Skip to main content

IHIMBAZWA RYA YUBILE Y'IMYAKA YA 75 MUSENYERI SIMONI NTAMWANA

VYATUNGANIJWE NA ODAG-GITEGA

Naje kugira ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima bwuzuye. Jn 10,10

 Hari kuri uwu w’Imana igenerekerezo rya 4 / 7 /2021 ku kirimba ca Bikira Mariya nyina w’Ikigongwe kiri ku Mushasha, aho hahimbajwe  yubile y’imyaka 75 nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana amaze avutse.

Uwo musi mukuru watangujwe n’inkuka ya misa yabereye ku ku kirimba ca Bikira Mariya kiri ku Mushasha irongowe n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega ari nawe nyene urubanza. Iyo misa yagiye gutangura igihe c’isaha zine n’inusu (10h30)

Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe n’umusaserdoti arongoye ico kirimba yarahaye ikaze abenicubahiro bari bitavye urubanza, ati ni iteka dutewe ryo kwakira impundu ya Yubile iza gutererwa muri iki kibanza. Yasabiye umwungere ko ingabirano za yubire zosigasiga umwungere wacu. yagiriyeko anabereka ubukene buri muri ico kirimba ku bijanye n’inyubako kugira ngo abaje gusenga biyumve kuruta kandi bashobore kuronka aho barara mugihe vyoba bikenewe canke inzu y’amana.

Mu nyigisho yiwe, musenyeri Simoni ntamwana yagize ati « umuntu wese mu kanya kose aciye kuri iyi si ni ingabirano y’Imana y’imboneka rimwe, tutakirane urukundo ». yongeye avuga, mugusubiramwo izaburi ya 117 canke 118ati nimushimagize umukama kuko ubuntu bwiwe ari ubw’Imyaka yose.

Yarasavye Imana ko yomugabira kwigura abana bayo, iyo bava bakagera ntihagire n’umwe azimira yaramunshinzwe. Yavuze ati ngabira ubutore bwawe nabura kuri kagashusho kawe wandemana kugira nshobore kurondera ntatezura ubutore bwawe. Ukuramba si ivya muntu, igikorwakinini ni ic’imana, ahandi naho ni ahabandi bantu.

Yarongeye aravuga ko uwo musi ari akaryo keza ko gukengurukira abo bose bagize ico baterera ku buzima bwiwe.

Umuntu wese n’aho yoba imbanyi y’umusi umwe ; n’aho yoba uwatugiriye nabi ni ingabirano Imana iha umuryango w’abantu. Imana yamurelanye agashushio kayo, gatigera gatituka na rimwe….Umwumwe wese muri twebwe arabwirizwa kwunganira mwene wabo…. Nta muntu w’imburakuimazi, ntawe….umuntu wese ni imboneka rimwe, ni ngabirano duhawe ubu, tuyakiriye turayivyaza ibindi vyishi, tuyikengereye naho turayihomba gushika ku muhero w’isi, mbere Imana ikazoyitubaza. Urukundo ni bwo buryo bumwe rudende bwo gusangira uwo dusangiye na Rugira igira ibibondon niyo nzira inshikana kwa mwene wanyu… yabandanije abahamagarira gushira ubwoba ahubwo gukurikira Kristu we yadushikanye ku Mana no kuri benewacu.

Nu mpera y’inkuka ya missa, kabaye akaryo keza ko guha ijambo umukuru w’igihugu cacu Evariste NDAYISHIMIYE. Ati ntiyari kureka kuza kunezerwa hamwe n’umwungere dushimira Imana yo yaduhaye umuntu tuvomamwo ivyiza vyishi. Yarongeye arakeza cane Umwungere kuko yacioye muri vyishi kuko yanabonye igice c’intwaro ya gikorono, yarabonye ukuntu abarundi bo hambere birondera, mbere bikavyara amatati muri bene buruundi. Yahamagariye abari aho kurema muri bo umurundi mushasha, azira amacakubiri.

Yabandanije avuha ati Umusi wose ni intabwe nshasha kansi intabwe nshasha ni inguvu nshasha. Uno musi utanguye intabwe nshasha kandi uzanye inguvu nshasha. Tukuzeyeko vyishi kuko utanguye intambwe nshasha. Kw’izana ry’abarundi yaramukengurukiye kuvyo yakoreye igihuga agakengurukira na Ekleziya Gatolika kuvyo yama aikoro, canecane ibicishije mu gisata cayo ca ODAG-caritas …

Imisa irangiye, urubanza rwabandanirije mu kindi kibanza ahari hateguriwe inzimano. Ni muri ico kibanza nyene hatangiwe utuganuke bashikirije Umwungere, aho hari imiryango , harimwo umuryango w’umukuru w’igihugu, uwa Adolphe Nshimirimana, Uwa Vénérand Ntikazohera n’uwa Hon. Constantin) yamugabiye imodokari yo mubwoko bwa V8 nshasha, ishirahamwe ODAG naryo rimushikiriza intama 25, ikimenyetso c’imyaka amaze aragira ubusho muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

Twobamenyesha ko urwo rubanza rwar rwitabwe n’abanyacubahiro benshi duhereye ku mukuru w’igihudu cacu c’uburundi,uwahoze arongoye uburundi, perezida Sylvestre Ntibantunganya, umushikiranganyi wo gufatana munda, uw’ubutungane, umugwizatunga Venerand ntikazohera, ukushingamateka Constatin, nabandi benshi.

Imana ibandanye ikomeza umwungere wacu nawe abshe gukomeza ubusho yaragijwe.

DUFISE ITORWA RIMWE RYUZUYE, RINENGESEREYE, KANDI RITAGEREKWA: KUBA ABANA B’IMANA MURI EKLEZIYA-MURYANGO

Inyigisho y’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA ku musi w’Imana wa 2 w’Ikarema Umwaka -A-, ku wa -08/3/2020, aho yasozera urugendo rwo kuramutsa Paruwase ya Gahemba (Amam. 12,1-4ª; ZaB. 32; IITim. 1,8b-10; Mat.17,1-9)

1. Turashimiye Imana idusangije ikarema.

Ni igihe abakunzi n’abavukanyi ba Kristu twihatira gukuza no gushikana mu bigero itorwa ryacu ry’abana b’Imana, ari na ryo ridukoranije  irya n’ino kw’isi, uno musi, dukikije Umuvyeyi n’Umuremyi wacu, Mana Data, tuyobowe na Mutima Mweranda Rukundo.

Ndahimbawe rwose n’uko nsangiye na mwe uyu musi w’Imana utwibutsa iryo torwa mu buryo bwiyongereye, kuko Ijambo ry’Imana ry’uno musi ni co ritwibutsa rishimitse. Umukama ahamagara Aburahamu ngo amwigishe iteka umuntu yahawe akiremwa, ryo kuba ikiremwa gifise agashusho k’Imana (Amamuko 1,28). Nzokugira igihugu kinini, nzoguhezagira,… uzobera abandi umuhezagiro » (Amamuko 12,2). Aburahamu azogenda, yigishwe kandi asezerane n’Imana. « Iryo torwa ni ryo Paulo Mweranda yibukije umwana wiwe Timote, ati : « Imana yaradukijije, kandi idusangiza itorwa ryeranda ibanga ryeranda muri Kristu » (IITimote 1,9) ; Iryo torwa ryeranda ni ugusubira mu bumwe bwuzuye bwacu n’Imana, ngo dusangire iteka na Kristu Jambo wa Data yigize umuntu ngo atwereke na twe ingene twokwuzuza  neza ico twatakaje kubera igicumuro cacu.

Umukama Yezu areretse abigishwa biwe ico ari, na ico na bo bazoba nibaramuka bamwakiriye muri vyose. Umukama Yezu yarâkãtse, yaraciye ibibatsi ; yarabasabikanirije « Pasika y’akanya gatoyi », mu kubiyereka mu buninahazwa bw’izuka ryiwe, ariko bukiri kure, kuko bwihishije inyuma y’umusalaba. Iryo teka Yezu yerekaniye ku musozi wa Tabor ni ryo tubwirizwa kugabana ; ni ryo tubwirizwa kuzigama ; ni ryo tubwirizwa kurwanira na ntaryo. Ni ryo mbere mu yandi majambo twita « Ekleziya- Muryango », ni ryo « Ekleziya Gatolika » izanira umuntu yakiriye ukwemera yasigaranywe n’umukunzi wayo Kristu.

2.Iryo teka ni na ryo ryuzuye kandi rinengesereye.

Ni ryo ryuzuye kuko twarihawe na Mwene-Mana, we Gashusho k’Imana itaboneka (Abanyakorosi 1,15).

Riruzuye, kuko nyene kuriduha ari we musa « afise amajambo y’ubuzima » (Yohani 6, 68) kugirango abamwakiriye  ntibigere bateterwa, ariko baronke ubuzima (Yohani 3,16), kandi ubuzima bwuzuye (raba Yohani 10,10). Iryo teka riruzuye nkuko tuvyigishwa n’uruhererekane rw’inyigisho z’Ekleziya-Muryango , kuva muntango, gushika uno musi, duciye ku Nama Nkuru ya Vatikano ya II. (raba Kristu Muco w’amakungu no 2) Riruzuye kuko twarihawe na Kristu yatumwe na Se wiwe kutubwira umwuzurira w’itorwa ry’umuntu mu kanyota afitiye Imana Umuremyi wiwe.

3.Iryo teka ntirigerekwa.                            

Abarundi bati : « Akuzuye ntibamurika ». Kariyerekana ko kuzuye kandi kikwiye. Ni co gituma umusi twinjira muri iryo teka, Ekleziya idutumira gutuza Shetani n’ivyo vyose vyotwosha kuvirira iryo teka. Nta Kiranga, nta wundi wese twoba twarigeze guhengamira, eka abo bose ntibafise ikibanza mu mutima w’umukristu. Nta shirahamwe na rimwe rishobora kwicara mu mutima w’umunywanyi wa Kristu abushitse. Nta mugambwe n’umwe ufise ico usubiriza mu mutima wacu, co kwitwa Ekleziya-Muryango.Nidutegere rero. Na kirya gihe bamwe muri twebwe batumwako mu gisabisho c’umugambwe wabo, nibavyibuke batabita na rimwe : ni abagatorika bagiye gusangira igisabisho na bagenzi babo. Bagiye ari abana b’Ekleziya ; barangura ico gisabisho nk’abagatorika ; babwirizwa kugaruka bavuye muri co gisabisho ari abagatorika.Ni co gituma mubwirizwa kwiga ingene mwokwifata muri ico gisabisho. Kandi kuko nyene ico gisabisho atari ic’Ekleziya Gatorika, ntigikeneye twebwe abasaserdoti. Noneho, rya teka risangiwe n’abana b’Ekleziya-Muryango risangwe rinengesereye : nta kamaro rero ko kuritera urugereko ruridenda, canke mbere ruritosekaza.

4. Nimuze rero twikingire inzeduka zose n’amabi yose yorityoza.

Ya Karema duhejeje gutangura ni co ishaka kutumarira. Turatumwe gutaka iteka ry’abana b’Imana mu kwongereza ubweranda mu vyo dukora vyose, ata kintu na kimwe tuzigurije. Twama tubwira Imana tuti : « Izina ryawe nirininahazwe, ubwami bwawe nibukwire hose » (Igisabisho c’Umukama). Ntihagire umusi urenga  tuteretse Umukama ko twiyongereye  muri iryo teka ryo kunywana na we. Tukingire ubunywanyi bwacu n’Imana mu kuburinda ico cose cobutyoza, naho coba ikintu twari dusanzwe tumenyereye, canke coba kiri mu mico y’abakera, kuko na none duhamagariwe kugamburukira Imana ubwayo, kuruta uko tugamburukira ba sokuru, canke abakuru b’abantu. Ikarema niduherekeze rero dushobore guhimbarwa na Pasika Nyeranda, kuko muri yo tuzoba dusubiye kuzura agahimbare katagerwa n’abana b’Imana. Amen.

                                                                                          (+Simoni NTAMWANA, Umwungere mukuru wa  Gitega)

 

Umusi wo kwugura Irembo ry’Ikigongwe c’Imana mw’Idiyoseze (13.12.2015) n' Ugutanguza umwaka Mushasha w’Ubutumwa mu ntara y’Ubutumwa ya GITEGA

« NEZERWE, HIMBARWA, KUKO UMUKAMA ARI HAFI YACU"

                                                                     Ibisomwa: So 3, 14-18

                                                                                                             Za  - Izaya 12, 2-6

                                                                                                                             Phil 4, 4-7

                                                                                                                             Lk 3, 10-18

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’umusi w’Imana wa 3 w’Ubushikiro –Umwaka C_ Umusi wo kwugura Irembo ry’Ikigongwe c’Imana mw’Idiyoseze : 13.12.2015.

 Ugutanguza umwaka Mushasha w’Ubutumwa mu ntara y’Ubutumwa ya GITEGA.

 

1.     Ng’uyu umusi w’Imana wa 3 w’Ubushikiro. Ni umusi utwegereje Noeli. Turacagatiye igihe co kwakira Imana yigize umuntu ngo ibane na twe ; ca kiringo c’Ubushikiro kiraduhonjeje akanyamuneza twiteze, igihe Umukama ari kumwe na twe.

2.     Umuhanuzi Sofoniya ati : “ Ishongorane akanyamuneza, mukobwa wa Siyosni ! Vuza impundu Israeli ! Himbarwa, wigine n’umutima wawe wose, mukobwa wa Yeruzalemu !” Abo banywanyi b’Imana bayagwa mw’isezerano rya mbere batwereka ingene ahashashe Imana, umuntu na we akayiyoboka mu bumwe bw’intacika, havugwa kandi hama akanyamuneza.

3.     Umutumwa Paulo ariko araremesha abakunzi ba Kristu i Filipi, ntakekereza na gatoyi ko ata wundi abagabira agahimbare gashitse atari Kristu : “ Nimwame muhimbawe mu Mukama. Ndabivuge ndabisubire, nimuhimbarwe” (Fil 4,4) muri we kandi akanyamuneza kanyu kamuze. Naho amakuba yoba abazigirije, nkuko kwacu mu Burundi kubera indwano n’ibiriko birayiherekeza, Paulo Mweranda ntatinya kubabwira ati : “ Ntihagire ico mwinona... ivyo musaba nimubimenyeshe Imana. Niho amahoro y’Imana yo asiga ubwenge bwose yobazigamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristu Yezu” (Fil 4, 6.7). Na nje ndabibasavye : nimwame muhimbawe mu Mukama, bavukanyi dusangiye umuryango wa Diyoseze. Nimwame muri urugo rutamenwa, Kristu aguma amurikiye kuko aba muri rwo, kandi ataruvirira.

4.     “None dukore iki ?” (Lk 3, 10). Ngico ikibazo Yohani Baptista Mweranda yakiranye intumbero yo kumurikira abo bose bashaka kwitegurira umuzo w’Umukama.  Dukore iki, bavukanyi mwese mw’idiyoseze, kugirango iyi Yubile y’Ikigongwe c’Imana twugururiye irembo ize idukore no mw’ino, idufashe kubohoka, idukure mu ruhumyi, idukure mu buja igicumuro kitushiramwo ? Dukore iki, bavukanyi bo mu ntara y’ubutumwa ya Gitega, kugirango uyu mwaka w’Ubutumwa ntuze wiyongere ku yindi tumaze, ariko, ube urugereko ruboneka kandi rushajije ruzoheza rugategura amajambere y’Ekleziya- Muryango mu karere turimwo ?

5.     Yubile idasanzwe nifatane n’uno mwaka wacu w’ubutumwa, maze vyompi nyene binywanye. Ico twageneye iyi Yubile mu maparuwase yacu cakire ico twategekanije mu butumwa, vyompi bidufashe gushika mw’iteka ry’abana b’Imana.

6.     Ikigongwe c’Imana ntikiri kure y’ikigongwe twebwe bene-Mana nyene tubwirizwa kwama twasangiye, ari mu kwitwararikana nkuko bikwiye abasangiye urugo rumwe rw’Ekleziya- Muryango ; ari mu kugiriranira impuhwe mu bumwe budusangiza ubutumwa n’imigambi ; ari mu kurekuriranira, kugirango imitima ishobore kuvukana bishitse muri Kristu Yezu, we bumwe bwacu. Aho ni ho ca Kigongwe ca Dawe wa twese tuzoja turagabana muri uyu mwaka wa Yubile kizoheza kikatubera isôko ryo gukomeza umuryango wose w’Imana harya tuba, harya dukorera imirimo yacu. Ubutumwa dutanguye uno musi na bwo buzoca buba inzira irashe idushikana kuri ico kigongwe ca Sekigongwe, bwongere butubere uburyo bwo gusabikanya no kugwiza ico twagabanye ku Mukama.

7.     Idominika ya 3 y’Ubushikiro yama itwuzuza akanyamuneza kava ku mwizero utavuguruzwa wo kurindirana Umukama umutima uzira akabi. Uno mwaka wo, uje umeze nk’igikemanyi cuzuye urukundo kandi canengesereye. Ese twonezerwa, tugahimbarwa mu Mukama, kuko ari hafi yacu. Amagorwa mabi Uburundi burimwo yaraye atwariye rimwe abantu bababa 100 mbere barenga, nadufashe ariko kubona ingene urugendo rukiri kure, kandi ko tubwirizwa guhanahana Ikigongwe c’Imana, tudahigimye, ata n’izindi ngabire turinze gusabana, kuko aharaye inzigo hama harara urupfu ; na rwo aho ruraye, ubuzima buba bwacerewe kera. 

     Ubutumwa bwiza na Yubile Nziza y’Ikigongwe c’Imana. Amen.

 

                                                                                               + Simoni NTAMWANA

                                             Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega

 

INYIGISHO ISHIKIRIJWE N’UMWUNGERE MUKURU WA DIOSEZE NKURU YA GITEGA KU MUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI 22-11- 2015.

“NI TUYOBOKE KRISTU UMWAMI W’AMAHORO ATUGIRE IBIKORESHO VYO KUREMESHA AMAHORO”.

Bakristu mwese,

Banyamihari mwese,

Rwaruka Nkunda,

 

1. Ndabaramukije mwese ndabipfuriza amahoro ya Kristu Umwami wacu, Umwami w’Ubutungane n’amahoro. Ni tumuyoboke, atugire ibikoresho vyo kuremesha amahoro. 

2. Yezu Kristu ni Umwami w’amahoro.  Natwe kugira ngo tube abantu bahiriwe, aduhamagarira kuremesha amahoro aho duherereye hose. Nkako we nyene ubwiwe atubwira ati: “Hahiriwe abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana b’Imana” (Mt 5,9).

3. Ubwami bwa Kristu burangwa no gushingira ingingo ukuri kandi ni naco yavukiye kikamutuma aza kw’isi kandi uwukunda ukuri wese yumviriza ijwi ryiwe. Uko niko yishuye Pilato igihe yariko aramubaza ko ari umwami.

4. Amahoro arama azoboneka igihe natwe aba-Kristu, mu nfuruka zose z’ubuzima turimwo, tuzovira hasi rimwe tugashingira ingingo ukuri, ntidushingire ingingo ikinyoma. Ni dukunde ukuri kuko arikwo   kuzotugira abidegemvya (Yoh 8,31-33). Uwukunda ukuri na we, yumva ijwi rya Yezu. Ukuri kurabohora, ikinyoma naco kiraboha mbere kigatuma uwagisasiye indava yama mu ruhagarara, kuko yama yibaza ko abandi Bazohava bahinyura amayeri yiwe, gurtyo akama agabiye kuzivya uwo wese ahirahiriye gukabakaba ayo mayeri, maze agahava afatwa n’akagwara ko kwikeka abantu bose. Ukwo kuri tugusanga mw’Ijambo ry’Imana no mu nyigisho z’Ekleziya. Ukwo kuri si ukwo abantu bicara ngo bumvikaneko. Kuri ngaho nk’ingabirano Imana yaduhaye ngo kube umuco umurikira ubuzima bwacu, bwaba ubw’imibano, ubw’akazi, ubwa politike, ubw’itunga, ubw’ubutumwa,… Nico gituma mwese ndabatumiriye gusasagaza uwo muco aho muherereye hose, mu kuba imvuga kuri no kurondera ukuri; duhebe ikinyoma, umuntu wese avugane ukuri na mugenzi we (Efez 4,25).

5. Bakristu mpetse ku mutima, bamwe muri mwebwemuhurikiye mu mihari itandukanye y’Ekleziya Katolika. Ni mukomere kw’Ibanga, Ekleziya irabashigikiye. Ndakenguruka ubutumwa murangurana umutima mwiza mu ma paruwase yacu: murafasha aboro, muritaba ibikorwa vy’iterambere, muragendera abari mu ma bohero, muragarukira ku bagwaye, muragendera abari mubicumuro vy’icese, muraremesha amasabamana, mugafasha mu masabukuru. Mwabaye kandi mu ba mbere bafashije abandi mu gushira mu ngiro ca civugo twari tumaranye umwaka ngo: “Dukenguruke ingabirano y’Ekleziya-Muryango igaburirwa na Bibliya Nyeranda ikarangwa n’ingo nyeranda be n’Ibanga ryo kwihebera Imana”. Eka mbere mwarafashe nka nkama icivugo ca Papa cabaranze muri uno mwaka w’ubutumwa dusozereye ngo “hahiriwe abari n’umutima mwiza, kuko bazobona Imana”.  

Kw’igenekerezo rya 8/12/2015, uwo muvyeyi azotwugururira umwaka w’ikigonge c’Imana. Uwu mwaka kandi avuga ati: “hahiriwe abanyakigongwe kuko nabo bazokigirirwa” (Mt 5,7). Erega ya mahoro tunyotewe ashoboka aharangwa uwo mutima w’impuhwe n’ikigongwe. Hari kandi ibintu bitatu umuvyeyi wacu Papa asaba abanyamihari bose, nkaba na jewe ndabasavye ko mwobifata nkama. Navyo ni ibi: kuguma muri Yezu,  kugenda kumumenyesha, no guhimbarwa mu Mukama (raba Ijambo Umuvyeyi Papa Francisko yashikirije abanyamihari ku wa 3 rusama 2014).

6. Naho ibitari bike vyagenze neza, haracariho abanyamihari bohororokewe kuco biyemeje. Ndabatumiriye kwikubita agashi; abibutsamana nabo nkabasaba kubaba hafi gusumba uko bahora, cane cane muri ivyo bihe.

7. Rwaruka, namwe  ku buryo budasanzwe, ndabatumiriye kwimika Kristu Umwami w’amahoro n’ubutungane mu buzima bwanyu. Ni mwumvirize ijwi ryiwe ribatumirira kuba imvugakuri, kurangwa n’urukundo n’ubutungane. Muri ibi bihe ndabasavye guhunga ikibi no kwima amatwi uwo wese yoza abosha gukora inabi, mbere mumuhunge. Aho muri hose murangwe n’umutima mwiza, umutima uremesha mahoro, umutima w’ikigongwe.

8. Wa musalaba wanyu twakira muri Diyoseze yacu, ubandanya ubafasha kwitangira bene wanyu, nkuko Kristu yatwitangiye, unabafasha gukomeza umutima urangwa no kurekuriranira no gusubiza hamwe.

9. Ndashima kandi ukuntu abanyamihari bitangira wa mugambi wo kwubaka ikigo cabo ku rwego rwa Diyoseze. Mbajije abo nashinze ubwo butumwa, baramwiye ko mumaze kwegeranya amafaranga hafi imiliyoni umunani mugice ca mbere, mu gice ca kabiri naho muriko mwegeranya amatafari. Abahinga baramaze kutugirira igicapo c’iyo nyubakwa. Baranatwigiye uburyo bw’amafaranga bukenewe kugira iyo nyubakwa iboneke: ni imiliyoni amajana ane na mirongo icenda n’umunani (498.000.000 Fbu). Murumva ko impinga ikiri ndende. Mugabo ntimudebukirwe kuko “bukebuke nirwo rugendo”.

10. Ndasubiriye kubibutsa kandi ko agashikanwa gaherezwa uno musi mu masengero yose, mu misa zose no mubihimbazo vyose, koba kashitse kose uko kakabaye mu biro vya Diyoseze bijejwe ubutumwa bw’Imihari imbere y’igenekerezo rya 14/12/2015. Ndashima cane ko mu mwaka uheze habaye akarusho. Nifuza ko uno mwaka woruta uwuheze.

11. Imbere yo gusozera sinogenda ntabasavye ngo muri ibi bihe Uburundi bwacu burimwo, murushirizeho gufatana mu nda, umutima w’ubukristu wibonekeze gusumba. Rwaruka muri mu mashure, yaba ayisumbuye canke kaminuza, ni mukomeze umutima w’umuvukano mwiyamirize umutima w’amacakubiri n’ubwicanyi.

12. Bakristu muri mu buzima butandukanye bw’igihugu, murama mwibuka ko aho muri ari Imana yahabashize, kuko ubukuru bwose buva ku Mana. Ntimuyimanuze rero mugufata inzira zihushanye n’amabwirizwa yayo. Ni mwimike Kristu mu mabanga mujejwe, murazwe ishinga no gusonera iteka rya zina muntu.

13. Ka mwungere wanyu, ndatumiriye mwese abakristu kuzokwakirana umwete icivugo tugiye gushira imbere  muri uno mwaka Mushasha w’2015-2016, muze mukivomemwo imvugo, inyifato, ingiro n’ingendo bizobafasha gukomeza umutima w’impuhwe. Naco ni iki: “Dukundire Mana Mutima Mweranda atwigishe kwakira ikigongwe c’Imana kitunywanisha nayo kikatunywanisha na bene wacu muri Ekleziya-Muryango”.

14. Ese Bikira Mariya, Umugabekazi w’amahoro yodusabira, namwe mukama mumwisunga mu vyo murimwo vyose.

UMUSI MUKURU MWIZA WA KRISTU MWAMI!

Ndabahezagiye mwese, kw’Izina rya Data, na Mwana na Mutima Mweranda.

 

Bigiriwe i Gitega, ku wa 16 munyonyo 2015.      Simoni NTAMWANA,

                                                      umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze

                                                                                nkuru ya Gitega.

 

IIème CONGRÈS DES FAMILLES A GITEGA: ICO IMANA YASHATSE MU KUREMA URUGO N'UMURYANGO UWUKOMOKAKO.

Inyigisho yuguruye isabukuru y’ingo ya II muri Diyosezee Nkuru ya Gitega, kuva ku wa 7 gushika ku wa 11 Nyakanga 2015.

Intambuko  z’iyi  nyigisho :

1.      Inyinjizo 

2.      Urugo n’umuryango mu Burundi.

3.      Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore.

4.      Inyigisho y’Ekleziya mu  Nama Nkuru ya Vat.ya II.

5.      Inyigisho zibangamiye urugo n’umuryango iki gihe: uguhakana ubutumwa bw’urugo; urugo ruhindanye rukaba  urw’abasangiye ibitsina.

 

1.      Inyinjizo.

Ntanguriye ku gushimira Imana na mwebwe mwese mudushikanye kuri  rino sango ryiza cane, aho tugiye kuganira ibituraba twese. Nkako, urugo ni  urwa bose, umuto n’uwukuze, uwutwara n’uwutwarwa, uwushinzwe kurongora abandi mu kwemera, n’abemera bose, ntasize inyuma n’urya muntu atemera Imana, kuko na bo bariho.  Nta muntu n’umwe atibaza ingene urugo rumerewe, kandi akaboneraho kunezerwa iyo rumerewe  neza, canke akwumva amaganya menshi mu mutima iyo rumerewe nabi. N’umutwe w’ino sabukuru urabishingira intahe : « Kw’izina rya Yezu Kristu, tuvire hasi rimwe, turwanire itorwa n’iteka ry’urugo, rwo mpetso y’ubuzima ». Kandi ko urugo ari rwo mpetso y’ubuzima, tugiuye  uyaga ubizima bw’umuntu, umuntu wese : tugiye kuvuga  ibiraba umwe umwe muri twebwe.

Ndakengurukira n’umutima wanje wose mwebwe  bavukanyi banje mw’ibanga ry’ubusaserdoti, mukaba  murongoye amaparuwase n’iyindi mirwi y’abakristu, mu mwete mwerekanye mu kuronderera iyi sabukuru uburyo bwo kuyirangura. Ndashimiye  nivuye inyuma, mwebwe bakristu nkunda cane, kuko mwategereye ico nabatumye, aho nabasaba kumfasha ngo tuyage ibiraba ingo zacu, ari zo zanyu, ari zo mwebwe mwese. Mbega nyene iyo Mutima Mweranda wa Mana Data atabamurikira, kandi akwugurura imitima yanyu, twari kuvyifatamwo dute ?  Noneho, ngi vyo birashobotse, turahuriye kuri rino sango twipfuza ko ryodusigira imigisha myinshi izoherekeza ingo zacu, mu rugendo rwazo rwo kugeza umwe umwe wese aba muri zo ku co Umakama amushakako.

Sinoreka gukengurukira Umugwi  w’abo dusangiye ubutumwa bw’ingo mw’idiyoseze, Patiri Yuvinali  Nkenguburundi n’abagenzi be  bamaze imisi, mbere n’amezi  badasinzira, kugirango iri sango ntiricererwe na gatoyi. Imana nibahezagire bose.

Muri abo bose, nkengurukira Imana ikorera muri bo. No muri jewe nyene. Iyo Imana itaba ariyo yatugiye imbere, ngo tubone ubukene dufitiye ihwaniro nk’iri, iyo Imana idakorana n’abo bariterereye, iyo itamurikira abaritunganije, iyo tutibuka ko ari yo nkomoko y’urugo, ntituba twicaye hano. Nituyininahaze, nituyishimire, nituyikunde, kandi tuyikorere, muri iyi sabukuru twubaha, kuko iraba ico Imana yo nyene yiterekeye mu muntu. Ir            adutabaza ingo nyinshi kandi nyeranda zitumbereye ishaka ryayo, kandi zishobora kwemanga zishimitse, kandi zidakekeranya, ico izituma na ntaryo.

Tugiye rero kumara imisi ine tuyaga ibanga ry’ingo.  Murashiruka ubute. Murabigira muvyigirira. Murabigira muzi ko mubitumwe n’Imana, mu gihe c’amahindagu y’abantu, uyu musi bashaka iki, ejo bakipfuza kiriya.  Ejo bundi, ingwano ya kabiri y’isi itikije  umugabane w’Uburaya, nta wakurako umunwa ngo avuge ivyo kugabanya imvyaro mu rugo ; uyu musi, aho agahimbo kariko karatuma abantu  bikwegerako twose, , aho ifaranga ririko riratabagaza imitima,  bagahava bahereza ku kwinezereza gusa, bagahindura baartyo urukundo rufatanya umugabo n’umugore mu rugo, ni ho bariko barahamagaza abantu bose , na cane cane twebwe abo mi mugabane wa Afrika, ngo ntibibaruke, naho bobicisha mu buryo butajanye n’ico Imana ishaka ku  rugo no ku bantu barugize, canke bukabagirira nabi, kuko bubatera indwara ya kanseri. Mu kwezi kumwe i Roma, abungere bacu bazoba bakoranye ngo babandanye bige inyishu zohabwa intambamyi zigeramiye urugo iki gihe.

 

Intumbero y’ino sabukuru iri mu civugo cayo : « Kw’izina rya Yezu Kristu, tuvire hasi rimwe, turwanire itorwa n’iteka ry’urugo, rwo mpetso y’ubuzima ». Na co icigwa ngirengo ndabashikirize ni iki : « Ico Imana yashatse mu kurema urugo n’umuryango ».

 

Ng’iyi ngendo tugiye gukurikira muri  co :

v Urugo n’umuryango mu Burundi.

v Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore.

v Inyigisho y’Ekleziya mu Nama Nkuru ya Vat.ya II.

v Inyigisho zibangamiye urugo mu bantu b’ubu.

 

2.    Urugo n’umuryango mu Burundi.

Naho twemeza ko ubwenge burahugwa, ni ngombwa  ngo twiyibutse ico twonse mw’ibere, ico twahawe mu maraso ya murundi wese, ico abavyeyi n’Imana rero batwibarukanye, kandi bakakiturerana.   Ubwo bumenyi bwo mu ntango y’ubuzima bwacu, ubwo bumenyi bwo haziko, ni bwo shingiro bukaba n’iremezo ry’ubundi bwose tugenda turaronka mu buzima bwacu. Ni bwo muco wacu mu Burundi. Kubukengera bihava bitwicira vyinshi, iyo bitaduhitanye twebwe ubwacu.

Urugo ni rwo abarundi bakuriramwo. Hambere aho, n’umwana yabura nyina wiwe yaguma mu rugo. Hashitse isanganya rivuye ku mvo zitandukanye, umwana akavukira ku ndaro, canke akaza kuba ahantu atariho abavyeyi biwe bose baba, uwomwana yaraguma mu rugo gushika akuze, hanyuma akarondererwa inyishu y’ikibazo  kimuraba, cane cane ibiraba iragi ryiwe akuze.

 

Urugo rero ni iyogi ritanga ubuzima, rikongera rikabubungabunga. Urugo ni harya hantu umusore n’umwigeme bafatira ingingo yo kubana  iyo bashitse mu bigero, kandi bakerekaniraho ko bageze mu bigero, mu gutanga ubuzima. Ni ho rero abo bemeranije kubana biyemeza gusenyera ku mugozi umwe, ico bafise bakama bagihuriza hamwe. Hambere aho, ukwambara kwasigura  ugushika mu bigero, ugushobora gutanga ubuzima. Ni co gituma aha iwacu,  imbere yo kumenyana n’abantu b’i Buraya, abambara bari abashitse mu bigero vyo gushinga urugo, ariko abandi bisizeko akabindo, vyaba bikwiye, kuko bitwa ko ari abana. None nta mwana aba gusa imbere y’abavyeyi n’abo bavukana.

Urugo rumaze gushingwa, rwaba urwa babiri, kuko abarundi ntibashima uguharika. Bati : « Rwitey’imanza yenze abagore babiri ». Nako akene se ni ko gasambura imibano n’imigenderanire. Ni ho rero abarundi bo hambere, bagerageza kwirinda ihari n’izindi nyifato zagunda urugo mu buzima bwarwo.

Icemeza ko urugo rwafashe, kwari ugutanga ubuzima. Ntiyari amatungo, canke ukwiyumvikanira gusa kwa bene rwo, ariko kwari ukwibaruka. Abageni babonye ko basamye, barahimbarwa, bakabimenyesha abavyeyi babo, urugo rukaba rugumye, kandi rwemewe. Murumva ingene ivyo vyashobora  kuzana ingorane zitari nke mu rugo, iyo hatabonetse umwizero wo gushobora gutanga ubuzima. Abantu baca baja gutabira, mu mayira mwese muzi : kuja ku bapfumu, ugukoresha imihamuro, kwambara ibiheko, n’ayandi mabi yiyongera  mu rugo. Wa wundi ati : « Hakuramba, wovyara ». Urugo rumaze guhezagirwa n’Imana ikaruronsa akana, rwaca rukomera, benerwo bakabirira akuya hamwe mu kurutunga, kandi bagakomeza umwumvikano n’ubucuti bw’imiryango bavamwo.

Naho ivyo vyiyumviro bitatweretse  ubumenyi bwose buraba imero, ingiro n’ingendo y’urugo rwiza, harimwo ivyiyumviro ngenderwako tudashobora kuvirira ngo n’uko twumvise ivy’iki gihe, canke  ngo n’uko abatunzi b’aya mango bashatse kutunigisha inzara tudakurikije ivyabo gusa. Ako ni  akarenganyo mu  bindi vyose ababanyi bacu mu makungu bashobora kutwosha, tutabishaka, cane cane bitajanye n’ico Imana yaremeye urugo. Ingendo y’uwundi iravuna, cane cane igihe itubaka umuntu mu mpande ziwe zose, nko  kumwankanisha n’ico Imana imushakako.

Ndahimbawe no kwumva ingene abarundi, n’imbere yo kumenya Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, bari bafise ibikuru bikuru Imana yatumye urugo, kuva ikiruturemera, kandi ikaruturungikamwo : ugusangira urukundo hagati y’umugabo n’umugore, ugutanga ubuzima, ukuremeshanya mu buzima mu gusangira amatungo n’ibindi.

 

3.      Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore (Amam 1,27).

Urumuri rwa mbere dushatse gukurikira ni Ijambo ry’Imana. Ni ryo tara ritumurikira. Ijambo ry’Imana ni umutima n’ubuzima (raba Yoh 6,63). Ku wemera, nta yindi nzira ishikana ku kuri. Na ho abantu bogenda baranyegurura ibintu bitari bike mu biremwa vy’Imana, nta na kimwe coza kivuguruza ico Imana yashize mu kiremwa  na kimwe kimwe.  Mbere, baranyegurura, ntibarema: ijambo ry’intango ni iry’Imana. Na wo umusozo w’ico abantu bize, ntiwoheza ngo usambure ico Imana yadushatseko « kuva mu ntango » (Amam 1,1).

 Imana  ni yo yaturemye. Ntitwaje tuva m nguge, canke mu kindi kiremwa nka twe coba cegereye umuntu. Kandi, naho ivyo vyoba vyarabaye, aho  ubutigu bugereye, Imana yarashize mu muntu  « agashusho kayo »,  intango ya mbere y’ubwuzure bwayo na  twe.  Nta kindi kiremwa gifise ako gashusho. Ubwiza bw’ibiremwa naho bwongana bute, nta buza bwegera canke busa n’ako gashusho dusanga muri bene Adamu. Iteka ry’umuntu rifatira aho, kandi ntidushobora kuryirementaniriza ngo turishobore.  Nta ho biraboneka.

Mu kumurema, Imana iti : « Ase na twe » (Amam 1, 26). Ukwo gusa n’Imana kutubwira ko duhabwa ubuzima bukomoka ku Mana ; ko na twe  dufise ububasha bwo gutanga ubwo buzima nyene.

Imana iraheza irema umuntu, « umugabo n’umugore » (Amam 1,27) : mu bantu harimwo umugabo, hakabamwo umugore. Abo bantu  baratandukanye, naho bafise  ivyo basamwo. Aho basa, ni ukwo Imana yabahaye ukugenderanira, ukwuzuzanya muri ukwo kugenderanira, kandi bigatumbera ico Imana yabasangije, ubuzima. Yarabahaye "gukundana », nkuko na yo ari « rukundo » (raba  1 Yoh 4, 8). Rya shusho ryari kuba iki canke rikamara iki, ritabaye kuba urukundo n’ukurwerekana ?

Mu mugabo no mu mugore, hari ubuhinga n’uburyo umwe wese yisangije mu guserura urukundo-gashusho k’Imana  umwe wese ari. Ugushaka kubinyuranya, ugushaka kuvyiyibagiza, ngo umuntu yitoze we nyene ico ashaka, ni co Ekleziya idashaka gushigikira vyanse bikunze. Ku ruhandee rw’umuntu mu guserura ukuba umuntu kwiwe, birashoboka ko ahengama, canke akihenda yibwira ko ari mu kuri. Arashobora kujana n’urunganwe, canke agahitanwa n’impararo, canke n’umudeli w’ivyiyumviro aba aashitseko, canke abamwo.  Aha ni ho twogamburuka impanuro, ukurerwa, biva mw’Ijambo ry’Imana, imbere  yo gushoka twemeza  urugerekerane  rw’imero rwoba ruri muri kanaka. Kuko nyene mu mico y’abantu b’iki gihe  ata kibanza kiriho co kwihangana, co  kwihanura, co kwibabaza ngo dushobore kwegera rwose  ka gashuho k’Imana muri twebwe, turashobora  kwihuta mu kwemeza  ubutisubirako, ko urwo rugerekerane rw’imero ari ntibukuka.  Aha hantu ni aho kwitondera rwose.

Tugaruke kuri ka gashusho-rukundo Imana yadushizemwo. Ni ko kari mu ntango yo gushaka kubaka urugo. Ni ko kerekana umuntu n’iteka ryiwe ryo gusa n’Imana. Ni ko gakurira mu ntuntu, hanyuma kakamutegurira  kubana na mugenzi we bakurikije bwa budasa bwabo bwo guserura urwo rukundo, ari vyo twita « igitsina ». Ubuzima  nkomokagitsina canke ndangagitsina na bwo bukarangukira mu rugo babiri bashinze, ari naho baheza bagahurira ku ngingo yo gutanga ubuzima babuha uwo bibarutse. Ubwo buzima ndangagitsina bwagenewe kwungira mu rukundo no mu bumwe ababutoranye, ngo barangure muri bo umugambi Imana yahaye umuntu, aho yamutereka ngo abe ipfundo ry’urukundo nka yo.

 

4. Inyigisho y’Ekleziya dusanga mu Nama nkuru y’Ekleziya ya Vat. ya II.

 Uyu mwaka, duhimbaza imyaka 50 Inama Nkuru y’Ekleziya  i Vatikano ubugira kabiri  imaze iheze. Ni yo twita mu mpfunyapfunyo, Vatikano ya II. Iyo nama yarakoranije abungere b’Ekleziya yose, bararimbura kandi barigisha  igihugu c’Imana cose, mu bibazo vyose cari gifise ico gihe. Twerekeje amaso ku nyigisho iyo Nama Nkuru yadusigiye, turasanga yaradushikiye ku nyishu dushobora kuzigama mu ngo zacu iraba imero, n’ubutumwa  vy’urugo.

Iyo Nama Nkuru iyaga urugo ishitse  mu bibazo bikuru bikuru kandi vyihutirwa vyaraba abantu b’ico gihe. Npne ha kworoha, ivyo bibazo nyene vyagiye birononekara, inyishu vyoronse ikaza irasubira inyuma kubera imvo nyinshi cane. Iyo nyigisho reero iyaga ubuzima bw’Ekleziya muri iki gihe ca none « Gaudium et Spes », mu numero zayo 46-52.  Iyo nyigisho ifatira ku kubaka urugo no ku bibazo biruraba,igateba igashika ku rugo ubwarwo nyene.

 

N°.47 : Ugutunganirwa kw’abantu  bose, abakristu n’abatari bo, kurafatanye rwose n’ugutunganirwa kw’abubatse n’ingene baba fatanye mu nda. Abakristu barahimbarwa babonye ko urugo rwabo ruba rumeze neza , kandi rukunganira mu kumererwa neza kw’abanyagihugu babana.

Ntituyobewe ko henshi hari intambamyi nyinshi zigeramiye urugo rukristu, nk’uguharika, ukwahukana, ukwikunda kwatswe amakanda, ukwinezereza umwe umwe ukwiwe, ingiro n’ingendo yo kubuza ibangaryo gutanga ubuzima.

N°48 :Amategeko y’umubano w’urukundo rw’ababiranye yatanzwe n’Umuremyi. Atangurira wa musi, imbere y’Imana n’imbere y’Ekleziya umugabo n’umugore basezerana kubana nk’abubatse. Babigira  bashaka ibintu bitatu : ineza  yabo, ineza y’abana , ineza y’abantu bose babana na bo. Imana ni yo sôko ry’ukwabirana .  Abana  bibarutswe babwrizwa kurerwa neza. Abo basangie urugo muri ubwo buryo « babaye umwe, umubiri umwe » (Mt 19,6). Ni co gituma babwirizwa gutabarana, kandi bakihambirira ku bumwe bwabo bw’intahemuka, kandi bw’intacika.

 Kristu ni we yujuje iryo teka, mu kurihunda imigisha ikomoka kwa Mana Data. Nkuko Imana yapfunditse insezerano yayo n’igihugu cayo, Kristu agaserura ubwo bumwe mu kwigura Ekleziya bwa Mucance wayo, ni ko n’ababiranye babwiriizwa kugiriranira. Ni co amarira abubatse rukristu, mu kuguma hamwe nabo mu masakramentu  bahabwa. Urukundo rw’ababiranye ruvomma imero n’inguvu zarwo mu rukundo Imana ikunda igihugu cayo, rugakomezwa na Kristu Mucunguzi wacu, na Ekleziya iishikana abantu bose ku rukiza rwa Kristu.

Abana bavukira muri ubwo bumwe na bo barigishwa n’abavyeyi babo urukundo  ruva ku Mana, bakarukuriramwo.

Ugupfakara na kwo nyene kugumye kugaburirwa n’urukundo rukomeye rwafatanije  abari bubatse , kurashobora gushikana mu bweranda uwusigaye inyuma y’urupfu rwa mugenziwe. Kugaburiwe na bwa bumwe bwari bufatanije senaka na Inanaka, kwunganiwe n’ibanga uwo asigaye agumiriza uwashengeye, kurashobora kugumya mu bumwe  abari basangiye urugo.

 

N°49 : Urukundo ruri hagati y’ababiranye rurisangije imero n’ingendo. Rukomoka ku Mana. Ruzigamwa  mu bwerentegerwa  bw’abubatse, bubafasha kuzigamanira ibanga ;  Rwerekana ka kanyota Imana yandika mu muntu, ngo yame acuditse na mugenziwe badasangiye igitsina ; rufatanya imibiri n’imitima ya bene  kurruhamagarirwa ; Umukama yararutosoye akabi kwose, ararutagatifuza we nyene ubwiwe, ararutera iteka ryo gusa n’urukundo rw’Imana. Ntirusa rero n’ivyo umuntu akoreshwa n’ibishobisho vyiwe, canke n’ubundi bushirasoni buhenda umuntu.

Urwo rukundo ni rweranda. Urwo rukundo rushira mu nzira y’ubweranda bene kururangura kw’izina rya Kristu.  Ruzira guharikwa. Ruzira  kwahukana. NOneho abarurangura kw’izina rya Kristu bararonkera muri rwo ubukomezi bw’ibanga ryabo, bakarishikana mu butungane no mu bweranda.

Urwo rukundo nyene ni rwo rutuma abubatse rukristu bbitangiranira ngo barondoke. Baronse umwana, baramwihebera mu kumurerana urukundo ruva ku rwa mbere.

N°50 : Ukurondoka kw’ababiranye rukristu ni ho kuva. Ukwibaruka abana ni ingabirano abubatse bakirana urukundo bafitiye Imana. Kuko bakunda Imana rukundo, bakishushanya na yo, na bo bahamagariwe  kurushikana ku bandi bantu bashasha, ari bo  bana babo . Uwaremye abantu ba mbere, ni we yashatse gusangira igikorwa ciwe co kurema n’abo bantu nyene, ati : « Nimurondoke, kandi mugwire » (Amam 1,28). Abubatse rukristu barabwirizwa gusangira n’Imana urukundo rwayo rurema, kandi rugakiza.

Abubatse rukristu barategerezwa reero gutanga ubuzima, mu kwibaruka abana bashobora kurera. Ni ibanga ryabo bwegu. Ni bo baritunganya, bafatiye ku buryo bwabo no ku neza y’abo bibarutse, imbere y’Imana  n’umutima wabo, batibagiye  n’ineza y’abandi bantu. Ababiranye rukristu ntibashobora kurondoka  ukwo bishakiye, biyibagije  ko ari abatumwa b’Imana rurema. Mu kurangura ico gikorwa c’ubutumwa, baarifashisha na none izindi ngabirano ndemanwa Imana yabaremanye, kandi zidashobora kurwanya intumbero ya mbere baronse, kwa gusangira n’Imana ibanga ryo gutanga ubuzima. Ni ho umukristu abwirizwa kwama yibaza ingene yorangura neza ubwo butumwa, ntapfe gutorana uburyo bwononera iryo torwa rihambaye yaronse. Abubatse barabwirizwa guhanuza no kugamburukira abarongoye Ekleziya  baramutse badatomokewe muri ubwo butumwa, mbere bagafata inzira beretswe n’abo barongozi bashinzwe kumurikira  abana b’Imana mu gushira mu ngiro ubutumwa bwo gutanga ubuzima bajejwe. Vyongeye, ni bo basa bashobora kwigenera  igitigiri  c’abana bokwibaruka,  mu mwumvikano, ata gahato kari kw’izosi. Si Leta, si ubutegetsi ubwo ari bwo bwose, si n’idini, kuko atari ryo rishinzwe rya banga rihambaye rifatanya abubatse n’Imana Rurema.

Ukwabirana  ntikwatumwe gusa iryo banga ryo gutanga ubuzima. Iyo bidashobokeye  abubatse rukristu  ko bibaruka, babwirizwa kumenya kwakira  iyo ngorane y’ubuzima bwabo, mu gushigikirana no mu guhuriza hamwe ngo bafate ingingo yobunganira neza, nk’ukurera impfuvyi, n’ibindi bikorwa vyiza bishobora kwerekana ubuvyeyi bwabo.

 

N°50 :Urukundo rw’abubatse  n’ugusonera ubuzima bw’umuntu biraherekeranya mu rugo. Iri jambo  riraba  ubuzima butangwa mu rugo.Igitigiri c’abana bibarukwa n’urugo ni ikibazo gihambaye. Ariko kibwirizwa kwitabwa na bene urugo. Nta bandi bagifiseko uburenganzira. Abandi barashobora guhanura, guterera ivyiyumviro. Ariko nta muntu n’umwe asubirirra bene urugo. Amaleta amwe amwe arahohotera ingo mu kuzitegeka ko zibaruka igitigiri  yashinze. Ariko iyo ngendo ni iy’intwaro y’agahotoro, y’ingimba, y’akarenganyo. Ni ho rero ico kibazo kidashobora kwibagirwa, ngo abubatse bacigirwe n’abandi.

Hari abantu baca mu mayira adatunganye, barondera gushika ku nyishu  y’ikibazo c’abana bokwibaruka.  Ayo mayira na yo ni ya yandi yo kugabanya imvyaro uciye ku rushing no ku binini bibuza ubuzima gutera imbere, kandi buba bwatanguye.  Niho  tubwirizwa kwitondera.  Nta cobangamira rwa rukundo  rw’abubatse  n’amateka y’Imana  adutuma gutanga ubuzima. Tubwirizwa kwitwararika, ngo vyompi nyene bironke inzira yavyo isanzwe.

Ntidushobora kuvuguruza Imana : ni yo nyene ubuzima. Ico ivuga ku kuzigama no gusonera ubuzima bwa kiremwa muntu ntikivirirwa.  Ukwica abana mu buryo ubwo ari bwo bwose, canke ugukorora inda, ntibishobora kuronka ikibanza mu buzima bw’umwana w’Imana. Mu  kuringaniza ukurondoka kwiza, ukurondoka gukundira     abavyeyi bompi kugumana amagara meza, ay’umubiri n’ay’umutima, abana b’Ekleziya ntibashobora gukoresha uburyo butemewe n’inyigisho yayo.  Erega  iryo banga ntituzoribazwa n’abo kw’isi gusa : tuzoribazwa n’Imana nyabuna, aho tuzorengukira imbere yayao. Kandi n’ubu, ko turi kumwe na yo, turirangura itubona, turirangurira mu maso yayo, ari na co gituma tworyamiza imbere yayo, mu rukundo rwayo.  Tubwirizwa rero kurirangura  dukurikije ishaka ry’Imana.

 

5.Inyigisho zibangamiye urugo mu bantu  b’ubu.

 Ivyo tubona  aha iwacu.

Ukubura ikiyago mu rugo, kubera ububegito bw’umwe mu bagize urugo. Ukutaganira mu rugo, andi bikaba  akamenyero k’imisi mike birasambura urugo, bikarwica, iyo bitavuwe hakiri kare. Sinovyita inyigisho ubwavyo. Ariko hari abantu bamwe bamwe babitorako ingiro n’ingendo, bigahava bibasiturira urugo.Ibi bifatanye n’ugusinda, ugukubitana n’ayandi mabi ababaza umubiri w’umuntu, gushika n’aho umutima wiwe utunguruka.

Ukwuja ku bihuha ni vyo bihava bikurikira iyo ngiro n’ingendo. Birahava bikaba ukubesheranira  gusanzwe, maze bene urugo bagakimbiranira, gushika n’aho bafata ingingo yo kuvana.

Ukutitwararika ineza y’abana mu buryo bukwiye, na vyo nyene biriko birata mu rudubi abana  n’abavyeyi. Kenshi, abana ntibiyumvirwa bikwiye, mbere, hariho abavyeyi bittwararika kurara bariye, canke bakijije igufa ryabo, ariko abana batamerewe neza. Erega na bo bari mu rugo, kandi barafise uburenganzira bwo kumererwa neza bungana, canke mbere buruta ubw’abavyeyi babo.

 Ibiyayuramutwe n’inzoga biriko birasivya itorwa ry’urugo n’iteka rufise imbere y’Imana n’abantu. Bifatanye n’amatungo ya cane avuye ku butare bwimbwa  irya n’ino mu Burundi. Mu micungararo y’aho bukorerwa ijoro n’umutaga, ingo zarasivye : abagabo n’abana barazimiriye muri ivyo bikorwa vyoshoboye gukiza ingo, ariko bifatanye n’ukunywa inzoga be n’ibiyayuramutwe, bigaca bizisuka mu manga.

Ntitwibagire amaronko azanana na politike : iyo umwe mu bagizze urugo asunitswe n’abafise ubutegetsi  mu bukuuru canke mu kazi kari kure y’imuhira, ntituba tukibara urugo rwacu : ni ho rero iharika riba ndanse kuri abo bantu.

Naho uguharika bitigeze vyerera abarundi, kuko bamye babona ikibi cinyegejemwo (ibuka ya migani yo hambere), muri iyi misi biriko biribagiza itegeko ry’igihugu ryo 1980 ribuza guharika. Ukwo guharika na kwo kuva ku butunzi, canke ku kazi kaba katari hafi y’imuhira, maze  urugo rukayangara na bene intwaro babibona. Ha kubura akazi, ugata urugo rwawe, ukaruburira umwanya n’ibindi birushigikira. Ibi biriko birafata iyindi ngendo mu bisagara no mu bigwati vyababa ibisagara : ukuguranana abacance, abantu bashaka ukwinezererwa kurengeye urugero. Ivyo biri cane cane mu gisagara ca Bujulbura, ca Rumonge. Ariko n’ahandi turahakwa gufatwa.

Ukwahukana na kwo nyene kwasubiye kwongerekana, bifatiye ku mashure abacance batanganya, ku maronko badashobora koronkera hamwe, ku mohe ava irya n’ino, akaremera abacance, hanyuma bagacanamwo, bagahava basaba ugutandukana.

Ukutibaruka kwamye kwononera abarundi urugo. Na none nkuko twatanguye tubivuga, ukwibaruka kwari icemeza gikuru c’urugo rwaramye. Kuri benshi, iyo kudashotse kuba, bizana icuka kibi mu rugo, gushika n’aho benerwo basaba kurusambura.

Ikiza Sida carononye ingo nyinshi cane : ntoko n’izindi ndwara z’intakira ziteragira amarira mu ngo, Sida yo iragisibije.  Ni co gituma uburyo bwiza bwo gutuza iyo ndwara, ari ukugumya urugo rwiza, rurangwa n’urukundo be n’ikiyago ca misi yose.

 


Inyigisho zigeramiye urugo zivuye mu makungu.

Ubwigenge bw’umupfasoni, canke bw’igitsina  kobwa bizoshitsa kure abantu b’imihingo yose kw’isi. Twese turazi ingene  Imana yagabiye ingeso nziza umwana w’umwigeme : uretse rero abaca bafatiraho ngo bamwigize kure y’ishure canke y’ubundi bumenyi bumutuma abangabanganwa n’umuhungu, hari abafatira ku ngeso ndemanwa ziwe zo gukunda ibikorwa vyo muhira, bagaca bamubuza gutera imbere nk’abandi. No ngaha  iwacu, biribonekeza rwose, kandi biratuma ingo zacu zidatera imbere kuri bose. Ya nyigisho yo guhabuza ubwigenge bw’umukobwa, kandi bukaririmba ukungana kwiwe n’umuhungu, ni yo iriko irabica bigacika, bene kuyigwaqnira bagashaka kuyicisha mu mpande zose z’ubuzima.  N’inyambaro ari inyambaro, ikaza ishaka kubishira imbere, maze ku muntu atabizi akagura impuzu ukwo ayisanze, ariko  yo yagiriwe gushikana kure ivyo vyiyumviro.  Mu rugo rero ntitworindiriye kubibwirwa. Twokwitwararitse guha abana bacu indero izobateza imbere bose, ata wandya wangura.  N’aya mashirahamwe y’abapfasoni agenda anyejemwo ako gatima, gushika naho  abayakunda itabuntu bashika imuhira bahindanye, bayoberanye, maze urugo ntirube rukiri ruzima.

Ukwiyumvamwo igitsina utambariye, wari umuhungu ukiyumvamwo umukobwa, wari umukobwa ukiyumvamwo umuhungu, ngiyo iyndi ngorane ihambaye iriko irateragirwa mu bantu, canecane  aha iwacu, aho tubisukwamwo n’amakungu, twebwe ubwacu tutaronse uburyo bwo kuvyibonera neza, kugirango dufasheee abana kubaho muri vyo. Amatati vyazanye ari kwinshi : kubimenya neza mu mwana ariko araruka ; kubimufasha ngo ashobore kubitegera neza yongere avyakirane umutima w’Imana ; kubihubura mu bantu bavyiyumvamwo ; gukundira abo bantu kwubana  bwa rugo, nkuko amakungu amwe amwe ariko arabishikako. Iki kibazo kiriko kirateranya abantu n’abandi, kuva aho abadashotse bavyemera mu migenzo yabo baca barabwa nk’abamenja. Twebwe ibihugu bikiri vyoro, amakungu aca aduhanisha kutwima imfashanyo z’iterambere, canke tugahanwa mu bundi buryo bwinshi.

 

Umusozo.

Urugo ni intabonwa. Aho rukiramye, abantu barakomeye ku mutima no ku mubiri, naho batoba batunze umurengera. Aho urugo ruriko rurapfa, ibintu vyose biratanguye kubura epfo na ruguru. Washaka amatungo arashobora kuba menshi, ariko ataho uyashikiza, aca ashira nk’ifu  y’imijira.

 

Ntitwijajare namba, kuko urugo rurashobora kuduca mu myanya  y’intoke, tukarubura iyo twarubonye. Ni igikorwa ca twe : abakuze, urwaruka, abana bakiri bato, abantu bariko barashika mu zabukuru.

   (+ Simon NTAMWANA , Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega)

 

INGORANE ZIHANZE INGO MURI IKI GIHE Ikiganiro gishikirijwe abari mw’isabukuru y’ingo igira kabiri muri Diyoseze nkuru ya Gitega Mushasha, 7-11/9/2015

INTANGAMARARA

Urugo ni ingabirano y’Imana, ni umugambi wayo. Rurafise ico rwatorewe : kuba ingoro y’ubuzima n’urukundo. Ruri n’amabanga rujejwe : kwubaka umubano urangwa n’ubuntu ; kuba abasuku bakorera ubuzima mu kurondoka no mu kurera neza ; guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere ry’igihugu ; guterera agacumu k’ubumwe mu buzima no mu butumwa vy’Ekleziya.

Muri ibi bihe tugezemwo, urugo ntirworohewe na gato mu kwitaba itorwa ryarwo no mu kurangura amabanga arwega. Intambamyi canke ingorane zituma bidashoboka ni nyinshi cane, nta n’uwozidonda ngo azimare, atiriwe ku kabaje nde. Ni co gituma muri kino kiganiro, ico tugiye gukora ari ukwibukanya zimwe zimwe, twibaza ko ari zo zoba zandurukako n’izindi nyinshi. Ni ukwibukanya kuko twese vyinshi twirirwa turavyumva ibindi tukavyibonera,  kanatsinda izo ngo  tuzibamwo, na nya ngorane zikaba ari twe zikorako.

Hari izituruka mu rugo imbere, ubona ko « akica urugo karuvamwo » ; hari n’iziva inyuma yarwo, ubona ko « uwusenya urwiwe bamutiza umuhoro ! »

I.                INGORANE ZITURUKA IMBERE MU NGO

I.1. Ukudategera neza ico ari  co ukwubaka urugo.

Urugo twemera ko ari “umubano w’umugabo n’umugore ushingiye ku rukundo.” Indagano abubakanye bahana igihe basezerana muri Ekleziya ni rwo zishingiyeko:Jewe………………ndakwemeye wewe…………….ngo umbere umugabo/umugore. Ndakwemereye ko ntazigera ndaguhemukira, mu mahirwe no mu marushwa, ugwaye canke ukomeye; nzogukunda ndagusonere, imisi yose y’ubuzima bwanje.Mu kwambikana impeta naho, Ubutatu Bweranda ni bwo bagira icabona c’ivyo bemeranije kuko basozerera ku rumenyetso rw’umusaraba: “...akira iyi mpeta, ikubere ikimenyetso c’urukundo n’ibanga ryanje, kw’izina rya Data n’irya Mwana, n’irya Mutima Mweranda”. Abasezeranye kwubakana n’ugushinga urwabo, ntibaba bazanywe n’ukugerageza, ngo ni vyakunda babandanye, ni vyanka bace batana agati n’ishwima.

Baza biyemeje kurushinga rukaguma, uko bigenda kwose. Baza biyemeje gusangira vyose, akabisi n’agahiye, ibisosa n’ibirura, ata wandya wangura, kandi ubuzima bwabo bwose. Kubera ko babaye umwe, umwe akumva ko mugenzi we ari umubiri wiwe (Raba: Abanyefezi 5, 28-29), niho baheza bakaja inama n’ingingo muri vyose, ivyo bikabarinda ko hogira uwigira “sindabibazwa, ntirumveko, satuntu twanje canke bihere ngende!

 

Hari aho rero usanga bamwe bamwe, mbere babandanya baba benshi, basa n’abubakiye ku bintu vy’inyuma, bishobora kumara umwanya urume rumara, canke bikayokanwa n’umuyaga: ubwiza bw’umubiri, itunga, akaryango…Hari abinjira mw’ibanga ry’uwubaka urugo bibaza ko ari ugusemagura amasoro gusa. Hari n’abafata ukwubaka urugo nk’ikintu gisanzwe, bakabigira gihutihuti, ntibafate umwanya ukwiye w’ukumenyana n’ukwitegura, bamwe bamwe bakabikora ku kosho canke ku rwiganwe, ata gushaka gukwiye babifitiye. Iyo bigenze birtyo rero, mu nyuma hakaza ka kagoye kokerezwa akagori, usanga bigora kuryumako, benshi bakabona ko umengo biroroshe ko umuntu aca yibungira urundi.

Kudategera neza ico ari co ukwubaka urugo, ni ukudategera neza iyo urukundo rw’abubakanye ruva n’iyo rushika, n’ico rumarira abemeye gusangira vyose ubuzima bwabo bwose. Urukundo rw’abubakanye rwungira hamwe umugabo umwe musa n’umugore umwe musa.

 Kutabona rero ko ata mugore asa n’uwundi, canke ata mugabo asa n’uwundi, ngo uheze ugumye ubumwe n’uwo mwacanye ince we musa, birabangamiye ingo zitari nke, kuko nyene ata we Imana yatoreye kwubaka ingo nyinshi icarimwe! Gucanamwo kw’abubakanye guturutse ku guhemukiranira, ni intambamyi ibangamiye rwose urugo kuko ikomeretsa bimwe bikomeye akarangamutima nyamukuru karwo: ubuzigamabanga! Umvirize izi mpanuro duhabwa n’umwanditsi w’igitabu c’Imigani n’uw’igitabu ca Mwene Siraki:

            Uranywa amazi yo mu kinogo cawe, ayiburuka ava mw’iriba ryawe. Mbega amasoko yawe yosesera hanze, canke imigezi yawe igasesera ku nama? Nibe iyawe wenyene, ntibe iy’abanyamahanga muri kumwe. Isoko ryawe riragahezagirwa, maze uhimbarwe n’umugore wo mu busore bwawe nk’inyemera ikundwakaye n’ingeregere ihimbaye. Amabere yiwe akubumbe igihe cose, uzotwarwe n’urukundo rwiwe ubudahengeshanya. Ni kuki ga mwananje uzimizwa n’umugore w’icaduka, ugahobera igikiriza c’uwo utazi?” (Imigani 5,15-20).

            “Uwumena ibanga ntawuba akimwizigira, ntiyigera aronka umugenzi amushika ku mutima. Urakunda umugenzi kandi umwizere, ariko niwamumenera ibanga ntuzosubire kumwiruka inyuma. Nkako, kurya umuntu azimanganya uwo yishe, ni ko nawe uzimanganya ubugenzi ufitaniye n’umubanyi. Kurya urekura inyoni ikakuva mu kiganza, ni ko waretse umubanyi wawe akigira kandi ntuzosubira kumukuvya. Ntukirirwe uramurondera kuko aramaze gushika kure, yahunze nk’ingeregere itorotse umutego. Ugutenga igikomere birashoboka, ugusubiza hamwe kw’abatukanye kurashoboka, ariko uwumenye ibanga nta co aheza ngo yizere.” (Mwene Siraki 27,16-21).

   I.2. Ubunebwe

Iyindi ngorane ihambaye ibangamiye ingo muri iki gihe, ni ubunebwe, cane cane mu ngo z’abirimizi. Ahatari hake, usanga umukenyezi dusanzwe tumenyereye kwita umuzewanzu, ari we yirya akimara, kandi agifise umucance agifise inguvu. Ugasanga yirirwa kw’isuka we nyene, canke kumwe n’ibibondo vyiwe, umugabo nawe yacitse karimanzira, yirigwa arakiyevya acungana naho ruhiye, agasigara ari rutahikamye. Yashika agashika aborererwa ku bo batiriranywe, bishwe n’umuruho, agatako agashika ashaka ko bamugaburira ivyo atakoreye!

Abagabo bene abo, iyo utwera tweze, ntibatinya kurereka bakenyezi babo ku kajisho, maze babaca mu ryahumye bakarema umutwe utwo bimbuye batubiriye akuya batujana mw’isoko ngo baronke ayo kuja guteramira hamwe n’ibindi binebwe nka bo. Bene abo bagabo ntubabaze ko umwana yaraye ariye canke yaraye ubusa, ntubabaze ko arwaye canke akomeye, ntubabaze ko afise amakaye, umwambaro w’ishure, canke amafranga y’ishure! Ivyo siwo mwitwarariko wabo. Akazi kabo n’ukuzimanya n’umuti w’itiro!

Maze abakenyezi babo bakicwa n’intuntu y’ukuburira hejuru, bagapfa umukeno batari babuze ikibunganira.

Naho tuvuze abagabo, iyo ngorane y’ubunebwe si bo ibangamiye bo nyene. Hari n’abakenyezi bameze bartyo, na bo nyene usanga ata co bahereza iminwe, ntihagire ico bamarira urugo atari ukuruyogeza n’ukurusenya. Hari n’urwaruka rwacitse urwo kwirigwa ku mabarabara, mu mazu berekaniramwo ya masinema yamamaza ubwicanyi n’ubushurashuzi. Maze kuko bashaka kurya badakoze, bagacika abaja b’inzoga n’ibiyayuramutwe, bagatungwa n’ukwambura abihitira utwabo.

Abo bose bamenye ko “ ubunebwe buvyara ukuburanirwa hamwe n’ubukene bwinshi, kandi ari bwo  nkomoko y’amapfa” nk’uko tubisoma mu gitabo ca Tobito (Raba : Tobito 4,13). Ni bumvirize impanuro ya Koheleti ababwira ati: “ Mu gitondo biba imbuto yawe, ku mugoroba na ho ntukaruhurire iminwe yawe kuko ubwawe utazi ikizotungana, ari iki canke kiriya canke ko vyompi bizoba vyiza co kimwe.” (Koheleti 11,6).

I.3. Ukuba kubiri kw’abubakanye bitewe n’imirimo

Muri iyi myaka yitwa iy’amajambere, ukwubaka zibiri cane cane mu ngo z’abize biragiteye isibe! Gushira imbere kurondera icorirenza, guca umukate, ntivyobwirijwe kwibagiza abubakanye ko urugo rugirwa na babiri muri vyose! Kenshi na kenshi, usanga abantu dushira imbere kugwiza amaronko n’amatungo, tutibajije inkurikizi z’ukwubaka zibiri ku buzima bw’urugo, ari mu vyerekeye gukomeza ubumwe n’urukundo mu bubakanye no mu bibondo vyabo, mu ndero y’abana no mu gusabikanya itunga ry’urugo.

Akatari gake, usanga abagabo bibagora kwihangana, bagatsindwa n’inyoshambi y’ukwubaka zibiri koko, kuko aho bagiye hose bashaka kuhasanga umugore wa kabiri, wa gatatu, ukamengo umugore yabaye nk’impuzu bakuranya iyo imwe icapfuye. Iyo bimeze birtyo rero, n’itunga ry’umuryango aho kugirira akamaro wa muryango, riherera mu gahinga, rikayokanwa n’umuyaga, maze ivyo abubakanye bibaza ko vyari bigiye kuba amungura nka bigacika ayazituvya! Ngo “Wizigira gusomera ugasanga urarumanze!”.

Worya bike ukaryama kare, kandi ngo duke dukehanira abankana. Yezu araduhanura mu Nkuru nziza ati: “Mbega umuntu vyomumarira iki kwigarurira ivy’isi vyose, aroshe ubuzima bwiwe? Canke umuntu yotanga iki ngo acungure ubuzima bwiwe?” (Matayo 16,26).

Twavuze ingo z’abize, yamara ntitwibagire ko hari n’ingo z’abantu babayabaye zihanzwe n’iyo ngorane y’ukwubaka zibiri. Abo ni bamwe baja mu miji canke mu ntara za kure kutarataza no gupagasa. Hari aho usanga imirimo bakora boyikoze no mu ngo zabo, ariko bagashima kuja aho abo mu kibano batababona, ngo batinya ko bokwiha amenyo y’abatwenzi, bakibagira ko ata mwuga udakiza kiretse uw’ukuroga, nk’uko Abarundi bayamaze.

I.4. Ukutaja inama n’ingingo mu bijanye n’irondoka

Ibanga ry’ukurondoka n’ukurera mu vy’ukuri ni iry’umugabo n’umugore. Ni bo bategerezwa kuja inama n’ingingo, bakamenya abana bashobora kuvyara, bafatiye ku

kugene igihugu barimwo cifashe n’ingene urugo rwabo rubayeho.

Yamara ivyo tubona kenshi, ni uko abagabo batari bake bigira sindabibazwa iyo habaye ibibazo vy’ukuvyara intahekana, vy’ukubura uruvyaro canke ivy’ukuvyara igitsina kimwe, bakabitererana abakenyezi babo. Eka no mu bibazo vy’ugutandukanya imvyaro canke kuzihagarika, usanga inyifato y’abagabo batari bake ari nk’iyo nyene. Aho kurondera kwimenya no kumenyana n’abagenzi babo, ngo bamenye ingene irondoka ryabo rigenda n’ingene bovyitamwo neza, usanga bahatira abakenyezi babo kuja kwa muganga gusa, batitwararitse inkurikizi uburyo bwo kuringaniza imvyaro ubu canke buriya bahabwa zishobora kugira ku magara yabo.

Irondoka rirashobora gutuma abubakanye bacanamwo, kuko batavyumva kumwe. Hari abagabo bamwe bamwe batana abana abakenyezi babo ngo bagiye gupagasa bagaherayo, wabiraba neza ugasanga ni uburyo bwo guhunga urugo, aho kuruhagararira ngo bafashanye n’abakenyezi babo kurubungabunga n’ukururwanira.

II.              INGORANE ZITURUKA AHANINI  INYUMA Y’URUGO

II.1. Itituka ry’imico n’imigenzo vy’igihugu cacu n’ukuba ba ntambirakaje

Hambere aho, ukubumbwa n’utwawe ntutwarwe n’umwina canke inambu y’ivy’isi, ukuzigama ibanga, ugukunda ibikorwa…ukuvuga ukuri n’iyindi migenzo n’imico vyiza vyubakiye igihugu c’Uburundi kuva kera na rindi, kari akaranga. None dusigaye dushira imbere imigani igayitse ihamagarira abantu gushira imbere inda n’ubundi bubegito buranga imburakimazi n’indyadya nk’iyi ikurikira ngo:“ Uwutabeshe ntasumira            umwana; umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi; umugabo atunga uwundi apfuye; indahiro ntigwaza mu nda…” , tukibagira ko “inzara ihera ariko igihemu kibi co kidahera” kandi ko “uheza kugoka ibigori bikera.”

Aho mubona akaguma k’ukwitwaza ivy’agateka ka zina muntu dutegera ukutari ko bizodushikana habi habishe! Benshi basigaye bitwaza uburenganzira bw’ukwihitiramwo ico babona kibaryoheye, kandi bita ko kibagirira akamaro, batitayeho ineza ya benewabo, maze ugasanga bariko bakora ibidakorwa, amarorerwa, abandi babibona bagakubitizako rumwe bakihorera, kera umwana atari uw’umwe, yari uw’Uburundi. Abarundi twararereranira!

Ubushurashuzi, ugutwara inda z’ibitwarire n’ukuzikorora, vyabaye ibisanzwe; hari n’ababishigikira ngo ni uburenganzira bw’umwigeme n’umukenyezi, ukamengo hariho uburenganzira bw’ukwica ubuzima, tukibagira ko ibwirizwa ry’Imana ritubuza kwica. Abagabo n’abagore basigaye bahiganwa mu gucanamwo no mu guharika, bitwaje ya migani yataye igihe ivuga ko “impfizi itimirwa” nayo ngo “umwonga umwe wonza inyoni.”

None urugo umwe umwe wese mu barugize amaze kuba nyamwigendako na bugabo bwigaba, gasusa ntumbabe, rworagama gute, rworama rute, rwotera imbere rute?

II.2. Ubukene bwugarije ibihugu, cane cane ibitaragira aho vyigejeje nk’Uburundi.

Mu Kirundi baca umugani ngo “ubukene burakengereza.” Ukutagira ico wiha mu rugo ni amagorwa manini. Muri iki gihe Abarundi benshi batunzwe n’uburimyi, amatongo nayo akaguma yaga kuko asaranganywa na benshi, isi ndimwa ikaguma itituka benshi bataronka n’ibitabizo vyo kuyisahiriza, abarimyi basigaye barima bakirima, bakimbura intica ntikize. Abantu ntibafungura bikwiye, ugasanga abana, mbere rimwe rimwe n’abakuze, bariko barasinzikazwa na za ngwara z’ugufungura nabi.

Abakorera imishahara na bo nyene ntiborohewe. Kubera ko benshi bahembwa intica ntikize, amafranga yacu nayo akaguma ata agaciro uko bukeye uko bwije, usanga bama mu myenda y’urutavanako. Abarundi bati: “Abasangiye ubusa bitana ibisambo”, ahandi bati “ ubumwe butariho buteranywa n‘inyama”, mu ngo zitari nke, ubukene burateranya abubakanye, iyo badashize hamwe ngo basangire utwo duke bafise. Ubukene butuma abavyeyi badashobora kurangurira uruvyaro rwabo ivyo rwitwa ko rufitiye uburenganzira: gufungura neza, kuvugwa iyo ukitswe n’amagara, kwiga, kwambara, kurara heza n’ibindi. Gushaka kuronka aho uba ukubahwa nkuko Umurundi wese avyipfuza, mu bukene nk’ubwo turimwo, bisa n’ukurondera umuzi w’ibuye!

II.3. Uruhagarara rutewe n’ibihe vya poritike rutuma abantu bama ari barata baratora, bakabura ico bimarira.

Ni ivyo twibonera. Kuva twinjiye mu ntwaro y’imigambwe myinshi, twibaza ko ari yo ishobora kudushikiriza intwaro rusangi, imigambwe yabaye ubuhojojo. Imwe ugasanga irakomeye, iyindi ikagoyagoya. Imwe iravuka, iyindi igapfa, iyindi igacibwamwo ibice. Kuva aho ivya “Nyakuri” vyadukiye, vyarateye amazimwe mu batari bake, abahora bagendana ntibabe bagicana uwaka, bagacika abakeba, rimwe rimwe n’ukwicana bakicana.

            Ivyo rero n’ingo ntivyazisize inyuma. Kubera ko kuba mu mugambwe kanaka canke kanaka ari uburenganzira bw’umuyagihugu wese akwije imyaka, imigambwe ntikiri iy’abagabo gusa, ubona ko kera ngo ari bo bari bemerewe gukina poritike, umugore akaba uwo gusya, gukuya, gusasa no kuvoma! Abakenyezi nabo barakuye hasi mu guharanira agateka kabo, n’ako gukina poritike kadasigaye inyuma. Yamara rero ivyo birashobora guteranya abubakanye. Igihe umugabo n’umugore bose babaye ba ntambirakaje, bose bakaba barata baratora, kuko bavyina iyo buhiye, hari aho usanga iyo badasangiye umugambwe, badahuriza no ku vyiyumviro vya poritike, kuko umwe umwe ashira imbere akarangamutima k’umugambwe wiwe, imwe imwe nayo tukaba tuzi ko ari abakeba. Iyo rero abakeba babiri bahuriye mu rugo, birashika ko bataba bagicana uwaka.

            Hageze muri nankana, hari abadatinya gushora abo bubakanye ku macuniro ngo ni uko babereye intambamyi y’ugushikira ivyo bari bahahamiye, bakarutisha amajana amagara. Hari uwigeze kubwira umukenyezi wiwe batari basangiye umugambwe ati: “Ndakumenyesheje ko umusi bonsaba uwo ntanga nohera kuri wewe.” Murumva ko ari ibara ku mutemere! None abana baba mu rugo rumeze rurtyo, bo mwumva biheza bikabagendera bite?

UMUSOZO

None tugire dute ko ingorane n’umuntu bagendana? Ingorane ntizotesha ingo ubuntu. Imana yaziremye ishaka ko zihirwa, zimererwa neza. Yamara ivyo bisaba ko na zo hari ivyo zibanza gutunganya. Igihambaye kuruta vyose ingo zikwiye gufata nka nkama, ni uko kugira ngo zice mu ngorane zogorore, zibwirizwa gushinga imizi muri Kristu, We yatsinze igicumuro n’urupfu. Zibwirizwa kwubakira kuri We, we rwa Rutare, inzu yubatse kuri rwo itigera isenyuka, naho ibisebuzi, imikuba, imiyaga n’imituragaro vyokwisuka kuri yo.

Abubakanye bashikiwe n’ingorane, ni bazakirane kandi bazitwarane umwizero, bagere ikirenge cabo mu ca Kristu, mu kumukurikira mu nzira y’umusaraba wamushikanye ku ntsinzi ya Pasika, ariko abanje kuwubambwako no kuwupfirako i Golgotha, kuko yari yizigiye Imana Se, Mushoboravyose, Mudahemuka, Mudatanamundagano. Ivyo ni vyo ndabipfurije. Ni tugiye Yezu, Mariya na Yozefu.

 

INYIFATO IBEREYE ABAKRISTU IMBERE Y’UBURYO BUKORESHWA MW’IRINGANIZWA RY’IMVYARO (Patiri Deo NITUNGA, Curé de RUSHUBI-BUJUMBURA)

 

Bakristu namwe mwese mwemera Imana,  mu kurema umuntu Imana yavuze iti :«Tugire umuntu tumwishushanyeko, ase natwe…..Imana  irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, ibarema ari umugabo n’umugabo  (Gn 1,26-27) … Imana Irabahezagira.

          Imana yaremye umuntu imuha ubwenge n’umutima  n’amaboko.Ivyo ubwenge bwahinguye umutima ukabitosora uca ubishira mu ngiro ukabikora .None ivyo ubwenge bwahinguye, turabizikana n’umutima wacu ngo turabe ko bijanye nishaka ry’Imana imbere  yo kubishira mungiro ? Imbere y’ibibazo bihanze umuntu, Inyishu  yavyo itorwa n’umuntu afise ubwenge, n’umutima  w’ubwitonzi .

     None ikibazo c’igwirirana ry’abantu kirahari ? Ego cane.Uwutokibona yoba ariko arirengagiza.

-        Ehe raba abantu ntibakigira aho barima hakwiye.

-        Umuntu aravya gushikaho yita abana  ba Misago kandi afise agatongo gakwiye umwe gusa.   None abo cumi bo bazojahe?

-        Abana bagwara kwashi kubera gufungura nabi banga iki?

-        Abaheba amashure kukubura ababarihira ni beshi kandi Leta ntibishobora gusubirira muri vyose abavyeyi bose. Naho yoba ivuza abana  bari musi y’Imwaka itanu ku  buntu, ntizoshobora kubagaburira bose ku buntu yongere ibabesheho kubuntu.

-        Amatati yaduka hagati y’abavukana canke hagati y’abana n’abavyeyi n’ukwicana bakicana angana  iki?

-        Abavyeyi bakorora inda kandi bavyumvikanye kugira ngo umwana ntazoze kubatera kutwo  barimye bangana iki?

 

     Ivyo vyose vyerekana ingorane  ry’igwirirana ry’abantu.

                       

Turabire hamwe ingene amaleta arondera umuti w’ico kibazo. Umengo  kirabarengeye. Barabanje barigisha ukwihangana ariko bagaca bongera bati! Uwo binaniye kwihangana akoreshe agafuko canke utundi dukingirizo . Babonye ataco bitanze kinini.

-Abashakashatsi baratoye ubundi buryo bakoresha mu kugabanya imvyaro bakoresheje ibinini(pilule). Naho  twohagarara  kuri ubu buryo gusa,turabe ingaruka yabwo  ku babukoresha.

Mugitabo umugagangakazi rurangiranwa w’umufransakazi yitwa Ellen Grant, yise  “Amère Pilule”(ibini vy’umururazi), bavuga ko ivyo binini vyatanguye gukoreshwa kera. Amamiliyoni n’amamiliyoni y’abagore baciye bavyahuka kuko bibwira bati: “Turabohotse!”, “Tugiye kuvyara abana twipfusa atavyo kwihangana bigiyemwo”!.

                                INGARUKA YAVYO

      Inyuma y’imyaka indwi gusa mu 1975, abagore 7000 bari bagwaye cancer yo mu mabere; mu 1995 basanze  hiyongereye ko abagore 35000 bagwaye  .Mu mwaka wa 2005 hiyongera ko 49.819; muri 2008 hiyongera ko 53. 000. Kuva 1968 gushika mu mwaka wa 2008 hari hamaze gufatwa na cancer abakenyezi 144.819. Mu gihugu c’Ubufaransa hama hapfa abagore 11.000 ku mwaka kubera cancer yo mu mabere kandi iterwa n’ivyo binini (Pilule) bakoresha mu kugabanya imvyaro. Ivyo rero n’ikigo c’ubushakashatsi kw’isi yose bw’ingwara ya cancer (CIRC) caravyemeje mu 2005. Ariko igitangaje nta kinyamakuru na kimwe  c’abakenyezi cabitangaje ngo kimenyeshe izo nkurikizi mbi.

N’uwurongoye ihuriro rigwanya ingwara ya cancer yaravyemeje kandi aravyandika mugabo ntiyubahutse kubisohora icese ngo babimenye Ariko naho abagore baguma bahasiga ubuzima ku bwishi, kuvuga ko ivyo binini (pilule) bitera cancer kandi yica cane, biracari ikinyegezwa, ntanuwucira amate hasi uyu musi.

Uko umuntu atangura gukoresha ivyo binini akiri muto niko ingaruka mbi ziza kare.

 

-Ingaruka zindi  zishobora guterwa nivyo binini si nke :

vHari ibivyimba vyo mu Gitereko

vKurya cane canke kubura akayabagu

vKurwara mu mutwe canke kubura urukundo

vUgushaka kwiyahura

vGukunda umugabo cane canke kumuhura (Mbere akagusesema ukamuturubika)

vKubura urukundo kubo wavyaye ukabaryagagura (Mbere ugahakwa kubica mugihe uriko urafata ivyo binini)

vKugira ibiro birenze urugero

vKuvyara abana b’intagondwa

vKurundumura amaraso menshi igihe kirekire canke kudasubira kuyabona ,cane cane kubigeme babikoresha.

 

AKARORERO: Muri amerika, imbere yuko ivyo binini bikoreshwa hiyahura abantu 15/100.000. Ariko mu 1977 abashaka kwiyahura bangana 1000/100.000 kubera ivyo binini vyubukari burengeje kubakobwa bafise imyaka iri hagati ya 15 na 24.

No mugitabo ca Michel Schooyans yise (Le terrorisme à visage humain) yarerekanye ko ivyo binini vyica umwana yasamwe nukuvuga ko bikorora inda. Abavyigisha bama berekana kuruhande rwiza rwo kugabanya imvyaro bakanyegeza inkurikizi nyishi mbi zishikira ababifata nababamukako.Vyoba vyiza nibiburiburi bazimenyesheje abagore n’abigeme kugirango bamenye ikibaraririye mu gihe bahisemwo kubifata.        

IBISHIKIRA URWARUKA RUFATA IVYO BININI

Mu 1971 umuganga yitwa Arthur yavuze ko uwufata ivyo binini yibungenze bitera Cancer yo mubihimba vy’irondoka kubana bibarutse. Hazamwo n’abarwaye mu mutwe, intagondwa canke bafise imigenzo itamenyerewe. Arashobora no kuba intavyara. Kubahungu bavuka nabo ,utugara twabo tukaguma mu nda ntitumanuke mukibanza catwo. Kutagira imbuto zikomeye ntushake kurongora .Natwo batatubaze  umuhungu ashobora kuba intavyara canke akarwara cancer yo mu magara.Ubugumba buva hanini mugukoresha ibinini na sterilet (utunyuzi). Kwibaruka uwapfuye ku bakobwa babikoresheje canke gusamira inyuma y’igitereko. Ugucika itavyara. Udukobwa twigenza nk’abahungu canke uduhungu twigenza nk’abakobwa.

 Abakoresha utunyuzi bagira ingaruka yo kwibaruka abapfuye no gusamira hanze y’igitereko canke bakaba intavyara.

                      Ukuvyara kurugero ukoresheje uburyo kama

Abaganga bose babihurirako ko ari agatangaza kandi atangaruka mbi bitera haba kumagara y’abavyeyi n’amagara y’abana canke no mu migenzo yabo nyene. Umuganga yitwa Anna Flynn, umuhinga  mukugabanya imvyaro hakoreshejwe uburyo kama yabajije ati: Abantu bakoresha uburyo kama mukugabanya imnyaro tuobita ngwiki? Baciye bamwishura bati: “bitwa abavyeyi.”

Umugore n’umugabo barashobora gutandukanya imvyaro batiriwe bariruka mubiyayura mutwe n’ibindi vyaduka mu mubiri wabo Abo nibo  bitwa “abavyeyi”. Bisaba kwihangana ariko bikigishwa.Urabiye kubushuhe, ingene umerewe (glaire cervicale)n’ibindi. Ivyo bishoboka kungo zibishaka zikundana  kandi zitekanye zigasangira ubuhirwe n’amagorwa.

Kera biyumvira ko akagi kumugore kamara imisi ibiri canke itatu gahiye, akagi ku mugabo nako imisi mikeya. Barazi ubu ko akagi kumugore kamaraamasaha 12 GUSHIKA 24, akabuto k’umugabo nako   karamba gushika imisi itandatu.

               ABAKIRI BATO TUBABWIRE IKI?

Ibinini(pilule) harai abavyakiriye  nka karangamuntu yo kwirekura canke  y’ubusambanyi.

Ni nde mukobwa yaryamanye n’umugabo agaca amubuza kutazaryamana n’uwundi? Ntivyabujije inda zikoroka ahubwo vyarongereje . Mu 1960-1970 inda zikorarwa zigwijijwe na kabiri kurwaruka ruri misi y’imyaka 20.biduga 8,9 ku bagore igihumbi badafise abagabo mu 1969, no kuri 22,5 kigihumbi mu 1981.

Ubu abakoresha ubwo buryo   cane ni abiga mu mashure yisumbuye na kaminuza.

ariko ko abaganga bayandikira n’abakiri bato, batabajije n’abavyeyi babo, no mu mamashure matomato harimwo ababukoresha.

 None inyifato ibereye kumukristu ni iyahe ?

Nkuko twatanguye Murazi ko Imana mu kurema umuntu yavuga ati : tugire umuntu tumwishushanyeko ase natwe ibarema ari umugabo n’umugore,irabahezagira ica ababwira kugaba isi n’ibiri kuriyo vyose ariko  sivyo bimugaba .

Tobi nawe igihe yarongora Sara, yavuze ati mu kurongora Sara ico nishakira si akaryohemubiri.

Inyifato ibereye umukristu ni inyifato  yezu yadusigaranye : urukundo, ukwihangana, ikiyago mungo, nukuraba igitera iteka umuryango kika ninahaza Imana.Ekleziya nico yigisha kuko arico yatumwe kugira ntihagire umuntu numwe yotakara kubera ukutamenya ico Imana imusaba.

Ikiganiro  categuwe na Patiri NITUNGA Deogratias, Diocèse nkuru ya Bujumbura Paroisse RUSHUBI.

                                                                   2ème Congres des Familles

                                                                       Kuwa 07/11/2015

                                                               ARCHIDIOCESE DE GITEGA

UKURWANIRA ITORWA N’ITEKA RY’URUGO

Ikiganiro co gushikiriza abari mw’ihwaniro nkoranya-ngo

rigira kabiri muri Diyoseze Nkuru ya Gitega.

 

Intangamarara :

        Banyakubahwa mwese muri muri iri hwaniro nkoranya-ngo rigira kabiri aha muri Diyoseze nkuru ya Gitea, izina ry’ikiganiro ngira mbashikirize  ni : « Ukurwanira itorwa n’iteka ry’urugo ». Ukwo nkibona, kimeze nk’ishubiramwo muri make ry’ibiganiro bimaze kuba kuva mu ntango y’iri hwaniro.

Kiza kubamwo ibihimba bitatu :

1.   Ijambo ry’Imana

2.   Insiguro y’amajambo agize izina ry’ikiganiro

3.   Ingene itorwa n’iteka ry’urugo vyorwanirwa.

 

1.   Ijambo ry’Imana

 

Ngomba nsome ibisomwa bibiri : Amamuko 1, 26-29 na 2, 46-25

Ibi bisomwa biratwereka urugo turiko turavuga ico ari co, bikatwereka itorwa n’iteka ryarwo.

 

2.   Insiguro y’amajambo agize izina ry’ikiganiro

 

2.1.     Urugo

 

Urugo turiko turavuga ni umugabo n’umugore wiwe be n’abana babo. Ahabuze umugabo, canke umugore, canke bompi, canke abana, barahita urugo na ho nyene, ariko ruba ari urugo rutuzuye, kandi bahita urugo barugereraniriza ku kiringo rwari rwuzuye. Ubu hariho abavuga umuryango, n’aho uvuze umuryango abarundi benshi bacumva  umuryango urengeye urugo, maze ku mugabo n’umugore wiwe, ku bavyeyi n’abana ukongerako ba se wabo, ba sekuru, n’abandi...,

 

2.2.     Itorwa

 

Bahora bakunda kuvuga itorwa, canke ihamagarwa iyo turi mu vy’ubusaserdoti no mu  vy’ukwihebera Imana, tukavuga yuko mu bakristu hariho abo Imana itora mu bandi, ikabatorera canke ikabahamagarira Ubusaserdoti, canke ukwihebera Imana. Yamara inyigisho ziriko ziramenyera kuvuga ko hariho n’ayandi matorwa, nk’ukwabirana (kwubaka urugo), n’ayandi.

Mw’itorwa, hariho Imana itora , igatora umuntu mu bandi, hariho umuntu atorwa, hariho ico Imana imutorera. Urugo rero, nk’uko twavyumvise mw’Ijambo ry’Imana, ni Imana yaruremye; mu bindi vyose yaremye, ruba ari rwo itora, irutorera, irugenera kurondoka (gutanga ubuzima), kuganza, gutunganya ibindi biremwa, abari muri rwo ibagira ba magiriranire mu rukundo.

 

2.3.     Iteka

 

Iryo jambo riragoye gusigura. Naragiye kuraba mu gitabu nsiguramajambo canditse umupatri mumisiyonari wa Afrika yitwa Fransisko Mariya Rodegem, nsanga mu nsiguro nyinshi z’iryo jambo, harimwo iyo nabonye ko yokwerekana ico iteka ry’urugo risigura. Ni iy’uko iteka ari icubahiro. Iteka ry’urugo rero ni ukwubahwa, ugusonerwa kw’urugo. Haraba imvo zituma ikintu cubahwa, gisonerwa. Izituma urugo rwubahwa, rusonerwa, ni birya nyene Imana yaruremeye, yarutoreye, yarugeneye. Rabe Ikiganiro ca mbere, cabaye ku wa kabiri igenekerezo rya 8/9/2015.

Urugo ruri n’iteka kuko, umugani wa  ca gitabu ca Papa Benedikto 16 citwa “Africae Munus” n°42, ari ingoro y’ubuzima, umuribo w’umuryango w’abantu .

Urugo rurafise kandi iteka kuko, umugani w’igatabu  ca Papa Yohani Paulo wa II, citwa “Familiaris consortio”n°75, kazoza k’isi n’ak’Ekleziya gaca ku rugo.

 

2.4.     Ukurwanira

 

Ukurwanira ikintu, ni ukurwanya ibikigeramiye, ibije kugitera, ivyo kigirira canke biriko birakigirira nabi.

Ikiganiro ca 2  n’ikiganiro ca 4 vyarerekanye yuko itorwa n’iteka ry’ingo bihanzwe. Kuvuga kubirwanira rero si ukurira busema.

 

3.   Ingene itorwa n’iteka vyororanirwa

 

3.1. Igisabisho c’ugusabira ingo

 

Ikete Paulo yandikiye abanyaroma riti: “Ko Imana isanzwe uturwanira, ni nde yoturwanya ?” (Rm. 8,316). Harwana Imana kandi hatsinda Imana. Imana ni yo irwanira umuntu ikaba ari yo imutsindira. Ni urugo, abantu bakesha ubuzima, bakesha indero, bakesha Ubuntu, bakesha vyose, ruzorwanirwa rutsindirwe n’Imana yo yaruremye, yarutoye ikarutera iteka. Ni ukuyisaba na ntaryo ngo ikingire ingo, irwanire ingo, kugirango zigumane itorwa n’iteka ryazo. Ugusabira ingo kworinganizwa gute ? Kwoba ryari na ryari ? Kwoba gute ? Ni ivy’ukwiga.

 

3.2. Inyigisho zerekeye ingo

 

Kwegeranya inyigisho zerekeye ingo, ukwiga ingene zomenya benshi vyoshigikira itorwa n’iteka ry’urugo, kuko n’ukutazimenya canke kuzibagira birabangamira ingo.

 

3.3. Kwigisha neza ibwirizwa rya kane

 

Ivyo ibwirizwa rya kane ryigisha abavyeyi n’ivyo ryigisha abana, bose babikurikije, ingo zozigama itorwa n’iteka vyazo.

 

3.4. Gutegura neza abitegurira kwuba rukristu

 

Ngo “Uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi”. Abitegurira ubugeni baronse ibanga bariteguye neza vyobafasha kurizigama

 

3.5. Kugwiza n’ukwigisha abafasha ingo

 

Habonetse abunganirango, abahanura-ngo, n’abandi bafasha ingo bofasha rwose ingo kuzigama itorwa n’iteka ryazo.

  N’ibindi.      

                           Bigiriwe i Gitega, ku wa 9/9/2015

                           Patri Odasi NZOPFABARUSHE.

 

 

ISABUKURU RY’URWARUKA KU RWEGO RWA DIYOSEZE NKURU YA GITEGA MURI PARUWASE MAKEBUKO, KUVA KU 04-08/08/2015

Inyuma y’amasabukuru yagiye arakurikirana mu ntara z’ubutumwa n’amaparuwase amwamwe yo muri Diyosese yacu ya Gitega, haciye hashikirwa Isabukuru ry’urwaruka rwose rwa Diyoseze. Ryabereye muri Paruwase ya Makebuko, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 8 myandagaro 2015. Aho hahuriye urwaruka rwinshi cane rwaserukiye abandi. Baragize isabukuru ryagakura, bariga vyinshi, barigishwa i Nkuru nziza bongera barayimenyesha mu gusenga, mu kuninahaza Imana, mu gukwiza akanyamuneza mu mihana yabakiriye n’ahandi,… baranatanga ubutumwa bukomeye cane… eka ntiworavye! Iryo Sabukuru ryari rishingiye ku civugo ngo: HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA (Mt 5,8).

Ngaha, turabashikiriza ingene vyagenze ku musi wo kwugurura iryo sabukuru, n’umusi wo kurisozera. 

Umusi wa 1

Imisa yo kwugurura isabukuru yatanguye igihe c’isaha icenda z’umuhingamo irongowe na nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA Umwungere Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega.

Mw’ijambo ry’ikaze  ryashikirijwe na patiri mukuru wa Paruwase Makebuko, Patiri Gamaliyeri NTAHOKAGIYE yarashimye iciyumviro c’uko isabukuru y’urwaruka ibera  mw’iparuwase  arongoye kuko rifasha cane urwaruka  mu nyigisho zihashikiririzwa  kuko zibakomereza ukwemera ariko kandi n’abakristu bose  baraharonkera akaryo ko gukomeza umuvukano  mu gusabikanya  utwo bafise twose bigaheza bikabakomereza ubucuti  bikabateza imbere no mu bukristu nyene. Yaciye agirako aha ikaze abitavye iyo sabukuru ahereye kuri nyakubahwa Umbwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega; abasaserdoti  baherekeje urwo rwaruka hamwe n’urwo rwaruka rwose rwavuye mu ma paruwase yose agize Diyoseze nkuru ya Gitega. Ntiyibagiye no gushimira  ingo n’imibano rukristu yashimye kubakira. 

Umwibutsamana w’imihari n’urwaruka muri Diyoseze, nyakubahwa PatiriVisenti NZOHABONIMANA, yaciye yerekana abitavye ihwaniro. Ama paruwase yose  yari yaserukiwe. Yarashimye kandi ko abibutsamana bari bitavye ari benshi. Abari bamaze gushika ni aba: 

-         mu ntara y’ubutumwa ya Karusi: Patiri Terensiyo BARAYAMBARA arangurira ubutumwa muri  Paruwase RABIRO akaba n’umwibutsamana muri iyo  ntara y’ubutumwa;

-         mu ntara y’ubutumwa ya Mugera: Patiri Fulgence MINANI umwibutsamana muri paruwase KIRIMBI;

-         mu ntara ya Gitega : Patiri Boniface KWITONDA umwibutsamana muri iyo ntara y’ubutumwa akaba arangurira ubutumwa muri paruwase ya YOBA, Patiri  Ferdinand NDIHOKUBWAYO umwibutsamana muri Paruwase Mwungere Mwiza, Patiri Innocent RUTAYISIRE  wo mu muryango w’abene Fransisko wi Asize Mweranda arangurira ubutumwa mu Magarama, Patiri Placide NYAMWERU umwibutsamana w’imihari muri Paruwase GIHIZA, Patiri Prosuperi NAKUMURYANGO  wo mu batumwa b’Umwungere Mwiza n’Umugabekazi w’isenakuro arangurira ubutumwa muri Paruwase Mubuga-Rutonde;

-         mu  ntara y ‘ubutumwa ya GISHUBI: Patiri Basile HARUSHA arangurira ubutumwa muri Paruwase GISHUBI; Patiri Yohani RWAMA  umwibutsamana muri Paruwase  MUYUGA;

-         mu ntara y’ubutumwa ya Makebuko : Patiri Aloys NDERAGAKURA umwibutsamana muri iyo ntara y’ubutumwa akaba arangurira ubutumwa muri Paruwase Bukirasazi, Patiri Elyse HABOGORIMANA umwibutsamana w’imihari muri Paruwase Makebuko, Patiri Yohani Claude KUBWIMANA umwibutsamana muri Paruwase MURENDA, patiri  Onesphore NZOHABONIMANA patiri mukuru wa Paruwse MUMURI akaba n’umwibutsamana w’imihari muri iyo paruwase, Patiri Porosuperi NIZIGIYIMANA umwibutsamana w’imihari muri Paruwase BUHORO, patiri Desire HAVYARIMANA umwibutsamana  w’imihari muri paruwase NDAVA; na Patiri Gamaliel NTAHOKAGIYE  Patiri mukuru wa Paruwase Makebuko hamwe na Patiri Ildephonse MISIGARO arangurira ubutumwa mw’iseminari nkuru y’I BUJUMBURA yari yateye iteka ivyo birori.

Mu nsiguro Umwepiskopi  yashikirije yagize ati: “ Bavukanyi Basaserdoti mwaje muherekeje urwaruka rwacu, bavukanyi mwihebeye Imana mwaje muherekeje ibi bibondo muguma musabira, bavyeyi dukunda mwashimye kugumana natwe haba uyu musi eka mbere n’iyindi misi ngo dushobore gusabikaniriza ukwemera kwanyu iyi misore n’izi nkumi, uru rwaruka rutoyi rwaje mw’isabukuru yarwo ; rwaruka dukunda cane :

mbanje kubashimira kuko mwaje koko muri benshi ndabona yuko muriko murarenga ibihumbi bine mbere na bitanu bikerekana ko rino sango muryipfuza kandi mwariteguye mu ntara z’ubutumwa zacu eka mbere no mu maparuwase yacu yose. Mbega rwaruka vyukuri turi bwirukire nde wundi atari Yezu Kristu kuko ariwe afise amajambo arimwo umutima mwiza n’ubuzima budahera ? Turahimbawe rero n’uko duhuriye muri iyi Paruwase ya Makebuko tungana gurtyo. Ingo dushimire ingo z’i Makebuko zemeye kutwakira. Urukundo mwagiye mwigishwa mwashatse kurushira mu ngiro no kuruserura imbere y’Umukama n’imbere ya runo rwaruka, mwashatse kuza ngo musangire natwe ivyiza vy’ukuzirikana ijambo ry’Imana, ivyiza biva mu kwigishwa n’Umukama kuko atujana kwa Data akongera akanibutsa wa  muvukano utigera usaza kandi ntusubirizwe, maze uwo muvukano ukatwungira ubumwe…

Iri hwaniro ryacu novuga yuko ari ihwaniro ryo kubonana n’Umukama. Duhejeje kubonana n’Umukama akatwungira ubumwe kuko yunze urukundo rwacu tukaboneraho rero kuba indemesha z’amahoro. Ni mwumvirize ivyabaye hagati ya Musa n’abavukanyi biwe Aroni na Miriyamu bari abavukanyi ba Musa. Aroni turamenyereye kumwumva kenshi ariko rero na Miriyamu mushiki wabo ng’uyu arabonetse yari nawe nyene umupfasoni yubaha Imana yashaka yuko Imana yoninahazwa mu ngiro n’ingendo vyiwe. Ivyabashikiye twavyumvise. Babonye Musa yabiriye umwigeme wo muri Etiyopiya muri afrika yiwacu rero ngo niho baca bamutonganya.

Musa ni ikimenyetso n’imburi ya Yezu Kristu ataje gukiza abayuda bonyene ataje gukiza abo basangiye urukoba bonyene ariko yazanywe na twebwe twese abantu bo kw’isi iyo iva ikagera. Ibidutandukanya, ivyiyumviro vyacu, ari ivyipfuzo vyiza vyacu, ari amatungo dushobora kuba dufise ari urukoba rw’umubiri wacu canke imico twebwe tubayemwo twese nyene amakungu iyo ava akagera uko tuyazi iki gihe eka mbere rwaruka rwacu n’ingene twoshoba kuyamenya ejo tukamenya ko n’ahandi ku kwezi canke ku bindi binyenyeri abantu bashobora kubako, tuhasanze abantu nabo nyene,  babwirizwa gucungugwa na Yezu Kristu Jambo wa Data n’umukiza akaba n’umucunguzi uwo Dawe wa twese yaturungikiye akavyagwa na Bikira Mariya ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Ni naco gituma bavukanyi, Aroni na Miriyamu batari bakeneye kurinda gutonganya uwo Musa. Musa yari yavukiye muri afrika mu misiri ni kuki atari gushima umwigeme w’umu ny’etiyopiyakazi agashobora koko kwubaka urugo rwiwe n’uwo mucance! Niho rero Imana ibahamagara mwihwaniro ngo bitabe mw’ihema ryibonaniro.

Rwaruka nkunda, mwaje mw’ihema ry’ibonaniro mwaje ngo Umukama abayagire kandi ngo abegeranirize murukundo rwiwe, muramuhanga mumwumviriza, muramusenga, muramutakambira rwaruka, muramwereka ikiri kumutima. Nibwira yuko urwaruka rwacu rw’iki gihe mubabaye cane kwumva yuko abany’epolitike bacu badashobora kutwubakira igihugu kirimwo amahoro bakaduhitana tukajana nabo mu nzira iryanisha abarundi. Ntivyashobotse! Abavuga ngo politike ikinwa gutyo nyene kugirango abanyagihugu bose ntibashobore kwumvikana. Mbega yemwe uwo mugambi wa politike woba usa gute? Nico gituma bavukanyi mwebwe mwaje muri iri hema ry’ibonaniro, muri iri sabukuru yacu y’urwaruka mwoshimika tugasabira uburundi bwacu. None duhezanye ? none duhonyanye? None tumarane? None uburundi buzotahira nde? Buzokukira nde? Rwaruka rwacu ni mushike muri iri hema ry’ibonaniro mukundire Umukama aheze abanywanye aheze abanywanishe yongere abahe intumbero ishobora koko  kubafasha kwubaka igihugu na Ekleziya yacu.

Imana yarahanuye Musa, Aroni na Miriyamu baragerageza gusubiza hamwe. Ico bubaha muri musa cari iki ? Ico bubaha muri Musa ni kimwe, nuko Imana yari kumwe nawe. Rwaruka rwacu,ehe raba nimurabane mumaso ! ni murabe mumaso !  murakoze cane! Ndumva yuko ico kintu kibatwengeje mwese. Jewe ndababona mu maso mwese ;  ikimpimbaye n’iki ? ni ishusho y’Imana ndababonyeko. N’uko musa nanje ! n’uko mushobora kwiyumvira nkanje. N’uko mushobora gukunda ico nkunda nanje hamwe Umukama ambarira ati ico ushaka ko abandi bakugirira, kibagirire nawe. Mbwira none ushaka ko ndakugirira iki ? ndazi neza yuko ushaka ko ndakugirira ineza. Ni kuki weho udahindukira ukangirira neza ? ukanyubaha ? ukangira umuntu abushitse ? ukangira umupfasoni, umushingantahe abushitse maze iki gihugu cacu kigashobora kuhatorera akoyoko ?

Miriyamu na Aroni si ikindi babwirizwa kubona muri Musa atari agashusho k’Imana. Atari iryo shusho ry’Imana yabakunda, iyo Mana yabacunguye, Imana yabakuye mubuja mu ntara ya Misiri ; niyo  ibibukije ko ikorera muri uyo muntu yitwa Musa. Imana  natwe itwibukije ko ikorera muri mwebwe rwaruka rwacu. Nico gituma ntangura gukunda muri mwebwe ico nayo ikunda : agashusho kayo, ubwiza bwayo, ubutore Imana yatwiremaniye.  Aroni na Miriyamu baciye bakira impanuro Imana ibahaye. Erega ni kwa kwemera kwacu, ni imburi y’uku kwemera kwacu twebwe twigishwa na Kristu Yezu. Niwe agira ati “uwunyemera azobaho kubwanje” ; uwunyemera kandi akigenza gutyo kuko nyene anyemera, araheza akagabana ubuzima budahera. Iryo jambo bavukanyi niryo dusanga mu Nkuru Nziza. Baba abo bantu Yezu yari yagiriye neza, baba abo bigishwa yasanze aho mubwato akaza abakurikira  we agendera ku mazi, yaba Petero yatumwe kugendera ku mazi kugirango amusange iyo ari, baba abo yakijije indwarazabo muri iyo ntara y’i genezareti bose abasaba kimwe : ukwemera.

Ukwemera bavukanyi  Umukama arakudusaba kuko azi neza ko ariyo nkingi y’ubuzima. Ukwemera Umukama arakudusaba kuko arikwo gahivu gafatanya umwigishwa wiwe na we. Ukwemera nikwo kandi guhindukira kugahuza twese. Uwemera agakunda ico nanje nemera, ico nanje nkunda tuzoheza dusenyere ku mugozi umwe. Rwaruka rwacu ni mwemere. Ni mwemere basha ! Ehe raba hari abagikekereza. Ni mwemere. Ni mwemere Umukama Yezu mureke kumuca hambavu. Ni mwemere umukama Yezu mureke ku muroha. Ni mwemere umukama Yezu mureke kumuguza ibindi nzi neza ko bidashobora kubatuma muba abantu bashitse. Ukwemera nikwo kwubaka twese turi ngaha turi benshi gutya kuko twemera Umukama Yezu. None wazanywe n’iki ga hewe ? wazanywe n’iki atari ukwo kwemera ? ndazi yuko atayindi nyishu muri bumpe ;  mwaje kuko mwemera Umukama Yezu. Kwemera Umukama Yezu nico kigutumye wicara ngaha ahandi ho wari kwigira kwironderera irengwe. Ntakindi cagutumye wicara muri iyi sengero y’i Makebuko kuri uyu muhingamo, urushe. Ni kuki uri ngaha unezerewe ? ndabona ko ndabavugishije nkababwira akajambo kabakora ku mutima muca mumwenyura. Ni kuki mumwenyura ? atari uko mufise ukwemera muri mwebwe ?

Rwaruka rwacu ntimuse na Petero muri aka kanya. Petero araduhaye akarorero kabi ko kwihebura ko kugira ubwoba mu ngorane, mu bimushikiye wewe atari yiteze. Rwaruka nkunda mwebwe muri iyi misi muriko murashikirwa n’ivyo mutari mwiteze na gatoyi : kwumva ko duhakwa kugwa mu ngwano, kwumva yuko dushobora kugwa mu kaga k’ubwicanyi tubona ko abantu bamwe bamwe bubahuka gushora amaboko ku bandi bakabica, ubwo  murazi yuko ata muntu numwe naho yoba afise ububasha bungana gute bwo kwica? Nta numwe afise uburenganzira bwo kwica. Nta numwe. None ehe raba biriko biradushikira yemwe. None ehe raba biriko birashika mu gihugu cacu bikatwibutsa ako kabi kabishe twahitiyemwe imyaka n’iyindi. Umusi uri izina sinzi ingene Imana idukubise agashi iti : bane banje zamwareka ! Ego vyari vyashobotse ni kuki bitoshoba ubu ? ni kuki bitoshoboka ubu rwaruka ? Namwe muriko mushikirwa n’ibintu mutari mwiteze na gato. Ari naco gituma ndiko ndababwira ngo ntitwigane Petero ngo ntituje ngaho dutwarwe. Twebwe tubwirizwa kugira umutima mwiza. Nico gituma atagatosi k’igicumuro twigumizamwo. Gutyo rero tukaba abana b’Imana. Ni kuki twebwe tutoshobora iki gihe gushika aho dushobora kwubakira amahoro muri twebwe  kuko turi bene Mana? Rwaruka nkunda, ngico ico tuzomara iyi misi ine yose tuganira.  Mushitse ku musi wa kabiri muzotaha ku musi wa gatandatu. Ndifuza yuko iyi misi yose twokwumvira koko ico Umukama atubwira. Ese umuvunyi w’umwe umwe muri twebwe yodusabira. Ese umuvyeyi Bikira Mariya yodukandira akaba hafi ya Yezu akamubwira ico dukeneye mbere akatubwira ati : murakore ico cose aza kubabwira, ico cose aza kubategeka. Ese umukama yotugabira Mutima mweranda wiwe akatugira koko indemesha z’amahoro.  Imana n’ihezagire iri sabukuru ryacu ! ».

Inkuka yaciye ibandanya. Inyuma yayo naho ; hakurikira gutanga indaro aho wabona imiryango myishi inyuragiranwa bihuta gutora abo baja guha indaro.

 

Ku musi wa 4: « HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA                  (Mt 5,8 »)Msgr Simon NTAMWANA.

 

Inyigishoyatanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega.Hatanguye akaririmbo ko kwakira mu kanyamuneza Umwungere wacu, hama turambaza Mutima Mweranda. 

Ati: “Icatumye tuza ngaha ni ukugira tugabire Umukama, tumuhe ituro rimubereye. Isabukuru yacu iratandukanye n’ukuza kuvyina”… Ati: “ndazi ko mubizi kuko muza n’umutima wanyu mumubaza muti none ga Mukama kugira turonke ubuzima bwawe twogira dute? Twoburonka gute? Araheza akaduha inyihu mbere ishobora n’ukugorana kwakira mugabo avuga vyo kuko kugira turonke ubuzima nuko tuba twemye kuba abagenzi b’Imana b’ukuri”. Ni naco ciyumviro bamusavye gushimikirako kugira ngo ni twataha dushobore kugumana na Nyenubuzima. Iyo tuvuze ubuzima hari abiyumvira ubuzima budahera canke bw’umutima. Oya haba namba ni ubuzima bwose: kw’ishure, kw’isoko , mu ma nama y’amajambere,... Ibihe vyose aho ubuzima bwacu bwose bwibonekeza. Yipfuza ko urwaruka rwotaha hagize akantu kiyongerako kuko hari abantu barImwo tubiri iyo bavuye aha baca basubira mu vyo bahorawo, bakaba ibirirahabiri. Mwese rero mwirinde kubamwo tubiri. Kuko ubwirizwa kwifata, kwigenza nka  Kristu.

Umuvyeyi wacu Papa ariko arategura urugendo ruzogana i Pologne muri Cracovia, ewe barahiriwe abazojayo. Hamwe umwe umwe yotanga akajana nka kabiri mu mwaka nukuri vyokunda ko hoboneka n’umwe aduserukira. Papa atumirira abavyeyi, abasaserdoti, abihebeye Imana ko bokwama bibutsa ico ciyumviro. Umuvyeyi wacu Papa yashatse ko twitegura tuzirikana kandi dushira mu ngiro iri jambo ngo “Hahiriwe abari n’umutima mwiza kuko bazobona Imana”  (Mt5,8).

Iri jambo ni agatangaza: uguhirwa. Umuntu wese yama arondera anyoterwa kumererwa neza, nta muntu n’umwe adafise ako kanyota. Umuntu atagafise yoba ari igihume, ntiyoba akomeye. Ariko n’umukehabwenge nawe nyene tumwitondeye tukaraba uruhande rugikomeye dusanga nawe nyene afise iyo nyota yo guhirwa.  Nico gituma kugira uko guhirwa gukwire hose n’uko nyene bose baba bafise ico bipfuza, turategera rero ingene igihugu cacu kidahiriwe namba kuko  hari benshi baharanira guhirwa mugabo baciye ku nabi! Umu rusiya yitwa Fiyodoro  niwe yagize ati: “Mu gisagara n’umwana umwe arize kuko atanezerewe ico gisagara ni ico gusamburwa cose”. N’ukuvuga ko naho umuntu umwe yorira turabwirizwa kwiruka kuraba ikimubabaje.

Uguhirwa ni akaranga k’umuntu, uguhirwa nta muntu n’umwe atabirondera. Ukwo guhirwa gushika neza igihe turonse uwuduha ako gahimbare kuzuye, tumurondere kandi turazi ko abantu dushobora kugemuriranira, gufashanya. Ariko ivyo birateba bikanahera canke bikarambira, iyo wipfuza ikirenga aho sinshobore kukironka kuri mugenzanje. None agahimbare kuzuye ndagakesha Imana. Imana yo nsa niyo ishobora guha agahimbare kagwiye umuntu. Hari abantu baduhema ngo ni twagira ibi niho tuzohirwa. Rwaruka, ahatari Imana umuriro udahera uca utangura. Bwa buhirwe, wa mutima mwiza uca ucuya, uca utosekara kuko uwaguha kwa guhirwa nyako, ka kanyamuneza gashitse atariho acicaye, niho uheza ukarondera,  ukipfuza mugabo nturonke. Ibi rero si ivyo umuntu yiga n’ubwenge bwinshi canke ngo abisome mu bitabu; ahubwo ni ivyo yiyumvamwo. Cane cane harya agira asangire niho agira ati. “ndaronse mafubo”, kuko niwe yavyivugiye ati: “nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi” (Mt 28,20). Ng’aho aho akanyamuneza gakomoka. Ego umugenzi arashobora kunezereza mugabo igihe ntamushize muri ubwo bunywanyi n’Imana ubwo bunywanyi bumara akanya urume rumara; mugabo uri kumwe n’ Imana yamaho, ako kanyamuneza,ubwo buhirwe bwamaho,

 

Umutima mwiza ni ukuvuga iki?

Mu Burundi twebwe tumeze nk’abayuda.Iyo turavye neza, dusamaye baratubwira bati wa gipfamutima! Bati nta mutima ugira!

Umutima si ikibiribiri. Haba namba! Uratandukanye n’umushaha, mbere tugira duti umutima uri  mu nda, bagira bati subiza umutima mu nda. Ntibagira ngo wusubize mu gatuntu!

Umutima rero ni burya bubasha dufise bwo guhimbarwa, bwo kugenda dusangira ijambo. Ng’uyo umutima. Igihe vyase ko dusangira na mugenzanje aha rero mba ndiko ndabura umutima.

Umutima; ni burya bushobozi bwo gusangira n’abandi. Umutima ni agahambaye mbere ingene mu Burundi tubitegera ni neza cane. Iyo bagize bati urya ni umuntu w’umutima ni ukuvuga ko uwo muntu ari umwizigirwa. Umwana w’umutima ni uwo. Mu mutima niho Umukama afatira akagira ati “hahiriwe abari n’umutima mwiza” niho  hari ugukunda, kuvavanura no kurya umutima abandi, kubihebera. Mu mutima mwiza hari ukwogushima Imana, kuyigira umuvyeyi wanje, kuyigira kirumara waje. Muri uwo mutima niho dusanga ubutungane, ubugororotsi, urukundo nyakuri. Ndabivuga nshimitse kuko nzi ko aho muvira aha hari abazobabwira ibihushanye n’ibi mbabwiye: Ukwiba, ukwica, ubusambanyi, umunoho, uburwanabi, ukunyanganya, ugutanga ibiturire,… ng’ uyo umutima mubi. 

Umuvyeyi wacu Papa ati: “umutima urimwo ivyo ni vyo bituma umuntu ananirwa n’ugucudika n’Imana, n’abantu”. Wa mutima mwiza ujanye nyene n’imigenderanire myiza n’ Imana na bene wacu. Wa wundi uhiga kwama mu nama nziza na bagenzanje, nkumva ko ndiko ndagerageza igihimbara mugenzanje. Muri Amerika y’epfo, Papa ariko araganira n’abantu baserukira abandi n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivya politike, ati: “Ehe raba ingene igihugu coba umuryango!”. Mbega uburundi bwoba umuryango gute? Kugira ngo igihugu kibe umuryango, uburundi bube umuryango? ati n’uko:

  1. kuba dufise uwo mutima mwiza, niryo humbi rya mbere
  2. nuko twese dufatana mu nda, kuko habaye imirwi ine itanu ntibikunda
  3. kwitwararikana: wewe ubwawe nturindire gusa ko hari ico bakugirira ahubwo uhaguruke utangure witange ku buntu kandi nturindire impembo canke ngo wubahuke usabe igiturire!
  4. Ukwubahana: dushaka uburundi-muryango ni uko twubahana tugashaka kugenda twese twubahana, tukubaha amatageko yose atugenza ntihagire uwuba umuja w’uwundi.

HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA.Uwo mutima mwiza witeguye gutyo urashobora no kwitaba Imana urashobora kwakira Imana ugaha iteka Imana. Ntawushobora kubaha amahoro, itekane mu mutima atari Imana yo nyenye (Pape François aux jeunes en Belgique) 

Umutima w;umuntu ntushobora gutekana utarimwo Imana, Augustino mweranda arabitwibutsa.

Naho twoba dutunze ibingana iki, ata Mana,nta mahoro. Naho twogira ngo :“ubutare turafise!”, ata Mana,  tuzoguma turyana, dutanako imyikomo. Iryo jambo ry umuvyeyi wacu papa rirakomeye: “Mudafise Imana muguma muri igiharwe, muri igicubwa”. Kugira ube umuntu abukwiye ubwirizwa kuba wugururiye Imana. Hahiriwe abafise umutima mwiza..

Mu mazabuli atari make Umukama aratwigisha uko kubona Imana Imana, yo ntoranwa yanje (Rondere Imana: ps 127,8)

 Izaya ati rondera Imana bigishoboka. Imana irashobora kutwihisha kuko dusa n abayirondera mugabo atariyo namba dushaka. Iyo ubonye Imana, mugahuza amaso, ukayikundira, ng ubwo ubuhirwe nyabo. Bikira Mariya yakiriye Mana Mwana muriwe aho yagira ati jewe ndi umusavyi wawe… Mu nyuma yaciye yatura ati umutima wanje uraninahaza Imana. No ngaha iwacu turafise akajambo keza ngo arafise imbanyi. Kuba umubanyi wa  naka, ko nabaye imbanyi y’abavyeyi banje. Bikira Mariya yumvise ko afise imbanyi y’Imana ntiyari kureka kwishongora.

Kugira tubone Umukama adusaba kugira umutima mwiza.

Inyuma yiyo nyigisho hakurikiye ibibazo bikurikira n’inyishu zavyo hamwe n’intahe zashinzwen’abihebeyimana.

Ibibazo:

  1. Itandukaniro riri hagati y’umushaha, umutima n’umuzirikanyi + kami ka muntu
  2. Ko umutima ari umubiri mukaba muvuze ko umutima uri munda iyo mibiri iratandukanye
  3. Wipfuza kugira umutima mwiza mugabo ukaba ifise ababanyi bagukwegakwega nk abanya politike bakaguharira ivomo wogira gute ngo uzigame uwo mutima mwiza?
  4. Kugira umutima mwiza bivanye naho usanzwe ubaye ukagerageza mugabo urugo ntirukworohereze, worubamwo gute?
  5. Harya papa asoma isi bisigura iki?
  6. Mu buzima bwo ngaha kw’isi, iyo umwana yahatswe gukororwa imbanyi amaze kuvuka yogira umutima mwiza gute ?

Hakurikiye Inkuka y’imisa yari irongowe na nye nicubahiro umwungere wacu.

 

Mu nyigisho yiwe  yashimikiye ku ntambwe zitatu.

1. Intambwe ya mbere yatumiriye urwsaruka gukenguruka ivyiza Imana idasiba kutugirira. Aho naho yigishimikije igisomwa ca mbere (’Amategeko 4, 32-40), aho Musa yereka abanyisraeli ivyiza Imana yagiye irabagirira, haba igihe bari bagorewe mu misiri (Umukama akabatoza inzira yo kuvayo), haba n’inyuma yaho. Ivyo Umukama yagiriye abanyisrayeri nivyo yama atugirira na twe umwe umwe wese, naho rimwe na rimwe umengo ntitubibona. Nk’umugenzi adukunda Imana yama itugirira neza. None rero umaze kubitahura ko bimeze gutyo ko ariwe iturasanako mu magorwa ntitworeka kugira nka Petero tuti : «mbega Mukama turi bwirukire nde wundi ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima ? » . Rwaruka ni mwame mwibuka ivyiza Imana yabagiriye hama mukenguruke. Ego twaraciye mungorane zinyuranye aha muburundi ariko no muri izo ngorane Umukama yashatse kuduhishuka urukundo rwiwe. Namwe musanzwe muzi ko urukundo rwiturwa urundi.  Intambara twaciyemwo kandi n’ubu itarahera neza novuga ko ari umusalaba twikoreye nk’abarundi. Naho bimeze gutyo dutangarira urukundo rw’Imana iguma itugirira ivyiza. Kubera ivyiza itugirira, bituma tuyihebera.

2. Intambwe ya kabiri n’ukwihebera Imana. Wibutse ivyiza Umukama yakugiriye aciye kuri uriya n’uriya, ukibuka mbere n’ivyagiye birakubabaza, ariko ukaguma wizigiye Umukama ntiworeka gushima.  Yezu ati : « uwushaka kungendanira niyihebe we nyene » (Mt16, 24-28). Ukwihebera Imana ni ukuja mu muryango w’abihebeyImana. Ariko n’abatuvyaye, abavyeyi bacu barihebeye Imana mu kuturera neza. Nobasaba ko mwokwitabana uwo muhamagaro wo kuba  abavyeyi mwabanje kuzirikana ko mugiye gukorera Imana aco kimwe n’umuhamagaro wo kwihebera Imana. Ayo matorwa yose arashaka ko tubanza kwiheba. Ntabanga na rimwe rishoboka utarishizemwo umutima wo kwiheba. Utabanje kuritosora umutima wo kwikunda. Wa mutima mwiza twigishwa na Papa Francisko ushaka ko ndeka kwikunda ndondere riho amajambere ya mugenzanje. Iyo umuvyeyi wanje atabanza kwiheba akareka kwironderera ikimuryohera, simba ndiho.

3. Intambwe ya gatatu ni ukwikorera umusalaba.  Kwikorera umusalaba cari igihano gihabwa abaja. Ariko uwo mwana w’Imana yarikoreye Umusalaba kubera jewe, kubera wewe. Kwikorera umusalaba ngo dukurikire Umukama bisigura ko twemeye no kugorwa kubera Imana Data kugirango tugaragaze urwo rukundo muri bene wacu. Ivyo tubiranguye Data aca atubwira ati : “Bwabutore burashitse” kuko atubwira ati: “Urakunda mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene”. Yezu  akongerako ati:  “Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe” . Ahandi  naho ati : « Ni mukundane nkuko nabakunze ». ntimushobora guteza imbere uburundi mutemeye kwiheba. Kandi murabishobora kuko mufashwa na Mutima Mweranda. Nawe yafashije benshi none ntiyovyima wewe!

Amen.

Inyuma y’Inkuka y’Imisa. Urwaruka rwarashikirije ijambo ryo gukenguruka no gusaba. Bagira bati :

« IGENEKEREZO RYA  7 MYANDAGARO UMWAKA WA 2015

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’URWARUKA RWO MURI DIOSEZE NKURU YA GITEGA RURI MW’ISABUKURU  YO KU RWEGO RWA DIYOSEZE MURI PARUWASE YA MAKEBUKO

Nyene icubahiro Mwungere wacu,

Twebwe turiko turasozera ihwaniro ry’urwaruka muri Diyoseze twabanje kurangiza amahwaniro yo mu maparuwase yose no mu ntara z’ubutumwa zose, twagira tubashikirize iryo tugona kandi mudukundiye tubatume muridutambukirize ku bo musangiye kutuyobora muri Ekleziya riheze rishikire abaturongoye mu gihugu bishobotse no mu makungu.

Turakengurutse cane umwitwarariko Ekleziya idufiseko wo kwama idutegekaniriza ibiringo nk’ibi vy’ukwinagura kumutima kugirango twisubize itoto twebwe urwaruka.Maze mukadutegekaniriza izi nyigisho zikabura ukwemera kwacu, zigakiranura imigenzo yacu, zikadutumirira kuba intumwa z,ukwubahiriza ubuzima bw,umuntu wese n’agateka kiwe, ubuzima bw’umuntu ni katihabwa. Kira noneho ijambo ry’Imana riratwereka ko amaraso y’umuntu Imana itazoreka kuyahora (Amamuko 4,10). Zikadutumirira kandi kuba  ibivumbiko vy’amahoro,ukurekuriranira no gusubiza hamwe.Izo nyigisho turazishima kandi ko zidukaburira  gukunda no gukorera igihugu catwibarutse, turabikengurutse cane. Turasavye ko mwotugwiriza ibiringo nk’ibi. Turakengurutse kandi ko mudasiba kutubwira ko kubu na kazoza k’Ekleziya kari muri twebwe.

Turakengurukiye kandi abo mu twaro bo ataco batagira kugira batwumvishe ko twebwe urwaruka ari twebwe Burundi bw’uyu musi n’ubw’ejo ko tutojana nyabahururu ngo twisamburireko nk’impene, turashima impanuro zitandukanye mudasiba kuduha.

Mu dukundire natwe nk’abana banyu tubashikirize akari ku mutima. Twebwe urwaruka rwanyu turatewe ubwoba n’ibiriko biraba mu gihugu cacu. Turahagaritswe umutima n’abarundi birirwa baricwa mu buryo bubabaje. Tukumva ko hariho n’abatotezwa  kubera ivyiyumviro vyabo abandi nabo baborezwa igufa. Turababajwe cane na bene wacu b’abarundi bagorewe mu buhungiro. Turi n’impungenge, twuzuye ubwoba, kuko dutinya ko intambara ishobora kwaduka. Turatinya kandi ko amakungu azohava adufatira ibihano. Vyongeye turafise  impungenge z’uko ivyo bihano biramutse bifashwe ari twebwe urwaruka ataho tuvunika tuva bizobangamira ubwa mbere.

Twebwe  urwaruka rwanyu mudukundire tubatume ku Nama y’Abepiskopi Gatolika bo bavyeyi bacu. Mudushikirire Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu hamwe n’abamufasha ngo:

  1. Agire ibishoboka vyose turonke amahoro maze abantu bareke kubandanya bicwa bazira ukutumvikana ku bibazo vya politique biri mu Burundi.
  2. Abarongoye imigambwe nabo mubatubwirire kutatugira ibiraro vyo gushikira ubutegetsi bipfuza mukudukoresha mu bikorwa bigayitse vyo gutoteza abo batavuga rumwe.
  3. Aba nyepolitike nabo turabazambiye dushimitse  ko bosubira mubiganiro vyotuma ibibazo bihanze igihugu cacu bitorerwa umuti kuko basokuru bacu barayamaze bati: “Ibigiye inama bigira Imana”. Muti: Turabasavye muturinde intambara. Mbega ubutegetsi bwoba bumaze iki abarundi bariko barahona kandi basubiranamwo?
  4. Natwe urwaruka twokwima amatwi abo bose badutumirira kwankana, kwica no gutoteza  benewacu. Kuko “Urya incuti ukinovora intuntu”.
  5. Mudushikiririze amakungu ko yobandanya akigoro yatanguye ko gufasha abarundi kurondera amahoro biciye mu nzira y’ibiganiro kugira ngo n’imfashanyo ntizihagarare.

 

Turangije tubakengurukira ku kigoro mwakiranye ivyipfuzo vyacu.


Urwaruka rwanyu.                                                               

(Icegeranyo cafashwe na Patiri Basile HARUSHA, Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE hamwe na Furera Evariste HARERIMANA. Caciye gitosorwa na Patiri Timothée HAKIZIMANA).                                                  

"MUKAMA DUTABAZE ABASASERDOTI BENSHI BERANDA"

« MUKAMA, DUTABAZE ABASASERDOTI BENSHI BARANDA. »                                                             Ibisomwa : Iz 61, 1-3a.6a.8b-9

                                               Ivy 1, 5-8                                                                                 Lk 4, 16-21                                                                            

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ku  musi wa 6 w’Indwi ya 16  mu mwaka B. Yatiye Abasaserdoti n’Abadiyakoni, ashikiriza n’Ubutumwa butegurira ayo mabanga – Sanctuaire Marial de Mushasha. 18-07-2015

1.    Igisabisho cuhirira Umwaka wacu w’Ubutumwa..

Twawutumbereje iki civugo :“ Dukenguruke Ingabirano y’Ekleziya – Muryango, igaburirwa na Bibliya Nyeranda, ikarangwa n’ingo nyeranda be n’ibanga ry’Ukwiheberimana”. Kuri uno musi, agahimbare ni kwose, aho twatira abasaserdoti n’abadiyakoni, tukarungika barumunababo mu butumwa butandukanye. 

N’umwizero wuzuye ukwemera n’urukundo, turasubiye gutakambira Imana, tuti : “ Mukama dutabaze abasaserdoti benshi beranda.” Ico gisabisho coroheye bose, umuto n’uwukuze, umwana n’umuvyeyi, abakristu mu ngo na twebwe abihebeyimana, twebwe nyene abasaserdoti b’Umukama, ico gisabisho nikidutekanye cane, kuko uno musi uhezagiwe na Mana Mushoboravyose, we asubiriye kutugabira abasaserdoti bazokomeza Ekleziya – Muryango, kw’izina rya Kristu Umusaserdoti Mukuru. 

2.     Mushikiye aho tubashonje kandi tubakeneye. 

Murame muri ba Mafubo muri Ekleziya – Muryango. Mwama mugeze ! Muri icamwa gihoraho (raba Yoh 15, 10) Umukama yiyamurira ngo agihereze Ekleziya yiwe. Ariko, muri ibi bihe, ubukene bw’Abasaserdoti bwiyongereye. Ni ibihe bitwereka ingene igikorwa c’Ekleziya n’ubutumwa bwayo bwo “ kwigisha abantu bose n’ubwo kubibaruka mw’Ibatisimu” (raba Mt 28, 19), bikiri kure cane y’aho twipfuza.

Igihugu cacu kiri mu mayirabiri, mu kwubaka ubumwe bwacu mu mwumvikano no mu nama itekanya bose. Iyo ni yo yari inzira yo kugishikana mu majambere kiririra ijoro n’umutaga. Iyo ni yo nzira y’intwaro rusangi, yokomereje imitima y’Abarundi mu kurekuriranira no gusubiza hamwe, inyuma y’intureka n’indwano bimaze imyaka irenga 50 bisahura Uburundi.

Ekleziya – Muryango iriko irakura mu mibano mitoyi y’abakristu, ngo ikomeze iparuwase, wa muhana wa mbere w’ab’Imana, aho biyungira mu kwemera kumwe, mu migambi y’ubutumwa mu mpande zabwo zose. Twariko turaremesha mu nzira yo guhinduka : hambere aho twari Ekleziya itabarwa. Ubu twariko turegerana ngo tube Ekleziya itabara, itanga, yubaka, iteza imbere beneyo n’amakungu.

Kubera izo mvo, ntoye mu nkuru nkuru ziduhanze, basaserdoti, badiyakoni, baseminari murungikwa mu butumwa bw’abunganira kw’Altari n’ubw’abasomyi b’Ijambo ry’Imana, nimushike muri Ekleziya – Muryango, turabashashaye, turabakenye, kuko dusa n’intama zitagira Umwungere “ (Mk 6, 34), kuko mu murima wa Kristu, “ivyimburwa ni vyinshi (Mt 9, 37)

3.     Abasaserdoti benshi beranda.

Ca gisabisho kidukandira ku Mana ngo iduhe “benshi beranda”, Kristu Umusaserdoti Mukuru wacu ni we abidutegeka, ati : “ Nimube beranda nkuko So wanyu wo mw’Ijuru ari mweranda” (Mt 5, 48). Kristu nyene ati : “ Ni mwebwe umunyu w’isi” (Mt 5, 13). “Ni mwebwe umuco w’isi” (Mt 5, 16). Arabandanya, ati : “ Nimutangure kurondera Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo” (Mt 6, 33). Ni ho Kristu we nyene adusabira kuri Se, ngo adufashishe ububasha bwa Mutima Mweranda muri ico gikorwa. Yezu ati : “ Si ab’isi nk’uko nanje ntari uw’isi. Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri”. (Yoh 17, 16-17). 

Bavukanyi mugiye kwatirwa, hamwe na twe bakurubanyu, muhamagariwe guhindura iyi si kuko mubaye beranda, kuko mubaye abashingantahe bagendera ukuri n’ubutungane, kuko mubaye abatumwa ba Kristu bemeye kumugamburukira no kumwigana mu kurangura ico Data yamutumye, ari na co ashatse gushira mu minwe no mu mitima yanyu (raba Yoh 17, 18). Nkako, umweranda ni we mwigisha ahejeje ; umweranda ni we ntungane ihimbara ; umweranda ni we atwereka impuhwe za Mana Data ; umweranda ni we yerekeza Ekleziya – Muryango mu nzira y’Urukiza rwa Kristu.

Iyi mpanuro ya Bonifasi Mweranda nisozere uyu muzirikano wacu. Ati : “ Ko ukuri kutigera kuruha, ko kutigera gutsindwa, canke ngo kwihende, umutima wacu wumvise uburuhe niwirukire, uwavugiye muri Salomo ati : “ Niwizigire Umukama n’umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubwitonzi bwa muntu. Mu vyo ukora vyose, numwiyumvire, na we azokubera indongozi itazimiza...

Ntituvirire ubutungane, kandi dutegurire umutima wacu kwakira amagorwa, aho tuzoba turindiriye urukiza rw’Umukama, we twama tubwira tuti : “ Muhanyi wamye uri amahungiro yacu” (Za 89, 1).

Bonifase Mweranda arabandanya, ati : “ Nitwizigire Umukama, we yadukoreye umutwaro w’ubutumwa bwacu. Ico tutazoba dushoboye kwitwaza, tuzogitwarana na Mana Mushoboravyose, we yatubwiye ati : “ Umutwaro wanje nturemereye, kandi umuzigo wanje urahwahutse”.

Bonifase Mweranda arasozera ati : “ Ntitube intozo zagobwe ijwi ; ntitube abarinzi basinziriye bakinumira ; ntitube abacangero bahunga babonye ibingira, ariko tube abungere bakanura, bacungereye ubusho bwa Kristu, bigisha umugambi wa Mana Data abakuru n’abato, aboro n’abatunzi, tukamenyesha uwo mugambi abantu bose kandi bava hose” (raba Liturgie des heureus III, P. 1094-1095).

Imana idufashe. Bikira Mariya, Muvyeyi n’Umugabekazi w’Ubusaserdoti Bweranda nadusabire. Amen 

                                                                                                 + Simoni NTAMWNANA                                                                                       Umwepiskopi Mukuru

                 wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

UMUSI MUKURU W'ABAMENYESHAMANA MURI PAROISSE MUSHASHA (16 JUILLET 2015)

Ibisomwa : Ib 12, 1-11                                                                                Za 33 (34)

        2Tim 4, 6-8.16-18                                                                       Mt  16, 13-19.                                                                     Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’umusi mukuru w’Abamenyeshamana wahimbajwe mw’Iparuwase ya Mushasha – Twahereje Inkuka y’Imisa y’Aberanda Petero na Paulo – 16.07.2015.

1.      Ndabashimiye ko dusangiye Inkuka y’Ukaristiya mwigina umusi mukuru w’Abamenyeshamana.

Umusi Mukuru Mwiza. Uyu musi ubahimbare, kandi ubibutse ubunywanyi mufitaniye na Kristu, muri Ekleziya – Muryango. Nka abandi bakristu, mwarabatijwe, mwarakomejwe. Ariko mwashatse kwereka Kristu n’Ekleziya ko “Bapfana – iki“ barutwa na“Ico bamariraniye“. Mwaremeye kuba abatumwa b’Umukama ; mwaremeye kwigura Ijambo ryiwe, mu kurimenyesha, mu kurigendera no mu kuryubakisha kazoza k’Igihugu cacu. Murererwa ! Imana nayo ihezagire ivyo mukora vyose kw’izina ryayo.

2.      Akarorero tukavoma kwa Petero na Paulo Beranda.

Petero yahamagawe n’Umukama ari umurovyi yica ico afashe akakirya, aca yemera “kuroba abantu” (raba Mt 4, 19), ngo abakure mu rupfu rw’igicumuro, ari co nzanyi yarwo. Kuva ubwo, Petero yaregereye Yezu, arigishwa iryo banga, araritwara muri we no muri bangenzibe, gushika aripfire, mu 64, aho Nero yaturira abakristu mu gisagara ca Roma, ababesheye ko ari bo baturiye igisagara.

Paulo Mweranda ni umutumwa w’umwete, yuzuye urukundo rwa Kristu, yihebeye Ekleziya, kuva umusi amenyeye ko amasabo mazima n’ukwemera gushitse biva kandi bigasubiza nyenevyo kuri Kristu. Aranezerewe n’uko ikivi co kumenyesha Imana na Kristu wayo ari igikorwa ngombwa kimuhamagara kandi kikamwagira hose. (raba 1Kor 9, 16). Mu misi yariko arakizira, atubwira ati : “ Igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye indwano nziza, narangije urugendo, narazigamye ukwemera”. (2 Tim 4, 6-7). Na Paulo Mweranda azopfa azira ko yamenyesheje Kristu n’Ijambo ryiwe ryuzuye ubuzima n’urukiza. 

3.    Wa mumenyeshamana, hanga abakurambere bawe.

 Muri mwebwe, hari imitigiri myinshi. Harimwo abamenyeshamana ruberera, harimwo abatangakivi, harimwo abihebeyimana. Mwese muhurira mu runani rw’abakunzi ba Kristu n’abamushikiriza abandi. Mwese, kandi sinihenda, yarabise abagenzi kuko yabamenyesheje ivyo Data yamutumye vyose. Kandi, mwese muhamagariwe gushikana ubwo butumwa, bukama icamwa gihoraho (raba Yoh 15, 16). Ivyo rero tubishobora iyo turi kumwe na Yezu, kandi tugaca mu makanda y’abatumwa ba mbere. Nitubarabe rero. Ica mbere bagendera, ni ukwemera gushitse, ni ubunywanyi buhimbaye bamanira Kristu. Mwarabaye abagenzi bishikira ba Kristu kandi ngo muvyerekane mu ngiro no mu ngendo yanyu, muzohakwa kuba ba bandi bishinga kuvuga ngo “Mukama Mukama”, ariko ntibashobore kwinjira mu Bwami bwa Yezu. 

Abo batumwa ntibigeze basubiza umugongo inyuma. Amakuba yabakubagura ntiyashoboye kubakonya, canke ngo abonkore kuri Yezu no kuri Ekleziya. Paulo Mweranda ni we abidutomorera, ati : “ Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu ?” Mbega ni amarushwa, canke ni amaganya, canke ni uruhamo, canke ni inzara, canke ni ukubura ico twambara, canke ni amakuba, canke ni inkota ? ... Muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Nkako ndemera ntakekereza ko ata rupfu, canke ubuzima, ... nta kiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Umukama wacu” (Rom 8, 35-39).

Bamenyeshamana nkunda, ivyo Paulo Mweranda yaciyemwo bituburira ivyo na twe dushobora kubona, canke mbere tumaze kubona. Aya mango, ntitubuze abo tuvukana bariko barashimanga canke bartyekeza Ekleziya – Muryango, canke mbere bayicira icobo ! Aya mango, turabona abantu babanda Ekleziya mu mirimo, cane cane mu ndero no mu kubungabunga amagara y’abantu, kugirango haboneke ivyo basangira mu migambwe, canke mu migambi iba isabwe n’abatanga amafaranga. Aya mango, turabona ingene abakristu bihwabira amaronko bemerewe, bakica ivyehe, ntibihambirire kw’ijambo ry’Umukama.

Ivyo vyose bitwereka ubukene dufise bwo kuronka abakristu b’ijambo n’ibanga bashobora guhagararira Ijambo ry’Umukama, bashobora kwigisha abandi ingene ukwemera kwacu kubwirizwa guhindura impande zose z’ubuzima, na bwo bugasigara busa na Kristu, tukifatanya na Paulo Mweranda, tuti : “ Ubuzima bwanje, ni Kristu” ( Fil 1, 21). Nimubirabire ku nyifato twebwe abakristu twagize muri iyi misi y’amatora : ukugendera ukuri kwa Yezu, ugushira imbere urukundo rwa bose, ukuremesha amahoro, ugusonera agateka ka muntu, ivyo vyarananiye benshi. Bigatuma niyumvira ko ya batisimu tutoba twayitewe mu ntenge twiruka !!!

Nsozereye ndabaremesha mwese : ko musangiye ibanga n’abatumwa ba mbere, nimuse na bo, mwifate nkabo, mwihebere ibanga ryanyu NKA BO. Amen.                                                                              +  Simoni NTAMWANA                                                                      Umwepiskopi Mukuru

                                  wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

“ABAKRISTU BALAYIKE NI BO SHIMIKIRO RY’UKWEMERA GUHINDUKA KANDI KUGAKIZA ISI.”

“ABAKRISTU BALAYIKE NI BO SHIMIKIRO RY’UKWEMERA GUHINDUKA KANDI KUGAKIZA ISI.”

    Ibisomwa : 2 Makabe 7, 1-2.7-9

                 1 Pet 2, 4-9

             Yoh 12, 24-26

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’umusi w’Imana wa 12 mu mwaka B. Twahezagiye isengero ya paruwase Mpanuka, ihejeje gusanurwa. Ni Umusi Mukuru w’Abamartiri b’i Buganda. 20-21/06/2015

1.Turamutse duhezagira isengero yanyu mwubatse bushasha.  

Mwarayaguye. Mwarayisanuye aho yari ishaje. Mwarayisharije : isigaye yakaka. Ni bande babigize ? Mwebwe abakristu mwarafashe umugambi, mwarawuterereye ivyanyu, mwarawitavye mu bikorwa vyabangabanganwa n’ivyo i muhira i wanyu. Igitangaje, ni uko vyose vyaranguwe, kandi bikaguma bibakabura. Nta buruhe, nta mwidogo ! Urweze n’akanyamuneza ni vyo bibaranga : kuva umusi mutangura guserura iciyumviro canyu, gushika uno musi w’agahimbare, gatewe n’Umugisha w’Imana uriko urashungurukira kuri ino ngoro, tuzosangira n’Ubutatu Bweranda, Mana imwe. “ Ngiyi ihema ry’Imana n’abantu” (Ivy 21, 3). Murarisangire na Yo, mu kwemera kwama guserukira mu bikorwa biyikunda, kandi biyikundisha. Murayitakisha urukundo rubavukanisha mwese, maze ubumwe bw’Ekleziya – Muryango bupfumbatirwe n’uwo wese azoza gusengera muri iyi ngoro, ari kumwe na benewabo. Iki gihe Uburundi buteye ahatemba kubera amatora ahagaritse umutima abantu benshi, mwame mwibuka ko mwahurije hamwe umutima n’ibikorwa kuri iyi ngoro y’Imana n’abantu.

2.       Uyu musi nyene ni umusi w’Imana wahariwe guhimbaza Abakristu b’i Buganda bapfiriye Ukwemera kwabo mu 1884.

Bari abagatolika n’abaprotestanti. Abagatoliki 22. Abaprotestanti baharurwa mu majana abiri. Abo bakristu gatolika ni bo tuzi cane, kuko ni bo bagumye bibukwa icese.

Umwami Mwanga yabarigise ku musozi wa Namugongo, hafi ya kampala, abahora ukwemera kwabo : yabasaba ubuhumbu, mbere bumwe buharawe ubu bw’abasangiye igitsina, na bo bararahira bararengwa. Na we, nkuko bishikira kenshi abakuru biganje, aca arabicisha !

Bavukanyi nkunda, nta na rimwe ukwica umuntu vyerera abasigaye; nta na rimwe amaraso y’umuntu abera ubuhizi bene – kuyasesa; nta na rimwe ingwano izanira umugisha igihugu kiyiguyemwo; nta na rimwe amaraso y’umuntu asesetse kubera urwanko azana inyishu y’ibibazo bihagaritse umutima bene- kuyasesa.

Ntimusubire rero kwikoza ubusa ! Ronderera inyishu mu rukundo, mu mwumvikano uzira agahemo, mu butungane bwitwararika ineza ya bose.

3.       Abo bakristu bari “abalayike”.

Muri Ekleziya – Muryango tuhasanga imitigiri itatu y’abubatse urugo rw’Imana : abakristu balayike, baba mu ngo no mu miryango, abihebeyimana n’abarongozi b’Ekleziya –Muryango, ari bo Bepiskopi n’Abasaserdoti. Umutigiri umwe umwe urangwa n’ibanga ritomoye : abarongozi bagizwe n’Abepiskopi n’Abasaserdoti babwirizwa kwitaho kurongora, kwigisha no gutagatifuza Ekleziya – Muryango mu kuwugaburira Ijambo ry’Imana n’Amasakramentu. Umutigiri w’Abihebeyimana ari bo Babikira n’Abafrera bahamagariwe ubutumwa bwo kutwereka ishusho rihimbaye ry’Ubwami bw’Imana bushaka guhindura iyi si, ngo ihwane rwose n’ubwo bwami burangwa n’urukundo, ubutungane, amahoro, akanyamuneza duterwa n’ukumva ko twese turi abana b’Imana.

Umutigiri w’Abakristu balayike urungikwa n’Imana guhindura ishusho ry’isi, ry’imigenderanire n’iy’imibano y’abantu, maze bigasa na bwa bwami bw’Imana. Bahera iwabo, ingo zigahanahana ico ciza, gushika aho umubano rukristu uhinduka ukaba ikibanza cibonekezamwo rwa rukundo, amahoro n’ubuzima bw’Imana. Maze, nkuko iciza gikundwa na bose, abo bose bakibonye aho bakacanda ngo gikwire bose. Ba Bamartiri b’i Buganda bari abalayike. Nimwubahwe bakristu bacu mu ngo, no ku mitumba aho mushikana Ekleziya – Muryango.

4.   Ni mwebwe shingiro n’ishimikiro ry’Ekleziya – Muryango

Nimubimenye, kandi mubitegere. Nimubigendere, maze muvyubakishe Uburundi bwacu, busimbe imanga Imana icane. Nimuhindure igikorwa cose ca muntu, mucuzuze urukundo, giheze kimote umuvukano n’urukundo bikomoka ku Mana.

Indero ibe indero rukristu na runtu ; ubudandaji bube uruhererekane rw’ivyiza rurangukira mu mutima ushaka gutunganiriza umubanyi wanje; ibanga rya Politike rihinduke uburyo bwo gusangiza bose ivyiza biva mu bukuru, mu butegetsi no mu ntwaro, maze Uburundi bube ubw’abarundi bose, maze ntihigere haba uwukumirwa, uwusigara arira, uwakwa utwiwe n’abiwe, uwangazwa n’uwuhunga. Intahe abakristu balayike babwirizwa gushingira Imana mu buzima bwabo ni ngombwa, kugirango igihugu kibe mu mahoro.

Nitwaba turi mu ruhagarara, ni uko iyo ntahe yibagiwe, yahemukiwe kandi yasubirijwe ibindi bigirwamana : itunga ry’itabuntu, umunoho w’ivy’isi, ubukuru budasangiwe, urwanko rwihakana ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe, ikinyoma cambika izera uwutwara n’uwutegeka.

Bakristu nkunda, nimubere umuhamagaro wanyu. Kuri uno musi duhezagiye igikorwa cavuye mu bumwe n’urukundo vyanyu, kuri uno musi duhimbaje abakurambere bacu b’i Buganda bafatanye mu nda bakarinda urupfu bazira ukwemera kwacu, na twe twigire inama yo gukomeza Ekleziya – Muryango mu kurandurana n’imizi ico cose conona Ekleziya – Muryango twubakana n’Imana, mu runani rwa benewacu bose. Bamartiri b’i Buganda, Karoli Lwanga, Kizito na bagenzi banyu, nimudusabire. Amen. 

 

                  + Simoni NTAMWAN  


Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

IJAMBO RY'UMWUNGERE KU MUSI MUKURU WA PETERO NA PAULO ABATUMWA, BAKABA N’ABAVUNYI BABAMENYESHA INKURU NZIZA (29.6.20105)

IJAMBO UMWEPISKOPI MUKURU WA DIYOSEZE NKURU YA GITEGA ASHIKIRIJE ABAMENYESHAMANA BOSE  BARANGURIRA  UBUTUMWA MU MA PARUWASE YOSE AGIZE IYO DIYOSEZE MU  NTUMBERO YO GUHIMBAZA UMUSI MUKURU WA PETERO NA PAULO ABATUMWA,  BAKABA N’ABAVUNYI  BABAMENYESHA  INKURU  NZIZA  IGENEKEREZO RYO KU WA  29.6.20105

(Iryo kete ryosomwa  mu masengero yose  ya Diyoseze Nkuru ya Gitega ku musi w’Imana itariki  28 Ruheshi  2015)

Bamenyeshamana nkunda,

Ndabaramukije  amahoro  ya Kristu !

0.   Ndahimbawe cane no kubona ndonse kano kanya ngo ndabipfurize umunsi mukuru mwiza cane w’Abatumwa  Petero na Paulo beranda abavunyi b’Abamenyesha Inkuru Nziza. Nje kubipfuriza rero ubutumwa bwiza no gukomera kw’ibanga ryanyu ryo kumenyesha Yezu-Kristu hamwe no kumushingira intahe mu kwemera.

Mwebwe mwatoranye  kumenyesha Imana,  mwaraharashe mu gushima kwigana Paulo Mweranda  aho  agira  ati : « Noba ndarwiciriye  ntamenyesheje Inkuru Nziza » 1 Abakorenti  9, 16b.

1.   Ndashima  cane ibikorwa n’ubutumwa murangurira mu ma Paruwase  yanyu, maze gurtyo mukunganira bimwe biboneka Abasaserdoti  banyu mu nyigisho, mu nteguro  no mu guherekeza  abahabwa Amasakramentu.  Ba Patiri Mukuru banyu bama bambwira ingene  mwitwararika ico gikorwa ciza, ceranda n’ingene mukirangurana ubwira  mu buzima bwanyu bwa misi yose. Ndazi neza ko muri mu mirwi itandukanye, ivyo ndabivuze  ndabibwira mwebwe mwese bamenyeshamana b’uruberera, mwebwe bamenyeshamana b’abatangakivi, abigisha bo mu mashure matomato, abo mu mashure yisumbuye na mwebwe nyene mwikorera utwanyu, mwigorera gukwiza aho muba Ijambo ry’Imana.

a.   Abamenyeshamana mwagumije umutima n’ibanga ndabakeje kandi ndabashimiye.

b.   Abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye, ndabashimiye cane kuri uwo muganda mwashimye guterera Ekleziya-Muryango ngo  muyifashe kureresha indero-rukristu  ibibondo Ekleziya nyene na Leta babaragije.

c.    Abikorera utwabo : Abarimyi, abanyamihari, abadandaza, abaganga n’abandi na mwebwe iruhande y’ibikorwa vyanyu vya misi yose, mwemeye guhebera  Imana uwo musi umwe mu ndwi ngo mumenyeshe Kristu, na mwebwe ndabibakengurukiye cane.

d.   Namwe mwebwe ba-Kristu, mwabizigiye, mukabashigikiza igisabisho n’intererano ziboneka, ndabakengurukiye  cane. Mushishikare mubasabira ngo bakomere kw’ibanga.

2.   Nkundire rero ndabibutse  umumenyeshamana  uwari we

-    Ni umukristu  yaronse ibatisimu, maze rya jambo rya Paulo mweranda riramunyura, araheza  agatorana kwigisha  Inkuru Nziza, ahereye mu nzu,  mu babanyi, mu bagenzi, mu ncuti, aho aciye hose  agashima kuba umunyu n'umuco w’isi, ari ryo tara  rimurikira abandi bakristu (raba Matayo 5, 13-16).

- Umumenyeshamana rero  ni umwigisha w'Ijambo ry'Imana, avugira Imana. Ijambo avuga si rwiwe, kuko arafise  uwamutumye kumushingira intahe. Ni igikoresho Imana icako ngo ishobore kuyagira abantu Ijambo ryayo.

- Umumenyeshamana ni umutumwa : Yaratumwe, yararungitswe,  mu kwigisha,  ari mu kibanza ca Yezu-Kristu mu muryango w’abemera, kuko agenda anyengetereza rya Jambo ry'Imana bigisha gushika hariya mu mihana iwacu. Aho kumbure Umwepiskopi n’abasaserdoti badashobora gushika  ni we ahababera, akababera  mu kibanza, akababera ijisho mu kwigisha imigwi itandukanye, mu gutegura abahabwa amasakramentu, abakora impongano, abitegurira ubugeni n’abandi... Nkako ubutumwa bw'ukwigisha  yahawe agenda arabuhererekana n’abandi aho ari hose, maze bakigishwa n’ingendo n’akarorero vyiwe. Umumenyeshamana ni umukristu asanzwe mugabo yitorewe n'Imana ngo ayivugire. Ariko rero  mu vyo avuga no mu vyo akora ategerezwa kuja inama n'abasaserdoti  bari muri Paruwase yiwe, kandi basangiye ubutumwa kuko ubutumwa afise si ubwiwe ni ubw'Ekleziya.

-  Ni co gituma  rero ubutumwa bw'umumenyeshamana buhambaye, uruhara rwiwe  ni intasubirizwa mu buzima bw'Ekleziya. Ibidahuye n'ishaka ry'Imana agenda arabirandura, akubaka akongera agateragira.

-        Umumenyeshamana si umunyakazi, akorera Imana, kugira ngo Ijambo ryayo  rimenyekane hose no muri bose.

-  Ni uwushingira intahe Kristu, ni uwuvugiramana, ni uwashimwe ngo ashobore kwihebera ico gikorwa.

- Umumenyeshamana ni ijisho ry’umusaserdoti mu kwunganira umuryango w’Abakristu. Ategerezwa gusangira  ubuzima n’abo  amenyesha iyo Mana ; haba mu bimugora canke mu bimuhimbara, kugira ngo ashobore kunyengetereza iyo Nkuru Nziza mu buzima bw’abantu bose.

-        Ubwo butumwa bwo kumenyesha Imana  aburonka igihe ahabwa Ibatisimu ; maze bukigaragariza  igihe ahawe Ikomfirimansiyo, kuko ayo masakramentu asangiza uwuyahawe “Ubusaserdoti, Ubuhanuzi n’Ubwami na Kristu” (Rituel Romanul).

-        Imana yo nyene ubwayo yamwitoreye, imuha Mutima wayo ngo ayimenyeshe

          adatinya

Mu bantu bagiye  baravugira Imana, harimwo abari bafise ubwenge bwinshi n’abandi bari bafise ubwenge bubayabaye. Ibitabu  vyeranda, biratuyagira umweranda Luka umwanditsi w’Inkuru Nziza, ibikorwa yaranguye, yari umunyabwenge, umuvuzi yari yarabinonosoye, mugabo ntivyamubujijie kurangura ubutumwa  muri Ekleziya n’ukwandika ibitabu vyeranda  bizofasha abemera kuzirikana kuruta Ijambo ry’Imana. Ibanga ryo kuba umumenyeshamana rero ni iteka ku barigendera, bakaryemangira.  Nkako « Urukundo n’uburyo umuntu afitiye Kristu vyamutumye yihebera ukumumenyesha, mu gushikiriza Inkuru Nziza ikiremwa cose »  (Ikatikisimu y’Ekleziya Gatolika N° 429).

3.   Ico Ekleziya ikesha Abamenyeshamana

Mw’ishikirizwa ry’Inkuru Nziza mu <st1:place w:st="on"><st1:country-region w:st="on">Burundi</st1:country-region></st1:place>, umumenyeshamana ni we yunganiye bimwe biboneka  abamisiyonari  muri ico gikorwa.

Kubera we abatari bake barahinduka, bakava mu migenzo mibi, bakunga ubucuti bukomeye n’Imana.

« Si ivy’imbeshere : Abamisiyonari baje kutumenyesha Inkuru Nziza vyari kubagora cane iyo batitaho gutegura  abamenyeshamana. Barabunganiye bimwe biboneka, babafasha gutegera imico y’abarundi  n’ururimi rwabo. Hari  abavuye  mu  gihugu c’ubuganda n’abandi bagiye  batorwa aha mu gihugu cacu. Ni bo babaye abahuza hagati y’abasaserdoti n’abanyagihugu. Abatari  bake bararaye rubunda, baduga imisozi bongera bamanuka imisozi n’iyindi, kugira ngo   basange  abantu  aho baba  mu kubayagira Inkuru  Nziza. Abenshi barahevye ba se  na ba nyina, incuti n’abagenzi, agatongo kabo,  bakurikira abasaserdoti aho baja hose gutanguza  za  misiyoni. Hari n’abagiye mu zindi ntara,  cane cane  nk’abava i Muyaga, Mugera, Buhonga, Kanyinya na Rugari. Hari n’abamenyeshamana bagiye  gushika muri Tanzaniya ». (rabaYubile  y’Abamenyeshamana yo ku wa 11 Ruheshi 2000).

4.   Mu kurangiza, nashaka ndabatumirire Kwitegurira neza Isabukuru ry’Abamenyeshamana  ritegekanijwemu mwaka uza,  w’2016.

Ndabipfurije rero  iterambere nyaryo ry’umutima n’iry’umubiri, ugukomera kw’ibanga,

mushishikare muba abizigirwa muri Ekleziya-Muryango. Kubera inyigisho, ingiro, ingendo  n’ukwitanga vyanyu, haboneke iterambere ry’umutima n’akarusho mu ngo zanyu, mu rwaruka, mu bana, mu mihari, mu mibano rukristu, mu mashure, mu miryango, mu mibereho y’abantu ;  intambwe nini yigaragaze mu kurekuriranira no mu gusubiza hamwe  mu baKristu.

Nimusangwe  umusi mukuru mwiza cane w’Abavunyi b’Abamenyesha Inkuru Nziza Petero na Paulo      Beranda.

Mwese ndabahezagiye !

 

Bigiriwe i Gitega,

ku wa 23 Ruheshi 2015                                                               

                                         + Simoni NTAMWANA                                                 Umwepiskopi Mukuru wa  Diyosezi Nkuru ya  Gitega

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, mu kwezi kwa 5, kwahariwe Ubutumwa bw’Umuryango wa Diyoseze Nkuru ya Gitega bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu makungu.

« MURANSHINGIRE INTAHE ».( Ib 1, 8).

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, mu kwezi kwa 5, kwahariwe Ubutumwa bw’Umuryango wa Diyoseze Nkuru ya Gitega bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu makungu.

(rizosomwe italiki 10 canke 17 Rusama 2015).

Bakristu nkunda

Basaserdoti b’Umukama,

Bihebeyimana muriko murigina ibanga muragijwe n’Umukama,

 

« Ni mugire amahoro » (Yoh 20, 19). Nimwakire iyo ndamutso y’Umukama Yezu, ashikirije abigishwa biwe, aho bari bihishije ku gutinya Abayuda. Ubu, ari kumwe na bo. Uwo bari babuze, nguyo baramubonye. Ni co gituma, bashobora kwakira ingabirano y’amahoro imuvuyeko, we Masabo yabo, we Buzima bwabo, we Nkizo yabo. Turi mu misi yo guhimbaza Pasika mu kanyamuneza kamuje : Yezu yarazutse ! Yezu ni Muzima, alleluya ! Ari hagati yacu, kubera Ijambo ryiwe tuzirikana, kubera Ukaristiya Nyeranda twakira. Natwe, uko turi kwose, uko twitwa kwose, nitugumye umutima mu nda, mu gihe c’ibiyagayaga biri muri politike ; tugume ku mavi tuyaga na Mushoboravyose, ngo adufashe kwogorora ; kandi ntituvirire iragi ry’Umukama yazutse, atubwira ati : « Urukundo muzokundana ni rwo ruzorangira bose ko muri abigishwa banje. » (Yoh 13, 35)

 

Ndabashimiye cane ku mutima wuzuye urukundo mufitiye Umuvyeyi Bikira Mariya, ndabatumirira kwifatanya n’abandi bakristu mu Burundi muri ca gikorwa ca « Mariathon » : Imana nigihezagire, idushikane ku mugambi twipfuje guterera, wo kwubaka ikigo c’ibiro vy’Iradiyo y’Umuvyeyi wacu Bikira Mariya. Nkuko mperutse kubibabwira, iyo ugabiye umuvyeyi, uba wongereje iragi azogusigarana. Murakagira ivyo mutanga n’ivyo musigarana.

 

Kuri uno musi, nashatse kubibutsa ingingo twasangiye gufata mu mwaka w’2000, aho twakirana urweze umugambi Nyakwigendera Umuvyeyi wacu Musenyeri Yohakimu RUHUNA yari yaduteguriye : ugusangira n’Ekleziya yose ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu makungu.

Iyo ngingo ntitwayifashe kuko twoba dufise abatumwa benshi gusumba ayandi ma-Ekleziya. Oya ni ukuri ! Ntitwayifashe kuko twoba dutunze vyinshi twofashisha abandi, nkuko abakristu b’i Bulaya batanguye babigira hambere aho ! Ihi bambewe !

 

Muti none iyo ngingo yaturutse kuki ? Ntahandi yavuye, atari ku kwemera kwacu, ku kwemera kwanyu. Iyo ukwemera Kristu gukomeye kandi kuriko kurashika mu bigero, kwiyerekana mu kwitanga, no mu kuramira abandi bantu ; kwibonekeza mu mwete w’urukundo kwiyambika, iyo kugiye kumenyesha Kristu abandi bantu. Ukwo kwemera muragufise, kandi ni kwo

kwonyene kwadufashije gutangura ubwo butumwa. Ni ubwacu rero. Ntibukiri ubwo turabira ku bandi bakristu. Buri aha mu rugo iwacu. Mbere twarabwinjije mu nzu, haziko : turicaranye, turaburaranye, turabwisegura, turabwiyorosa, tukabuvyukana. Ni co gituma tubwirizwa kubwigura.

 

Mbega buteye he ? Twarabushikanye mu Bufransa, mw’Idiyoseze ya Nansi, na Pamiye. Turabufise muri Cadi, mw’Idiyoseze ya Pala. Turaburangura mu Budagi, mw’Idiyoseze dufashanya mu muvukano uhimbaye, Ayikisteti. Turafashanya n’Amadiyoseze ane yo mu Butaliyano, Tortona, Nola, Palestrina na Rovigo. Turiko turaburangura muri Leta Zunzubumwe za Amerika, muri Suedi, no mu Bubiligi. Ngo iziza kurisha zihera ku nama : ntitwibagiye gutangurira aha mu Burundi, mu gufashanya n’Amadiyoseze yose mu butumwa baduhamagaramwo, tutibabarira.

 

Bavukanyi mwese, murumwa ko twateye intambwe ihimbaye. Ko twatanguye neza, nitubandanye neza nanone. Iciza tumaze gushikako twagihawe n’Imana be n’Umuryango wose wa Diyoseze. Nta wundi mukristu ariko aradufasha, atari twebwe nyene ubwacu, twirya tukimara. Ubwo butumwa, ni umurimo mwitumo kuri twese. Ni ho rero baba abantu turungikayo, bwaba uburyo twifashisha ngo ubwo butumwa bushoboke, vyose biri mu mutima wacu, no mu minwe yacu. Ndabasavye rero ko twese twobwitaba tudatinya. Twese tubwitabe mu rukundo rushaka kwigura Kristu Umukama, atubwira ati : « Mwebwe, muranshingira intahe » (Ib 1, 8). Ukwo dutabara ubutumwa bw’Imana, ni ko na twe turonswa inguvu zo kubandanya turi abakristu b’ibanga.

 

Ni ivyo muzi : wa mugambi wo kwitungira iparuwase yacu n’Idiyoseze yacu nta wundi tubiragije atari twebwe ubwacu. Guteza imbere ubu butumwa Umuryango wa Diyoseze yacu yafatiye ingingo iri kumwe na Mutima Mweranda, vyinjira muri kwa kwitungira Idiyoseze.

 

Nimushishikare rero mu nama no mu mwumvikano wa bose, maze twese Abasaserdoti, Abihebeyima, Abakristu mu ngo, dusangire umutima umwe n’umushaha umwe mu Mana (raba Ib 4, 32), mu kurangura ico gikorwa, kizokwegeranirizwa uburyo ku musi w’Imana wa nyuma w’Ukwezi kwa gatanu. Hazoba ari ku musi mukuru w’Ubutatu Bweranda.

 

Umuvyeyi Bikira Mariya Nyina w’Ikigongwe duhimbariza ku Kirimba ciwe ca Mushasha nadusangize umwete wiwe wo kugemurira abandi bantu Kristu Umukiza, Umwana wiwe yashiriye urugo rwa Zakariya na Elizabeti, n’Umwana wabo bari bibungenze, Yohani Batista, bose nyene bakahakirira urukiza rw’Imana rwama runezereza umuntu aho ari hose.

Imana iduhezagire, kw’Izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen.

 

 

+ Simoni NTAMWANA

   Umwepiskopi Mukuru

   wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

INYIGISHO Z'UMWEPISKOPI MUKURU WA GITEGA MU NDWI NYERANDA, KU MUSI WA PASIKA, NO KW'I DOMINIKA YA 2 YA PASIKA (An. 2015)

« URAKAZA, MUKAMA YEZU, WEWE UTWIGISHA URUKUNDO RWUZUYE IMPUHWE ».

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi w’Imana wa 2 wa Pasika. Inyigisho iraba abana b’urusangi rwa mbere. 12. 04. 2015

 

1.Uyu musi, ni umusi udasa n’iyindi.

 

Bana, uraturutira iyindi twari tumaze. Uraturutira n’imisi izoza ! Uyu musi, jewe ndakira umushitsi, umugenzi ankunda cane, uwanyiguze, uwanyise umuvukanyi wiwe, mwenewabo, kuko yankunze agaherezako. Ni umusi unzaniye uwungabira impuhwe, kuko nzi neza ko mpora ndamugora mbere nkamugirira ivyo adashaka. Mw’ijambo rimwe, ni umusi mukuru cane ! Yezu arambwira ati : «  Akira ufungure jewe, ndakubere ubukomezi, ndakubere amagara n’ubugingo ! » Nanje, igihe kigeze, ndava hasi, ngenda kwakira uwo angaburira, nti : « Urakaza, Mukama Yezu ! Urakaza wewe nkunda ! Urakaza wewe ukunda umutomuto nkanje, umwana nkanje ! Urakaza ndakunyotewe, ndagushonje ! ». Ni ukuri, uyu musi urandutira iyindi yose !

 

2.     Ni nde ngira ngo nakire ?

 

Uwadodoye ku rugi rw’umutima wanje ni Yezu. Mana Nzima, Muntu muzima. Yezu, Umwana w’Ikinege wa Mana Data. Ni Imana nka Mana Data. Ni we mbere bangana, bagasangira vyose. Urwo Dawe wa twese akunda, ni rwo na Yezu, Mana Mwana, ankunda. Kandi ni umuntu nkanje, yavyawe na Bikira Mariya ku bubasha bwa Mutima Mweranda.

 

Yezu, ni umuvukanyi wanje, kuko dufise umuvyeyi umwe, Dawe wa twese. Ni umuvukanyi wanje, kuko yampaye kuvukira mw’ibatisimu, mvukana na we, mvukana iteka ryiwe yaciye angabira. Kandi kuko ari umuvukanyi wanje, akaba n’umuvukanyi wawe, wewe twicaranye, jewe na we turavukana. Nimuramukanye, mubwirane muti : « Amahoro ga muvukanyi ! ».

Yezu mpava nakira uyu musi, ni we bumwe bwacu. Si mwebwe bane mwenyene mufatanijwe na Kristu ! Na twebwe abavyeyi banyu, ata n’umwe avuyemwo, Yezu ni we aduhuje ; Yezu ni we akunda umwe umwe ; na twe tugaca dukundana, mbere akabitubwiriza, ati : «  Nimukundane nkuko jewe nabakunze » (Yoh 15, 12). Nimwiheberenire, nkuko nanje nabihebeye, nkabapfira ku musalaba. Kandi « nta wushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe » (Yoh 15, 13).

 

Uwo Kristu Yezu ni we atwicaritse hamwe muri iyi ngoro y’Imana. Uwo Kristu Yezu ni we atwita, ni we atwubaka tukaba Ekleziya- Muryango wiwe. Yezu ni imfungurwa nakirana icubahiro kinini cane, mu kamanyu gatoyi k’umukate, mw’Ihostiya nyeranda. Ni ukuri, ni imfungurwa ihaza. Ni vyiza gufungura hato na hato imfungurwa indyohera. Ni vyo : Umusaserdoti, we afise ububasha bwo kuntegurira iyo mfungurwa mu Misa, arayimpa rimwe ku musi. Birahagije kandi ndabikengurutse.

 

Ndashaka kuguhabwa, Mukama, aho hose nzoba niteguye, mu kuhabwa Isakramentu ry’Ikigongwe, kandi kuko ubimpayeko uruhusha. Ndagukenguriye Yezu, kuri iki kiyago ungiriye. Ndagukumbuye Yezu. Ndakunyotewe.

 

3.     Ndose Yezu, Yezu aza aranyigisha ingiro n’ingendo vyiwe.

 

Nakiriye Yezu, we nyene aca ansaba kwifata nka we. Nka Yezu, na nje mbe isôko ry’Amahoro ; nka Yezu, nshime gutumwa na Dawe ari mw’Ijuru ; nka Yezu, nihutire kurekurira abandi ; nka Yezu, name negereye Mana Data mu gisabisho, no mu rukundo ; nka Yezu, nkunde Ekleziya – Muryango, kuko abo bose bamwemera, baca basangira umutima, bagasangira umushaha, nka Yezu, nkunde abana b’Imana bose, nerekane gurtyo urukundo nkunda Dawe wa twese. Nka Yezu Munyakigongwe, nanje mbe umutumwa w’impuhwe n’ikigongwe. Amen.

 

 

+ Simoni NTAMWANA

   Umwepiskopi Mukuru

   wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

« PASIKA, NI IVUKA RISHASHA TWAKIRANYE ISHAKA N’UBUKENGURUTSI.»

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi Mukuru wa Pasika – Umwaka B – 04-05/04/2015

 

1.     Pasika Nziza.

 

Turavutse tuva mu mva ya Yezu, Jambo wa Data atsinze urupfu. Muri we turabaye ibiremwa bishasha. Ko twamwakiriye, turavutse kandi twitwa abana b’Imana, bavyawe n’ububasha bwayo gusa (raba Yoh 1, 13). Turasamirije impundu, ko abantu bashasha babonetse. Turakeje Mana Data, Umuvyeyi ahejeje gushikana ; turakeje Ekleziya, wa mucance w’Imana asubiriye kurondoka. Nkako, Ekleziya ihejeje kwiyubura muri twebwe twakurikiye inyigisho z’Umukama muri iyi misi yose y’Ikarema ; Ekleziya igira ngo yibaruke muri iri joro, aho abakatekumeni bacu tubaherekeza mw’iriba ry’Ibatisimu, rimenyesha uruhafu rwa Yezu, aho twaronkeye ububasha budutryorora igicumuro cacu. Paulo Mweranda ni we abishingira intahe, ati : « Mwahambanywe na Kristu mw’Ibatisimu, muri we [nyene] mwarazuranywe na we kubera ukwemera mufitiye ububasha bw’Imana yamuzuye mu bapfuye » ( Kol 2, 12).

 

2.     Iryo vuka rishikana mu buzima bushasha. Ndabivuge ndabisubire : ni ivuka rishasha, ryisa, rikura kuri twebwe wa muntu wa kera, rikadushikana ku yindi mero, twita umuntu mushasha. Umuntu wa kera agendana umugera w’igicumuro mu buryo bwose cibonekeza, kandi akarangwa n’ukugamburukira ibwirizwa rya kera, rimwe ryatangwa na Musa, kenshi akaba yafatira ku bubegito bw’abantu, ngo yoroshe bimwe bimwe baguma bakora kandi bishavuza Imana. 

 

Umuntu mushasha na we yakira Kristu Yezu Umukama, akiyemeza kugendera muri we, agashinga imizi muri we, agahangama muri we, mu gushimikira mu kwemera kwamutumenyesheje. Uwo muntu mushasha aririnda ubuja bwose bw’ikinyoma, amayeri y’abantu berekana hejuru igisa n’iciza, ariko bakenyereye ku kibi, nka kumwe kw’abafarizayo basiga imva hejuru, ariko zuzuye amagufa y’abahanuzi ; umuntu mushasha avuye mw’Ipasika y’Umukama, ari yo batisimu yacu, avavanura n’ubuhumyi bw’ubusa, bumwe bushimikiye kw’iragi ry’abantu no ku mateka atarangutse y’isi » (raba Kol 2, 6-8).

 

Wa muntu mushasha yazuranywe na Kristu, akarondera ivy’Ijuru, aho Kristu ahangamye i buryo bw’Imana ; uwo muntu yamiza agatima ku vyiza vy’Ijuru, akimatura ku vy’isi, maze ubuzima bwiwe bukaba buhishije kumwe na Kristu mu Mana (raba Kol 3, 1-3). Mbere ko ubuzima bwa Kristu bubonekera kuva ubu mw’Ijambo yatwigishije no mu karorero yaduhaye, ukuranguka k’ubwo buzima guheza ubu nyene, aho twitegereza ingiro n’ingendo vya Kristu. Umukama Yezu ahejeje kwoza ibirenge bamwe Cumi na babiri, yababwiye ati :

« Ko rero jewe Mukama na Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa na mwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo na mwe mwigenze nkuko nabagiriye … Ko ivyo mubizi, muzoba muhiriwe nimwabikora » (Yoh 13, 14-15.17).

 

3.     Pasika ituvyariye umwizero. Ndipfuza kandi ko iyi Pasika yotwuzuzamwo umwizero. Nimurabe ingene igitigiri canyu cabaye gito ! Nako ariho, ese coba zero. Nkako mu 2000 canke imbere yahoo gatoyi, ababa ngaha bari hafi 1800, mbere barenga ! None ubu muri 700. vyavuye ku kwigenza neza kwa benshi, na vyo bikaba vyarafashije abashinzwe kubatezurira babishiramwo umwete n’urukundo ! Na mwe rero, nimukomeze ingiro n’ingendo vyodushikana ku kigongwe muri uyu mwizero. Pasika Nziza. Amen.

 

+Simoni NTAMWANA Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

« UMUSALABA WA KRISTU NI WO SOKO RY’UBUHIRWE BWACU.»

 

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi wa Gatanu Mweranda – Umwaka B – 03//04/2015

                                                                

                                                                        Ibisomwa : Iizaya 52, 13-53, 12

                                                                                           Zab 30(31)

                                                                                            He 4, 14-16;5, 7-9

                                                                                           Yoh 18, 1-19, 42

 

1.     Muri uyu mwaka wo gukenguruka, twibuke gushimira Imana no ku misalaba twikoreye.

 

Turazi neza ko umuntu ashima n’ingonga ivyamunezereje, ivyaje bimworohera muri vyose, ivyaje bimuha akanyamuneza, canke uko yakomewe amashi ! Witonze ukaraba ivyo waronkeye mu buruhe, mu magorwa no mu kwihangana, mbere ugacoka, usanga ari vyo bikuru mu buzima, uhereye mbere kw’ivuka ryawe, naho tudahuta turibuka ivyatubayeko muri ico gihe c’intango ! Uno musi rero turabwirizwa gukenguruka agaciro k’amagorwa n’ibindi vyose vyaje bitubabaza : dukengurukire Imana yaducanye muri iyo nzira igoye yadushikanye aha, tutarihebura, tutarapfa !

 

Dukengurukire Umukama wewe aducisha ahaduga, kugira ngo dushike mu mataba y’urweze ! Dukengurukire Ubutatu Bweranda bwaciye kuri kino kiringo c’Uwa 5 wabonye Mana Mwana yigize umuntu akatwihebera gushika ku rupfu rwo ku musalaba, ngo dushobore gusubira kwinovora agahimbare k’abana b’Imana, agahimbare gakomotse ku gusubiza hamwe na Dawe wa twese muri Kristu Umwana wiwe w’ikinege. Turagusenga, turagukunda, Yezu, turakuninahaza, wewe wacunguje abantu Umusalaba wawe mweranda !

 

2.     Imana yabogoye ubuzima bwacu iciye ku musalaba.

 

Paulo Mweranda ati : « Ku Bayahudi babonye Yezu yikoreye umusalaba, uwo musalaba uratsitaza ; ku Bagreki na twebwe tuwubwirwa, umusalaba uguma udutirimutsa, kuko utunanira gutegera, mbere ni ubujuju bwa nyuma (1Kor 1, 23-24). Ku muntu yihagiye kandi asa n’uwushonyanga mu bimuryohera, Umusalaba ni ivumwe : ntiwegere no hafi yiwe kuko wohava umuhumira, we n’abiwe muri ako gahimbo ! Mwene uyo muntu aca aba umwansi w’Umusalaba (raba Fil 3, 18).

 

Turatangaye rero tubona Imana Mushoboravyose, Yo Bwenge buhejeje, Yo ibiriho vyose bikomokako kandi bikayitahako, yakoresheje Umusalaba – amagorwa Mana Mwana yabonye muri kamere yiwe y’umuntu, kugirango isubize hamwe na twe.

Turemera ububasha bwawe, Mana, wewe watumye Umwana wawe kwicisha bugufi artyo, akagamburuka gushika no ku rupfu rwo ku musalaba. Imana yabikoze irtyo itwigisha icigwa tutari gutegera twe nyene. N’uno musi, abansi b’Umusalaba baguma bibonekeza ! Tweho rero turiko turakira muri Kristu, Umusalaba « ni ububasha bw’Imana » (1Kor 1, 18). Umusalaba turiko turabona mu buzima bwa Yezu ni wo wabaye isoko ry’amahoro hagati y’abantu n’Imana.

Uwo musalaba wa Yezu, no wo twese duhurirako, twatase, mbere twicanye, tugasubira gushira hamwe tuwukikije, kuko Mutima wa Yezu aheza akatwinjiramwo agasubira kutwereka ko urukundo, rwo nyene ari rwo kazoza, ari rwo musurusuru usubiza ubumwe igihugu catabaguritse, urugo rwasambutse, imisozi yakimbiranye ! Dutanguye kuwuhanga, ni ho twese twakira ikigongwe ca Yezu, adusabira kwa Se, ati : « Dawe, bagirire ikigongwe ntibazi ico bakora » (Lk 23, 34).

 

3.     Umusalaba ni wo udukiza kandi ukadukuza.

 

Turagerageje gutegera iciza kiri ku Musalaba, kiciye muri ivyo vyose bitubabaza, bituruhisha, gushika naho tugarukira ku makombokombo. Rimwe rimwe turashobora na twebwe kubibona bitatugoye cane. Waronse utwo wihereza, urateba ukibwiriza wewe nyene guheba iki cari kikuryoheye, kuko urengeje aho woba wigiriye nabi. Ba sokuru bati : «  nkunda twose ntayagwa imbere ». Urashobora gushima ibintu bibiri bitatu, ariko wewe nyene ukibwiriza gutora kimwe gisa. Kwa kwimatura ku co washobora gushima, kwa kuciyima wanashobora kucegukira, ni vyo bigucisha ubwenge, bikagufasha mbere gushikira kimwe waheba, wewe ubwawe umaze kwigira haruguru mu bwenge, umaze gukura mu gushaka kwawe. Ni ho bavuga ko wabaye intwari mu buzima bwawe. Ni ho bagutazira ko uri umushigantahe.

 

Duhuriye ku nyigisho yuzuye ubwitonzi ya Pauko Mweranda, ati : «  Jeho, icompa ntihagire ikindi kininahaza, ndetse umusalaba w’Umukama wacu Yezu Kristu ! » Kuko nyene Paulo Mweranda yanywanye n’umucunguzi wacu, arazi neza ko Kristu yamuteye iteka ryo kumwunganira mw’ibanga ryo gucungura isi.

 

Ni ho atubwira ati : «  Ivyasigaye ku magorwa ya Kristu ndabiherahereza mu mubiri wanje w’umuntu ku bw’Umubiri wiwe ari wo Ekleziya » (Kol 1, 24). Bibaye gurtyo, Umusalaba wa Kristu uzotubera isôko ry’ubuhirwe bwacu. Amen. 

 

+ Simoni NTAMWANA

   Umwepiskopi Mukuru

   wa Diyoseze Nkuru ya  Gitega

 

IGISABISHO CO GUSABA IMANA NGO IFASHE ABAKRISTU KWUBAKA EKLEZIYA-MURYANGO

MANA MUREMYI W'IVYIZA VYOSE

WARASANGIJE UMUNTU ITEKA RYO GUTUNGANYA NEZA ISI N'IBIRI KURI YO. WARASHATSE KUDUCUNGURA MUKUTURUNGIKIRA UMWANA WAWE W'IKINEGE. NUHEZAGIRWE! KRISTU UMWANA WAWE YARATWIGISHIJE KO UKWEMERA KUTAGIRA IBIKORWA KUBA KWARAPFUYE AHO YAGIRA ATI: "ABAGIRA NGO MUKAMA MUKAMA SIBO BAZOKWINJIRA MU BWAMI BW'IJURU, ARIKO NI ABARANGURA ISHAKA RYA DATA".

TURAGUSAVYE RERO MANA YACU: HUNDA MUTIMA MWERANDA WAWE MU BARONGOYE ABANDI MU MIBANO, MU BISATA NO MURI PARUWASE YACU YOSE. MUHUMDE MU MVUKIRA ZAYO ZOSE, MU NCUTI NO MUBAGENZI BA PARUWASE YACU, UBUZUZE MUTIMA, ABAHE INGABIRANO YO GUKUNDA EKLEZIYA-MURYANGO. DUFASHE GUTEGERA KO TURI AMABUYE MAZIMA YUBATSE EKLEZIYA-MURYANGO MAZE TUBIGARAGAZE MU BIKORWA VYO KWUBAKA INGORO IKUBEREYE YO GUKORANIRIZAMWO ABANA BAWE, TUBIGIRE TUTARUHA, TUBIGIRANE URUKUNDO N'UKWITANGA, TUDACIKA INKOKORA, UKWEMERA KWACU KUGARAGARIRE MU BIKORWA. KRISTU WE BUYE ABUBATSI BARI BASHIBUYE UGAHEZA UKAMUGIRA IBUYE RY'INFURUKA, NATWUBAKIRE UMURYANGO, YAME HAGATI YACU, TWUBAKIRE KURI WE HANO IWACU .........................! BIKIRA MARIYA NI ATUBERE UMUKANDIZI YAME HAGATI YACU, ATUREMESHE NKO MUGIHE C'ABATUMWA MW'ISENAKULO, TUKUBERE IVYABONA MU MVUGO NO MU NGIRO. TUBIGUSABISHIJE YEZU KRISTU, UMUKAMA WACU. AMEN! 

Ni vyandikwe, Gitega, ku wa 8 munyonyo 2013 

+ Simoni NTAMWANA. 

INYIGISHO Z'UMWEPISKOPI MUKURU WA GITEGA MU NDWI NYERANGA 2016

« PASIKA IRIFITIYE INGIRO N’INGENDO : NI VYO BIRANGA UMUKRISTU                                                                                                      

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi  mukuru wa Pasika, 27. 03. 2016.

(Ibisomwa : ivyo mw’Ijoro rya Pasika – n’ivyo ku musi mukuru wa Pasika nyene).

 

Bavukanyi nkunda,

 Sangwa Pasika. Sangwa Pasika y’ubuzima. Sangwa intsinzi ya Kristu. Sangwa intsinzi ya Kristu, afashe igicumuro akakiniga, akakizika mu kuzimu hamwe n’urupfu kivyara. Sangwa Kristu buzima butagipfa.

 Egome, ni ukuri, Umukama yazutse. We yari yapfuye, ubu ni muzima. Nkuko ururirimbo rwa Pasika rubivuga, « Urupfu n’ubuzima vyagwanye, biragwa inzura mu gupfa kwa Yezu. Ariko Kristu nyene-buzima aratsinda, ni muzima ». ntiyari yabibwiye Marita i Betaniya, ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima » (Yoh 11, 25).

 Urupfu rwiwe ni urw’ukuri, si ukwigirisha : yarapfuye, arahambwa mu cobo ; umubiri wiwe na wo ntiwabora nkuko nyene abantu b’ico gihe bavyibaza ko umubiri utangura kubora ku musi ugira kane umuntu apfuye. Noneho rero, turazi ko bari bawusize amavuta. Na yo, naho aho hantu hoba hashushe, arafasha umubiri kuguma ufatanye, utusi tutari duke. Noneho rero, we yamaze kabiri mu kuzimu, umusi ugira gatatu arazuka, ari muzima.

 Yarapfuye kugira ngo aduhe ubuzima. Imana yacu irakunda cane ubuzima : yarabwihambiriyeko, gushka naho yemera gupfa ngo iduhe twese ubuzima bw’umwuzurira.

 Kristu yarapfuye rero, ariko yarazutse ku musi ugira gatatu. Ukwo ni kwo kuri kw’ukwemera kwacu, duhamagariwe gushingira intahe kw’isi yose. Kristu yarisubije muzima, ariko si uw’isi. Umubiri wiwe usa n’uwacu, ariko nkuko tubisoma mu Nkuru Nziza, uwo mubiri wiwe uri n’uturanga dushasha wisangije : nta kintu na kimwe kikimutangira ngo kimuzibire ; umubiri wiwe ni umubiri uninahaye ; Kristu yarashobora kwinjira no gusohoka, naho inzugi zaba zugaye ; amaso yarashobora kumubona, akayagira abantu bakamwumva ; agasangira n’abantu biwe naho bitari ngombwa ngo afungure. Ni Kristu w’ukwemera rero tumenyera ku menyetso zimwe zimwe yaza arerekana : ukumanyura umukate, ijwi ryiwe ryakura abo yashaka, amahungiro yiwe n’abatumwa, aho yashaka kubasanga. Si uw’iyi si, naho aguma arangura ivyiza mu menyetso ziboneka, nk’ya masakramentu turiko turarangura.

 Kristu yarapfuye azuka ahejeje kurangura igikorwa c’icungurwa ryacu be n’ukugaragaza ikigongwe c’ibicumuro vy’abantu. Urupfu n’igicumuro kiruvyara ntibigifise ijambo rya nyuma. Ni na co gituma ukwica umuntu ari muri Kristu, bitakiri inyishu y’ibibazo vy’abantu. Kandi burya, umuntu wese ni co agenewe : kuba muzima muri Kristu, kandi ntabe agipfa akagirire. Icungurwa, ni Umukama Imana yatwiyegereje nk’umuvyeyi ababajwe n’amagume twarimwo, adukura mu buja bw’inabi nk’imwe yakuramwo Abanyisraeli mu gihugu ca Misri.

 Ariko, bakristu, ntitwibaze ko izuka rya Yezu kwabaye gusubira nkuko yari ameze atarapfa, mu gusubira mu buzima bw’umubiri usanzwe, hanyuma agasubira gupfa nkuko vyagendeye Lazaro n’abandi Yezu yari yazuye, hanyuma bagasubira gupfa. Bisubiye, Yezu si umuzimu nkuko abarundi ba kera babitegera, bakayigirira n’imihanga yajana na yo. Yezu ntakiri mu bapfuye. Ntakiri mbere no mu bazopfa ejo canke hirya y’ejo. Ni muzima : ntagisubira gupfa ; urupfu ntirukimukorako ; yararuganje, araruhongora amenyo, araruvuna inzara zarwo.

 Bavukanyi, ico Kristu ari mw’izuka ryiwe kiraduha iciyumviro ko natwe nyene tuzozuka tumaze kuva kuri ino si. Paulo Mweranda ni vyo adusigurira, aho avuga yihanukira kandi yihanikiriza, ati : «  Usangwa ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu nyene ntiyazutse. Naho Kristu niyaba atazutse, ivyo twigisha ni ivy’ubusa rero, kandi ukwemera kwanyu ni ukw’ubusa. Bisubiye kandi, dusa n’abashingira Imana intahe y’ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko Kristu itamuzuye, usangwa abapfuye batazuka » (1Kor 15, 13-15). « Kira noneho. Kristu yarazutse mu bapfuye » (aho nyene, umur. 20).

 Tubivuge tubisubire, Izuka rya Kristu, ni intsinzi y’ubuzima ku rupfu, intsinzi y’ivyo vyose biha agaciro bigateza imbere ubuzima ku bindi vyose bibutitura, bikabufutanya ; ni intsinzi y’iciza ku kibi ; ni intsinzi y’ivyo vyose bikuza umuntu mw’iteka ryiwe ku bindi biricinyiza ; ni intsinzi y’umuco ku muzimagiza, ni intsinzi y’ubwenge atari urwenge ku bijuju ubwo ari bwo bwose ; ni intsinzi y’ivyubaka imibano myiza ku biyisambura ; ni intsinzi y’ivyungira ubumwe abantu kuri ivyo vyose bibacamwo imigwi.

 None ivyo bisigura iki ga bavukanyi ? Ivyo bisigura ko abadandanji b’urupfu, abacinyiza bakica ubuzima, abadashaka kuvavanura n’ikibi, abasubiza hasi iteka ry’abandi mu kubambika ibara, mu gushira imbere ikinyoma, mu kuvangura bantu n’abandi bishimikije amoko, imigambwe, amadini, canke igitsina, bisigura ko abo bose ataco bategereye muri Pasika y’umukama, na ivyiza izanira bantu bose.

 Pasika ni ubuzima; ni ivuka rishasha ; ivuka ryose ryama rijana n’ingiro n’ingendo biriranga. Vyotangaza tubonye intare yigenza nk’umuntu. Ni akamaramaza tubonye uwavutse ari umuntu, hanyuma agacika intare iturankagura. Muri uno mwaka w’ikigongwe, tubwirizwa kwigira inama nziza yo kwigenza nk’uko bikwiye n’itorwa ryacu ry’abakristu, ry’abavukanyi ba Kristu, mu kuvavanura n’inyifato igayitse turimwo, twiyambure umuntu ashira imbere ingimba, abona umwansi mu bo badasangiye ivyiyumvire vya politike, avuga amajambo y’iterambwoba, ataremesha, ashira imbere ingendo mbi yo kubona ko wewe ariwe mwiza, ari we ari mu kuri, ko abandi ari bo babi, batabona, bari mu kinyoma, bari mu bujuju, ko bahenzwe, yifatira mu gahanga abahanuzi indiri ata kindi barondera atari ineza y’igihugu, baba barundi canke abanyamahanga nyene ; umuntu w’inda ndende irondera kwikumirirako amatungo yose, mu kuyasahura canke mu kuyasesagura. Erega bavukanyi, aho ni ho hashingiye umuzi w’urwanko, w’ugukumirana, w’ukwangazanya, w’ukwicana, bisa n’ivyaganje mu mitima yacu.

 Bakristu nkunda, kubera nyene ibatisimu twahawe, twebwe turi umuco mu Mukama. Nimwigenze nk’abana b’umuco. Ico umuco na wo uzana citwa : ubwiza, ubutungane n’ukuri kwose. Ikangure rero muvukanyi, wewe wese usinziriye, haguruka ntube sindabibazwa ; haguruka uve mu bapfuye, Kristu azokumurikira. Haguruka ugende ata bwoba, rondera ineza gusa : nkako, ni yo yubaka, ni yo itigera isambura.

 Muri kino kiringo tumeze nk’abari mu mazi abira, tugenda tuzimagirika nk’intama zitagira umwungere kuko tutubahuka gushira mu ngiro Pasika ya Kristu. Twihutire cane gusubira kwambika igihugu cacu agahuzu gatatswe n’ivyiza bikomoka kw’izuka rya Kristu : ugufatana mu nda mu rukundo rw’ukuri rwitwararika ineza ya bose, ubutungane, ukurekuriranira naho twoba twaricaniye, amahoro atari amahorerane. Dukundire Mutima Mweranda atwigishe rwose gusubiza hamwe n’Imana, gusubiza hamwe n’abavukanyi mu gihugu cacu no muri Ekleziya-Muryango.

 Mugire Pasika Nziza mwese.  

 

« NIWIGURE YEZU YAGUPFIRIYE.»

 Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi  wa 5 Mweranda – Umwaka C.– 25. 03. 2016.

 

                     Ibisomwa : Izaya 52, 13-53, 12.

                          Za 30  

                           Hb 4, 14-16 ; 5, 7-9

                          Yoh 18, 1 - 19 , 42

 

1. Yezu Yaradupfiriye ku musalaba.

 Twamuherewe ico. Mana Data yarungitse Umwana wiwe w’Ikinege mu bantu ngo uwumwemeye aronke ubuzima. Turavyemeza tuti : «  Yezu yavuye mw’Ijuru kubwa twebwe abantu, kugirango adukize ».

2. Duhejeje kuvyumva.

 Igisomwa cavuye mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya kitubwira umusuku w’Imana aje gukiza abantu b’Imana. Uwo musuku w’Imana aragorwa akandavura azira inabi abo bantu nyene bakoze. Amagorwa y’uwo musuku yari arengeye urugero, aramuyoberanya, aramukura izina n’iteka. Abantu baramubonye bamwe bifata ku munwa kuko amagorwa yiwe arengeye ivyo bahora babona ; abandi na bo baritwengera, barartyekeza kuko ata gaciro bakimubonamwo ! Harimwo n’ukudategera ico ariko arazira : igicumuro c’abo bantu nyene, cari gushirwa ku bitugu vya beneco, ariko kiguye kuri wa musuku w’Imana, we yamenye ko bene gucumura badashobora kwikura inkurikizi z’ico bakoze. Imana yo ibona amagara make n’ubushobozi buke bwa ba bacumuzi irashima incungu ibaye muri uwo musuku wayo. Kandi na bene igicumuro nyene, bitebe bitebuke, bazotangarira urukundo n’ubutwari beretswe n’uwo musuku w’Imana.

3. Igisomwa ca kabiri kiratudondoreye uwo musuku apfa azira twebwe abantu : ni Kristu. 

 Ni Jambo wa Data yigize umuntu akabana na twe, mbere agaheberwa twebwe nkuko tuvyigishwa na Paulo Mweranda, ati : Imana ntiyimanye Umwana wayo bwite, ariko yaramuduhebeye twese » (Rom 8, 32). Ni we Musaserdoti Mukuru wacu yatwujurije na Dawe wa twese, akatunywanisha twebwe hagati yacu, akatugira umuryango w’abana ba Se wiwe. Iryo banga yariranguje amagorwa yabonye kw’isi mu mubiri wiwe, ari na co turiko turibuka twongera mbere dutangarira.

 4. Inkuru Nziza ya Yohani iradukorejeko urutoke, iratweretse ivyabaye, inadutuma kubandanya twunganira Umucunguzi no gutsinda akabi muri twebwe, no mu kwitanga hamwe na we ngo ntihagire umuvukanyi n’umwe atakara.

 Kristu yaradupfiriye. Turasubiriye guhura na we, ndanzi n’ishusho ry’Urukundo rw’Imana rwuzuye Ikigongwe.

Hari ijambo yavugiye ku Musalaba riraba abariko baramwica ati : «  Dawe, bagirire ikigongwe, ntibazi ico bakora » (Lk 23, 34). Araheza araraga Nyina wiwe abigishwa bamukunda ; nkuko yaraze abo bigishwa nyene kumuzigamira Umuvyeyi wiwe. Ikigongwe n’impuhwe ni vyo bitekeye mu rukundo Yezu yerekaniye ku musalaba, aho yariko ahereza Se wiwe incungu imutururuza, ngo dushobore gusubira kunywana na we, twongere dusubire kuvukana.

 

5. Ya Yubile idasanzwe y’Ikigongwe c’Imana iraramye.

 « Ubuntu bwiwe ni ubw’imyaka yose ». Ni icitabirizo kiguma kigaruka mw’Izabuli ya 136 ituyagira ingene Imana yihishuriye abayo …. Ikigongwe cerekana igikorwa c’Urukiza rw’Imana mu vyabaye vya Israeli… Mu buzima bw’Umuntu mbere n’inyuma y’urupfu rwiwe, Mana Data azokwama arabana umuntu amaso y’ikigongwe » (MV7). Ico ciza kikava he ? Nta handi atari kuri Kristu Umwana wa Data, « yababaye kuri Ponsiyo Pilato » (Ukwemera kwacu).

 Kuri uno musi wa 5 mweranda, twegerane ukwemera gushitse isôko ry’Ikigongwe c’Imana, turahavome ico na twe twotahanira abacu bakitubaza n’umwizero mwinshi ko tubereka urukundo rubarekurira. Twigura Yezu yadupfiriye mu kujana inzira atweretse. Amen.

 

« UKARISTIYA, ISAKRAMENTU RY’IMPUHWE NA IKIGONGWE C’IMANA.»

           

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi  wa 4 Mweranda – Umwaka C.– 24. 03. 2016.

 

                                  Ibisomwa : Ihunguka 12, 1-8.11-14

                                                       Za 115 (116)

                                                        1 Kor 11, 23-26

                                                          Yoh 13, 1-15                                                   

1. Ijambo ry’Imana dusomye ryatugemuriye impuhwe z’Umukama.

 Igisomwa c’Igitabu c’Ihunguka kitweretse amagorwa y’igihugu c’Imana ahagurukije Imana ubwayo, ikaza kubanguranya uwucinyiza n’uwucinyizwa, uwucura bufuni na buhoro ico gihugu n’uwuriko aracumukura mu buja no mu gakengerwe. Agatima k’Imana kati : «  kwa » - Ica iragenda kubohora igihugu cayo : ni Pasika ya mbere ; ni imburi ya Pasika twimirije ; ni ikimenyamenya ca zirya Pasika umwe umwe amaze kwibonako, mu magorwa, mu ndwara, mu madidane y’ubuzima aho Imana yakugarukiyeko, amazi akugeze mu ruringa. Ngizo impuhwe z’Imana zagiye ziraherekeza Israeli, ziherekeza wewe n’uno musi, utibagiye n’ikigongwe ikwamanira mu Ntebe ya Penetensiya. Abo bantu b’Imana barabohowe kandi bajanye impamba ku rugendo rurerure bafata.

Paulo Mweranda ariko arigisha abakristu b’i Korenti « ukumanyura umukate w’Umukama n’inkomoko yavyo. Ni Umukama we nyene yabisigaranye abatumwa. Aho hose biranguka ni we aza hagati y’abiwe. Bibwirizwa kurangukira mu muvukano ntangere, kw’izina ry’Umukama, ata kubandana, ata kurushanya, kuko bishaka ugusangira kudakumira n’umwe. Ni vyo vyubaka umuryango wa Kristu, Umubiri wiwe abereye umutwe. Kuva mu ntango gushika ku mpera. « Ukumanyura umukate mw’izina ry’Umukama vyerekana impuhwe, ikigongwe n’ukwitwararikana kubonekera mu bikorwa vy’urukundo vyo ku mubiri n’ivyo ku mutima.

 Inkuru Nziza ya Yohani ituzaniye akarorero kaminuje. Kagomba kwerekana ingene Kristu Yezu yadukunze : « YAHEREJEKO » (Yoh 13, 1). Si bimwe vyo kugereranya ! Si bimwe vyo kwiyumvitanya ! Si bimwe vyo kugera ugeranura ! Yezu yarakunze aherezako. Ni ko karorero aduhaye. Ni ryo bwirizwa yadusigiye ! Naho tukiri kure, intambwe tugezeko irashimisha : tuyikingire urukebu, ubumwe bw’urukundo abantu b’iki gihe bagenda bararirimba, ariko baramaze kuburogera imizi. Dukingire Ekleziya-Muryango, uko twayirazwe n’abatumwa ba Kristu.

Urukundo rwaherejeko ntirujana n’ibisonisoni ! Yezu ashatse kwoza ibirenge abigishwa biwe. Na Yuda arimwo, na cane cane we, kugirango abone urukundo nyarwo, urwaminuje. Ariko uruhumyi ruvuye ku maronko ruruta urundi rwose. Yuda ashimye kugurisha Umwana w’Umuntu, hako amwigana mu rukundo rushitse, rwama mbere rutunganiriza bose. Amaronko ni gateranya : nta na rimwe yungira mu rukundo, mu bumwe bw’Imana.

Bene Yo, bararwara ugusakuranwa ! Na kwo ni ukw’ibikoko ! Umukama Yezu ahejeje kwoza abiwe, arabakebura mu kubibutsa ko abahaye urugero n’akarorero ka rwa rukundo ruherezako. Arabategereje kumwigana, kuko ata rundi rugero, ata kindi cigwa kizoza gisumba ico ! « Yezu Kristu ni We nyonga z’Ikigongwe ca Data. Ibanga ry’ukwemera kw’abakristu ni aho rishimikiye » (MV 1).

 

2. « Ba abanyakigongwe nka Data ».

 Ko twabonye Yezu agira artyo, mu gukunda no mu kwicisha bugufi, mu kwihebera abiwe agaherezako, vy’ukuri twabonye Data. « Uwubonye Yezu, aba abonye Data (raba Yoh 14, 9). Rya Sakramentu ry’Ukaristiya ririmwo Inkuka y’Urukiza n’Imfungurwa yo ku rugendo niriherekezwe na ntaryo n’ako karorero ko gukunda umuntu agaherezako (Yoh 13, 1). Ntituronka ivyamwa vy’Ukaristiya kuko twishinga kugera tugeranura. Ntitugabirwa amahoro, kuko tuza mu misa tudakundana hagati yacu, kandi tudakunda Kristu ngo duherezeko.

Ko twumvise ubutumwa, dusabe Umukama abutanze aduhe umutima, ubwenge n’ugushaka vyoburangura. Amen.

 

« ABASASERDOTI BA KRISTU – ABASASERDOTI NKA KRISTU.»

           

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi  wa 3 Mweranda – Umwaka C. Twahimbeje umusi Mukuru w’Ubusaserdoti Bweranda bwa Yezu Kristu – 23. 03. 2016.

 

                                     Ibisomwa : Izaya 61, 1-3°.6°.8b-9

                                                               Za 88(89)

                                                                 Ivy 1, 5-8

                                                                  Lk 4, 16-21

                                                                               

1. Basaserdoti ba Kristu, bakristu mwese, umusi mukuru mwiza.

 Umusi mukuru w’iteka rya Kristu Musaserdoti Mukuru agaburira ibanga rya twebwe abasaserdoti banyu, kuva umusi aridutegurira, gushika n’aya mango ariko ararirangura muri twebwe. Umusi mukuru ushaka kutumurikira twese, abasaserdoti n’abo barangurira ibanga ryabo, kugirango turikunde ukuruta, turyubake na ntaryo, mu kurikuza no mu kurikomeza.

 Turahiriwe twebwe dushoboye kwigina iryo banga, tukarikorera muri aba bavukanyi, tukaryinovora mu butumwa abasaserdoti baturangurira bwose. Imana nininahazwe. Se w’Umukama wacu Yezu Kristu nashimirwe imyaka yose. Ekleziya – Muryango nikomezwe n’aba bana bayo bayihebeye mw’ibanga ry’agatangaza ry’ubusaseroti bwa Kristu.

 2. Kristu, Umusaserodti w’Ubwuzure bushasha.

 Ni we yatiwe na Se, mu kumusiga Mutima Mweranda, akamurungika w’isi ngo atubere indongozi n’umukiza : « Mutima w’Umukama ari kuri jewe, kuko yansinze amavuta ngo menyeshe Inkuru Nziza aboro. Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahumye ko bahumutse, abacinyijwe ko babohowe, andungika no kumenyesha umwaka w’ubuntu bw’Umukama ». (Lk 4, 18-19 / Izaya 61, 1-2). Se wiwe ni we yamutugenekereje kuri wa musozi wa Tabor, ati : «  Uyu n’umwananje nkunda cane, nimumwumvire » (Mt 17, 5).

Mana Data yaranguriye abantu urukundo rwiwe rwose mu kurungika Umwana wiwe w’Ikinege kw’isi, ngo abamwakiriye, abamwemeye, abamugamburukiye, bashobore kuronka muri we ubuzima budahera (raba Yoh 3, 16-18). Mana Data ni we yamugeneye iryo banga ryo gutanga ubuzima, ryo kubabungabunga, ryo kubukiza iyo butosekawe mu muntu kubera igicumuro. (raba He 5, 5-6). Kristu Umukama n’Umusaserdoti w’Insezerano rishasha kandi rizokwamaho ni we murongozi wacu, ni we mwami wacu ; ni we muhanuzi adasumbwa, ni we atugaburira amabanga ya Data, muri Ekleziya-Muryango.

 

3. Twebwe turi abasaserdoti bamuka kuri we.

 Ivyo bikorwa vyo kwigisha, gutagatifuza no kuyobora abana b’Imana bihabwa abo Kristu yihamagariye, Ekleziya-Muryango ikabakira mu murobanuro uhagarikiwe na Mutima Mweranda.

Birakenewe ko igihugu c’Imana gitegera ko abasaserdoti batitwa kandi batari « Nyawirarika » - Imana yarabatoye koko. Nta n’ugukekereza ko ikiganza c’Imana kibatwikiriye, ko batiwe na Mutima Mweranda bahabwa ku rugero bisangije.

 Uko abakristu – eka mbere n’abatari bo bagenda bategera ko abasaserdoti ari abatumwa b’Imana ubwayo, niko bakunda kandi bakubaha muri bo ingabirano Imana yahaye umuryango w’abantu. Mu musaserdoti, abakristu nibabonemwo umuvyeyi abibaruka mu mabanga y’Imana, umurezi ayabarereramwo, umurongozi ayabashikanamwo aho hose bayakenera.

 Wa musaserdoti na we, ntiwigaba ! Uri Umusaserdoti wa Kristu, we Musaserdoti w’Abasaserdoti, we Musaserdoti Mukuru. Naho uri umuvukanyi wiwe, ibanga ryawe rikomoka ku ryiwe, rikomezwa n’iryiwe, risharijwe n’iryiwe. Urabikijwe ! Uzosubiza ingabirano n’inyungu yayo, nka ya matalenta Umwami yasigarana abasuku biwe (raba Mt 25, 14-30). Iryo banga rero wirinde kurikoresha ico ushaka ! Wirinde kurivanga n’umwambiro mubi w’isi, wirinde kwonona umutamana waryo, ugizwe na kwa kwigana Kristu.

 

4. Abasaserdoti nka kristu

 Kristu yaje kubera umuco zina muntu wese ari kuri iyi si (raba Yoh 1, 9). Kristu yaje kumurikira ibibera mu buzima bw’umuntu vyose, ata na kimwe kivuyemwo. N’ubu, hari abashaka kwimira Kristu ngo ntagere mu twabo no mu babo bakoreshwa « utwo twabo » ! Kristu ni we mucunguzi abohora umuntu wese kubera umuco zina mu magorwa ajanwamwo n’igicumuro ciwe : yarungitswe mu baboshwe, ababwire ko babohowe ; mu bahumye, ngo bamenye ko muri we baronse umuco ; mu bacinyijwe, ngo abasubize ukwishira n’ukwizana kwabo kandi kwuzuye ; mu batuntuye umutima, ngo abahoze ; mu bariko barakora ineza iyo ari yo yose ngo bashobore gushishikazwa na we, kunganirwa na we, bashikire koko ineza isumbirije.

 Bavukanyi bakristu, murame mwiyubara ico umusaserdoti yatumwe muri Ekleziya. Niyabatoneka aho murwaye, mubonereho ariho kumukundira ngo abavure. Niyabagaburira ivyiza vy’Imana mwari mwiteze, muvyakirane « akayabagu » k’umutima, kandi muhereho «  mwama ivyamwa bihoraho » (raba Yoh 15, 16), kandi bihimbara Data.

 Basaserdoti nkunda, nitwiteho n’umutima wacu wose gukorera abantu nka Kristu. Nta na hamwe yimiriwe. Ni we afise ububasha bwose kw’isi no mw’ijuru (raba Mt 28, 18). Nimwakire ubwo bubasha bwa Kristu yazutse, MUBUKUNDIRE BUSHIKE AHO BUSHAKA, tumushingire intahe duhereye aho tuba n’aho turangurira ubutumwa, kushika no ku mpera y’isi, na yo ikaba ishika aho umuntu ari hose, no mu co akora cose, kugirango abe umwana w’Imana abikwiye, ashikire ijunja rya Kristu (raba Ef 4, 13). Amen       


+ Simoni NTAMWANA

  Umwepiskopi Mukuru  wa Diyoseze Nkuru ya Gitega

 

 

 

Homélie de Msgr Simon NTAMWANA, le jour du Lancement des 10 ans pré-centenaire du Petit Séminaire de Mugera (le 13-2-2016)

Inyigisho y’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega k’Umusi wo guhimbaza Yubile y’Imyaka 90 y’Iseminari y’i Mugera. Gukwangura imyiteguro ya Yubile y’imyaka 100, izobangabanganwa na Yubiley’Imyaka 125 ya Paruwase MUGERA – 13.02.2016.

                    Ibisomwa : Bene Levi 25, 8-21                                                                                                                                Zab 112(111)

                                              Lk 10, 17-24.  

1. Turakuramutsa, Seminari ya Mugera, Muvyeyi w’icubahiro wacu.

Twaje kuri uno musi mwiza kwigina imyaka 90 Iseminari y’i Mugera imaze. Ni yo shure ryisumbuye rya mbere. Ni yo ruhongore rw’Abasaserdoti n’incabwenge nyinshi zateje imbere Uburundi n’Ekleziya. Iyi Seminari ni yo yavyaye ayandi maseminari matoyi na makuru yo mu Burundi. Iyi seminari ni yo yarereye ingo abana ibihumbi n’ibihumbi, na zo ziranezerwa n’ukuramura.

Ewe seminari ya Mugera, uri umuvyeyi yubahwa, uri urugo rurondoka neza, uri iyogi ry’Ekleziya, ukaba isôko ritembamwo umugisha usagira igihugu cacu. Uri iyogi ryama aberanda n’incabwenge, bateza imbere Uburundi bwacu, bagataka ubwiza bw’Ekleziya, mu kuyironsa abatumwa b’Inkuru Nziza ya Kristu. Turakwipfurije kuramba utarambirwa, kurondoka ubudaca, kwamana itoto ry’ubwitonzi, ubumenyi n’ubweranda.

2. Akamwemwe nigatahe mu barerwa b’Iseminari.

Naho abaseminari batari bake baciye muri iri rerero bamaze gushengera ku Muremyi, twebwe turiho turakwiye kwibaza ico twomarira uyu muvyeyi yubahwa.

Kwerekana akaranga k’ino seminari ni igikorwa kiturindiriye, baba abavyeyi, baba abaseminari, baba abarezi. Twese turahamagariwe guteza imbere ihangiro ry’iyi seminari : itumwe kurerera Ekleziya abatumwa b’Inkuru Nziza Nyeranda ya Yezu Kristu. Abavyeyi baharungika abana babo, abana bahatumbereye, abarezi bitanga ijoro n’umutaga muri ino seminari, bose bame bafise ku mutima ubwo butumwa bwo kuronsa Ekleziya abatumwa benshi kandi beranda. Ico ni co ya Yubile itwigisha, aho Umukama aduhamagarira gukuza umwizero tumufiseko, kuba beranda mu gutumbereza ingiro n’ingendo yacu amateka yiwe meranda (raba Bene Levi 25, 8-21) 

Akamwemwe ka Yubile kodutaha twese dusubije ubutore uyu muvyeyi wacu. Ubwo butore bubonekera kw’ibanga ry’abo bose barerewe ngaha, bagakwira mu Burundi n’Ekleziya bakora ineza aho bari hose kandi bakayigura ; baharanira ubutungane buvyara amahoro mu bantu ; barwanira ukuri hagati y’abantu basigaye badandaza ikinyoma gitumuka nk’umuyaga !

Ubwo butore kandi bubonekera mu bwiza tuzoshobora gusubiza runo rugo, tukarukurako iminkanyari yose, rugakayangana hose. Ico gikorwa ni kinini. Dushaka mbere kukirangura mu myaka icumi iri imbere, dusubiremwo amazu yose y’ino seminari. Ni igikorwa cokwitabwa n’abo bose iyi seminari yareze. Ni igikorwa cokwerekanye umutima ukenguruka w’idiyoseze yacu yose, w’igihugu cose mbere, kuko nta uwutumvise agahemera k’ineza ivuye kuri iyi seminari ya Mugera. 

3. Iseminari ya Mugera n’ubu izotubera inema, - ingabirano y’Imana – idufasha kuronderera Ekleziya n’Uburundi abatumwa beranda.

Aho numviriza igisomwa c’Inkuru Nziza, agatima kanezerewe. « Ndagukengukiye Dawe, Mukama w’Ijuru n’isi, kuko wahishije ivyo bintu abanyabwitonzi n’abanyabwenge, ukabimenyesha ibitazi » (Lk 10, 21). Iciza ino seminari yagabiye abantu twarakibonye turahimbarwa. N’uno musi, tuguma tunezerezwa n’ivyiza bisokoroka biva muri rino rerero.

 Ni co gituma tubwirizwa kwitwararika twese ko ico ciza cobandanya, tukagamburukira Mutima Mweranda ngo yihingurire muri abo bana baramutsa runo rugo abazokiza Ekleziya n’Uburundi, abazobandanya kutwigisha urukundo rw’ukuri rukomoka kw’Ijambo ry’Imana, iyo tutarihiritse mu kuribeshesha, nkuko abantu b’iki gihe baryonona.

Umweranda Papa Yohani wa XXIII ni we aduhanura, ati : « Ntimwishinge kuraba ubwoba muterwa n’imigambi mufise ! Nimurabe ariho umwizero n’ivyo mwagerageje gukora ntibitungane : nimurabe ariho muri aka kanya ! ».

Ni na vyo dusaba Dawe wa twese ngo adufashe kubishira mu ngiro, ahejeje kubitugenekereza, mu nama, mu mwumvikano no mu ngingo twese tuzoba duhuriyeko, ngo Izina ry’Umukama rininahazwe, Ubwami bwiwe bushobore kudushwaramwo. Amen.   

                                                                                                          + Simoni NTAMWANA , Umwungere                                                                                                                wa Diyoseze Nkuru ya Gitega 

 

IJAMBO RYA PATIRI MUKURU W’ISEMINARI NTOYA Y’I MUGERA RYO KWAKIRA ABASHITSI KUMUSI MUKURU W’IMYAKA MIRONGO ICENDA Y’ISEMINARI, UTEGURA YUBIRE Y’IMYAKA IJANA KUWA 13/02/2016.

Tugire  Yezu Mariya na Yozefu, umuryango mweranda w’i Nazareti.

Kw ‘izina rya abanyamuryango w’iseminari y’i Mugera bose, no kw izina ryanje nyene, ndi n’iteka ridasanzwe uyu musi ryo kubakira muri uru rugo rw’ irerero ry’abatumwa b’ejo muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

-Ndahaye ikaze  ubwambere na cane cane mwebwe nyene icubahiro Mwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega musanzwe arimwe serugo wa mbere muri ino seminari, natwe mukatwikorako kugirango mushitse ihangiro ry’iseminari.

-Ndahaye ikaze mwebwe nyene icubahiro Mwungere wa Diyoseze ya Rutana mukaba musanzwe mbere mushinzwe amaseminari n’amanovisiya mu nama y’abepiscopi katoroka b’i Burundi.

-Ndahaye ikaze mwebwe Musenyeri munyamabanga mu buserukizi bwa Papa mu Burundi kuko ari mwebwe tubonamwo nyene uwo muvyeyi hagati yacu,  mbere tugaca dukenguruka uruhara rwiwe mukubaho kw’ iseminari biciye mu gikorwa ca Petero Mweranda cerekeye amaseminari n’amanovisiya.

-Ndahaye ikaze mwebwe vyegera vy’abepiscopi n’abasaseredoti mwaje muva hirya no hino muri Diyoseze Nkuru yacu ya Gitega n’ahandi hose. 

-Ndahaye ikaze mwebwe nyene icubahiro cegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu, mwebwe Mushikiranganji w’Indero, mwebwe bashingamateka n’abakenguzamateka, mwebwe muturongoye mu ntara, mu makomine mbere gushika  ku mutumba mu bisata vy’ubuzima, ndahaye ikaze ryiharije mwebwe muri munama mpanuzwajambo ya Komine BUGENDANA Iseminari isanzwe irimwo.

-Ndahaye ikaze mwebwe mwahoze murerewe canke mukora akazi canke ubutumwa aha mw’Iseminari, mwebwe batumire mwese umwe wese mw’iteka n’icuhiro ciwe na cane cane muco mumariye Iseminari yacu.      

-Ndahaye ikaze mwebwe babanyi b’iseminari,mwebwe muri muruno mwese w’iseminari kuva kubarezi, abarerwa, gushika mbere no ku bakozi muri mu mirwi itandukanye.

Nkuko twabibamenyesheje mu butumire twabahaye kandi mwitavye, tugomba kwigina imyaka mirongo icenda(90) Iseminari yacu imaze ; twinjira icese mu rugendo rw’imyaka icumi itegura ikinjana c’iseminari mu mwaka w’i2026. None kahise kayo n’akahe, mw’ivuka ryayo, mu kubaho kwayo, muco yamaze no muvyo yaciyemwo ? Mbega hoho ubu igeze kugihagararo ikihe ? Hoho igomba gutegura kazoza kayo gute ?

Hari kwigenekerezo rya 11/02/1926, aho nyene icubahiro Musenyeri Yuriyano Gorgu Umwepiscopi wambere w’Ekreziya y’uburundi (Vicaire apostolique) yari asanzwe afise intebe yiwe aha i Mugera yashinga iyi seminari kugirango atangure gutegura abasaseredoti b’imvukira muri Ekreziya y’uburundi, gutyo igihe kigeze hashobore kuboneka abakorera mungata abamisiyonari mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu. Ngiryo ihangiro ryambere ry’Iseminari ; mbere muri kahise k’iyi seminari rikaba ryarashitsweko kuko muma Diyoseze yose itatangujwe n’Umwepiscopi yize ngaha n’imiburiburi yaba ifise abasaseredoti bize muri iyi seminari.Imaze rero kurera abaseminari bose hamwe 24.212 haba kubahize ntibashobore kuhahereza canke bakahahereza, aha twobamenyesha ko mu myaka ya 1944, 1945,1946 iyi seminari yateguye abanyeshure bagiye kubandaniriza i Astrida mu gihugu c’Urwanda bashika ku 75. Muri abo banyeshure haravuyemwo incabwenge nyinshi cane zabaye canke ziri kirumara muri Ekreziya nk’Abepiscopi (10) abasaseredoti indiri, incabwenge zabaye  kirumara mugihugu c’Uburundi mbere no mu makungu mu vya Poritike, ubutunzi, ubutungane, amagara y’abantu, igisirikare mbere n’ikijandarume canke igiporisi. Haravuyemwo ba serugo benshi bagendera ubuntu n’ubukristu mu ngo zabo.

Ariko n’ivyagiye birayigora ntivyabuze bishingiye k’ubuzima bw’igihugu no mu migenderanire y’Ekreziya n’igihugu. Aha twovuga urwimo rwo 1972 aho habaye abanyeshure bahunga abandi bakicwa, mbere n’abarezi bamwe nka Patiri Michel KAYOYA ; uruhamo rw’Ekreziya kuntwaro ya Repubirika ya 2 rwatumye iseminari imara imyaka 2 (1986-1988) yataye akaranga kayo mukwitwa Lycée, twovuga kandi n’urwimo rwo 1993 rwatumye iseminari imara imyaka 14 yose itunze abateshejwe izabo maze n’ibikomere kubijanye n’inyubakwa bikaba bikiboneka aha hafi nyene y’aho turi, kandi ntitworeka kuvuga ko hari n’umuseminari yishwe nk’ingarukambi zico kiza.

Muti rero ubu iseminari yifashe gute ? Muri iyo myaka mirongo icenda(90) yose murumva ko ikuze ntinye kuvuga ngo irashaje kuko iguma yiyubura k’ubwabayibamwo bose no kubwabayifiseko umutima bose duhereye k’Umwungere wa Diyoseze ya Gitega, ibiro vya Papa biraba amaseminari, ubushikiranganji bw’indero biciye kunzego dukorana, abagenzi b’iseminari, incuti, ababanyi…

Urwego nyobozi rugizwe n’abasaseredoti 5, abanyamabanga 2, abafasha Patiri ajejwe indero n’uburaro (encadreur 3) n’uwushinzwe ububiko bw’ibitabu 1, abigisha barezi 11n’abaseminari 169 bari mu bisata 2 : LM na SC B. Abafasha mu buzima bwa misi yose, turafise umubano w’ababikira Bene Tereziya 3, abakozi bo mu mirima, abaraba ibitungwa, abararirizi, bose hamwe bashika 60, bagakuranwa ku kwezi ku kwezi. Mubijanye n’indero, murabizi ko henshi mu mashure ubu hari ivyo usanga bigoyagoya kubera imvo nyinshi, aha mw’Iseminari, n’aho tubakira bavuye muri ayo mashure nyene navuze, bimeze neza kuko indinganizo imeze neza kuwuyubahirije akayigira rwiwe.

Kubiraba umutima ari naco gitandukanya Iseminari n’ayandi mashure, bimeze neza cane bikabonekera kugitigiri c’abasaba kwinjira mw’Iseminari Nkuru ; nobamenyesha ko muri iyi myaka 8 iheze ibice birenga 75 kw’ijana vy’abari mw’Iseminari Nkuru uko ari : Bujumbura, Burasira, Gitega na Kiryama barezwe muri iyi seminari. Mubiraba ubwenge bimeze neza naho nyene, kuko ikibanza c’Iseminari muri ca kibazo ca leta (EX-ETAT) ari ciza ; muri uyu mwaka uheze turi aba 3/334 muri mu Ndimi za none (LM). Aba 6/247 mugisata c’Ubuhinga (SC B) ; abigisha n’abandi bose batuma uyo mwimbu uba mwiza bakaba bavyifatamwo neza cane.

Turiteguriye no kwinjira mu ndinganizo ya Leta mukwakira ibisata vy’inyuma y’ishure shingiro dufatiye kuvyo tuzobona bibandanya bifasha gushikira ihangiro y’Iseminari.

Muvyo ukubaho kwa misi yose, dutunzwe n’agafashanyo k’ibiro vya Papa biraba amaseminari n’amanovisiya (Œuvre de Saint Pierre Apôtre), imfashanyo ya Diyoseze Nkuru ya Gitega biciye muma paruwase( kubashimira ) hamwe n’ibikorwa vy’ababa mw’Iseminari bose ; aha nkamenyesha ko abaseminari baronka n’imiburiburi isaha mu ndwi y’ibikorwa mu mirima.

Muti none mugomba gushikira imyaka 100 mugeze hehe ? Iyi myaka 10 yose tugomba ko idufasha kunagura Iseminari mubisata vyayo vyose vy’ubuzima, indero, umutima, ubwenge, ubutunzi, ariko cane cane tuzokwihatira gusanura inyubakwa zose : uburaro, uburiro, isengero, uruzitiro, eka inzu zose zifasha kugira ngo ubuzima bugende neza, tutibagiye kurondera ibikoresho vyotuma abanyeshure baronka n’ubumenyi bufatiye ku bihe tugezemwo (Informatique) ; twarateguye agapapuro kerekana muri make uko vyokurikirana dufatiye kuvyihuta n’ibitihuta cane.

Muntunge narondogoye ariko nyene imyaka 90 si agaciyaho. None rero imbere yogusozera nkengurukire mwebwe mwese mwitavye uru rubanza : mwebwe nyene icubahiro Mwungere wacu, mwebwe Mwungere wa Diyoseze ya Rutana, mwebwe Munyamabanga mu biro vy’uwuserukira Papa, mwebwe muturongoye muvy’intwaro, muvy’ubutunzi, muvy’amagara y’abantu, muvy’ubutungane, muvy’umutekano eka mu buzima bwose ; nkengurukire cane mwebwe mwateguye uru rubanza mukuruhebera umwanya mubikorwa, muburyo,  aha nkaba ntoreka kuvuga icese inama ya Komine Bugendana, abize n’abakoze muri iyi Seminari, Iradiyo n’imbonesha kure vy’Uburundi, ababanyi bose, ababa bose aha mw’Iseminari. Ndabipfurije kuroranirwa umwanya wose muza kumara muri uyu muryango waragijwe Yezu, Mariya na Yozefu, Umuryango Mweranda w’Inazareti.

None rero Nyakubahwa Mwungere nutuje imbere muri iyi Nkuka Nyeranda ya Misa, mukutwugururira iriba ry’imigisha n’imihezagiro izotuyobora muri iyi myaka 10 yose dutegura yubire y’agakura y’imyaka 100 eka mbere n’iyindi yose y’ubuzima bw’iyi seminari.

Tugire Yezu, Mariya na Yozefu Beranda, murakoze.

                                     Barnabé NTAHOYAMA, Recteur.