Skip to main content

IYATIRWA MW’IBANGA RY’UBUSACERDOTI MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA 2021

« Ni je nabatoye ndabashinga kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho » (Jn 15,16).

Kari akanyamuneza ntangere muri diyoseze nkuru ya Gitega kuri uwu wa 3/7/2021 muri paruwase Nyabiraba iri  mu ntara y’ubutumwaya Gishubi. Aho Ekleziya y’i Gitega n’iyo kwisi yose yagabana abatumwa bashasha, biciye mwiyatirwa mw,ibanga ry’ubusaserdoti.

Ibirori vyatangujwe n’urugendo rugana ikibanza kiza kuberamwo inkuka y’imisa y’iyatirrwa mu musacerdoti cari ku kibuga c’umupira w’abaguru kiri kumetero atari nke uwuye mu ngoro w’imana ahatanguriye urwo rugendo. Urwo rugendo rwatanguye  igihe c’isaha 9h36. Inkuka ya Misa yari iyobowe n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana ahagatiwe n’isinzi ry’abasacerdoti bavuye irya n’ino baje gushigikira barumuna babo.  Abo nabo bangana n’imisore 9 yatiwe mw’ibanga rw’ubusacerdoti, 10 babaye abadiyakoni ;  15 bahawe igice c’ubukorezi hamwe na 24 bahawe igice c’ubusomyi bw’ijambo ry’Imana.

 Akanyamuneza karagaragara ku maso y’abari bitavye urwo rubanza canecane ku bakristu ba paruwase nyabiraba aho bari basidukanye n’iyonka kwirabira ivyo vyiza na rirya hari haciye imyaka 20 yose ivyo birori bitabereye muri paruwase nyabiraba.

Mu nyigisho yiwe, umwungere mukuru wa Giyoseze nkuru ya Gitega  yatumiriye abari bagira batirwe guhekana urukundo n’akanyamuneza umutwaro wa Ekleziya Muryango. Yarashimiye abakukira diyoseze nkuru ya gitega abakeza kuko bariko barakuru mw’ibanga, mbere bakagabira ibibondo vyabo kugirango  Imana ibigirire abatumwa. Yaranashimiye abakristu ba paruwase Nyabiraba ku kuntu bikokoye bagashariza uwo musi, mbere agirako awugereranya n’umusi Yezu Kristu yinjira icese i Nyeruzaremu. Afatiye ku mitama basasiye Yezu n’ukuntu aba Nyabiraba basasiye abaje kw’izina ry’Umukama Ati kristu arongera kutugabira abasacerdoti bashasha, abadiyakoni bashasha…yabwiye abari ng’aho ati « muririnda gusamazwa n’ibihita kuko mupfumbatiye Kristu » . Kubagiye kwatirwa yababwiye ati tubagabiwe n’imana kugira ngo mutwihebere rwose. Ati murame muhanze Kristu n’umutima ukengurutse kuko yabasangije iviza gihimbaye : kwihebera abantu. Ati ntakwihebera inzahabu canke amafaranga kuko bitagusubiriza mundumane, ariko mugihe wihebeye umuntu araheza akagusubiriza mu ndumana.  Yarabatumiriye ...ibikurikira  

 

Iyugururwa ry'Umwaka w'Ubutumwa 2020-2021, muri Diyosenze nkuru ya Gitega

Twisunze inama y’umuryango wa diyoseze yacu: duhinduke, twijukire kuremesha amahoro, kurekuriranira no gusubiza hamwe

Twisunze inama y’umuryango wa diyoseze yacu: duhinduke, twijukire  kuremesha amahoro, kurekuriranira no gusubiza hamwe. Ico ni icivugo ndongorabutumwa muri iyi myaka itanu itanguye muri diyoseze nkuru ya Gitega.

Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 7/11/2020 aho hugurugwa icese Umwaka w’ubutumwa muri diyoseze nkuru ya gitega. Inkuka  y’imisa yo kwugurura yatangujwe n’urugendo igihe c’isaha zine z’agatondo, irongowe na nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega. Iyo nkuka y’imisa hahererejwe muri cathédrale Kristu Mwami yo ku Mushasha. Inyigisho yiwe yari ahagaze ahanini kukurekuriranira no gusubizahamwe. Yagize ati: “Ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe ni ubutumwa bumfata imisi yose”. Yarongeye ati Umukama yiteze kuri twebwe yuko twohanagurana amosozi. Ivyagiye biratubako vyose bizana amarira... tubwirizwa gushika kuri ico gitangaro c’izuka aho tuzova muri urwo ruhafu mukurekurira abatugiriye nabi. Tubwirizwa kwigana Dawe wa twese wo mw’ijuru kuko aduharira ataduharuriye. Iyi myaka itanu ibwirizwa kutubera imyaka y’igitangaro  c’urukundo. Ikigongwe dutanga kiraheza kikagira       bashasha abacakiriye. Yabandanije agira ati tukaramuka turekuriraniye neza, mugenzanje azocika ijuru. Ukurekuriranira nikwo kuvyara ijuru. Ukurekuriranira niko kazoza.  Yaradutumiriye kurabira akarorero kuri Yozefu mwene yakobo tubwigwa n’igitabu c’amamuko, we yashoboye kurekurira benewabo bari bamugurishije mu Misiri. Yaramenyesheje abakristu ko dutanguye ikiringo c’imyaka itanu yahariwe kugerageza gushira mu ngiro ivyavuye mu nama nkuru ya diyoseze yacu yashaye muri diyoseze kuva mu 2009. Umwaka umwumwe wose ukazogira icivugo ndangabutumwa cawo. Uno mwaka rero w’2020-2021, tuzorongorwa n’iki civugo: “twisunze inama y’umuryango wa diyoseze yacu: dutsimbataze umugambi n’ubutumwa vyo kwitunganiriza paruwase na Diyose”.

 

UMUSASERDOTI YODUSHIKA KU NYOTA

Ku wa Gatatu Mweranda 2020

“UMUSASERDOTI YODUSHIKA KU NYOTA”

Inyigisho y’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, ku wa Gatatu Mweranda - Imisa yo guhezagira Amavuta-Umusi Mukuru w’Ubusaserdoti Bweranda. 8/4/2020.

Umusi mukuru wa Pasika uyu mwaka udusanze,kw’isi yose, mu maganya n’ubwoba bw’ikiza c’ingwara iterwa n’umugera witwa CORONA VIRUS.Mugihe ahenshi kw’isi abakristu bataronse akaryo keza ko guhimbariza hamwe pasika mu Nkuka ya Misa kuko bugaranywe kubera ico kiza,Diyoseze Gitega yoyo yaronse akaryo keza ko kwinovora ivyiza vya Pasika, abakristu bakikije Umwungere wabo.Ku musi wa gatatu mweranda,kari akanyamuneza mw’isengero nkuru y’Umwungere ku Mushasha mu misa aho abasaserdoti basubiramwo indagano zabo, umwungere agaca ahezagira n’amavuta meranda.Abihebeye Imana n’abakristu isinzi bari bitavye iyo migirwa myeranda.Umwungere,yishimikije ibisomwa vy’uyo musi (Ibisomwa: Izaya 61,1.3a.6a.8b-9; Zaburi ya 88; Ivayhishuwe 1,5-8; Luka 4, 16-21),  yigishije igihugu c’Imana cari aho muria ya majambo ati:

1.Turi mu misi y’amageragezwa.

Turashimiye Imana idushikanye kuri uyu musi, aho twegereje kwigina Pasika Nyeranda y’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni umusi abakunzi ba Kristu basubira kunezerwa, naho baba baciye mu bibagora bitandukanye. Ni umusi Umukama adusubiza ubuzima, we Soko ridakama ryabwo. Ni umusi dutsinda urupfu muri we, kuko ata bwoba dusigarana turi kumwe na we.

2.Kristu si akamashini gatanga ubuzima ufyonze aho buzirikiye. Imana ntibwirizwa.

Imana irigenga. Imana ntitegekwa na twebwe, nkuko abantu benshi bama bavyipfuje. Imana ishaka imbere ya vyose ko ducudika na Yo, tukanywana na Yo, tukayereka urukundo ruzira agatotsi, tugashinga ubuzima bwacu ku mabwirizwa n’amategeko yayo.                           

3.Kugirango rero Pasika itwerere, ni uko tuba duhuriye mu rukundo rwa Kristu, tugahuza Mutima Mweranda n’umutima wacu, tukaba turiko turarangura ico Data wa twese ashaka.

Mbere, naho twoba turiko turarangura ico atwipfuzako, ntitumubwiriza kudukorera ico dushaka. Tubwirizwa nyabuna gukundira Mushobora vyose, ngo yirangurire iciza we nyene adushakira. Muri ubwo bugamburutsi, ni ho hari urukiza rwacu.

4.Navuze ko turi mu misi  y’amageragezwa.                                 

Turiko turategura amatora mu gihugu. Hamwe hamwe abantu barashamirana, bakibagira isano rikuru ryabo, ari iry’uko twese turi abana b’Imana. Navuze ko turi mu misi y’amageragezwa, kuko uhura n’umuntu wari wizeye ko muvukana, ariko agaca akwihakana, ngo n’uko mutanditswe mu mugambbwe umwe ! Nta mageragezwa aruta ayo, kuko kino gihe gikwegakwegera bamwe mu buhakanyi bw’Imana, yo yatwiremeye twempi turi abana bayo ikunda, ariko tweho tugashaka kuyibeshera mu kwitandukanya na mwenewacu kubera :

5.Turi mu misi y’amageragezwa kandi kubera iki kiza ca Coronavirusi kimira abantu kidahaga ! Nta muti, nta mutabazi akigonda.

Abantu bakubita ijisho umurwayi, bagaca bahunga ! Umuti umwe uruta iyindi, ni uguhera mu nzu vyose bituma abantu batekerwa n’ubwoba, butuma bihebura !

6.Igihe c’amageragezwa, kino gihe, kuko Shetani iriko irimikwa, mu kinyoma cayo !

Mu rwamo n’urwataga rw’inyigisho zidasonera umuntu mw’iteka ryiwe, zimwemerera urukiza rw’uruhendo, kuko rutamara kabiri, inyigisho zikwizigiza matungo benezo batarigera bakabakaba. Ni ho rero izo nyigisho za Shetani zitungurwa umutima, abajanye na zo bakicwa n’intuntu n’akabonge !

7.Bavukanyi basaserdoti, turi mu gihe turonderwa cane, bamwe bakadushakira ubugenzi bwiza mwashaka, abandi bakipfuza kutuyobeza no kudutesha ibanga ! Ivyo vyose bikaba mu gihe na twebwe dushobora kuganzwa n’imyitwarariko myinshi, imwe ivuye ku butumwa bwacu, iyindi ifatiye ku magara make yacu, iya gatatu nayo igashobora kuva ku bushobozi buke  dufise. Ejo bundi, Umuvyeyi wacu Papa ariko aripfunga hamwe n’abasaserdoti b’idiyoseze y’i Roma, yafatiye ku myitwarariko nk’iyo mu kuremesha abo batumwa ba Kristu bamutwaje igihugu c’Imana aho hantu.

8.Na jewe, ndipfuza ko twokira urukebu ruturabisha hirya, rushaka kuduhushisha Kristu. Ndaritoboye ntatinya = ni tube abasaserdoti, abahanuzi b’igihugu c’Imana, abarongozi b’abana bayo duhanze amaso Kristu, we Musaserdoti Mukuru, we Muhanuzi n’Umwigisha akura bose, we Ndongozi itigera izimiza. Nitugume hamwe na we, duteramane na we, twoye kwisinzirira mu gihe ariko aradutakambira kwa Se (raba Matayo 26,36-46). Nitumushinge amaso y’urukundo, mu gisabisho, mu mwete w’ubutumwa, mu mwizero aduha imisi yose kandi utazerutswa, kuko ari we Nzira imwe rudende, akaba Kuri kwa Data, we Buzima butazimata, kandi butayama.

9.Bavukanyi, ari ibiraba ubumenyi n’ubwenge, mwari mu bantu bize vyinshi, mbere umurengera, ntimwokeneye kuzirikwa ku katsi, ngo n’uko mubwiwe bimwe bisayangana bitavuye ku Mweranda w’Aberanda ari we Kristu Mukama . Ntimwokwegewe mu matungo y’ino si, kuko muzi neza ko naho yoba ajejeta ku muntu, yama amusiga yipfumbereje, wa musi ava kuri iyi si. Itunga ryanyu rizobaherekeza kwa Kristu wacu, ni kwa kwicisha bugufi mw’ibangga ryanyu ry’ubusuku mw’Ekleziya, ukwicisha bugufi kubegereza Kristu karorero kacu Paulo Mweranda yategereye ahatira Abanyafilipi (Abanyafilipi 2,6-11)

10.Mfise ijambo rimwe, na ryo nyene kandi ndarivuze ntabahema, kuko ari ryo rizima : ntiye Paulo Mweranda : « Kristu ni we buzima bwanje » ni we buzima bwanyu, ni we buzima bw’Abasaserdoti (raba Abanyafilipi1,21). Nimunezerwe, muhimbarwe muri we na ntaryo (raba Abanyafilipi 4,4). Ni ho muzotubera abasaserdoti badushika ku nyota. Amen.

                                                                          +Simoni NTAMWANA Umwepiskopi Mukuru wa  Diyoseze Nkuru ya Gitega

 

IGISABISHO CO GUSABA IMANA NGO IFASHE ABAKRISTU KWUBAKA EKLEZIYA-MURYANGO

MANA MUREMYI W'IVYIZA VYOSE

WARASANGIJE UMUNTU ITEKA RYO GUTUNGANYA NEZA ISI N'IBIRI KURI YO. WARASHATSE KUDUCUNGURA MUKUTURUNGIKIRA UMWANA WAWE W'IKINEGE. NUHEZAGIRWE! KRISTU UMWANA WAWE YARATWIGISHIJE KO UKWEMERA KUTAGIRA IBIKORWA KUBA KWARAPFUYE AHO YAGIRA ATI: "ABAGIRA NGO MUKAMA MUKAMA SIBO BAZOKWINJIRA MU BWAMI BW'IJURU, ARIKO NI ABARANGURA ISHAKA RYA DATA".

TURAGUSAVYE RERO MANA YACU: HUNDA MUTIMA MWERANDA WAWE MU BARONGOYE ABANDI MU MIBANO, MU BISATA NO MURI PARUWASE YACU YOSE. MUHUMDE MU MVUKIRA ZAYO ZOSE, MU NCUTI NO MUBAGENZI BA PARUWASE YACU, UBUZUZE MUTIMA, ABAHE INGABIRANO YO GUKUNDA EKLEZIYA-MURYANGO. DUFASHE GUTEGERA KO TURI AMABUYE MAZIMA YUBATSE EKLEZIYA-MURYANGO MAZE TUBIGARAGAZE MU BIKORWA VYO KWUBAKA INGORO IKUBEREYE YO GUKORANIRIZAMWO ABANA BAWE, TUBIGIRE TUTARUHA, TUBIGIRANE URUKUNDO N'UKWITANGA, TUDACIKA INKOKORA, UKWEMERA KWACU KUGARAGARIRE MU BIKORWA. KRISTU WE BUYE ABUBATSI BARI BASHIBUYE UGAHEZA UKAMUGIRA IBUYE RY'INFURUKA, NATWUBAKIRE UMURYANGO, YAME HAGATI YACU, TWUBAKIRE KURI WE HANO IWACU .........................! BIKIRA MARIYA NI ATUBERE UMUKANDIZI YAME HAGATI YACU, ATUREMESHE NKO MUGIHE C'ABATUMWA MW'ISENAKULO, TUKUBERE IVYABONA MU MVUGO NO MU NGIRO. TUBIGUSABISHIJE YEZU KRISTU, UMUKAMA WACU. AMEN! 

Ni vyandikwe, Gitega, ku wa 8 munyonyo 2013 

+ Simoni NTAMWANA. 

UKWAKIRA IBISIGI VY’ABA-EREMITE BERANDA B’AMAHORO NIKOLA W’I FLUE NA CHARBEL MAKHLOUF MURI PARUWASI MUSHAHSA DIYOSEZI NKURU YA GITEGA (14-16/4/2016)

Paruwase-Cathédrale ya Mushasha iherutse kwakira ibisigi vy’Aberanda Nikola w’i Flue (wo mu gihugu c’Ubuswise) na Charbel Makhlouf (wo mu gihugu ca Libani). Abo Beranda bazwi ko mu buzima bwabo baranzwe n’ubunywanyi bafitaniye n’Imana be n‘amahoro.

Ng’uku uko vyagenze:

-        Ku wa 4, italiki 14/4/2016: Gushika no kwakirwa: Mugatondo, i Bujumbura, ku muhingamo isha 9 (15h00), i Gitega (kuva aho bita ku Museke). Hakurikiye urugendo rw’agakura rugana cathédrale Kristu Mwami ku Mushasha.

-        Ku wa 5, italiki 15/4/2016: Guteramana n’abo beranda dusaba amahoro (uyu musi niho hazosozerwa igisabisho catanguye ku wa 1 w'iyo ndwi mu gitondo co kwitegurira kwakira abisigi vy’abo beranda).  

-        Ku wa 6, igenekerezo rya 16/4/2016: kuva isaha 4 z’agatondo (10h00), habaye Imisa yo kwakira icese abo beranda mu bisigi vyabo, dusabe amahoro kandi dushimira Imana kuri iyo migisha.

Muri aka katayamara, tugiye reka turabire hamwe ibijanye n’ubuzima bw’abo Beranda babiri be n’ico bashobora kutwungura mu buzima bwacu bwa misi yose, kuri umwe umwe wese, be no ku rwego rw’igihugu cacu c’Uburundi.

 

I.        AMAMUKO Y’UWO MUZO W’ABO BERANDA MU BURUNDI

 

Mu ci ry’i 2015, intumwa z’ishirahamwe “Artisans de Paix Burundi„ - Urunani rw’abaharanira amahoro mu Burundi – zari zagiye mu manama agirigwa buri mwaka i Caux [soma "Ko"] mu Buswise. Ayo manama ahurirwamwo n’abantu bavuye imihingo yose. Ico gihe izo ntumwa z’Urunani rw’abaharanira amahoro mu Burundi zahahuriye n’izindi zivuye mu mihingo myishi, harimwo iziserukira ishirahamwe ryitwa "Solidarité Liban-Suisse".

Maze izo ntumwa zo mu Burundi ziriko ziravuga ivyo zikora, izo muri “Solidarité Liban-Suisse„ ziba zatonze kumviriza. Ziheraho zihava ziramenyana n’izo z'i Burundi ; zirashikirana, ziraganira utuntu n’utundi tujanye n’ibikorwa be n’ubuzima bw’ibihugu umwe wese akomokamwo. Maze intumwa zo muri « Solidarité Liban- Suisse » zibwira Abarundi ziti : “Twumvirije ivyo mukora kandi tukabona n’ukuntu mwifata, twiyumvira ko hari Aberanda bari n’ico bobamarira„ ; ziti "kandi abo Beranda twoshobora kubazanira ibisigi vyabo iwanyu". Abarundi na bo bati: “Reka tuzobiture abadukurira mu kwemera iyo tuva, hanyuma tuzoheza tubabwire„.

Intumwa zo mu runani rw’Abaharanira amahoro mu Burundi zitahutse, zarahejeje zitura Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ivyo zayaze n’abagenzi bahuriye mu Buswise. Umwungere nawe abona ko ari vyiza, hanyuma abivugana n’abo yashinze ubutumwa muri Paruwasi Mushasha, baca babona ko ivyo bisigi vyabo Beranda bije muri Paruwasi yacu vyoba vyiza. Niko gutangura kuronderera hamwe ukuntu ivyo bisigi vyokwakirwa mu cubahiro kibereye.

 

II.           UBUZIMA BW’ABO BERANDA

II.1. Nikola w'i Flue : umurimyi n'umworozi, akaba n‘umu-eremite

Nikola w’i Flue yavukiye ahitwa Flüeli-Ranft, muri komine ya Sachseln iri muri Leta ya Obvald, imwe mu ntara (Cantons) 26 zigize igihugu c’Ubuswise. Aho hari kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante, mu mwaka w’i 1417. Akiri muto, yari umwana w’indero, yigenza neza, kandi akunda kwiherera wenyene, kugira ngo asenge Imana. Uko yakura niko yaguma arushirizaho gukunda Imana n’igihugu ciwe.

Afise imyaka mirongo itatu, Nikola w’i Flue yubakanye n’umwigeme yitwa Doroteya Wyss; maze Imana irabaha, bararondoka, bavyarana abana icumi : abahungu batanu n’abigeme batanu nyene. Kandi uwo muhezagiro warabandanije, abana babo nabo nyene bararondotse.

N’ubwo Nikola w’i Flue ata mashuli yari yize, nticabujije ko akorera neza igihugu camwibarutse kandi agashingwa n’amabanga akomeye. Yari afise ubwitonzi budasanzwe. Abanyagihugu baramwemera kandi bakamukunda. Rukamvye, ntiyarutinya, ahubwo yatangaza abo barikumwe ku rugamba, ku buryo abakuru bageze aho bakamushinga gutegeka abandi, akaba intwazangabo kugeza naho aronka ipete rya Kapitene.

Mu mahoro, abantu baguma bemera ubuntu n’ubutwari vya Nikola w’i Flue. Niko kumutora kuba umucamanza, hanyuma bamutorera kuba umwe mubagize inama ya Leta itwara intara ya Obvald yakomokamwo. Ivyo vyose, Nikola w’i Flue yabikorana ubutungane nyabwo n’umutima w’urukundo. Ariko kandi yagumana umutima w’ukwicisha bugufi ; kenshi bashatse kumutora ngo abe ariwe arongora iyo ntara ya Obvald, ariko aravyanka.

Ikindi kandi gihambaye, ni uko ivyo yakora vyose, Nikola w’i Flue yabikora yisunze Imana.

Mu 1467, yarashikanye imyaka mirongo itanu. Mu kirundi twovuga ko yarabaye umuhumure. Ico gihe rero yaratangaje abari bamuzi bose, kubera ingingo itoroshe na gatoya yafashe.

Amaze kwumvikana n’umugenzi wiwe Doroteya be n’abana babo, yahisemwo kuja kwibana wenyene, kugirango ashobore kunywana n’Imana ata kindi kimuciramwo. Ni ukuvuga kubaho ari ?umu-eremite”, asenga kandi yisonzesha, kugeza yitabe Imana kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 1487. Yitavye Imana ashigikiwe na Patiri Mukuru w’aho yaba, n’umugenzi wiwe Doroteya ben’ibibondo vyabo vyose ! Yari yumije imyaka 70.

Kw’igenekerezo rya 15 Rusama 1947 niho Nyenubweranda Papa Piyo wa XII yemeza icese ko Nikola w’i Flue yinjiye mu muryango w’Aberanda b’Imana na Ekleziya Gatolika.

Kuva ico gihe, igihugu c’Ubuswise camugize umuvunyi waco.

Yahise kandi aba Umuvunyi w’Amahoro kw’isi yose.

Aca aba kandi n’umuvunyi w’Abasoda bashinzwe gukingira Papa i Vatikano.

Ni n’umuvunyi w’ingo zarondotse.

Ni umuvunyi w’abakora umwuga w’uguhuza abantu n’abandi.

Ni n’umuvunyi kandi w‘abanarugo batabana n’abanega babo [nkuko vyari vyashikiye Doroteya].

 

II.2. Charbel Makhlouf : Umumonaki, umu-eremite, akaba n’umweranda

 

Youssef Antoun Makhlouf yavukiye i Bika’Kafia – mu buraruko bw’igihugu ca Libani, kw’igenekerezo rya 8 Rusama 1828. Abavyeyi biwe bari boro, batunzwe n’ukworora. Bavuga ko amaze gushikana imyaka indwi yaja kuragira ibitungwa vy’abavyeyi biwe, hanyuma ivyo bitungwa biruhutse agaca anyarukira kwiherera mw’isenga ryari hafi y’aho. Amashuli yashoboye kugira yamufashije kumenya gusoma no kwandika be n’ugukorera imisa.

Amaze gushikana imyaka mirongo ibiri n’itatu, yasavye kwinjira mu muryango w’abamonaki bo mu kwemera kw’Abamaronite bo muri Libani, bitiriwe Umuvyeyi Bikira Mariya w’i Maïfouk. Bamwemereye kwihebera Imana, yaciye ahindura izina, afata iry’umweranda yitwa Charbel, yatanze ubuzima bwiwe mu mwaka w’i 107.

Kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro 1859, niho Charbel Makhlouf yahabwa ubusaserdoti. Araheza amara imyaka 16 ari umumonaki mu kigo citiriwe umweranda Maroun w’i Annaya. Hanyuma ahava arasaba umukuru w’ico kigo uruhusha rwo kubaho ari wenyene mu gice c’ico kigo cagenewe aba-eremite. Aronse urwo ruhusha yaciye abaho mu gacerere n’ukwisonzesha, ahereza imisa, ashengerera isakaramentu ryeranda. Bisubiye kandi yaguma yitaho abakene n’abo bose bamwitura ngo abasabire ku Mana. Abantu baramukunda, bakaza kumusaba impanuro kuko bamufata nk’umweranda.

Charbel Makhlouf yitavye Imana kw’igenekerezo rya 24 Kigarama, umwaka w'i 1898, amaze imyaka 23 ari umumonaki w‘umu-eremite. Yari yumije imyaka 70 y’amavuka, nka Nikola w’i Flue.

Mu misi umunani ya nyuma yamaze imbere y’uko ashengera, yagumye asubiramwo aya majambo y’inkuka y’imisa : ?Dawe Nyen’ukuri, nguy’Umwana wawe, Incungu nyayo igushimisha”.

 

III.   NIKOLA W'I FLUE NA CHARBEL MAKHLOUF : ABA-EREMITE BERANDA B’AMAHORO

Umuntu aravye uko ibintu vyagiye biraba mu buzima bwabo Beranda be n’ivyashitse bamaze kwitaba Imana asanga abo ba-eremite babiri babaye abanyamahoro muri bo be no mu buzima bwabo hamwe n‘abandi.

 

III.1.-Nikola w’i Flue : umweranda w’isi yose

·          Nikola w’i Flue : Umucamanza w’intungane n‘ingingo

Amaze gutorwa ngo abe umucamanza, Nikola w’i Flue yamye arondera kwumvikanisha abantu n’abandi, yarondera gutunganiriza abamwituye. Imbere ya vyose yama arondera ko abari mu matati bumvikana.

·         Nikola w’i Flue : Umuhuza abushitse

Mu mwaka w’i 1481, Abaswise bari bashamiraniye, bagira batane mu mitwe ku buryo bari guca basambura igihugu basekuru babo bari bubatse kuva 1291 – uwo mwaka niho intara zambere ziri hagati na hagati zava hasi zikiganzura umwami w'aba Habsburg yabacura bufuni na buhoro. Impera n’imperuka, niho umwe mu bari mu nama yariko igirirwa ahantu hitwa i Stanz, yaja kurondera Nikola w’i Flue, akamusaba ko yoza kubahanura. Uwo nawe yari umupatiri akaba n'umugenzi wa Nikola w’i Flue.

Nikola w’i Flue arateba aremera, araza kubahanura kugeza aho abumvikanisha. Abari muri iyo nama kaminuza barahejeje bavaho batoreye umuti ibibazo bari bafise hagati yabo ; maze bavaho bishinze kubandanya kwumvikana no kwubakira hamwe igihugu cabo. Aho gutabagurana, bavanye igihugu c’Ubuswise cungutse izindi ntara [Leta] zibiri n’ubu zikiri mu zikigize [nazo ni Fribourg na Soleure].

Nikola w’i Flue amaze kuja kwiherera ubutacisubirako, abantu benshi, harimwo abakuru bakuru muri Ekleziya no mu batwara ibihugu vyari bikomeye ico gihe, bama baza kumusaba impanuro iyo hari ibibazazaniye.

·         Nikola w’i Flue : igihangange mu vyiyumviro bijanye n'amahoro n’ubumenyi bw'ivy'Imana

Kuri we, amahoro yama imisi yose mu Mana, akomoka ku Mana, agasubira ku Mana: Imana ni Mahoro. Amahoro atuma abayafise nabo nyene bagana Imana. Iki ciyumviro kirahambaye: raba icegeranyo c’ivyiyumviro bijanye ku rupapuro rukuirikira.

·         Nikola w’i Flue : Umuvunyi w’Amahoro kw’isi yose, uhereye ku gihugu camwibarutse c'Ubuswise. Benshi baranavuga ko yakingiye igihugu c’Ubuswise mu gihe c‘intambara yo kw’isi yose igira kabiri.

·         Nikola w’i Flue ni umuvunyi w’ingo, yitaho mu buryo budasanzwe abubakanye batabana nk'uko we vyamushikiye be na Doroteya.

Nikola Mweranda akwiriye kwitugwa n’isi yose; ingeso n’imigenzo vyiwe bishobora kubera akarorero benshi. Mu buzima bwiwe yabaye :

 

Umurimyi n’umworozi w‘iteka

Umukozi wa Leta n’umunyepolitike,

Umu-eremite

Serugo abushitse

Umuhanuzi n’Umuhuza

Umunywanyi w’Imana

Umuntu yicisha bugufi

Umuntu yabona kure muri kazoza

Umuvuzi w’imitima

 

Umuremeshamahoro

 

 

Umwe mu banditsi bo mu Buswise, Heinrich Federer, yavuze ati : « Furera Nikola – niko kenshi bakunda kwita Nikola w’i Flue- arakomeye cane k’uburyo tudashobora kumwigungana mu Buswise ».

 

III.2 – Charbel Makhlouf

 

Icatangaje abantu bose ni uko Charbel Maklhouf amaze kwitaba Imana, umubiri wiwe wagumye umeze nkuko wari uri umusi ashengera. N’umwambaro wiwe w’ubumonaki kwabaye uko nyene, kiretse ko wari umeze nk’uko boba bawuvayanze mu maraso. Ivyo vyagaragaye igihe bugurura uruhapfu bamushinguyemwo, bariko barondera ibimenyetso vy’uko bomushira mu rutonde rw’abatoni barindiriye kugigwa aberanda. Basanze kandi umubiri wiwe uvamwo ibintu bimeze nk’amaraso avanze n’amavuta.

Kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu 1977, Nyenubweranda Papa Paulo VI yemeje ko Charbel Makhlouf yinjiye icese mu gihari c’Aberanda b’Ekleziya Gatolika :

-         akaba ari akarorero kadasanzwe mu kubaho nk'uko Yezu Kristu yabigenjeje,

-         yabayeho mu mahoro, atekanye, abaje bamugana kumuhanuza, bataha nabo nyene batekaniwe.

-         Ni umweranda adasanzwe wa Ekleziya yo mu Buseruko

-         akaba n’Umuhuza w’ukwumvikanisha ibice vy’isi yose vyo mu Buseruko no mu Burengero. Ico gihe ivyo bice vy’isi murazi ko vyari bishamiranye bimwe bidasanzwe, ku buryo umuntu yama yibaza ati mbega ni ryari bizohava bitana mu mitwe, inganda zigatikira !

Turetse ibijanye n’umubiri wiwe be n’amaraso yawuvamwo inyuma y’aho yitabiye Imana, hariho n‘ibindi bitangaro bijanye na Charbel Makhlouf. Hari cane cane abantu benshi bakize ingwara zidasanzwe kandi zananiranye zari zibarembeje, bamwe bamwe mbere zari zanabasinzikaje.

Uturorero tumwe tumwe muri bwinshi tutari budondagure :

o    Hari umupfasoni yari yafashwe n’ubwoko bw‘ingwara idakira ya "cancer" yo mu nda. Abaganga bikoze ku miti n’ubuhinga, ntako batari baragerageje, ariko vyari vyarananiranye. Yihebuye, azi ko ata kindi asigaje atari gupfa, hari uwamubwiye kwambaza Charbel Makhlouf ; arabigira hanyuma arakira. Umugabo wiwe nawe nyene agera aho akira ingwara simusiga yari yamufashe.

o    Umudereva w’indege yagize isanganya, indege yiwe itembagarira mu bibuye vyo mu misozi yo hejuru mu bukonje, irasaba. Abo bari kumwe bahise bapfa. Nawe umutwe urasaba, ubwonko burasaba, igice gisohoka hanze. Bamushize ku mutwe amavuta ya Charbel mweranda, ubwonko bwiwe burasubira buraterana, burakira ; yongera arasubira kuvuga.

o    Umusi uri izina basanze ifoto yiwe yivanze mu mafoto yafashwe n’umugwi w’abantu bari baje kumwambaza kandi atigeze yifotoza na rimwe. Iyo foto niyo yabaye isanamu yiwe.

 

IV.  ABO BERANDA HARI ICO BODUFASHAMWO ?

 

1.     Mu buzima bwacu, icambere na mbere abo beranda botumarira ni ukutubera akarorero keza. Umwe wese muri twebwe ashobora kugira ico afatiyeko mu buzima bwiwe, kugira ngo ahinduke, arorane n’Imana kandi agire amahoro muri we no mu bandi. Gutyo agaca afatira aho mu kwambaza Imana no mu kuyikorera.

 

2.     Nikola w’i Flue yari umunega abushitse, yama yitaho urugo rwiwe. Batubwira ko yama akorana ubwira; urugo rwiwe rwari rwifashe, rumeze neza, ruhimbaye. Be n'umugenzi wiwe Doroteya bama bashize hamwe mu vyo bakora, na cane cane mu gutunganya urugo rwabo, kugeza n’igihe Nikola afata ingingo y’uko ava mu rugo akaja kwihererana n’Imana ubutacisubirako – ingingo itari yoroshe na gatoya ! Benshi ubu bavuga bati: Nikola Imana yaramufashije mu ku muha kubakana na Doroteya, ahandiho ivyo yaranguye, ntiyari kubirangura nkuko yabigize. Turavye neza mu mico y’Ikirundi be n’ukubaka rukiristu, hari vyinshi Nikola na Doroteya bashobora kudufashamwo.

3.     Turavye ukuntu Nikola w'i Flue yumva amahoro, tumwambaje azodufasha kuronka ituze n’itekane mu mitima no mu ngo zacu, mbere no mu gihugu cose. Kanatsinda kugira amahoro muri twebwe, mu ngo, mu vyacu no mu bacu niyo nkingi y'amahoro abushitse.

4.     Ku rwego rw‘Igihucu cacu, Nikola w’i Flue mweranda ashobora gufasha igihugu cacu kurondera uko cova mu ngorane n’indyane twamamwo, maze tukogorora nka kurya Abaswise babigize, mu 1481, bakwirikije impanuro abahaye.

5.     Abajejwe amabanga y’ubwoko bunyuranye bashobora kumwambaza kugira ngo abafashe kwigira inama n’ingigo nkuko nawe yabigize mu mabanga yarimwo, igihe yari mu bategeka Leta avukamwo canke igihe yari umucamanza.

 

6.     Charbel Makhlouf yari umuntu yifata ruto kandi yama atekanye. Uko gutekana kwiwe yagukura ku Mana, kwamufasha guhumuriza abahahamutse baje bamugana, baje kumutura ibibabangamiye. Yari yihebeye Imana bwegu kugira ngo ayiyegereze mu gacerere ka misi yose. Abamwituye basubira inyuma batunganiwe. Natwe rero, haba mu buzima bwacu bwa misi yose, haba mu mabanga tujejwe mu buryo bunyuranye, dushobora kwambaza Nikola w'i Flue na Charbel Beranda ngo badusabire ku Mana kugirango dushobore kwigira inama n'ingingo nkuko nabo babigize mu mabanga yabo, kugirango dushobore kugira amahoro no kuyaremesha mu bandi imisi yose, kugirango kandi twame twibuka ko ayo mahoro akomoka ku Mana, kandi ko Imana ari Mahoro yacu abushitse.

 

V.      IGISABISHO CA NIKOLA MWERANDA W’I FLUE

 

mukama wanje, mana yanje,

nkuramwo ibishobora kunyigiza kure yawe vyose,

mukama wanje, mana yanje,

mpa ibishobora kukunyegereza vyose

mukama wanje, mana yanje,

mfasha nshobore kwivako jewe nyene

kugira ngo ndakwihereze wese

amen.

 

VI.     IGISABISHO CA CHARBEL MAKHLOUF

 

MANA MUSHOBORAVYOSE,

UGIZWE N'ABAPERESONA BATATU,

WARIHAMAGARIYE CHARBEL MWERANDA

KUGUKORERA MUKUKWIHEBERA,

HANYUMA URAMUHUNDA IMIHEZAGIRO MYINSHI.

UCÎYE KURI WE, WARAGWANYEKO ABAGOWE BENSHI,

WARAKIJIJE ABAGWAYE BENSHI,

WARAHINDUYE ABACUMUZI,

WARAHOJEJE ABABABAYE.

NDEMERA NTAKEKERANYA KO CHARBEL MWERANDA ASHOBORA KUMFASHA MU KUMBERA MU NGORO.

NDAGUTUYE INGESO NZIZA ZIWE, UTWIGORO N'IBISABISHO VYIWE.

NDAGUSAVYE NICISHIJE BUGUFI NGO UMFASHE VUBA MU BINGOYE NO MU BIMBABAZA.

MANA MUSHOBORAVYOSE, NINAHAZA UBUBASHA BWAWE, UBWIZA BWAWE N'UMUSAVYI WAWE CHARBEL MUKWAKIRA IGISABISHO CANJE.

HAMWE NAWE NSHAKA KUGUSHIMIRA N'UMUTIMA WANJE WOSE,

NDAKUNINAHAZE,  NDAGUSENGE

WEWE RUKUNDO

WEWE UGABA UKAGANZA IBIREMWA VYOSE, MU MYAKA YOSE.

 

AMEN.

 

 

To top

ISABUKURU RY'URWARUKA RWA DIYOSEZE (Makebuko, Italiki 4 gushika 8 myandagaro 2015)

Inyuma y’amasabukuru yagiye arakurikirana mu ntara z’ubutumwa n’amaparuwase amwamwe yo muri Diyosese yacu ya Gitega, haciye hashikirwa Isabukuru ry’urwaruka rwose rwa Diyoseze. Ryabereye muri Paruwase ya Makebuko, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 8 myandagaro 2015. Aho hahuriye urwaruka rwinshi cane rwaserukiye abandi. Baragize isabukuru ryagakura, bariga vyinshi, barigishwa i Nkuru nziza bongera barayimenyesha mu gusenga, mu kuninahaza Imana, mu gukwiza akanyamuneza mu mihana yabakiriye n’ahandi,… baranatanga ubutumwa bukomeye cane… eka ntiworavye! Iryo Sabukuru ryari rishingiye ku civugo ngo: HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA (Mt 5,8).

Mu kunzi w’umuhora ngurukanabumenyi wacu, ukaba ushaka kumenya ingene vyagenze aho i Makebuko, raba muri “Soufle pour l’âme” (option ultérieure à celle-ci”) urahasanga ibitangaza!

Ariko ntiwogenda tutagushikirije ngaha nyene ubu butumwa bw’ugwaruka, bwashikirijwe Umwepiskopi Mukuru wacu, nawe ngo abujane mu Nama Nkuru y’Abepiskopi Catolika b’i Burundi (CECAB), abushire kandi Umukuru w’Igihugu cacu n’abandi barongozi, abanyepolitike n’abandi. Umva ingene urwaruka rwacu ruvyivugira: 

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’URWARUKA RWO MURI DIOSEZE NKURU YA GITEGA RURI MW’ISABUKURU  YO KU RWEGO RWA DIYOSEZE MURI PARUWASE YA MAKEBUKO

Nyene icubahiro Mwungere wacu,

Twebwe turiko turasozera ihwaniro ry’urwaruka muri Diyoseze twabanje kurangiza amahwaniro yo mu maparuwase yose no mu ntara z’ubutumwa zose, twagira tubashikirize iryo tugona kandi mudukundiye tubatume muridutambukirize ku bo musangiye kutuyobora muri Ekleziya riheze rishikire abaturongoye mu gihugu bishobotse no mu makungu.

Turakengurutse cane umwitwarariko Ekleziya idufiseko wo kwama idutegekaniriza ibiringo nk’ibi vy’ukwinagura kumutima kugirango twisubize itoto twebwe urwaruka.Maze mukadutegekaniriza izi nyigisho zikabura ukwemera kwacu, zigakiranura imigenzo yacu, zikadutumirira kuba intumwa z,ukwubahiriza ubuzima bw,umuntu wese n’agateka kiwe, ubuzima bw’umuntu ni katihabwa. Kira noneho ijambo ry’Imana riratwereka ko amaraso y’umuntu Imana itazoreka kuyahora (Amamuko 4,10). Zikadutumirira kandi kuba  ibivumbiko vy’amahoro,ukurekuriranira no gusubiza hamwe.Izo nyigisho turazishima kandi ko zidukaburira  gukunda no gukorera igihugu catwibarutse, turabikengurutse cane. Turasavye ko mwotugwiriza ibiringo nk’ibi. Turakengurutse kandi ko mudasiba kutubwira ko kubu na kazoza k’Ekleziya kari muri twebwe.

Turakengurukiye kandi abo mu twaro bo ataco batagira kugira batwumvishe ko twebwe urwaruka ari twebwe Burundi bw’uyu musi n’ubw’ejo ko tutojana nyabahururu ngo twisamburireko nk’impene, turashima impanuro zitandukanye mudasiba kuduha.

Mu dukundire natwe nk’abana banyu tubashikirize akari ku mutima. Twebwe urwaruka rwanyu turatewe ubwoba n’ibiriko biraba mu gihugu cacu. Turahagaritswe umutima n’abarundi birirwa baricwa mu buryo bubabaje. Tukumva ko hariho n’abatotezwa  kubera ivyiyumviro vyabo abandi nabo baborezwa igufa. Turababajwe cane na bene wacu b’abarundi bagorewe mu buhungiro. Turi n’impungenge, twuzuye ubwoba, kuko dutinya ko intambara ishobora kwaduka. Turatinya kandi ko amakungu azohava adufatira ibihano. Vyongeye turafise  impungenge z’uko ivyo bihano biramutse bifashwe ari twebwe urwaruka ataho tuvunika tuva bizobangamira ubwa mbere.

Twebwe  urwaruka rwanyu mudukundire tubatume ku Nama y’Abepiskopi Gatolika bo bavyeyi bacu. Mudushikirire Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu hamwe n’abamufasha ngo:

  1. Agire ibishoboka vyose turonke amahoro maze abantu bareke kubandanya bicwa bazira ukutumvikana ku bibazo vya politique biri mu Burundi.
  2. Abarongoye imigambwe nabo mubatubwirire kutatugira ibiraro vyo gushikira ubutegetsi bipfuza mukudukoresha mu bikorwa bigayitse vyo gutoteza abo batavuga rumwe.
  3. Aba nyepolitike nabo turabazambiye dushimitse  ko bosubira mubiganiro vyotuma ibibazo bihanze igihugu cacu bitorerwa umuti kuko basokuru bacu barayamaze bati: “Ibigiye inama bigira Imana”. Muti: Turabasavye muturinde intambara. Mbega ubutegetsi bwoba bumaze iki abarundi bariko barahona kandi basubiranamwo?
  4. Natwe urwaruka twokwima amatwi abo bose badutumirira kwankana, kwica no gutoteza  benewacu. Kuko “Urya incuti ukinovora intuntu”.
  5. Mudushikiririze amakungu ko yobandanya akigoro yatanguye ko gufasha abarundi kurondera amahoro biciye mu nzira y’ibiganiro kugira ngo n’imfashanyo ntizihagarare.

 

Turangije tubakengurukira ku kigoro mwakiranye ivyipfuzo vyacu.


Urwaruka rwanyu.

 

 

ISABUKURU Y’URWARUKA MU NTARA Y’UBUTUMWA YA GITEGA (Kuva ku wa gatatu gushika ku wa gatanu : 6-8/4/2016) (Suivre les détails dans la Page "Paroisses")

To top

UBUZIMA BWA DIYOSEZE YA GITEGA

UBUZIMA BWA DIYOSEZE NKURU YA GITEGA

Diyoseze nkuru ya Gitega yaraye ihimbaza imyaka 60 imaze. Imbere yuko ishingwa ngo yitwe Diyoseze, ikirere cayo cari gifatanye n’ibindi birere vya Ekleziya yacu iri mu Burundi vyari vyashizwe ubwa mbere mu cibare ca Papa ca Tanganyika kuva 1878 gushika 1895, abamisiyonari bakigerageza kwinjira mu burundi ntibikunde (baciye mu Rumonge na Busige).

Kuva mu 1895 gushika 1912, ingingo ya Papa yashize ico gihugu c’Imana c’ i Burundi mu cibare ciwe ca Unyanyembe, uwaragihagarikiye kw’izina ryiwe  ariwe Mgr François Gerboin yarafise intebe i Ushirombo muri Diyoseze nkuru y’uno musi ya Tabora mu gihugu ca Tanzaniya.

Kuva mu 1912 gushika 1922, igihugu c’Imana c’Uburundi cashizwe hamwe n’Urwanda kigira icibare ca Papa ca KIVU, uwuhagarariye Papa (Mgr HIRTH) afise intebe yiwe i Nyundo mu Rwanda hanyuma ija i Kabgayi.

Kuva mu 1922 gushika 1949, igihugu c’Imana c’Uburundi cagizwe icibare ca  Papa ca URUNDI, kiragizwa ubwa mbere kuva uwo mwaka w’ 1922  Musenyeri Julien Louis Gorju yarafise intebe yiwe i Mugera gushika yimukire i Gitega ku Mushasha mu 1936. Mu mpera z’uwo mwaka niho Papa yagena Musenyeri Grauls ngo akorere mu ngata Musenyeri Julien Louis Gorju.

Mu mwaka w’1949, ni ho icibare ca URUNDI cagaburwamwo ivyibare bibiri : ica KITEGA n’ica NGOZI

Igenekerezo rya 18 Mukakaro 1959 ni ho Papa yashinga ikindi  icibare ca Papa ca USUMBURA, gishingwa Musenyeri Michel NTUYAHAGA, aba umwepiskopi wa mbere w’umurundi. Mur’uwo mwaka nyene w’1959, igenekerezo rya 10 Munyonyo niho Papa Yohani wa XXIII yafata ingingo yuko ivyibare vya Papa vyariho mu Burundi bibaye amadiyoseze. Navyo vyari Gitega Ngozi na Bujumbura. Abari babibihagarariye bari ivyariho vya Papa baca baba Abepiskopi baramutswa ayo ma diyoseze, n’imisiyoni zaciye zihindura izina zitwa amaparuwase.

Mur’izo  diyoseze zari zishinzwe, Diyoseze ya Gitega niyo yatewe iteka ryo kuba kiremesha w’izindi iba Diyoseze nkuru, ibandanya irongorwa na Musenyeri Grauls ari musenyeri mukuru. Ico gihe iyi diyoseze nkuru ya Gitega yari mu gice kirimwo abantu bangana 623.000 harimwo ababatijwe hamwe n’abakatekumeni bose bashika 438.762.

Uwo mwepiskopi kuva akirongoye icibare c’Uburundi, abonye ingene abarundi bitaba Inkuru nziza n’ingene igitigiri c’abakristu caguma ciyongera, yarashinze itegeko ko umukristu wese ategerejwe kumva misa igihe cose abishoboye, abari kure ya paruwase bagahurira ku matabariro ku misi y’ Imana  ngo bahimbaze Imana, arategeka ko abakatekumeni biga gusoma n’ukwandika amashure y’intango ari make, arubaka ishure ya mbere y’inderabigisha ayishinga abafurera b’Urukundo i Gitega, yubaka ivuriro n’inzu y’abarwaye igituntu mu Kibumbu. Niwe kandi dukesha ishure « collège du saint esprit » y’ i bujumbura, ishure yisumbuye « Lycée Notre Dame de la sagesse », inzu yo kwandika ibitabu i Bujumbura (presses Lavigerie) hamwe n’ikinyamakuru « Ndongozi ».

Mu mwaka w’1961, niho kubw’ingingo ya Papa, havuka diyoseze ya Bururi ivuye ku karere ka Diyoseze nkuru ya Gitega.

Mu mwaka w’ 1964, niho Papa Paulo wa VI yagena Musenyeri GIHIMBARE Gabriel ngo abe umufasha wa Musenyeri Grauls, ariko aca ahitanwa n’urupfu ata misi ihaciye. Musenyeri Nestor BIHONDA niwe yaciye amusubirira mu kirenge aba umwepiskopi-mufasha (évêque auxiliaire) wa Musenyeri Grauls gushika mu mwaka w’ 1968 aho yaca ashingwa kurongora Diyoseze nshasha ya Muyinga.

Uwo mwaka nyene niho Musenyeri Andrea MAKARAKIZA, yarasanzwe arongoye diyoseze nya Ngozi, yagenwa na Papa ngo abe Umwepiskopi mukuru w’i Gitega. Uwo mwepiskopi nkuko Patiri Yohani Perraudin abitubwira[1]  yari yunze ubumwe n’abasaserdotri, akitwararika ubweranda bw’abihebiy’Imana n’abandi bakristu bafasha biwe. arahimbarwa n’ukugurura i Mugera ikigo c’Urukundo (foyer de charité) afashijwe na patiri Lochet, aritwarararika kurondera abamisiyonari baza gufasha abakristu ngo hashingwe n’ayandi maparuwase, araheza ashinga ayashika indwi, arakira ababikira b’Iramukanya rya Bikra Mariya (Visitandines), atanguza kanddi n’umuryango w’ababikira Bene Bernadeta.

Igenekerezo rya 14 Ndamukiza 1973 niho Papa Paul VI  yashinga Diyoseze ya Ruyigi ivuye kuri Diyoseze nkuru ya GITEGA, ishingwa Musenyeri Yohakimu RUHUNA, aba Umwepiskopi wayo wa mbere.

Kuva rero Diyoseze nkuru ya Gitega ishingwa  mu 1959, imbibe yar’ifise zarahindutse kuko yagiye ivako igice ca Diyoseze Bururi hanyuma Diyoseze Ruyigi.

Mu mwaka w’1980, ni Musenyeri Yohakimu RUHUNA yagenwa kuba umwepiskopi mukuru samurarwa w’i Gitega, araheza yimikwa nk’umwepiskopi mukuru bwegu wa Gitega mu mwaka w’1983.

Igenekerezo rya 9 Nyakanga 1996 niho yagandagurwa, Diyoseze, Ekleziya y’i Burundi n’iyo kw’isi yose yinjira mu mubabaro udasanzwe. Apfa adusigaranye nkuko tubibwirwa na Patiri PERRAUDIN[2], umwitwarariko ko kuronka abasaserdoti,  abitangiara inkuru nziza benshi beranda bitaba ubutumwa bwo muri diyoseze mbere no mu yandi madiyoseze, ukwitwarariko aboro, abagowe, amahoro n’ubumwe hagati y’abarundi. Turamukesha inyubakwa nko gusozera isengero  nkuru ya diyoseze, ikirimba ca Bikira Mariya kiri ku Mushasha, ikigo c’urukundo kiri mu Giheta, ibitaro vyo mu Mutoyi, ibigo vy’impfuvyi, abagendana ubumuga bw’ukutabona n’ukutavuga, na cane cane mu runani n’abandi bepiskopi b’ i Burundi, iseminari nkuru yitiriwe Yohani Paulo wa kabiri  Ico gihe Musenyeri Paul BURIRE  niwe yatorewe kuba uwuhagarariye diyoseze gushika mu kwezi kwa  gatatu ku  mwaka ukirikira w’1997.

Mur’uwo mwaka nyene niho Nyen’ubweranda Papa Yohani Paulo wa Kabiri yagena Musenyeri Simoni NTAMWANA, yarasanzwe arongoye diyoseze ya Bujumbura mur’ico gihe,  ngo abe umwepiskopi mukuru w’i Gitega, araheza yimikwa  ienekerezo rya 22 Ntwarante 1997.  Nkuko Patri PERRAUDIN abivuga, Musenyeri Simoni NTAMWANA, yaritwararitse kwigisha urukiza rw’ukuri, no kurwanya inzigo n’ukwihorahorana hagati y’abarundi ngo bijukire ukurekuriranira, ugusubizahamwe be n’urukundo rwuzuriza. Yararanguye ico yiyemeje kuva n’igihe bamubaza umuganda udasanzwe azaniye idiyoseze nkuru ya Gitega ahejeje kwimikwa akishura ati : ni ugusubiza hamwe[3], ati iryo jambo yararyumyeko, gushika n’ubu.

Uwo mwepiskopi yaritwararitse gushinga amaparuwase kugira abasaserdoti begere abakristu, arashiraho indinganizo ituma Diyoseze yacu yitaba ubutumwa bwa misiyoni ngo ije kumenyesha inkuru nziza mu yandi ma diyoseze ari kwisi, arakira abihebey’Imana batari bake, aratanguza umuryango w’Abuzurizamana, arakomeza umugambi w’ukwitunga muri diyoseze yose, n’uwo gukomeza Ekleziya yubakiye ku mibano rukristu, gukomeza indero rukristu mu mashure mu kuyagira nk’amaparuwase matomato akukirira amaparuwase-gataka,  araringaniza inama y’umuryango wa diyoseze igiye kutwereka intumbero  Diyoseze izogenedera mu butumwa bwayo, n’ibindi.

Ingene Diyoseze yifashe uyu musi

Igitigiri c’abantu bose baba ku gataka kayo ni 1.617.490. Muri bo aba katolika abatijwe ni hafi 1. 321.539. Imibano rukristu ni 4.690. Amaparuwase ni 51, amaparuwasee nteguza ni 4. Abiri muri yo agiye gushingwa mu misi 8 iri imbere. Amashure yegukira Ekleziya Katolika ni 40 yisumbuye n’amashure shingiro 157. Hari iseminari ntoya 1, n’iseminari nkuru 1 isanzwe ari mpuzamadiyoseze y’Uburundi  ijejwe ivyigwa vya Tewolojiya.

Hari imiryango ishika kw’17 y’abihebey’Imana yegukira Papa ihakorera ubutumwa. Hari imiryango indwi (7) yegukira idiyoseze iharangurira ubutumwa.

 Abasaserdoti bose begukira iyi diyoseze ni 215. Muri bo abari mu vyigwa ni 13, abamisiyonari bagiye kumenyesha inkuru nziza ahandi bangana 48. Abo nabo bari muri Tanzaniya, Tchad, Ubufaransa, Autriche, Ubutaliyano, Espagne, Bolivie, Allemagne, Leta nzunze ubumwe za Amerika, Suède, Ububiligi. Abasaserdoti bose bayiranguriramwo ubutumwa mur’iki gihe bashika ku 210.

Diyoseze nkuru ya Gitega irafise abamenyeshamana b’uruberera 547, abamenyeshamana babatangakivi 3.187. Hari imihari nkorabutumwa, nderamutima, nsanganyamuryango na naguramuryango ishika ku 22.

Haraciye imyaka itari mike Diyoseze ifise ikigo nyunganirango gifise ibisata bine : ikigo nderabuzima, gutegura abageni, uburyo kama bwo kuvyara ku rugero n’imico myiza y’urugo hamwe n’urwego rwo guherekeza ingo.  Hari kandi n’urwego rwa Odag-Karitasi rurimwo ibisata bitanu : ugutabara vyihuta, ubutungane n’amahoro, iterambere ryerekeye amagara y’abantu, kugwiza ibifungurwa, amazi n’ugutunganya ibidukikije, inyubako n’ibikoresho. 

Ivyo nivyo bikuru bikuru vyaranze ubuzima bwa Diyoseze nkuru ya Gitega gushika ubu.

            (Patiri NZEYIMANA Emmanuel, Umunyamabanga wa Diyoseze).


[1] P. Jean PERRAUDIN, Notre Eglise a cent ans, 1998, pp. 176-178.

[2] Idem, p. 180.

[3] Ibidem, p. 171 et 187

 

INAMA Y’ABASASERDOTI BOSE YO KURIMBURA UMWAKA W’UBUTUMWA 2014-2015, N’IKIRINGO C’IMYAKA ITANU 2010-2015 KIRIKO KIRAHERA, BE N’UGUTEGURA IKIRINGO GISHASHA C’IMYAKA ITANU 2015-2020

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 26 gitugutu 2015, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega yarakoranije abasaserdoti bose mu nama yabereye mu nyubakwa z’urugo rwa Marita mweranda i Gitega-Nyabututsi. Iyo nama yari iy’ukurimbura umwaka w’ubutumwa 2014-2015 wariko urarangira, wari washimikiye kuri iki civugo ngo “Dukenguruke ingabirano y’Ekleziya Muryango, igaburirwa na Bibliya nyeranda ikarangwa n’ingo nyeranda be n’ibanga ry’ukwihebera Imana”, n’ikiringo c’imyaka itanu y’ubutumwa yari yahariwe kumenya, gukunda, gukundisha n’ukwubaka Ekleziya Muryango tuyobowe na Kristu , naco nyene cariko kirarangira. Wari kandi umubarwa w’ugutora icivugo c’imyaka itanu 2015-2020 yimirije bagirako baca batangurira ku ndinganizo y’umwaka waco wa mbere w’ubutumwa 2015-2016. Iyo nama yitabwe n’abashika 115.

 Umwungere, ariwe mwene kuyobora inama, yayuguruje igisabisho c’ugusabira Umuryango wa Diyoseze kw’isaha ya gatatu n’iminota 17 hamaze gushika abapatiri bari musi ya 40. Inyuma y’ico gisabisho, patiri Odasi NZOPFABARUSHE yaciye amenyesha ingene ibikorwa vy’uwo musi vyari biringanijwe. Iyo ndinganizo nayo yari iyi :

-        Isaha zitatu : igisabisho n’ijambo ry’intango : Umwungere ;

-        Isaha zitatu n’inusu : kurimbura 2014-2015 na 2010-2015 : Ibiro nshingwabutumwa 

-        Isaha zine n’inusu : kwitsa canke kubaza ;

-        Isaha zitanu : intangamarara : Umwungere ;

-        Integuro ya 2015-2020 : Ibiro nshingwabutumwa ;

-        Isaha zitandatu n’inusu : gufungura ;

-        Isaha umunani n’inusu : guhanahana ivyiyumviro ku civugo ca 2015-2020 no ku civugo c’umwaka umwe umwe ;

-        Isaha icenda n’inusu : amatangazo ashikirizwa n’Umwungere, na patiri mukuru w’Iseminari y’i Mugera, n’abandi,..

-        Isaha icumi n’inusu : gutaha.

 

  1. KURIMBURA UMWAKA 2014-2015 N’IKIRINGO 2010-2015 BE NO GUTEGURA IKIRINGO GISHASHA 2015-2020

 

 Ijambo ry’intangamarara ryashikirijwe n’Umwungere wa Diyoseze

Inyuma y’igisabisho n’ishikirizwa ry’urutonde rw’ibikorwa vy’uyo musi, Umwungere yarahejeje arashikiriza ijambo ry’intango ari ryo ry’iri :

“Twari dusanzwe tuzi ko iyi nama iturindiriye kandi twoyikoze mu gihe cayo. Ariko kubera ko jewe mpamagawe mu nama i Roma mu mpera za munyonyo kuva kw’igenekerezo rya 28 gushika ku rya 30 zakwo, nashatse ko iyi nama tuyigira hakiri kare, ivyo dutegekanya kurangura tugashobora kubikorana turi kumwe namwe mwese.

Turahejeje umukama w’imyaka 5 twagerageje gutegereramwo icarico Ekleziya- Muryango kandi vyaribonekeje ko ico kiringo cagize ico kituvyariye. Abakristu bagategera ugusumba ico bari. Ni vyiza kandi mbere ko twahavuye tunabona bamwe bamwe mu bacu bakididira. Nibwira ko n’ibimaze imisi biba mu gihugu vyohava bidindiza bamwe bamwe mbere bagasubira n’inyuma tutahagabiye. Ariko rero, turavye ivyagiye birakorwa, biratwereka ko abakristu bateye imbere mu guserura ko bagize umuryango kandi ko uwo muryango bawukorera bwa muryango bakawitaba bwa muryango.

Hasigaye ko bawurwanira bwa muryango, ntibishinge kuguma aho baterwa ubwoba n’aba na bariya mu gihe uwo muryango ufise akantu koshobora kuwugirira nabi canke kagatuma benewo badebukirwa. Ko turi mu kibira c’amadini n’amashengero, bomenya guhagararira umuryango wabo, naco ico bumvise kidahuje n’uwo muryango bamenye kugicira urubanza n’ukucigirayo. Aho  ndazi neza ko tuhakeneye iyindi ntambwe y’ukugira.

Ikiringo twari twageneye imyaka itanu tuzogisozera ku musi mukuru wa Kristu Mwami twimirije. N’uyu mwaka w’ubutumwa twari twageneye gukenguruka uzoba nawo nyene uheze. Na wo nyene ndavye indimburo twawugiriye, ni ivy’ukuri hari imvo nyishi z’uguhimbarwa n’ivyawurangutsemwo. Turumva ko abakristu bose bahimbawe n’ico Umukama yagiye araduhanura twese atwerekeza ku co yadukundiye kurangura.

Tugira ngo rero dutangure ikindi kiringo uwundi mukama w’imyaka itanu. Nipfuje kandi ko ya Nama y’Umuryango wa Diyoseze yatugiriye akamaro mu nteguro yayo,  itugirira n’akamaro mw’iranguka ryayo. Ibintu bishasha dufatiye kuri Ekleziya twayivugiyemwo, tuzobirindiriza inzira bibwirizwa gufata. Ku rwego rw’Inama y’Abepiskopi mu Burundi, bizoja hamwe n’ivy’ayandi madiyoseze birungikwe i Roma. Nabo bazoraba hasi hejuru ibirimwo, hanyuma bazobiduheko inyishu. Imvo ni ukugirango barabe ko tuguma muri bwa bumwe. Si rero ugushaka gusa kuraba ico dukora. Ikindi gituma, ni ukugirango barabe ko ingingo twafashe mw’Ekleziya ataco zokwononera ama-Ekleziya adukikije aha mu Burundi nyene n’ayari mu bihugu bidukikije canke biri hafi y’Uburundi. Ababibona bari hariya i Roma bazofatira ku co tuzoba twaberetse barabe ko kijanye n’iryo sangira-mutima, ku nama tubwirizwa kwamana. Bazoheza baturekurire kubishira mu ngiro. Ariko rero, ivyo twari dusanganywe ntitworeka kubishira imbere.

Uyu musi rero, tugende tubikoze. Turatangura umwaka wa Yubile udasanzwe w’ikigongwe c’Imana, na co kikaba gifatanye n’ico abantu duhana  kibwirizwa kuba cavomye mu Mana, caje kiva mu mpuhwe zayo. Ata gukeka,  turashobora gushira mu ngiro Inama y’Umuryango  wacu duhereye ku coroshe gusumba ibindi. Naho tutokidomako urutoke, ko tuzogenda turaba ikigongwe Imana itugirira kikadukomeza mu kukigiriranira, nibwira ko turi mu mutima, mu ntimatima y’iyo Nama y’Umuryango wa Diyoseze ya Gitega”.

Iryo jambo rirangiye, Patiri Audace Nzopfabarushe yarasomye inyishu zagiye ziratagwa ku bibazo vyo kurimbura umwaka 2014-2015, ikiringo 2010-2015 be no gutegura ikiringo gishasha 2015-2020. Ariko yatanguriye ku kwibutsa ingene ico gikorwa caranguriwe mu Ntara z’Ubutumwa aho Ivyariho vy’Umwepiskopi vyari vyakoranije abasaserdoti, n’abihebeyimana ; kirarangukira kandi mu maparuwase aho inama z’amaparuwase zakoranya abazigize. Bose nyene bishura ku bibazo vyari vyarungitswe n’Umwungere. Nguku uko yavyibukije

-        Kw’igenekerezo rya 5/8/2015, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega yarandikiye mu gifaransa umugwi urimwo ivyariho vyiwe, abapatiri 8 n’umukristu mulayike bajejwe ubutumwa bumwe bumwe ku rwego rwa Diyoseze, abasaba gukorana ngo bigire hamwe ivyokorwa mu mwaka wa Yubile idasanzwe y’Ikigongwe, uzoba umwaka uza. Ng’ibi ibibazo yabatereye :

  1. Muri Diyoseze yacu, twogira iki mu mwaka w’ikigongwe?
  2. Twokigira ryari ?
  3. Twokigira gute ?

Kw’igenekerezo rya 9/9/2015 naho Umwungere yarandikiye mu gifaransa Ivyariho vyiwe abisaba gukoranya abasaserdoti kugirango na bo nyene bige ivy’uwo mwaka uza, mbere bige ivy’imyaka itanu y’ikiringo cimirije, kuko ikindi kiriko kirahera. Ngibi ibibazo yabatereye :

  1. Ikete « Misericordiae Vultus » muryiyumvirako iki ?
  2. Ivyo ryatumye mwibaza ni ibihe?
  3. Imigwi y’abantu ikeneye kwitwararikwa gusumba iyindi kuvyerekeye ikigongwe c’Imana ni iyihe?
  4. Mubona turi Ekleziya nyakigongwe? Turi yo canke tutari yo bibonekera kuki?
  5. Hokorwa iki  mu mwaka w’ikigongwe ?
  6. Twimirije gutangura ikindi kiringo c’imyaka 5 kizorangwa n’ugushira mu ngiro ivyapfunditswe n’Inama y’Umuryango wa Diyoseze.Icivugo c’ico kiringo coba ikihe? Ivyivugo vy’umwaka umwe umwe vyoba ibihe? Icivugo c’umwaka 2015-2016 cobamwo ikigongwe c’Imana.

-        Kw’igenekerezo rya 05 gitugutu 2015, Umwungere wa Diyoseze yarandikiye abasasedoti bayoboye amaparuwase n’uwuyoboye Ibiro vy’Indero muri Diyoseze. Yabasaba gukoranya inama za paruwase ngo zirimbure  ubwa mbere umwaka w’ubutumwa 2014-2015 ; ikiringo c’imyaka itanu 2010-2015. Ubwa kabiri zitegekanye ikindi kiringo c’imyaka itanu 2015-2020, n’umwaka wa mbere 2015-2016 w’ico kiringo.

Ibibazo bisunga muri ukwo kurimbura n’ugutegekanya vyari ibi :

  1. Mw’iparuwase yanyu mwakoze ibiki bijanye n’icivugo c’uyu mwaka 2014-2015 ?
  2. Mubona iki kiringo c’imyaka itanu (2010-2015) twari twahariye Ekleziya kidusigaranye ivyiza ibihe ?Hari akoba kagihaze ? Ni akahe ?
  3. Twaragize Inama y’Umuryango wa Diyoseze yerekeye ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe.Twimirije umwaka wa Yubire idasanzwe w’ikigongwe c’Imana. Mu mwaka uza hazobera i Kigali mu Rwanda Isabukuru mpuzamakungu y’ikigongwe c’Imana. None icivugo c’imyaka itanu 2015-2020 yimirije, cobamwo ivyo vyiyumviro vyose, coba ikihe ? (Iparuwase imwe imwe irungike iciyumviro kimwe gusa).
  4. Icivugo c’umwaka wa mbere (2015-2016) coba ikihe ?
  5. Muri uno mwaka wa mbere 2015-2016, twokora iki n’iki?

-        Inama y’ukurimburira hamwe ku rwego rwa Diyoseze ico gikorwa yayitumiriye ku magenekerezo ya 26 na 27 gitugutu 2015. Kubera ico yabasavye ko boba bashikanye ivyegeranyo mu Biro Nshingwabutumwa vya Diyoseze gushika kw’igenekrezo rya 22 gitugutu 2015.

Icegeranyo c’inyishu c’ivyo bibazo carashimishije bose. Ariko hatanabaye akanya ko kucitsa.

A. Ukwitsa n’ukwunganira icegeranyo c’ivyaranguwe 2010-2015 :

Umwungere :

-      Yarashimye ivyegeranyo vyashikirijwe.Yaboneyeho gukebura abatarondeye canke boba batitayeho kuronderera umwanya w’ukwishura ibibazo bijanye n’iryo rimbura ngo babishikane mu Biro Nshingwabutumwa vya Diyoseze nkuko vyari vyasabwe. Bose barategerejwe kugira ivyo vyegeranyo. Abatabigize baragira nabi kuko atawuheza ngo amenye aho iparuwase barimwo igeze.

-      Yarahsimye ko Umukama yatwongerereje kuko nyene twakengurutse turavye ivyakozwe bikaranguka. “Mbonye ivyo abakristu n’abasaserdoti bakoreye hamwe ngiye guhezagira amasengero, birahimbaye. Sinoreka gushima ibikorwa murangura mu maparuwase, mumashure. Hensi ibintu biriko birahinduka neza ku buryo n’amashure kaminuza yugurutse cne mu vy’ukwemera gushika aho mbere hasabwa abakristu b’abanyeshure barekurirwa kuba abasangizi : imisore n’inkumi bakira ubutumwa bagenzi babo bakagira bati murabubereye. Birashika kumutima”;

-      Arakenguruka n’ingene yagiye arakirwa neza mu maparuwase yagendeye muri uyu mwaka. Abantu baza ari benshi bagshikiriza Umwepiskopi ibibazo bishika kure. Igihe c’ukumsezera naho, baramutekerera bagira bati ntiyogenda iminwe misa ata kazamuzo aronse. Baratana inka, intama, impene.Hambavu y’ivyo, baratanga n’udufungurwa bamurungikana ngo aje guhembuza abana b’aboro n’impfuvyi.Birerekana ko n’aho hari abantu bari ku rushi bauga ibintu bigoramanze, abakristu dufise ubu barazi ico bari;

-      Asaba ko amaparuwase aja arakira abava mu yandi madini bagaruka muri Ekleziya yacu yotanga ibitigiri vyabo batarindiriye ibihe amaparuwase yose abisabwa ;

-      Asabako akagihaze kokwicarirwa. Aribaza ko hoshirwa mu ngiro icaserutse mu gihe c’Isasa y’Inama y’Umuryango havugwa ko igicumuro c’amacakubiri kigiye ahabona coshigwa mu mutigiri w’ibicumuro vy’icese. Ikibazo rero yatereye abari mu nama : abantu bagira amacakubiri mu buryo bwiyanikiye, umuntu yanka uwundi ngo ni uko badasangiye ubwoko, ubwo nticofatwa ko ari igicumuro c’icese?

 

B. Ukwitsa n’ukwunganira icegeranyo c’itunganywa rya 2015-2020, hamwe no kubaza

Ivyiyumviro vy’Umwungere:

-      Mu vyivugo vyashikirijwe, Umwungere yarabonye ko icagutse ane coba ciza ari ikivuga Mutima Mweranda: Mutima w’ikigongwe arekura ibicumuro (Yohani 20,23 : « Ni muhabwe Mutima Mweranda, abo bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo, bizobagumako ». Yaradondaguye amaparuwase amwe amwe mu yahurije kuri Mutima Mweranda : Mwaro, Shombo, Kibungere, Bugendana, Gahemba, Nyabikere, Mubuga-Rutonde. Ariko n’ayandi yaramuvuze mu bundi buryo. Arondeye kumenya aboshima ko icivugo coshimikira kuri Mutima Mweranda, yarasavye abari mu nama bavyemeye gukiriza intoke maze haharurwa abantu 65 kw’ijana na batanu bariho.

-      Yarabonye kandi ko uwundi mutigiri washimye gufatira ku Nkuru nziza yanditse Luka : « Ni mube abanyakigongwe, nkuko na So wanyu ari umunyakigongwe »(Luka 6,36) ; canke iyanditse Matayo : « Ni mwarekurira abandi ibicumuro vyabo, So wanyu wo mw’ijuru namwe azobarekurira »(Matayo 6,14).

Ko ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe ari igikorwa ca Mutima Mweranda, Umwungere yavuze yuko ari ho umuntu azofatira mu kugobotora icivugo.

v  Abavuze ko ivy’ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe twobifatira ku mugani w’ikirundi uvuga ko « Intibagira itabana, Umwungere yavuze ko ukurekurira uwangiriye nabi atari ukwibagira ivyo yangiriye. Ni ugufata ingingo y’ukuvyibuka bitanteranya na we. Sindi bureke kwibuka ikofe umuntu yankubise ashangashiwe. Ukurekurirnira gutuma nibuka iryo kofe, ariko ntaca ndamugurukirako ngo ndamwihore ;

v  Hari uwavuze ko vyobaye vyiza Ekleziya yakiriye kuruta uko yahora bamwe dukunda gukumira canke kuraba nabi kuko bari mu bicumuro vy’icese ;

v  ku civugo hojamwo akajambo k’ukwemera kuvuga ivyatugoye, ivyatubabaje ku mutima, uwagiriye nabi uwundi akavyemanga, agashira ahabona ivyo yagiriye nabi uwundi

v  Ku biraba ibidukikije vyashikirijwe n’iparuwase imwe, Umwungere yipfuza ko hoboneka umwanya w’ukwiga Ikete ry’Umuvyeyi wacu Papa Fransisiko ribivugako vyinshi. Hari ivyo turiko turakora mu Burundi vyonona ibidukikije. Kubw’ivyo, turi kure y’ugusonera iteka ry’umuntu. Ubuzima ntaco bukivuga. Tudasubiye kubwubaha, abantu bazomarana ataco bibabwira bagume bicana. “Ecologie humaine” turabe ingene twoyishira muri iyi myaka, iyo nyigisho nayo nyene ize hafi yacu. Ukwubahiriza ivyo Imana yaremye biraturaba kandi biri mu gusubiza hamwe. Ntitubirondereko ibitunezereza gusa. Iyo ducukura ubutare tuze turibaza aho tugeze ntidutume hisenya. Ntidushike aho twiyononera. Iryo Kete turabe aho tuzorishira ridufashe gutegera uko gusubiza hamwe.

v  Tuzozigama ibi vyiyumviro, maze mu kwezi kwa munyonyo 2016 bazosubire babizane tuzorabe ivyo twoshima. Amaparuwase ni vyiza ko yoba yavyicariye. Ivyivugo vy’iyindi myaka bizoronka umuco wuzuye mu mwaka uza dutegura 2016-2017

v  Mu vyokorwa, dufatiye ku vyavuzwe n’abasaserdoti, abihebeyimana canke amanama ya Paruwase, tworaba ibikurubikuru twofatirako. Mu biraba ibikoresho vy’ugutegera ikigongwe c’Imana, iryo Kete rya Ppa rizoba iremezo ry’amapfungo ya Pasika twimirije. Turisome dushireko inyigisho ijanye n’ico gice duhejeje gusoma, duhanahane ijambo rijanye na co. Ryarahinduwe mu Kirundi na patiri Mariselo MUDOMO, hasigaye ko rikosorwa maze rikandikwa, rikagwizwa rigashikirizwa Igihugu c’Imana ;

v  Ku biraba umutima, twohanura cane  twongera dufasha abakristu gushika ku kurekuriranira.Babikore kandi babiserura bagira bati ego wewe ndakurekuriye kuko wanyibwiriye ko iki wakingiriye n’impaka. Ntikizokworoha ariko ca kigongwe c’Imana dushaka guhabwa, natwe twogihera ahabona. Urwo ruhande ruje ahabona rwose.

v  Hari n’uwundi mugirwa w’ugushikana ikigongwe c’Imana muri twebwe wari ubereye : dusukure amatongo y’abapfuye duhereye ku yari hafi y’amaparuwase yacu n’ibisata vyacu. Twonabimenyesha abakuru b’intwaro ngo badufashe kurangura ico gikorwa. Ni igikorwa coduha ingabirano nyinshi kuko aha mu Burundi twahamvye benshi kandi henshi. Twobanza tukamenya aho bahamvye, tugaheza tukaraba ingene twoza turakurakuranwa kuhasukura. Cokwereka n’abandi bantu ico twebwe Ekleziya Katolika tumaze. Na za mpafu zirimwo abantu amajana twashaka kuzishikako. Na rwa ruhafu batayemwo abantu babiri canke cumi, ibinogo vyamiraguye abantu bacu ni vyaba biri ahabona, tubigire neza twemeze ko aho hantu hatawe abantu. Tuvyemeranije, twohava tugahanuza diyoseze ya Ruyigi yabitanguye, ingene yavyifashemwo. Kitubere mu migirwa y’uguseruriranira ikigongwe muvy’umutima no muvy’umubiri.

v  Hambavu y’ivyavuzwe, dushiremwo n’indurjensiya. Tuzobwirizwa gutegura inyigisho nyinshi ziraba indurujensiya, abakristu bamenye ico arico, ico idufasha tumaze kuyironka, ko ari itunga rinini Ekleziya ifise nk’ikigongwe c’Imana cuzuye. Ni iciyumviro kizoherekeza cane cane umwaka uza twamaze kuvyiyumvira mbere n’ugusenga tugasenga;

v  Ibiraba inyigisho : inyigisho nyamukuru izova ku kumenya neza iryo Kete ry’Umuvyeyi wacu Papa

v  Abepiskopi bipfuza kwugurura uwu mwaka w’Iyubire y’ikigongwe c’Imana ku Kirimba ca Bikira Mariya i Mugera kw’igenekrezo rya 8 kigarama 2015. Kuri uwo musi, bipfuza ko Umwepiskopi mukuru wa Gitega yugurura Irembo ry’ikigongwe kw’isengero ya Mugera. Twese twokwitaba ubwo butumire, abasaserdoti benshi bashoboka b’i Gitega tubwitabane umutima w’ugusangira n’abandi. Kw’igenekerezo rya 13 kigarama naho, Umwungere azokwugurura irembo ry’ikigongwe kw’isengero nkuru ya Diyoseze, ku Mushasha. No ngaho, abasaserdoti bobishobora, vyoba vyiza baje, kandi bakazana n’abakristu baserukira paruwase zabo, baze bategere icarico iyo Sengero nkuru. Ku musi w’Imana ukurikira, Ivyariho vy’Umwungere mu Ntara z’ubutumwa na bo bazokwugurura amarembo y’ikigongwe ku masengero aruta ayandi mu myaka. Mu ntara y’Ubutumwa ya Mugera, Gitongo ni yo izoba yerekewe n’ivyo birori, ko Mugera izoba yakiriye Uburundi bwose ; mu Ntara y’ubutumwa ya Karusi bizobera i Karusi ; mu ya Mwaro bibere mu Kibumbu ; mu ya Makebuko bibere i Makebuko ; mu ya Gishubi bibere i Nyabiraba. Mu Ntara ya Gitega ibizoba vyabaye ku wa 13 kigarama bizoba bikwiye.patiri Emmanueli NGEZIMINWE azotegura imigirwa y’ayo masabamana afatiye ku y’uguhezagira amasengero.

v  Birashoboka ko twokwugurura umuryango w’ikigongwe mu maparuwase amwe amwe adasanzwe : nk’iparuwase y’ibohero ko bafise agasengero kabo. Ahandi, nko mw’iparuwase y’abasoda n’iy’abapolisi naho nyene tuzokwiga ingene ico gikorwa coranguka kandi tugihe n’imisi. Ahari amasengero agendwa imisi yose, tuzoringaniza uburyo abakristu bavyipfuza bagenda bahasanga umusaserdoti canke uwundi mwigisha abafasha kwakira iyo ngabirano. Bica bifatana na kwa kuronka indulujensiya. Ari naho iryo rembo ry’ikigongwe rizogira ibihe ryugururwa cane cane mu misi y’ibikorwa. Aho hose umugirwa uzoba wagizwe, tuzorinda gushira urwandiko kuri urwo rugi ko ari ryo rembo ry’ikigongwe c’Imana.

v  Ku biraba ibicumuro bisanzwe birekurwa n’Umwepiskopi canke na Papa basa, Papa azoturungikira abasaserdoti ahareye uruhusha n’ubwo burenganiza ku buryo budasanzwe bw’ukurekura ibicumuro we nyene abwirizwa kurekura. Ingene bitegekanijwe ntibiratomorwa.

Hari n’ibindi vyiyumviro vyashikirijwe muri iyo nama.

Ingingo y’Umwepiskopi : Komite itegura umwaka w’ikigongwe muri Diyoseze izoba igizwe n’aba :

-      Patiri Odasi NZOPFABARUSHE, Umuyobozi w’uwo Mugwi ;

-      Patiri Venansi MPOZAKO ; Ikirimba ca Bikira Mariya c’i Mugera ;

-      Incoreke ya Bikira Mariya ifashanya na Patiri Venansi MPOZAKO ;

-      P Yohani Klaudiyo NKURUNZIZA, Ikirimba ca Bikira Mariya co ku Mushasha ;

-      Umubikira yunganira patiri Klaudio NKURUNZIZA ; Mama Serafina (BB)

-      P Yusino MUSAKANYIGA, Ikirimba ca Bikira Mariya c’i Kavumu ;

-      P Dominiko Adriano NTUKAMAZINA ;

-      P Luka Baltazaro HAKIZIMANA ;

-      P Emanueli NGEZIMINWE ;

-      P Timothée HAKIZIMANA

-      Umukristu wo kuri paruwase Mwungere Mwiza

 

AMATANGAZO 

1º) Patiri Baranaba NTAHOYAMA yashikirije ibijanye n’ubuzima bw’Iseminari ya Mugera n’ubuzima bw’itorwa.

2º) Patiri Inyasiyo MBONINYIBUKA : ahanini yibutsa ko

-      Umuvinyu w’imisa utegakanywa ari uw’amezi 12 agize umwaka. Aya mango umengo hari amakenga ko uzohava utuzuza ayo mezi. Mu kurindira umushasha, hoba isabikanya, ntihagire abasaba vyinshi ngo batume abandi babura. Amaparuwase aguma ari yo ya mbere awugenerwa ;

-      Abatararungika ivyegeranyo vy’ikoreshwa ry’amafranga ku biringo bitegekanijwe bovyihutira ;

-      Abataratanga ic’icumi c’imperezwa c’igice ca gatatu bahereza Diyoseze, ni bavyihutire kuko ico gihe caheranye n’ukwezi kw’icenda ;

-      Ya ntererano y’ukugura umuduga w’Umwungere yoba yashitse mu kigega ca diyoseze mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2015. Gushika ubu, amaparuwase ane ni yo amaze gushikana amafranga 4 316 520. Hamaze kuboneka aya  mbere yizeza ko n’ayandi azoteba akaboneka, twoba turayisaba iyo ziva. Mugabo, ico tutari bushobore kugira ubu, ni ukugurisha iyishaje ihasanzwe, kuko Umwungere atoheza ngo aronke ikiba kiramwunguruza mu butumwa.

3º) Patiri Gahetano RUCEKE na we nyene yibutsa ko Ibisata vyose vyerekeye Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu vyoronswa abasaserdoti bemewe n’Umwungere. Vyotuma ivyo bikorwa bimenyekana cane. Umwungere yaracakiriye neza aca aboneraho n’ugusaba ko hagati mu mwanya, abasaserdoti bose bokwitwararika ivyo bikorwa vyose uko ari bine.

4º) Imbere y’ugusozera inama, Umwungere yaramenyesheje uko ibikorwa vy’ikigega c’ukubikira hamwe n’ukuguranana CCI-ODAG bigize imisi vyarahungabanye. Haracaronderwa icabitumye ngo hashikirizwe ijambo ritomoye. Igitanguye kwibonekeza mugabo, nuko vyatanguye guhungabana amaparuwase ubwayo ata ruhara abifisemwo. Haciye hajamwo n’ikinyomma c’uko ngo ari amafranga yarungitswe na Papa nk’imfashanyo ica muri Karitasi. Icipfuzo ni uko abari bafisemwo utwabo twobagarukako n’ingoga.

 

GUSOZERA INAMA

 Ibikorwa vy’iyo nama Umwungere yabisozereye akengurukira abavyitavye abashimira n’ingene ikiyago cagenze neza, aca atera igisabisho c’ukuyisozera. Hari kw’isaha y’icumi n’iminota 37.