ruruta ibindi.

Tuyarangura rero gushika kw’ibwirizwa riyavyara yose , iry’urukundo.

4.Bavukanyi mwaje muva mu maparuwase tuvukana, turabashimiye.

  • Turabashimiye
  • Ariko turabatumye : nimurabe aho mudusize.
  • Shitsa rero ingemu n’imfashanyo yanyu ku rugero rwodusubiza iteka n’ubuzima.
  • Nimwifadikize ukwemera kwanyu kutaruha mu kwitanga nka Abrahimu, Sokuru wacu.

       (+Simoni NTAMWANA  Umwepiskopi Mukuru wa Gitega)

 

IMPUNDU I NYAKERU N'I MUKOBE !

« Mukanyamuneza ka Yubile y’imyaka 60 Diyoseze yacu imaze, dukenguruke Mutima Mweranda, Ngabirano ya Data na Mwana, we adukomezamwo ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe n’ukuranga hose ivyiza vy’ikigongwe »

Ukwo Umwaka wa Liturgiya utanguye, Umwungere wa Diyoseze arugurura Umwaka w’Ubutumwa mu Ntara zose z’Ubutumwa zigize Umuryango wa Diyose.  Um ntara z’ubutumwa za Mugera na Giheta, uyu mwaka, yabifatanije no kwugurura amaparuwase mashasha.

Nyakeru, Paruwase Paulo Mweranda Umutumwa, ije hageze!  

Kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo niho umwungere mukuru ya Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana yugurura paruwase Nyakeru yitiriwe umweranda Paulo Umutumwa. Uwo musi niho yaciye yugurura umwaka w’ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Mugera, agirako yatira abasangizi bashasha. Mu nyigisho yatanze, yashimikiye kur’aya majambo ngo “Tube abatumwa b’imico myeru yubaka abantu n’igihugu cacu”. Yaramenyeshe abari aho igikorwa ca paruwase : gushikana mu bantu urukundo rw’Imana ivoma mw’ijambo ry’Imana n’amasakaramentu; gukuza abantu ngo bave mu kibi bitwararike iciza, ngo bave mu gicumuro baje mu bweranda. Imico, ibikorwa, ubuzima bwa misi yose atari mu bisabisho gusa,... vyose bitegerezwa kwiyambika ubutore bukomoka ku bweranda. Yatumiriye abari aho kwibaza ico bagiye gukoresha iyo paruwase kugira nti bazotane ikivi abandi mu kumenyesha Kristu Rukundo rwa Data.

Mu kumenyesha ico ari co abasangizi, yavuze ko ari abakristu bemera gutumwa kugaburira abandi Umukama Yezu m’Ukaristiya. Umusangizi ni umukristu aheza akanywana rwose na Kristu akongera akamunywanisha n’uwo wese agiye kwakira Umukama. Yatumiriye abakristu bose b’abakatolika kuba abambere mu kwubaka igihugu bishimikije imico myeru izotuma tubana neza mu mahoro. Ubuzima tubukura ku Mana yaturemeye kubaho imyaka yose maze bugakura umwuzurira mu rupfu n’izuka vya Yezu Kristu. Yabahanuye kutishinga ibisamaza nk’itelefone n’ibindi ariko bashire hejuru ukwemera kwabo; ukwo kwemera kwacu gukerebuke, kwongere kudufashe gusobanura icatsi n’ururo. Ukwo kwemera gushitse kutuvyarira ukwizigira gushitse n’urukundo rushitse.  Yipfurije iyo paruwase kuba inkingi nzima n’akarorero k’ayandi maparuwase.

Twobamenyesha ko iyo paruwase ibaye iyigira 52 muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Ibirori vy’uwo musi vyari vyatewe iteka n’abasaserdoti, abihebeyimana, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD/FDD kurwego rw’igihugu, Generali Evaristo NDAYISHIMIYE, hamwe n’imvukira z’iyo paruwase zikorera ahandi.

Paruwase Tereziya w’Umwana Yezu  yaraye ivutse !

Kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo, kari akanyamuneza ntangere ku bakristu b’i Mukobe, aho umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega yashinga icese paruwase ya Mukobe yitiriwe umweranda Tereza w’Umwana Yezu. Uwo musi kandi niho yaca yugurura umwaka w’ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Giheta agirako ahezagira inyubakwa abasaserdoti b’i Mukobe bazobamwo. Ivyo birori vyari vyitabwe n’abakristu isinzi batewe iteka n’abihebeye Imana n’imvukira za Paruwase Mukobe. Mu nkuka y’imisa, umwungere yari akikijwe n’abaserdoti batari bake.

Mu nyigisho yiwe, yabasomeye ijambo nyenubweranda Papa Fransisko yarungikiye abakristu bose ku musi mpuzamakungu ugira gatatu wahariwe aboro aho ashimikira ku busumbasumbane hagati y’abatunzi n’abakene, ikumirwa ryabo hamwe n’ico umwe wese ahamagariwe gukora ngo yiteho umworo mu kumubonamwo Kristu ababara. Musenyeri Ntamwana ati:  “Iyo nyigisho ya Papa yobera abanyamukobe uburyo nyabwo bwo kwitaho aboro n’ukumenyesha inkuru nziza y’urukundo”.

          Twobamenyesha ko iyo paruwase ibaye iya 53 muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

A. Theophile NDAYISHIMIYE

 

INTUNTU N'AGAHINDA MURI PARUWASE GAHEMBA (9-3-2017)

Paruwase Gahemba ni imwe mu ma Paruwase agize Diyoseze Nkuru ya Gitega. Iri muri Zone Rugabano, Komine ya Mwakiro mu Ntara ya Muyinga. Irongowe na Patiri Anatole NDUWIMANA, akunganirwa na  Patiri Dieudonné NZEYIMANA

 Ku musi wa kane igenekerezo rya 9 Ntwarante 2017, mu masaha ashira isaha y’icenda yo ku muhingamo, niho ibara ryagwa muri iyo Paruwase, abantu barahundagara, intuntu n’agahinda bifata icicaro mu miryango itari mike yegereye Paruwase. Nkuko  Paruwase yari yabitunganije muri iyo ndwi, uwo musi hari hategekanijwe amapfungo ku mugwi w’abagabo bo mu gisata ca Gahemba hamwe n’inama y’abashinzwe ubutumwa bwa Karitasi. Bugingo basozereye izo nyigisho niho hakungagirana imvura ivanze n’urubura rwinshi harimwo n’imituragaro. Muri iyo mituragaro rero hahava hajamwo n’imiravyo inkuba ica ihitana abantu babibri baca bahasiga ubuzima ubwo nyene. Abo nabo ni uwitwa Yanwari ITANGISHAKA yararongoye Umubano, akaba kandi no muri Komite nkuru ya Paruwase, Yoronimu SIMPARAYE, nawe akaba yari arongoye Umuhari w’Ingendanyi ku rwego rwa Paruwase. Abandi bane nabo barakomeretse, bamwe impuzu bari bambaye zikaba zarahiye zicika umunyota. Muribo uwubabaye cane akaba ari uwitwa Firidore BANCIRYANINO asanzwe ari umwunganira-ngo muri Paruwase.

Mu ncamake rero, abo bagize isanganya bose bari abunganira Paruwase kandi bitangira ubutumwa. Hambavu y’ivyo hari n’ibindi vyononekaye. Aha twovuga nk’ imirima yegereye hafi ya Paruwase (ibigori, imyumbati, ibitoke, ibiyoba, ikawa, ibiharage, imboga,…) ikaba yarononekaye cane kubera urubura. Umuntu agereranije hoba hononekaye nk’uburinganire bwa hegitari zibiri. Inyubakwa z’Abasaseredoti nazone zarononekaye; cane cane urugi rw’inzu, ibiyo vy’amadirisha hamwe rero n’ivyuma vyahora bibaha umuco uvuye ku mishwarara y’izuba.

Imiryango itari mike muri kino gihe ikaba yipfumbereje itagira ayo icira n’ayo imira. Itabaza uwo wese yogira ico aterera ko yobagarukirako. Turetse ibigori vyari vyeze bariko barasarura, ibindi ni ivyobafashije mu misi iri imbere.

 

Icivugo : "URWARUKA, TUZUKANE NA KRISTU MU KWAKIRA IKIGONGWE C’I MANA, KUGIRA TUBE ABANYAKIGONGWE NKA DATA"

Ku musi wa gatatu , igenekerezo rya 6 ndamukiza 2016, ni ho isabukuru yatangura. Kuva kw’isaha y’indwi n’igice abanyesabukuru barinjiye mw’Isengero nkuru ya Diyoseze barakoma ishwashwa. Gushika kw’isaha y’umunani hari hamaze gushika abanyesabukuru 374. Umuntu aravye uko baza barihuta, vyaraboneka ko isabukuru yari inyotewe n’urwo rwaruka. Biratwizez iyo sabukuru izozana ivyamwa.

Hari akanyamuneza mu rwaruka rwari ruje ruva muri Paruwasi Gihiza ruzanye umusalaba w’urwaruka ku rwego rw’intara y’ubutumwa ; rwari ruje ruri kumwe n’urundi rwo muri Paruwasi Mushasha rwari rwagiye kurutegera. Mbega ivyiza! Indirimbo zishimagiza umusalaba ni zo zasamirana. Abari bamaze kwinjira mw’Isengero barahagurutse ngo bihweze ico kimenyetso c’urukiza rwacu. Patiri mukuru wa Mushasha afadikanije na Patiri Luka Balthazar barawakiriye bawuvyagiza imbere ya Altari. Aho hose indirimbo ziwushimagiza zaguma zisekera (Umusalaba ni ryo bendera tuzomanika imbere y’Imana). Imbere yuko Imisa yugurura Isabukuru iherezwa, harabaye akanya k’agacerere kakurikiwe n’ugutazira Imana. Patiri Metode, Icariho c’Umwungere mu ntara y’ubutumwa ya Gitega, ni we yarongoye Inkuka y’Imisa. Yaratanze ikaze ku banyesabukuru bose : abasaseredoti be n’urwaruka.

Mu nyigisho yiwe, yisunze ibisomwa vy’uyo musi. Abanje kwibutsa abanyesabukuru icivugo c’Isabukuru, yagize ati : « Imigenzo myiza mu bantu yaraheze ; nako yaragabanutse kuko ubundi noba ndengeje urugero. Abantu, nta kigongwe tugifise cane. Ariko, tubimenye , uwubuze ikigongwe ni nk’umupfu atinukira. Ni ko, uwutagira ikigongwe aba yarapfuye. Izuka rya Yezu ritera akanyamuneza. Kwakira ikigongwe bitera akanyamuneza. Umutozakori Zake aratubera akarorero : yemeye guhinduka, yaciye ajana Yezu iwe, maze agira umusi mukuru. Tuzukane na Kristu mu kwakira ikigongwe c’Imana.                                      

Ukwo kuzukana na Kristu bidusaba guhebera abandi kandi bikatuzanira akanyamuneza. Aha twokwibuka wa muhungu mukuru yanka gusangira akanyamuneza na murumunawe yagiriwe ikigongwe na se wiwe. Nitube rero abanyakigongwe nka Data. Dutegerezwa kuba abanyakigongwe, dutegerezwa kugira akanyamuneza ko kwakira ico kigongwe. Uwubiduha ni Yezu ubwiwe.  Tuvyerekwa na Yezu aho yabwira abatumwa biwe ati : « Nimuronke Mutima Mweranda ». Yarongeye ati : « Abo muzorekurira ibicumuro bizoba babirekuriwe, abo muzobigumizako bizobagumako » (Yoh20, 21). Umusaseredoti yasozereye atwibutsa ko Yezu ari we buruhukiro bwacu We agira ati : « Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe ndabaruhurire ». Tumwegukire nk’uko abatumwa babigenjeje. Nitugire ikigongwe tugishikirize abandi ni ho tuzoba tuzukanye na Kristu .

Inkuka y’Imisa yasozerewe Umwibutsamana w’urwaruka mu ntara y’Ubutmwa ya Gitega, Patiri Boniface KWITONDA, nawe afata ijambo aha ikaze abanyesabukuru bose. Iyo Nkuka y’Imisa yasohoye igihe c’isaha icumi n’imwe. Igikorwa cakurikiye cabaye ukwakira abanyesabukuru bajanwa n’abo mu maparuwasi ya Mushasha, Rukundo, Mwungere Mwiza, Magarama, Mucunguzi, Yoba,… kubaraza. Bose bararonse aho barara n’aho hari abashitse isaha imwe y’ijoro.Dushimire Imana nabo nyene hahavuye haboneka abaza kubatora barabaraza.

Umusi wa kabiri : ku wa kane, italiki 7/4/2016 : Isabukuru nyezina

Inyigisho ya mbere :URWARUKA N’UBURYO BWO GUHANAHANA AMAKURU  (Patiri Thaddée MINYURANO)

Ijambo ry’Imana: Mt10 ,16-20

 Intangamarara :

 Mu ciyumviro co Guhanahana amakuru harimwo iyi nsiguro : Gutanga no kumenyesha ubutumwa. Aho naho haba uwutanga inkuru hakaba n’uwuyakira . ivyo bica mu mvugo canke mu nyandiko canke kandi mu ndabo.  Twibuke ko ivyo bitaraba abashobora gusa kuvuga canke kwandika. N’abagendana ubumuga barafise uburyo bakoresha mu guhanahana amakuru. Ariko rero, inkuru kenshi iradushikira yataye akanovera, yatitutse canke mbere yahindutse gose. Inkuru ishobora kandi kudushikira biciye mw’ijwi.   

Ibikoreshwa mu gutanga amakuru

Biri mu mitigiri ibiri : Umubiri w’umuntu ubwawo uratanga inkuru : umunwa canke amaboko ; ibinyamakuru vyandikwa ; iradiyo…

umugwi w’uburyo bushasha : telefone ngendanwa, inyabwonko, ingurukanabumenyi ;…..

Akamaro k’ivyo bikoresho : Ivuma bidufasha guhanahana amakuru biradufitiye akamaro kanini ariko kandi bikagira n’inkurikizi zimwe nziza n’izindi mbi mu mibereho yacu.

Akunguko :

Ivyuma duhanahanirako amakuru biratuma inkuru idushikira mu mwanya muto. Ivyo dukora bifata umwanya muto. Umuntu arashobora kuronka mbere n’umugenzi biciye muri ubwo buhinga. Birafasha mu budandaji, mu buvuzi. Biratuma duhanahana ibidandazwa.  Mu gisata c’indero, biratuma uyu musi abiga biga batarinze gufata ingendo zotumye mbere umuntu asanga ariko ateba mu nzira : uyu musi ibitabu usanga biza biri mu mamashini be n’amaterefone. Muri rusangi, ubuzima bwaratejwe imbere n’ivyo vyuma, burahinduka.

Uruhohombo :

Ariko rero, ivyo bikoresho vyatuzaniye n’ingaruka zizingamika ubuzima bwacu : imigenderanire y’abantu iratituka : umuntu arirangagiza mugenziwe akihebera telefone, ikiyago yari kugirana n’uwo babana kigasubirirwa na yo . Kubera ivyo umuntu agenda abona ku mboneshakure ashobora kuhandura ingendo inyuranye n’iteka ryiwe : inyambaro zarahindutse, bamwe ntibacikwiza, ukwizigama vyaranga umurundikazi vyafashe iyindi shusho, amasanamu y’ibiterasoni arabwa atuma abantu birekurira mu bushurashuzi, umuntu akabwigirana canke akama arajwe ishinga no kurondera akaryoheramubiri. Ivyo kenshi biratuma umuntu arara adasinziriye, maze, bukebuke ubwenge na bwo nyene, nk’uko abahinga babitohoje babitubwira, bugenda bugabanuka. Icibonekeza ni uko uwamenyereye iyo ngendo agenda yiyagiriza, mu mutima wiwe akumva isoni ryinshi n’itekane rike.

 Ico gukora :

Amakuru yatanzwe nabi atuma abantu babonana ukutari ko. Muri ayo makuru, dutumiriwe gukoresha utuyungiro dutatu : amatwi, amaso, umunwa.

 Mu ncamake, ibikoresho biradufasha guhanahana amakuru, ariko dutumiriwe kubikoresha neza. Dutumiriwe kumenya umwanya ubereye wo kubikoresha. Tubikoreshe ngo twubakane nk’umuryango, ntitubikoreshe mu kubeshanya no gusamburana. Umwe wese ng’aha, ahamagariwe kwibaza ati : jewe ntanga amakuru ayahe ? ndayatanga gute ? ibikoresho bitanga amakuru ndabikoresha gute?

Twumvirize ico Ekleziya itwigisha ku gutanga amakuru.

 Mu nama y’i Vatikano ya kabiri, Papa Pawulo wa gatandatu, mu ngingo inama yashitseko ku bijanye no gutanga amakuru, yagize ati : « Twovyagirizwa imbere y’Imana tudakoresheje ubwo buryo bwo mu kumenyesha Inkuru Nziza. Ubwo buryo ni  ingabirano y’Imana.  Ubwo buryo rero, mu gihe buzanira abantu ineza, twobushima, tukabunegura igihe butituye ubuzima bw’umuntu. Uwutararonka akuma akoresha mu tugezweho two gutanga amakuru yokarondera amaze kukaronka akamenya akamaro kako keza ».

 Mu nyigisho yiwe, Patiri Tade yarangije atumirira urwaruka kwama rwibuka Ijambo Umukama yatekereye abigishwa biwe abarungitse mu butumwa. Yababwiye ati : « Gende, ndabarungitse nk’intama mu mfyisi none muhagabire ».  Mu yandi majambo, yabatumiriye kwama bagavye, bakerebuke. Duhamagariwe natwe gukoresha uburyo bwo guhanahana amakuru mu gikorwa gihimbaye kandi gihambaye co kumenyesha Inkuru nziza, tumenyeshe Yezu Kristu yazutse.   

Inyigisho igira kabiri  : NITUREKE GUFATA IMIGENZO Y’IYI SI (Patiri Visenti NZOHABONIMANA).

Muri iyo nyigisho twarabonye ko mw’isi hariko haza ititura-migenzo ridukura ku Mana. Iryo titura-migenzo ririko rica mu canzo, ahantu hatabonek a cane, mu majambo, ingeso, ingiro n’ingendo bisosa ariko birimwo ubumara (Nouvelle ethique mondiale) . Ririko ryinjira ryonona, rigwanya, ryica, ubuzima-rukristu.  Aho ririko riraca cane cane ni mukaryoheramubiri. Bikajana mu busambanyi, mu bugunge, mu ruhendo rw’abahinga n’abanyarwenge, mu kuba sindabibazwa, ..., ivyo vyose bigatuma umuntu yibagira amabwirizwa y’Imana agasigara agenza itima.  

Uyu musi warangijwe no kuraba ireresi y’ubuzima bw’Umweranda Isidori BAKANJA, hamwe no kuzirikana ico twokora ngo natwe tube beranda.

Umusi wa 2 w’Isabukuru Nyezina, ari nawo wo kuyisozera. Ku wa 5, igenekerezo rya 8/5/2016

 Mu gatondo urwaruka rwazindukiye mugisabisho co guteramira Yezu mu Karistiya (co kimwe no ku musi wa 1 w’isabukuru), hama baragira umugirwa wo guca mu rugi rw’ikigongwe.

Inyigisho yari imwe. Yatanzwe n’Umwungere Mukuru wa Dioseze nkuru ya Gitega. Na yo ni iyi : IKIGONGWE NI AKARANGA K’IMANA RUKUNDO, NI  NA CO KIRANGA UWUKUNDANA

 Iyo nyigisho yakurikiwe n’ukubaza ibibazo. Vyahavuye biba vyinshi cane, n’uguhera ntivyaheze.

Inkuka ya Misa yo gusozera isabukuru yatanguye saa sita, iherezwa n’Umwungere wacu wa Gitega, akikijwe n’abasaserdoti b’ibutsamana b’urwaruka mu ntara y’ubutumwa ya Gitega, mbere na Patiri mukuru wa Paruwase Mushasha. Muriyo, Umwungere yarasubiriye guhanura urwaruka ngo ntirucikire ibisayangana kandi rwigenze runtu na rukristu kugira rutegure neza kazoza karwo.  Patiri Boniface, Kwitonda, umwibutsamana mukuru muri iyi ntara y’ubutumwa yarasomye ijambo ryo gusozera. Na ryo ni iri: .

ITANGAZO RISOZERA ISABUKURU Y’URWARUKA MU NTARA Y’UBUTUMWA YA GITEGA                                         

Nyenicubahiro Mwungere wacu, Nyakwubahwa Patiri Mukuru wa Paruwasi Kristu Mwami ya Mushasha, bavukanyi basaseredoti dusangiye ubutumwa mwaje muherekeje abanyesabukuru turiko turasozera muvuye mu maparuwasi agize iyi ntara y’ubutumwa yacu ya Gitega, bihebeyimana mwaje kwifatanya na twebwe muri iyi sabukuru, rwaruka mwese ruri ng’aha, nitugire Kristu.

 Gihugu c’Imana dukoraniye ng’aha, mfashe aka kanya ngo nserure akanyamuneza mfise ku mutima kubera iyi sabukuru. Nje imbere yanyu ngo menyeshe  icaranze isabukuru. Mbega twahavotoye iki ?

 Bavukanyi, kuva ku musi wa gatatu, kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza uyu mwaka, twaravuye irya n’ino mu maparuwasi yacu twitavye akamo twatewe ngo tuze mw’isabukuru. Icivugo cari iki : URWARUKA, TUZUKANE NA KRISTU MU KWAKIRA IKIGONGWE C’I MANA, KUGIRA TUBE ABANYAKIGONGWE NKA DATA. Twoze mu ndiba y’ico civugo, twarahawe inyigisho zidufasha kwinagura ngo duhurumbire ikigongwe c’Imana kuko gitera akanyamuneza. Ivyo twarabizirikanye ku mus iwa mbere tugishika mu Nkuka Nyeranda y’Ukaristiya. Ni ko, mu kubandanya twinovora intsinzi y’Umukama wacu Yezu Kristu, nkomoko y’Icungurwa ryacu, vyari bibereye ko tugira icivugo nk’ico. Kristu yaducunguye abandanya adutumirira kuzukana na we. Ni muri iyo ntumbero mbere, turavye ibihe tugezemwo, dusomye Ijambo ry’Imana ryo muco w’ubuzima bwacu, twarategereye ko Yezu yinjiye mu mibereho y’ubuzima bwacu, ivyo akaba yavyemeye kuva yemeye kuza kugerera mu nda ya Mariya, maze akaba umwe hagati yacu, agasa na twebwe muri vyose ndetse igicumuro.

 Tumurikiwe n’iryo Jambo, twarabonye ico urwaruka rwacu runyotewe, niko guca dushimangirira kuri izi nyigisho zitatu zatanzwe muri iyi sabukuru :

1.     Urwaruka n’uburyo bwo guhanahana amakuru ; yatanzwe na Patiri Thaddée MINYURANO. Ibikoresho bidufasha gahanahana amakuru, twarabonye ko vyatumye dutera imbere ariko kandi ko vyadusubuirije inyuma imigenderanire, ukwitaho abandi vyaragabanutse.

Umusaseredoti yatwigishije ; mu kwibutsa inyigisho y’Ekleziya ku bijanye no guhanahana amakuru, twarategereye ko tutokoresha ivyuma vyo gahanahana amakuru mu gusambura isi, mu gutoba imigenzo myiza yamye iranga abarundi. Ivyo vyuma twobikoresha mu kumenyesha Inkuru nziza. Tutabigenjeje gutyo, imbere y’Imana twobibazwa. Ivyo vyuma, twomenya ko ari uburyo Imana yatugabiye ngo tubikoreshe   mu kuyimenyesha.

2.     Inyigisho igira kabiri  yari iyi : Nitureke gufata imigenzo y’iyi si. Yatanzwe na Patiri Visenti NZOHABONIMANA. Muri iyo nyigisho twarabonye ko mw’isi hariko haza ititura-migenzo ridukura ku Mana. Iryo titura-migenzo ririko rica mu canzo. Ririko ryinjira ryonona ubuzima-rukristu.  Aho ririko riraca cane cane ni mw’iryohezamubiri. Iryo rijana mu busambanyi butuma umuntu yibagira amabwirizwa y’Imana agasigara agenza itima.  

3.     Inyigisho ya gatatu twayishikirijwe n’Umwungere wacu, na yo ni iyi : Ikigongwe ni akaranga k’Imana Rukundo, ni  na co kiranga uwukundana

 Muri iyo nyigisho, Umwungere yishimikije Ijambo ry’Imana be n’Inyigisho ya Papa Fransisiko, yatwibukije ko ikigongwe kivyara akanyamuneza. Ikigongwe ni co Yezu yagumye yerekana ubuzima bwiwe bwose. Ivyo vyose yabitumwa na rwa rukondo yadukunze gashika ku musaraba. Umwungere ati: Ijambo Yezu yavuze ari ku musaraba rirerekana umutima wiwe w’urukundo rudatsindwa n’ishavu.  Yezu we, naho bamutyekeza, yarabasabiye kwa Se wiwe, ati: Dawe, bagirire ikigongwe ntibazi ico bakora. Iryo jambo ni inkoramutima ku mukristu. Mu musozo w’inyigisho yiwe, Umwungere yatwibukije ko twotsinda mu mitima yacu   ivyiyumviro vyose bibiba muri twebwe urwanko. Nkako,  urwo rwanko rwirukana ca kigongwe c’Imana. Ukudaha akaryo na gatoya umuntu aduhamagarira iryo shano ni ho hari umuti wa mbere wo kwinywanira n’Imana Soko ry’Ikigongwe n’umuvukano. 

Mbega ivyiza! Bakundwa ba Kristu mwese muri ng’aha, nitwinovore umurava w’izo nyigisho twavotorewe n’abatwigishije bose. Tuzijane mu buzima bwacu.  Nta nkeka, nitwazivyagiza mu ntimatima yacu, isi tuzoyigira nshasha aho kuduhuka urwanko, ubushurashuzi n’ububeshi;  ikangirane urukundo, ikigongwe n’umuvukano. Dushitse ng’aho, koko tuzoba twabaye ivyabona vya Kristu yazutse agacagagura imizana yose y’urupfu akadusagiriza umuco w’agakura. Uyo muco ni tuwakire, maze, kumwe kw’Abatumwa tuvuge imbere y’uwo wese ashaka kuduca ku Mana tuti: Oya, ntituri buhebe gushingira intahe Yezu, tuzokwama twigisha kw’izina rya Yezu. Dushimire Imana yaduhaye aka karyo.

Ndangije nshimira uwo wese yitanze ngo isabukuru rigende neza. Ndakengurukiye abatwugushije bose, ndakengurukiye imiryango yatwakiririye abanyesabukuru ikabaha indaro. Rwaruka, ndabakengurukiye ku kuntu mwitavye isabukuru.                        

 Ese uko igitigiri canyu kitari gito kwoba ariko mugenda gushingira intahe Kristu aho muherereye hose. Ni ko, abitavye isabukuru twababa igihumbi n'amajana atatu na mirongo itandatu na batandatu (1.366).

 Turi kumwe twese, bane mureme tuzobishobora. Mana Mutima Mweranda tumugamburukiye, tuzobishobora.  Mbere n’ubu tubandanye twinovora iki civugo c’uyu mwaka muri diyozeze nkuru yacu tugire tuti: Dukundire Mana Mutima Mweranda atwigishe kwakira ikigongwe c’Imana kitunywanisha na Yo, kikatunywanisha na benewacu muri Ekleziya-Muryango.

Ndabipfurije mwese kujana n’Umukama. Gende muskike mwese amahoro.

 Ku bw’ubutumwa bw’abibutsamana bw’Abakristu ba-Layike mu ntara y’ubutumwa ya Gitega: Patiri Bonifasi KWITONDA.

 

PARUWASE MUSHASHA: UMUSI MUKURU MWIZA W'UMUVUNYI- KRISTU MWAMI.

Umusi mukuri wa Kristu Mwami, umuvunyi wa Paruwase Mushasha warahimbajwe ku buryo budasanzwe uno mwaka. Uwo musi mukuru usanzwe ari uw’abanyamihari bose, uhimbazwa kw’isi yose kuva 1925. Mu kuwitegurira, ku Mushasha, harakozwe ibintu bitari bike :

v Abaserdoti baragendeye abakristu babasanze ku bisata iwabo, barabategura ku mutima ;

v Radio Maria Burundi yamaranye indwi yose na paruwase ;

v Amazaburi n’Inkuka ya Misa y’agatondo, Ibiganiro bitari bike vyaraciye kuri iyo nsamirizi.

v Igiteramo kidasanzwe c’Indirimbo caratunganijwe, muri Cathédrale, ku muhingamo wo ku wa gatandatu urongora Kristu Mwami, gitunganywa n’abaririmvyi bahurikiye muri Choral « LA COLOMBE », aho bari batumiye n’iyindi migwi myinshi y’abaririmvyi bo mugisagara ca Gitega.

v Hagati muri ico giteramo, Patiri Timothée yarashikirije inyigisho, ivuye mu kiganiro yari yatanze kuri Radio-Maria (mu gatondo kuwo musi nyene), atako aravuga n’umweranda Cecilia (Umuvunyi w’abaririmvyi n’abacurarangira Imana), ahereza ku kungene abantu twohindura isi biciye mu kuririmba.

v Kuva mu ma saa moya y’ijoro, hararirimbwe amazaburi yo gushemeza Kristu Mwami  muri Cathédrale nyene ya Kristu Mwami yo ku Mushasha.

v Urubanza rwagakura rwo guhimbaza umuvunyi gwaratunganijwe ruca ruba kuri uwo musi wa rwo nyene.

v Etc.

?Agace k’ikiganiro Patiri Timothée HAKIZIMANA yatanze kuri Radio-Maria buca ari Umusi Mukuru wa Kristu Mwami.

(…) Umusi Mukuru wa Kristu Mwami watangujwe na Papa Piyo XI, kw’igenekerezo rya 11 kigarama mu mwaka mweranda w’1925. Imvo nyamukuru, kwari nko kurondera ikigwanisho c’umutima (une arme spirituelle) cotsinda inguvu z’ububisha bwariko burasambura ubuzima rukristu, ubuzima bw’ukwemera, muri ico gihe. Bashaka ko Kristu aboneka nk’Uwuganza vyose, kandi atambibe zimutangira. Ugasangwa uguhakana Imana n’ibigirankana, bimwe bita « athéisme » vyari vyabaye ndanse mu ma « sociétés » y’ibihugu vyatanguye kwakira no kwigisha Inkuru nziza ya Yezu Kristu. Ivyo navyo bikaba vyari bifise inkurikizi zidasanzwe ziyerekanira mu kugunda no kurandura akabuto k’Ijambo ry’Imana n’ivyamwa vya ryo mu bantu (« sécularisation » mu gifaransa).  

Umwaka w’1925 watowe kuko wahuriranye n’uko hari haheze ibinjana 16 inama Nkuru y’Abepiskopi y’i Niseya ibaye (325), hakaba ari muri iyo nama hemejwe IKINYEGEZWA C’UBUMANA bwa Yezu Kristu, haremezwa UKUNGANA mu bukuru kw’abo ba persona babiri Data na Mwana.

Mu ntango rero, Umusi mukuru wa Kristu Mwami wahimbazwa kw’idominika ya nyuma yo mu kwezi kw’icumi, ari yo dominika irongora umusi mukuru w’aberanda bose. Ariko, mu nyuma vyarahindutse.  

Hamaze kuba inama Nkuru ya Vatikano ya II (1962-1965), harabaye « Ukunagura amasabama”(réforme liturgique). Italiki y’Umusi mukuru wa Kristu Mwami  co kimwe n’iyindi misi mikuru itari mike ica irunguruzwa.

Ni uko rero, kuva mu mwaka w’1969, abakatolika duhimbaza Umusi Mukuru wa Kristu Mwami kw’idominika yanyuma y’Umwaka wa Liturgia, ukwezi kw’icumi na rimwe kwegereje kurangira, ugaca ukurikirwa n’uw’Imana wa 1 w’ubushikiro, ariyo dominika ya 1 yo mu mwaka wa Liturgia. Ni ibintu vyumvikana cane, bibereye ndetse, uravye ingene ibisomwa vy’ijambo ry’Imana dushikirizwa mu mpera z’Umwaka wa liturgia bishimikira cane gose ku bihe vyanyuma, ku rugendo Ekleziya irimwo ngaha kw’isi no ku muzo ugira ka 2 wa Kristu, aje gucira urubanza isi (la Parusie).   

Ubwa kare umusi mukuru wa Kristu Mwami wabonetse bashimikira ku ciyumviro cuko Yezu Kristu ariwe Ntango ya vyose (le Principe qui cause tout- quas Primas)  ibintu vyose, ibihugu vyose, biva muri KRISTU, kandi ko abantu bose bategerezwa  kwubaha amategeko ya Kristu ». Ariko, inyuma y’inama nkuru ya Vatikano igira ka 2, intumbero y’umusi mukuru wa Kristu Mwami yarahinduwe : Ubaye « Umusi Mukuru wa Kristu Mwami w’Amakungu yose » (fête du Christ Roi de l’Univers), waciye ushimikira cane kuciyumviro cuko « muri Kristu Mwami ivyaremwe vyose ari ho bikoranirizwa canke bizokoranirizwa», muri kazoza; kanatsinda vyose bigenda birora kuri Kristu (cf. Col 1,20).

v Aha ubwa mbere (mu 1925) bavuga « Origine, source »: Intango, isoko ry’ibintu n’abantu.

v Ubwa ka 2 naho, ni ukuvuga kuva mu 1969, Kristu Mwami ni umusi mukuru ushimikira kur “Kristu mpera ya vyose”: « le Christ, récapitulation de tout»  mu gifaransa. 

Hariho ubudasa hagati y’ivyo vyiyumviro bibiri ariko mu vy’ukuri izo nsiguro zibiri ziza zunganiranira. Insiguro yatanguye ivuga intango. Iya kurikiye ikavuga iherezo. Ivyo rero bigaca vyemeza gose bimwe vyanditse muri mugitabu c’Ivyahishuwe, aho Kristu ahishurira Yohani Ubumana bwiwe bwamyeho kandi buzokwamaho: « Jewe ndi Alfa na Omega, ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma, Itanguriro n’Iherezo »(Ap 22,13).        

Ku musi mukuru wa Kristu Mwami (22-11-2015), ibirori nyenzina vy’urubanza vyarongoye na Musenyeri Jean Marie HARUSHIMANA, icegera c’Umwungere mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega. Isaha zine niho urugendo rwatangura, inkuka ya Misa ihimbaye irabandanya, ishengero isinzi ryakinje. Inyigisho y’uwo musi yarungitswe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega mu ma sengero yose agizwe Diyoseze; yashikirijwe na Musenyeri Jean Marie muri iyo nkuka ya misa (turayisanga kuri uru rubuga mu ruhande rwa “Souffle pour l’âme”).

Mu majambo yahavugiwe,twovuga:  

v Ijambo ry’Umukuru w’Inama nkuru ya paruwase, umushingantahe Jean Niyonizigiye, yakengurukiye Imana n’abatumwa bayo ku vyiza vyinshi iyo Mana yahunze Paruwase ibaciyeko, agirako aranavuga ivyaranguwe n’imigambi y’iterambere ya paruwase (yose hamwe ni mirongo ibiri n’itanu).

v Ijambo rya Nyakwubahwa Buramatari Mushasha wa Gitega ryo kuramutsa abakristu

v Ijambo ryo gukenguruka no gusaba ry’Uwaserukiye Radio Maria-Burundi- . Ati: “Dufashe Bikira Mariya kudufasha!”, mu guterera iyo Radio n’ubutumwa bwayo, mu kuyikunda, mu gusabira abayitangira,…

v Ijambo ry’Uwurongoye inama mpuzamihari muri Paruwase, aho yakeje gose paruwase n’abanyamihari bose k’urubanza ruhimbaye rw’umuvunyi wabo. Yaranahanuye abanyamihari ngo ntibadebukirwe ku gikorwa cabo ko gukwiza hose imigenzo myiza ya Kristu, aboba barahemukiye indagano zabo nabo ngo bigarure.

v Ijambo ry’urubanza rya Patiri Mukuru wa Mushasha, Patiri Méthode NTAHONDEREYE.   Patiri Mukuru yarashimiye cane Kristu Mwami yama azigamye Paruwase, arashimira abantu b’Imana bose badasiba kwerekana umutima rukristu kandi witanga muri Paruwase ya Mushasha: Abo nabo ni Umwepiskopi mukuru; icegera ciwe yamubereye mu ngoro uyo musi; abasaserdoti; abihebeyimana; abamenyeshamana; abanyamihari, abakristu bose na cane cane abari mu migwi ifasha ubutumwa; abatanga ic’icumi;  abagenzi ba hafi n’abakure baterereye kandi babandanya baterera imigambi ya Paruwase (nk’umugambi w’urwubako); abakristu bibwirije bo ubwabo gusiga irangi no gushariza imbere y’Itabernakulo yo muri cathédrale, n’abandi.

Yasavye ko

1º.    abakristu baba ku Mushasha ariko batarazana ana status yabo ko boyazana

2º.    Abakristu boza barashikiriza paruwase imigambi babona yobafasha nk’abantu bo mu gisagara, kugira ntihagire uwurinda kuyibiyumvirira, ngo ahave abigira nabi

3º.    Abakristu bose bokunda paruwase yabo na cane cane inama z’imibano rukristu. Kuri ico nyene ngo vuba hagiye gutomorwa imbibe hagati ya Mushasha na Mwungere Mwiza.

Inkuka ya Misa irangiye, habandanije agatutu kagizwe no gusangira akajumbu n’agakanywa k’urweze rw’uwo musi.

¡VIVA CRISTO-REY !...   NI  AHANGAME… KRISTU MWANI! (P. Timothée H.) 

 

IGISABISHO CO GUSABA IMANA NGO IFASHE ABAKRISTU KWUBAKA EKLEZIYA-MURYANGO

MANA MUREMYI W'IVYIZA VYOSE

WARASANGIJE UMUNTU ITEKA RYO GUTUNGANYA NEZA ISI N'IBIRI KURI YO. WARASHATSE KUDUCUNGURA MUKUTURUNGIKIRA UMWANA WAWE W'IKINEGE. NUHEZAGIRWE! KRISTU UMWANA WAWE YARATWIGISHIJE KO UKWEMERA KUTAGIRA IBIKORWA KUBA KWARAPFUYE AHO YAGIRA ATI: "ABAGIRA NGO MUKAMA MUKAMA SIBO BAZOKWINJIRA MU BWAMI BW'IJURU, ARIKO NI ABARANGURA ISHAKA RYA DATA".

TURAGUSAVYE RERO MANA YACU: HUNDA MUTIMA MWERANDA WAWE MU BARONGOYE ABANDI MU MIBANO, MU BISATA NO MURI PARUWASE YACU YOSE. MUHUMDE MU MVUKIRA ZAYO ZOSE, MU NCUTI NO MUBAGENZI BA PARUWASE YACU, UBUZUZE MUTIMA, ABAHE INGABIRANO YO GUKUNDA EKLEZIYA-MURYANGO. DUFASHE GUTEGERA KO TURI AMABUYE MAZIMA YUBATSE EKLEZIYA-MURYANGO MAZE TUBIGARAGAZE MU BIKORWA VYO KWUBAKA INGORO IKUBEREYE YO GUKORANIRIZAMWO ABANA BAWE, TUBIGIRE TUTARUHA, TUBIGIRANE URUKUNDO N'UKWITANGA, TUDACIKA INKOKORA, UKWEMERA KWACU KUGARAGARIRE MU BIKORWA. KRISTU WE BUYE ABUBATSI BARI BASHIBUYE UGAHEZA UKAMUGIRA IBUYE RY'INFURUKA, NATWUBAKIRE UMURYANGO, YAME HAGATI YACU, TWUBAKIRE KURI WE HANO IWACU .........................! BIKIRA MARIYA NI ATUBERE UMUKANDIZI YAME HAGATI YACU, ATUREMESHE NKO MUGIHE C'ABATUMWA MW'ISENAKULO, TUKUBERE IVYABONA MU MVUGO NO MU NGIRO. TUBIGUSABISHIJE YEZU KRISTU, UMUKAMA WACU. AMEN! 

Ni vyandikwe, Gitega, ku wa 8 munyonyo 2013 

+ Simoni NTAMWANA. 

 

UMWIHERERO W'ABASASERDOTI N'ABAKOZI BO MU MA PARUWASE AGIZE INTARA Y'UBUTUMWA YA GITEGA (Gihiza, 23/03/2015)

"MU MUBANO, NIHO TURONDERERA UBWERANDA". Uwo niwo mutwe w'Inyigisho abasaserdoti n'ababunganira mu paruwase y'intara y'ubutumwa ya Gitega, baronkejwe.

(Abitavye umwiherero  Mushasha : 3 prêtres et 3 sœurs ; Mucunguzi : 1 prêtre ; Magarama : 1 prêtre ; Yoba : 1 prêtre ; Rukundo : 1 prêtre et 1 séminariste (en stage) ; Gihiza : 3 prêtres ; Paroisse saint Gabriel  : 1 laïc.)  

UMUBANO – UBUZIMA BW’UMUBANO – NI IKIBAZA NYACO CO TWITAGATIFUZA; C’ITAGATIFURIZO; CO KWITAGATIFURIZAMWO.

Umuntu uwariwe wese arafise umubano – umuryango – yegukiye. Ahubwo ntiyegukiye umubano canke umuryango umwe gusa : umuryango w’abantu ; umuryango w’amaraso ; umuryango w’abakristu ; umugambwe ; amashirahamwe ; amadini.

Ica mbere kiduhuza twebwe twese turi aha ni ibatisimu. Ni ukwo rero, turasangiye ubuzima bw’abana b’Imana ku bw’ibatisimu. Ariko rero hariho n’ikindi gishobora kuduhuza: bamwe duhuzwa n’ubutumwa; abandi tugahuza n’indagano twaraganye; abandi nabo tugahuzwa n’isakramentu ry’ubusaserdoti.

Ariko rero tugarutse ku mubano wa twebwe abihebeye Imana hamwe be n’umubano w’abasaseredoti wo kibanza nyaco co gutereramwo intambwe mu nzira y’ubweranda, co kwitagatifurizamwo, tubwirizwa gutegera ko uwo mubano ari uwo gukurikiriramwo Yezu Kristu tukongera tukamwihebera mu gukorera benewacu dusangiye ubuzima bw’umubano hamwe n’abaho tubaye.

Uwo mubano rero ushimikiye,uhagaze ku kwemera dusangiye atari ku bw’amaraso. Ariko rero uwo mubano ubwirizwa kurangwa muri vyose na hose n’ingeso nziza ziranga abantu nya bantu hamwe n’abakristu b’ukuri kuko izo ngeso nziza zishimikiye kandi zikomezwa n’ingeso nziza ndoramana na ndengakamere. Ubuzima rero bw’umubano w’abakristu, w’abihebeye Imana canke abasaserdoti wisunga ubuzima bw’Ubutatu bweranda. Umuryango w’abantu – la famille humaine – siwo karorero k’umubano w’abakristu mu mirwi iyariyo yose. Akarorero k’umubano w’abakristu, abasaserdoti n’abihebeye Imana kava kandi gashimikiye ku buzima bw’Ubutatu bweranda. Hari ubumwe mu budasasa. Hakaba insangira nyakuri ryabagize ubwo bumwe. Uwo mubano rero ubwirizwa kwubakira ku nema z’Imana; ubwirizwa kwubakwa n’inema za Rugira vyose. Ubwirizwa kandi kubakira ku bubabare kuko umuntu agize uwo mubano abwirizwa kwivako uko bukeye uko bwije ngo yinjire mu bumwe bw’abavukanyi ufatiye ku karorero k’ubumwe bw’Ubutatu Bweranda.

I.            Agaciro, akamaro n’intumbero y’ubuzima bw’umubano utagatifuza

1º. La dimension sociale et dialogale de l’homme: Umuntu si nyamwigendako ahubwo ni kanyamibano na nyakiyago

Umuntu aba umuntu nya muntu igihe agumye kandi agakomeza ubunywanyi kumwe n’abandi bazi kubana kandi babayeho ngo abandi biteze imbere, babeho neza, bashike k’urugero rwuzuye rw’abantu. Ikiranga umuntu akuze, umuntu nya muntu ni ukumenya kubana n’abandi, kuja hamwe n’abandi kandi agafashanya na bo mu kwubaka ubuzima bw’umubano. Tufatiye ku buzima bw’imibano – la vie sociale – umuntu ashikira urugero rw’umuntu yuzuye igihe ashoboye kwakira abandi akongera agafashanya na bo mu guteza imbere abandi. Fransisiko w’i asizi mweranda yarashimikiye cane kw’isangirabuzima ry’abantu – les relations interpersonnelles – hamwe no mu kubana n’abandi ngo nabo bagire aho bigejeje – vivre avec les autres et pour les autres – kugirango umuntu ashikire urugero rwuzuye rw’ubuntu. Ni ukugira ubwo buzima bw’umubano ubuzima bw’umuvukano. Kanatsinda, Papa Paul VI aravyuhirira avyerekeje ku basaserdoti  ati : « Kuberako muri abungere b’abantu, abavyeyi babo n’abigisha babo, murabwirizwa kuba abavukanyi babo. Ikizobaranga mu biganiro hagati na bo ni ubugenzi bushimikiye kukubasukurira ». Papa Fransisiko ariko aravuga ubuzima bw’umubano soko ry’uberanda aruhirira ati : « Birahambaye cane ko twunga n’abo bantu ubumwe bushimikiye k’ubugenzi no k’umuvukano. Abagenzi barashobora kuba benshi, babiri canke batatu … Ariko rero tubwirizwa kwunga umuvukano na bose ». Muri ubwo buryo, umusaserdoti, canke umukristu canke uwihebeye Imana aritagatifuza muri ukwo gukorera benewabo no mukubakunda mu rukundo rw’abavukana, rutagira agahemo.

2º. Inyifato ndagamubano w’abakristu – attitudes particulières de la communauté chrétienne

Ubutumwa buranga uwakristu ni ukuba icabona ca Kristu hagati mu bantu babana : « Nimurabe ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye kubana nk’abavukana, mu bumwe » (Ps 133, 1). Urugero rwaho umukristu ashobora kwakira ingabirano y’ubuzima bw’umubano – iyo ngabirano nayo ni ugusangira ubuzima na Kristu – ni nk’ukugendera umukristu, gusengera hamwe n’abavukanyi, ugusangira ivyiza vy’Imana mu nkuka z’Ukaristiya cane cane izo ku w’Imana ; abandi n’abo ni abasangirabuzima rukristu mu muryango ; abahurira hamwe bakinagura mu gusangira amapfungo, ibisabisho, Ijambo ry’Imana n’irindi sangiramutima (cf. Ac 2, 42-47). Abo bakristu rero bahura kw’izina rya Kristu kandi basangira nawe twose, bakaba muri we kuko ariwe Mahoro yacu : « Nkako nyene, niwe mahoro yacu, we yatumye iyo mirwi ibiri icika umwe, mugusamburira mu mubiri wiwe rwa ruhome rwadutandukanya ari rwo rwanko » (Ep 2, 14). Muri we honyene niho dushobora guhura nk’abavukanyi, tukanezerwa kandi tugasangira twose. Iyo niyo nzira y’ubweranda bw’abakristu.

3º. Inyifato ndagamubano w’abihebeye Imana

Abagiye baratanguza imiryango bose y’abihebeye Imana, bipfuza kurangwa n’umuvukano waranze abakristu ba mbere b’i Yerusalemu. Abo nabo babaho bisunze ubuzima bwa Kristu ari kumwe n’abatumwa biwe. Uwo muryango rero waba urangwa n’abavukana kubw’ukwemera, basangiye ihamagarwa riwe no kurangura kumwe ubutumwa, bagaheza bakabaho nkuko Inkuru Nziza ibibahamagarira. Abo bavukanyi rero basangiye ihamagarwa n’ubutumwa, bahujwe n’ubumwe bw’umutima bushigikiye kuri Yezu Kristu. Si ibisanira rero bishimikiye ku karyango k’amaraso bibahuza. Ntibatorana bonyene, ahubwo bahamagarwa n’Imana bagaheza bagahura bagasangira muri Kristu iryo hamagarwa n’ubutumwa bijanye. N’aha nyene, ni inzira yokugenda bangana Imana yo nkomoko y’Ubweranda bwose.

4º. Inyifato ndangamubano w’abasaserdoti

Abasangiye umubano naho iyo ari abasaserdoti bahuriye ku bintu vyinshi muri iryo hamagarwa :

-        Basangiye ubunyanyi n’umwepiskopi. Ubwo bunywanyi bushimikiye kw’isakramentu  no ku butumwa bwokuba abasuku muri Ekleziya ya Yezu Krsitu (cf. PO 7 ; PDV 17).

-        Basangiye ubunywani hagati y’abo nk’abasaserdoti : kubera isakramentu baronse ari rimwe ni abavukanyi kubw’izo nema za Kristu zishingiye kuri iryo sakramentu. Babwirizwa rero gufashanya muri vyose biciye mu manama bagira, mugusangira ubuzima, mu bikorwa no mu rukundo (PO 8). Ibi navyo bisaba umupatiri umwe wese ukwo ari kwicisha bugufi agaheza akakira abandi ukwo bari.

-        Basangiye ubunyanyi n’umuryango w’abakristu abayemwo : Ubwo bucuti bunshingiye k’urukundi rwitanga nk’umungere mwiza. Ni umusaserdoti kuko asukurira abo ajejwe mu kwitanga atitangiriye itama (Mt 10, 45 ; Jn 13, 12-17 ; 1Co 9, 19). Kanatsinda, mu gusukurira abandi, nibwo butumwa ajejwe kandi yashinzwe muri kwa kwatirwa. Naho abasaserdoti ari abavyeyi, abangere n’abigisha mubo bajejwe, ni abavukanyi babo babereye abavyeyi n’abigisha n’abungere. Ico rero nticokwigera cibagirwa.

-        Bafitaniye ubucuti n’ab’isi : Bari mw’isi kandi niho barangurira ubutumwa bwabo. Ntibokwikumira canke bakumire abatari abakristu. Ni abasuku b’Umukama n’ubwami bwiwe : ubwami bw’amahoro, ubutungane, urukundo. Ubwami buzira inzigo, ishari n’urwanko.

II.         Ibiranga ubuzima bw’umubano urtyorora kandi ukuza mu nzira y’ubweranda :

1º. Umutima mwiza udashikuza : Abansangiye ihamagarwa n’ubutumwa bakeneye umubano udashikuza, urangwa n’umutima mwiza, ubafasha gutorera umuti ibiza bibagora vyose ; ingorane zishitse ntibazikuze ngo zifate isi n’ijuru. Ahubwo bafatiye ku bantu bawo n’ibibashikira vyose, bitonde bige imvo n’imvano zavyo, bakuremwo ibabfasha gukura, bigize kure ibibasubiza inyuma n’ibagira abaja.

Umutima mwiza udashikuza uzirana n’ubwiyorobetsi ; uzirana n’abansumire inda ; ba ndahiro mbi itarwaza mu nda ; ba utabeshe ntasumira umwana

2º. Ihwaniro ry’abantu bakuze : umubano uyobora mu nzira y’ubweranda urangwa n’abantu bakuze aho umwe wese azi ico abwirizwa gukora ; aho umwe wese yubahiriza uwundi mu butumwa bwiwe ariko akamenya guhuza n’abandi muri ubwo butumwa. Mu gukura mu nzira Umukama yahagariyemwo umw’umwe mu mubano, birakenewe ko umuntu agumya inzira yatanguye adataye umutwe : « Gutyo ntituzoba tukiri abana bazungagizwa kandi bahitanwa n’igihuhusi cose c’inyigisho ihagaze ku bubeshi bw’abantu, ku buhinga bwabo bw’ugutwara abandi mu binyoma » (Ep 4, 14).

3º. Umutima rugabo kandi w’ubutwari wereka abandi amayira y’ubweranda bocamwo. Si umutima rero wa basindabibazwa. Ni umutima witwararika ineza ya bose.

4º. Abasangirabutumwa (LG 44). Umubano niwirengagiza ubutumwa ngombwa, uzoba uriko urapfa akagirire kandi uzoshira uyonge. Si ubutumwa butuma umubano usambuka. Isangira butumwa ry’abasangiye umubano rikomeza umuvukano. Iyo ubutumwa budakomeje umuvukano w’ababana, ni ukwisuzuma tukaraba uko tumeze. Iyo umwe ari kuri ubu butumwa, uwundi abwirizwa ku mugumiriza akabando mu kumusabira no mu kumufasha mu bikenewe vyose.

5º. Umubano usangiye amasabamana n’iyindi migirwa y’abana b’Imana.

6º. Gukomeza iciyumviro ngenderwako catumye abantu bahura bakagira umubano. Iyo ico ciyumviro gipfuye canke cibagiwe, ubuzima bw’umubano burangwa n’umuvukano buca butituka.

III.       Ingorane zihanze ubuzima bw’umubano

Nta narimwo ihamagarwa rizokwigera ribura utuntu turigora. Biramutse bishitse, ntitwoba tukiri kw’isi. Kanatsinda, ninavyo twigisha n’Inama nkuru ya Vatikano II (LG 8): Ekleziya ni nyeranda ariko irakeneye kuguma yiyubura bushasha

1º. Turafise aho tugarukiriza mukubwiririkanya, muguhanahana amakuru – limites de la communication – Ntibishoboka ko bose tubagira canke batubera abagenzi pfampfe. Umuntu arafise aho ageza. Aho rero duca tubona ubworo bwacu. Ivyo navyo biradufasha kwityorora uko bukeye uko bwije ngo tubashe gushika k’urugero rwuzuye ariwe Kristu.

2º. Ubutumwa butandukanye aha nahariya ku bavukanyi batandukanye: Ivyo biratuma abasangiye umubano badahura ngo basangire ubuzima. Aha rero umwe wese abwirizwa kugiramwo uruhara rwiwe ukwo abishoboye kwose ngo ubuzima bw’umubano bubandanye kandi bukomere.

3º. Aho dukorera ubutumwa hatandukanye. Ni ukuvuga kuba mu mirwi mwinshi kandi turi abavukanyi dusangiye umubano. Uwiyumva mu wundi murwi aranguriramwo ubutumwa, aca atangura kutiyumva kumbure mu mubano arimwo. Gutyo ubuzima bw’umubano bugatangura gutituka. Mu nzira y’ubweranda dukura mu mubano, turabwirizwa kwigora, tukivako, tugaheba ivyo biturtyohera, tugaheza tukubaka umubano wacu.

IV.         Umubano w’ubakwa n’abunze ubumwe – la communauté se construit étant unis –.

Tutarindiriye vyose ku mubano, umuvukanyi umwe wese abwirizwa kwitwararika ukunywana n’abandi bavukanyi. Umwe wese abwirizwa kubishira ku muzirikanyi wiwe. Ikitwungira ubumwe twese kandi kitugororera inzira y’ukuri n’ubweranda ni ukukwirikira Yezu Kristu mu buzima turimwo. Ni ukugumwa ibanga muri ubwo buzima. Gutyo ubuzima burashoboka kandi buratungana.

1º. Kwubahiriza ubuzima ntamenwa bwa muntu – respecter l’intimité et le besoin de la solitude. Agatima ka muntu kabwirizwa kubahirizwa kugira umuntu yiyumve kandi abone ko ari n’agaciro.

2º. Ibidutandukanya ntibibwirizwa gusambura ubumwe. Ibidutandukanya vyobwirijwe kudufasha gutangarira ubwiza bw’Imana yo yaremye abantu batandukanye. Vyobwirijwe kandi kudufasha gushira hamwe ingabirano zitandukanye ngo twubwake ibitangaza vy’Imana. Ibidutagukanya vyobwirijwe kudufasha kumera nk’amashurwe menshi ashariza kubera atandukanye mu mabara ariko akubaka ikuntu ciza kuko agiye hamwe.

3º. Gukwirikira Yezu Kristu biratwubaka kandi twese bikaduhuza. Ugukwirikira Yezu Kristu biratwungira ubumwe twese. Igihe rero twemeye kwivako, tugakwirikira Yezu Kristu uko bikwiye, ntankeka ko duhurira hamwe naho tuba dutandukanye.

4º. Umubano w’abahindutse, wabarajwe ishinga no guhinduka.  Ni umubaho uhimbaza ikigongwe c’Umukama kandi ukagitanga ; ni umubano uhimbaza Yezu Kristu yizuye mu bapfuye (Les disciples d’Emmaüs : Lc 24, 13-35).

V.           Ikiganiro c’abavukana gicitse ihwaniro c’ubumwe n’ubunyanyi

Hari uburyo bwinshi bwokuvuga ibintu. Ntibikwiye kugira ivyiyumviro vyiza, kuba imvugakuri canke umuntu yizewe. Harakenewe rwose ko mubiganiro umuntu aba ari wese mu buntu bwiwe. Gutyo, arakura kandi agafasha abandi gukura mw’ibanga no mu bukristu canke mu buntu bwiwe. Ihwaniro rikuza umuntu risaba kuza wese n’ugushaka kwiwe kwose. Umubano rero uradufasha gukura, gushika k’urugero rwuzuye ariwe Kristu kuko udufasha kuba abantu nya bantu mu biganiro vy’abavandimwe, vy’abavukana. Ikiganiro c’abavukana gicika ihwaniro c’ubumwe n’ubunyanyi kidusaba kugira inyifato ibereye imbere y’abandi ; kumenya amajambo dukoresha mu gushikiriza ukuri ; kumenya ivyo tuvuga n’ingene tubivuga.

1º. Ikiganiro c’abakristu mu mubano kirafasha umuntu kwimenya ukwo ari : ukwo twumviriza umuntu tumwitayeho, agenda arimenya wenyene kuko ahuye n’umuvukanyi amwumva kandi amutegera. Ntiyiyugara ahubwo arahava akiyugurura akakira umuco w’Umukama.

2º. Ikiganiro c’abakristu mu mubano, ni ikiganiro kinywanisha abavukanyi n’Imana kuko ukuri kuratugira abidegemvya (Jn 8, 32).

3º. Ibikenewe kugirango ikiganiro gitange ivyamwa bishimishije :

-        Kwumviriza uwundi n’urukundo rwinshi : ni ukwumviriza kwa Kristu ; ni ukwumviriza muri Kristu kandi kumwe na Krsitu. Ibi navyo bisaba gufata umwanya ukwiye ukawuhebera uwundi ; kumenya kwumviriza ; kugumya agacerere

-        Kwakirana ubwitonzi bwinshi amayira y’umutima y’umuntu wa none : ni ukugendera n’ukugira urukundo rw’abakristu

-        Kwumviriza gushika umuntu ashikire agatima ka muntu ; amutegere ; banywane nkuko boba basangiye ayo mayira Umukama ariko aramucishamwo.

Uwurondera kuba mweranda ntabwirizwa kubironderera inyuma y’aho abaye canke yiyobagije abo babanye, basangiye ugupfa n’ugukira kubw’ubusaserdoti basangiye canke kubw’ubuzima bwihevyi bwabahuje be no ku bw’ibatisimu ryatugize bamwe.

(Uwatanze inyigisho: Patiri Nestor Niyokindi, Umurezi w’Iseminari nkuru y’i Gitega – Songa. / Uwabitororokanije: Patiri Timothée HAKIZIMANA.)