En date du 23 mars 2015, a eu lieu une recollection à l’intention des prêtres et du personnel des paroisses constitutives de la région pastorale de Gitega, de 10h00 à 15h00. C’était à la paroisse Gihiza. Dite recollection a été prêchée par l’abbé Nestor NIYOKINDI, professeur au Grand Séminaire Saint Jean Paul II de Gitega, sous le thème « LA COMMUNAUTE COMME LIEU DE SANCTIFICATION ». Quinzepersonnes ont répondu présents au rendez-vous : Mushasha : 3 prêtres et 3 sœurs ; Mucunguzi : 1 prêtre ; Magarama : 1 prêtre ; Yoba : 1 prêtre ; Rukundo : 1 prêtre et 1 séminariste (en stage) ; Gihiza : 3 prêtres ; Paroisse saint Gabriel (militaire) : 1 laïc.
Après l’instruction, nous avons eu une séance pour les confessions ; ensuite, la sainte Eucharistie, pour terminer avec des agapes fraternelles. Voici le contenu de l’instruction que l’Abbé Nestor a donné au cours de cette récollection :
UMUBANO – UBUZIMA BW’UMUBANO – NI IKIBAZA NYACO CO TWITAGATIFUZA; C’ITAGATIFURIZO; CO KWITAGATIFURIZAMWO.
Umuntu uwariwe wese arafise umubano – umuryango – yegukiye. Ahubwo ntiyegukiye umubano canke umuryango umwe gusa : umuryango w’abantu ; umuryango w’amaraso ; umuryango w’abakristu ; umugambwe ; amashirahamwe ; amadini.
Ica mbere kiduhuza twebwe twese turi aha ni ibatisimu. Ni ukwo rero, turasangiye ubuzima bw’abana b’Imana ku bw’ibatisimu. Ariko rero hariho n’ikindi gishobora kuduhuza: bamwe duhuzwa n’ubutumwa; abandi tugahuza n’indagano twaraganye; abandi nabo tugahuzwa n’isakramentu ry’ubusaserdoti.
Ariko rero tugarutse ku mubano wa twebwe abihebeye Imana hamwe be n’umubano w’abasaseredoti wo kibanza nyaco co gutereramwo intambwe mu nzira y’ubweranda, co kwitagatifurizamwo, tubwirizwa gutegera ko uwo mubano ari uwo gukurikiriramwo Yezu Kristu tukongera tukamwihebera mu gukorera benewacu dusangiye ubuzima bw’umubano hamwe n’abaho tubaye.
Uwo mubano rero ushimikiye,uhagaze ku kwemera dusangiye atari ku bw’amaraso. Ariko rero uwo mubano ubwirizwa kurangwa muri vyose na hose n’ingeso nziza ziranga abantu nya bantu hamwe n’abakristu b’ukuri kuko izo ngeso nziza zishimikiye kandi zikomezwa n’ingeso nziza ndoramana na ndengakamere. Ubuzima rero bw’umubano w’abakristu, w’abihebeye Imana canke abasaserdoti wisunga ubuzima bw’Ubutatu bweranda. Umuryango w’abantu – la famille humaine – siwo karorero k’umubano w’abakristu mu mirwi iyariyo yose. Akarorero k’umubano w’abakristu, abasaserdoti n’abihebeye Imana kava kandi gashimikiye ku buzima bw’Ubutatu bweranda. Hari ubumwe mu budasasa. Hakaba insangira nyakuri ryabagize ubwo bumwe. Uwo mubano rero ubwirizwa kwubakira ku nema z’Imana; ubwirizwa kwubakwa n’inema za Rugira vyose. Ubwirizwa kandi kubakira ku bubabare kuko umuntu agize uwo mubano abwirizwa kwivako uko bukeye uko bwije ngo yinjire mu bumwe bw’abavukanyi ufatiye ku karorero k’ubumwe bw’Ubutatu Bweranda.
I. Agaciro, akamaro n’intumbero y’ubuzima bw’umubano utagatifuza
1º. La dimension sociale et dialogale de l’homme: Umuntu si nyamwigendako ahubwo ni kanyamibano na nyakiyago
Umuntu aba umuntu nya muntu igihe agumye kandi agakomeza ubunywanyi kumwe n’abandi bazi kubana kandi babayeho ngo abandi biteze imbere, babeho neza, bashike k’urugero rwuzuye rw’abantu. Ikiranga umuntu akuze, umuntu nya muntu ni ukumenya kubana n’abandi, kuja hamwe n’abandi kandi agafashanya na bo mu kwubaka ubuzima bw’umubano. Tufatiye ku buzima bw’imibano – la vie sociale – umuntu ashikira urugero rw’umuntu yuzuye igihe ashoboye kwakira abandi akongera agafashanya na bo mu guteza imbere abandi. Fransisiko w’i asizi mweranda yarashimikiye cane kw’isangirabuzima ry’abantu – les relations interpersonnelles – hamwe no mu kubana n’abandi ngo nabo bagire aho bigejeje – vivre avec les autres et pour les autres – kugirango umuntu ashikire urugero rwuzuye rw’ubuntu. Ni ukugira ubwo buzima bw’umubano ubuzima bw’umuvukano. Kanatsinda, Papa Paul VI aravyuhirira avyerekeje ku basaserdoti ati : « Kuberako muri abungere b’abantu, abavyeyi babo n’abigisha babo, murabwirizwa kuba abavukanyi babo. Ikizobaranga mu biganiro hagati na bo ni ubugenzi bushimikiye kukubasukurira ». Papa Fransisiko ariko aravuga ubuzima bw’umubano soko ry’uberanda aruhirira ati : « Birahambaye cane ko twunga n’abo bantu ubumwe bushimikiye k’ubugenzi no k’umuvukano. Abagenzi barashobora kuba benshi, babiri canke batatu … Ariko rero tubwirizwa kwunga umuvukano na bose ». Muri ubwo buryo, umusaserdoti, canke umukristu canke uwihebeye Imana aritagatifuza muri ukwo gukorera benewabo no mukubakunda mu rukundo rw’abavukana, rutagira agahemo.
2º. Inyifato ndagamubano w’abakristu – attitudes particulières de la communauté chrétienne
Ubutumwa buranga uwakristu ni ukuba icabona ca Kristu hagati mu bantu babana : « Nimurabe ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye kubana nk’abavukana, mu bumwe » (Ps 133, 1). Urugero rwaho umukristu ashobora kwakira ingabirano y’ubuzima bw’umubano – iyo ngabirano nayo ni ugusangira ubuzima na Kristu – ni nk’ukugendera umukristu, gusengera hamwe n’abavukanyi, ugusangira ivyiza vy’Imana mu nkuka z’Ukaristiya cane cane izo ku w’Imana ; abandi n’abo ni abasangirabuzima rukristu mu muryango ; abahurira hamwe bakinagura mu gusangira amapfungo, ibisabisho, Ijambo ry’Imana n’irindi sangiramutima (cf. Ac 2, 42-47). Abo bakristu rero bahura kw’izina rya Kristu kandi basangira nawe twose, bakaba muri we kuko ariwe Mahoro yacu : « Nkako nyene, niwe mahoro yacu, we yatumye iyo mirwi ibiri icika umwe, mugusamburira mu mubiri wiwe rwa ruhome rwadutandukanya ari rwo rwanko » (Ep 2, 14). Muri we honyene niho dushobora guhura nk’abavukanyi, tukanezerwa kandi tugasangira twose. Iyo niyo nzira y’ubweranda bw’abakristu.
3º. Inyifato ndagamubano w’abihebeye Imana
Abagiye baratanguza imiryango bose y’abihebeye Imana, bipfuza kurangwa n’umuvukano waranze abakristu ba mbere b’i Yerusalemu. Abo nabo babaho bisunze ubuzima bwa Kristu ari kumwe n’abatumwa biwe. Uwo muryango rero waba urangwa n’abavukana kubw’ukwemera, basangiye ihamagarwa riwe no kurangura kumwe ubutumwa, bagaheza bakabaho nkuko Inkuru Nziza ibibahamagarira. Abo bavukanyi rero basangiye ihamagarwa n’ubutumwa, bahujwe n’ubumwe bw’umutima bushigikiye kuri Yezu Kristu. Si ibisanira rero bishimikiye ku karyango k’amaraso bibahuza. Ntibatorana bonyene, ahubwo bahamagarwa n’Imana bagaheza bagahura bagasangira muri Kristu iryo hamagarwa n’ubutumwa bijanye. N’aha nyene, ni inzira yokugenda bangana Imana yo nkomoko y’Ubweranda bwose.
4º. Inyifato ndangamubano w’abasaserdoti
Abasangiye umubano naho iyo ari abasaserdoti bahuriye ku bintu vyinshi muri iryo hamagarwa :
- Basangiye ubunyanyi n’umwepiskopi. Ubwo bunywanyi bushimikiye kw’isakramentu no ku butumwa bwokuba abasuku muri Ekleziya ya Yezu Krsitu (cf. PO 7 ; PDV 17).
- Basangiye ubunywani hagati y’abo nk’abasaserdoti : kubera isakramentu baronse ari rimwe ni abavukanyi kubw’izo nema za Kristu zishingiye kuri iryo sakramentu. Babwirizwa rero gufashanya muri vyose biciye mu manama bagira, mugusangira ubuzima, mu bikorwa no mu rukundo (PO 8). Ibi navyo bisaba umupatiri umwe wese ukwo ari kwicisha bugufi agaheza akakira abandi ukwo bari.
- Basangiye ubunyanyi n’umuryango w’abakristu abayemwo : Ubwo bucuti bunshingiye k’urukundi rwitanga nk’umungere mwiza. Ni umusaserdoti kuko asukurira abo ajejwe mu kwitanga atitangiriye itama (Mt 10, 45 ; Jn 13, 12-17 ; 1Co 9, 19). Kanatsinda, mu gusukurira abandi, nibwo butumwa ajejwe kandi yashinzwe muri kwa kwatirwa. Naho abasaserdoti ari abavyeyi, abangere n’abigisha mubo bajejwe, ni abavukanyi babo babereye abavyeyi n’abigisha n’abungere. Ico rero nticokwigera cibagirwa.
- Bafitaniye ubucuti n’ab’isi : Bari mw’isi kandi niho barangurira ubutumwa bwabo. Ntibokwikumira canke bakumire abatari abakristu. Ni abasuku b’Umukama n’ubwami bwiwe : ubwami bw’amahoro, ubutungane, urukundo. Ubwami buzira inzigo, ishari n’urwanko.
II. Ibiranga ubuzima bw’umubano urtyorora kandi ukuza mu nzira y’ubweranda :
1º. Umutima mwiza udashikuza : Abansangiye ihamagarwa n’ubutumwa bakeneye umubano udashikuza, urangwa n’umutima mwiza, ubafasha gutorera umuti ibiza bibagora vyose ; ingorane zishitse ntibazikuze ngo zifate isi n’ijuru. Ahubwo bafatiye ku bantu bawo n’ibibashikira vyose, bitonde bige imvo n’imvano zavyo, bakuremwo ibabfasha gukura, bigize kure ibibasubiza inyuma n’ibagira abaja.
Umutima mwiza udashikuza uzirana n’ubwiyorobetsi ; uzirana n’abansumire inda ; ba ndahiro mbi itarwaza mu nda ; ba utabeshe ntasumira umwana
2º. Ihwaniro ry’abantu bakuze : umubano uyobora mu nzira y’ubweranda urangwa n’abantu bakuze aho umwe wese azi ico abwirizwa gukora ; aho umwe wese yubahiriza uwundi mu butumwa bwiwe ariko akamenya guhuza n’abandi muri ubwo butumwa. Mu gukura mu nzira Umukama yahagariyemwo umw’umwe mu mubano, birakenewe ko umuntu agumya inzira yatanguye adataye umutwe : « Gutyo ntituzoba tukiri abana bazungagizwa kandi bahitanwa n’igihuhusi cose c’inyigisho ihagaze ku bubeshi bw’abantu, ku buhinga bwabo bw’ugutwara abandi mu binyoma » (Ep 4, 14).
3º. Umutima rugabo kandi w’ubutwari wereka abandi amayira y’ubweranda bocamwo. Si umutima rero wa basindabibazwa. Ni umutima witwararika ineza ya bose.
4º. Abasangirabutumwa (LG 44). Umubano niwirengagiza ubutumwa ngombwa, uzoba uriko urapfa akagirire kandi uzoshira uyonge. Si ubutumwa butuma umubano usambuka. Isangira butumwa ry’abasangiye umubano rikomeza umuvukano. Iyo ubutumwa budakomeje umuvukano w’ababana, ni ukwisuzuma tukaraba uko tumeze. Iyo umwe ari kuri ubu butumwa, uwundi abwirizwa ku mugumiriza akabando mu kumusabira no mu kumufasha mu bikenewe vyose.
5º. Umubano usangiye amasabamana n’iyindi migirwa y’abana b’Imana.
6º. Gukomeza iciyumviro ngenderwako catumye abantu bahura bakagira umubano. Iyo ico ciyumviro gipfuye canke cibagiwe, ubuzima bw’umubano burangwa n’umuvukano buca butituka.
III. Ingorane zihanze ubuzima bw’umubano
Nta narimwo ihamagarwa rizokwigera ribura utuntu turigora. Biramutse bishitse, ntitwoba tukiri kw’isi. Kanatsinda, ninavyo twigisha n’Inama nkuru ya Vatikano II (LG 8): Ekleziya ni nyeranda ariko irakeneye kuguma yiyubura bushasha
1º. Turafise aho tugarukiriza mukubwiririkanya, muguhanahana amakuru – limites de la communication – Ntibishoboka ko bose tubagira canke batubera abagenzi pfampfe. Umuntu arafise aho ageza. Aho rero duca tubona ubworo bwacu. Ivyo navyo biradufasha kwityorora uko bukeye uko bwije ngo tubashe gushika k’urugero rwuzuye ariwe Kristu.
2º. Ubutumwa butandukanye aha nahariya ku bavukanyi batandukanye: Ivyo biratuma abasangiye umubano badahura ngo basangire ubuzima. Aha rero umwe wese abwirizwa kugiramwo uruhara rwiwe ukwo abishoboye kwose ngo ubuzima bw’umubano bubandanye kandi bukomere.
3º. Aho dukorera ubutumwa hatandukanye. Ni ukuvuga kuba mu mirwi mwinshi kandi turi abavukanyi dusangiye umubano. Uwiyumva mu wundi murwi aranguriramwo ubutumwa, aca atangura kutiyumva kumbure mu mubano arimwo. Gutyo ubuzima bw’umubano bugatangura gutituka. Mu nzira y’ubweranda dukura mu mubano, turabwirizwa kwigora, tukivako, tugaheba ivyo biturtyohera, tugaheza tukubaka umubano wacu.
IV. Umubano w’ubakwa n’abunze ubumwe – la communauté se construit étant unis –.
Tutarindiriye vyose ku mubano, umuvukanyi umwe wese abwirizwa kwitwararika ukunywana n’abandi bavukanyi. Umwe wese abwirizwa kubishira ku muzirikanyi wiwe. Ikitwungira ubumwe twese kandi kitugororera inzira y’ukuri n’ubweranda ni ukukwirikira Yezu Kristu mu buzima turimwo. Ni ukugumwa ibanga muri ubwo buzima. Gutyo ubuzima burashoboka kandi buratungana.
1º. Kwubahiriza ubuzima ntamenwa bwa muntu – respecter l’intimité et le besoin de la solitude. Agatima ka muntu kabwirizwa kubahirizwa kugira umuntu yiyumve kandi abone ko ari n’agaciro.
2º. Ibidutandukanya ntibibwirizwa gusambura ubumwe. Ibidutandukanya vyobwirijwe kudufasha gutangarira ubwiza bw’Imana yo yaremye abantu batandukanye. Vyobwirijwe kandi kudufasha gushira hamwe ingabirano zitandukanye ngo twubwake ibitangaza vy’Imana. Ibidutagukanya vyobwirijwe kudufasha kumera nk’amashurwe menshi ashariza kubera atandukanye mu mabara ariko akubaka ikuntu ciza kuko agiye hamwe.
3º. Gukwirikira Yezu Kristu biratwubaka kandi twese bikaduhuza. Ugukwirikira Yezu Kristu biratwungira ubumwe twese. Igihe rero twemeye kwivako, tugakwirikira Yezu Kristu uko bikwiye, ntankeka ko duhurira hamwe naho tuba dutandukanye.
4º. Umubano w’abahindutse, wabarajwe ishinga no guhinduka. Ni umubaho uhimbaza ikigongwe c’Umukama kandi ukagitanga ; ni umubano uhimbaza Yezu Kristu yizuye mu bapfuye (Les disciples d’Emmaüs : Lc 24, 13-35).
V. Ikiganiro c’abavukana gicitse ihwaniro c’ubumwe n’ubunyanyi
Hari uburyo bwinshi bwokuvuga ibintu. Ntibikwiye kugira ivyiyumviro vyiza, kuba imvugakuri canke umuntu yizewe. Harakenewe rwose ko mubiganiro umuntu aba ari wese mu buntu bwiwe. Gutyo, arakura kandi agafasha abandi gukura mw’ibanga no mu bukristu canke mu buntu bwiwe. Ihwaniro rikuza umuntu risaba kuza wese n’ugushaka kwiwe kwose. Umubano rero uradufasha gukura, gushika k’urugero rwuzuye ariwe Kristu kuko udufasha kuba abantu nya bantu mu biganiro vy’abavandimwe, vy’abavukana. Ikiganiro c’abavukana gicika ihwaniro c’ubumwe n’ubunyanyi kidusaba kugira inyifato ibereye imbere y’abandi ; kumenya amajambo dukoresha mu gushikiriza ukuri ; kumenya ivyo tuvuga n’ingene tubivuga.
1º. Ikiganiro c’abakristu mu mubano kirafasha umuntu kwimenya ukwo ari : ukwo twumviriza umuntu tumwitayeho, agenda arimenya wenyene kuko ahuye n’umuvukanyi amwumva kandi amutegera. Ntiyiyugara ahubwo arahava akiyugurura akakira umuco w’Umukama.
2º. Ikiganiro c’abakristu mu mubano, ni ikiganiro kinywanisha abavukanyi n’Imana kuko ukuri kuratugira abidegemvya (Jn 8, 32).
3º. Ibikenewe kugirango ikiganiro gitange ivyamwa bishimishije :
- Kwumviriza uwundi n’urukundo rwinshi : ni ukwumviriza kwa Kristu ; ni ukwumviriza muri Kristu kandi kumwe na Krsitu. Ibi navyo bisaba gufata umwanya ukwiye ukawuhebera uwundi ; kumenya kwumviriza ; kugumya agacerere
- Kwakirana ubwitonzi bwinshi amayira y’umutima y’umuntu wa none : ni ukugendera n’ukugira urukundo rw’abakristu
- Kwumviriza gushika umuntu ashikire agatima ka muntu ; amutegere ; banywane nkuko boba basangiye ayo mayira Umukama ariko aramucishamwo.
Uwurondera kuba mweranda ntabwirizwa kubironderera inyuma y’aho abaye canke yiyobagije abo babanye, basangiye ugupfa n’ugukira kubw’ubusaserdoti basangiye canke kubw’ubuzima bwihevyi bwabahuje be no ku bw’ibatisimu ryatugize bamwe.
Par abbé Nestor Niyokindi, Umurezi w’Iseminari nkuru y’i Gitega – Songa.
Pour le site, A. Timothée HAKIZIMANA.