Skip to main content

Radio-Mariya i Kibeho ! Umva ijwi risemerera!

Ejo haheze kw’italiki 8 kigarama, twarahimbaje umusi mukuru w’isamwa ata gicumuro rya Bikira Mariya. Mu gihugu c’Urwanda naho, kuwa 28/11/2018 i Kibeho, magingo bariko baribuka imyka 37 iheze Bikira Mariya ahabonekeye (ku ncuro ya mbere), Radiyo Mariya-Rwanda yahashinze icese ikibanza co gusamiraniramwo yisunze ko Bikira Mariya yabonekeye mur’ico kibanza, yisunze kandi ko ubukandizi bwa Bikira Mariya mu gikorwa co gusamiriza Inkuru nziza ya Kristu ari ntangere.  Birabereye rero ko turata uwo muvyeyi, tukazirikana n’ingene yaduteye iteka ku kuza kuturamutsa mu gihugu kibanyi.

Amabonekerwa y’I Kibeho. Yatanguye 28/11/1981 gushika 28/11/1989. Niyo ya mbere yemejwe muri Afrika ; Ekleziya yayemeje mu mwaka w’2001, inyuma y’amatohoza akomeye, kandi yisunze amategeko bijanye.

Vyatanguriye mw’ishure rikuru ry’abakobwa riri mu minwe y’ababikira Bene Bikira i Kibeho, atari kure y’i Butare (hagati ya kibeho na butare hari ibirometero 30). Uwitwa Alfonsine MUMUREKE ni we yatanguye kwumva ijwi rya Bikira Mariya , mu nyuma aramubona ngo ari mwiza cane, amuhishurira ko ari Nyina wa Jambo, ko aje kumuhoza, amusaba kwigisha  abandi bana gusenga no kwambaza uwo muvyeyi. Mu ntango benshi baramutwenga bibaza ngo ararwaye ; niho yasaba  Nyina wa Jambo ko yobonekera n’abandi kugirango bashobore kwemera yuko ariwe yaje koko. Yaramwumviye kuko yahavuye abonekera n’uwitwa Nataliya MUKAMAZIMPAKA, hamwe na Mariya Clara MUKANGANGO.

Yarababwiye ko ubutumwa bumuzanye atari ubw’abanyarwanda gusa, ariko ko ari ubw’isi yose. Ahanini ubutumwa bwari ubwo kuturemesha, no kudusaba ibi bikurikira : guhinduka, guharanira ubumwe n’amahoro, kugira utwigoro no gusangira ububabare na Kristu. Yarigeze no kuboneka ariko ararira, ababonekewe baravuga ko beretswe ikiyaga c’amaraso n’abantu bicana. Aho habereye ubwicanyi mu ntambara yo mu Rwanda yo 1994 niho bagiye imahwi baratahura ko Bikira Mariya yari yaje kubaburira.

Igikorwa c’itohoza giheze, niho kuwa 29/6/2001 Musenyeri Ogustino Misago, umwungere wa Gikongoro, kw’izina rya Ekleziya, yatangaza icese, imbere y’intumwa ya Papa, n’abandi bepiskopi, ko Bikira Mariya yabonekeye i Kibeho ku wa 28/11/1981 no mu mezi akurikira , akimenyesha nka Nyina wa Jambo ; ko yabonekeye abo bigeme batatu (Mureke Alphonsine, Mukamazimpaka Nathalie na Mukangango Mariya Clara). Kuwa 31/5/2003 sa yine yo mu gatondo, niho Kardinali Crescenzio Sepe yarungitswe na Papa gukwangura no guhezagira icese isengero ryitiriwe Mariya umugabekazi w’ububabare ryubatswe aho I Kibeho.             

I Kibeho,  BikiraMariya yaravuze ati :

“Ndi Nyina wa Jambo; Umwana wa Mariya ntatana n’imibabaro; Ni mwisubireko bidatevye; Ni mwibabaze mufatanya na Yezu gucungura isi; Ni muzirikane ishapure y’ububabare bwa Bikira Mariya; Ni musenge ubudasiba musengera Ekleziya; Ni mukomere mu kwemera; Ni musenge cane musabira isi; Ni mwisubireko kugira ntimugwe mu manga; Ni muzirikane ishapure n’irozari; Ntawe uzagera mw’ijuru utababaye; Ni mugarukire Imana”.  

A. Timothée HAKIZIMANA. 

 

YUBILE Y'IMYAKA 100 UMUVYEYI BIKIRA MARIYA ABONEKEYE LUCIA, YASINTA NA FRANCISKO I FATIMA

Kw’igenekerezo rya 30 nyakanga 2017, Ekleziya y’i Gitega yarahimbaje Yubile y’imyaka 100 Bikira Mariya abonekeye abana batatu, Lusiya, Yasinta na Francisko, i Fatima mu gihugu ca Portugalo. Uwo musi mukuru wasabwe (ko woba mu madiyoseze yo kw’isi yose) na Nyenubweranda Papa Francisko igihe yasozera umusi mukuru w’ihimbazwa ry’iyo Yubile nyene ku wa 13 rusama i Fatima. Kuri iyo taliki nyene, niho Papa yashira ku rutonde rw’aberanda babiri muri abo bana, aribo Yasinta na Francisko. Twokwibutsa ko Umuvyeyi Bikira Mariya yababonekeye incuro 6 zose mu mezi 5, ni ukuvuga, kuva kw’igenekerezo rya 13 rusama gushika ku rya 13 gitugutu 1917.Yabahaye ubutumwa bazoshikiriza Ekleziya yose bushimikiye ku guhinduka, gusenga cane tuvuga irozari, no kwishikana ku Mushaha wiwe utatyoye ngo isi ironke amahoro. Ni mu gihe intamabara ya mbere y’isi yose (1914-1918) yari iriko irabica bigacika.

 

Urubanza rero, ino iwacu, rwabereye ku Kirimba citiriwe Bikira Mariya Umugabekazi w’i Fatima, Umuvyeyi wo Guhinduka no Gusubizahamwe, kiri i Kavumu, muri Paruwase Bikinga; kikaba kirabwa n’Ababikira ba Bikira Mariya Inabwuzure. Harabaye ingendo nyeranda zagizwe n’abakristu baje bava irya n’ino. Kuva ku mugoroba w’uwagatanu italiki 29/9, habaye inkuka ya misa yo kwugurura igiteramo ceranda yakurikiwe n’uguse-nga, ukwigishwa hamwe no gutanga isakaramentu ry’ikigongwe, ijoro ryose. Bukeye, ku musi w’urubanza nyezina, umwepiskopi mukuru wa Gitega yarigishije ishengero ryari ryakinje (mu misa) ashimikiye kuri aya majambo: “Twifatanye n’Umuvyeyi Bikira Mariya tube abasavyi b’Umukama b’ukuri, turangure ubutumwa uwo muvyeyi aduhaye: guhinduka ngo dushobore gusubiza hamwe nk’abana b’Imana, tugaruke kuri iyo Mana, twubake Ekleziya-Muryango.

 

Umwungere wa Diyose yaribukije ko kubonekerwa ari ingabirano y’Imana: uwuvyihagira agashaka kubigira agatongo kiwe, aba ariko aravyibuza na gose! Niho rero yatumirira ishengero kwitabana ubwira ubwo butumwa bwa Bikira Mariya avuga ati: “Ni muhinduke kugira ngo muronkere amahoro isi! Ni mwijukire igisabisho c’irozari, igisabisho kibafasha kubana n’Imana no kubana n’abayo! Erega Intango yo guhinduka ni ukuba umusavyi w’Umukama!”Yaciye asigura iryo jambo yishimikije uturorero twa Noé, Aburahamu na Musa; aranerekana umuhamagaro, ingiro n’ingendo vy’Umusavyi n’Umu-suku w’Imana, nkuko umuhanuzi Izaya abidonda mu ndirimbo zine dusanga mu bigabane vya 42; 49; 50; 52 na 53 vy’igitabu ciwe. Uwo musuku nawe arangwa no kwakira ishaka ry’Imana naho yokwikorera umusalaba nka Kristu, we Musuku w’abasuku. Yasozereye asubira gusaba ishengero guhinduka ngo tuzanire uburundi bwacu amahoro. Ati: “Ivyo navyo bizoba twemeye kuba abasuku b’Imana basa na Kristu; tukemera kubeshwaho n’infungura  yo gukora ishaka ry’Imana nka Kristu nyene”. (P. Timothée HAKIZIMANA)  

To top

IMISA ISOZERA INAMA Y’ISHIRAHAMWE RY’ABEPISIKOPI KATOLIKA B’I BURUNDI N’I RWANDA (Catedral Mushasha, 22-3-2017))

INAMA Y’ABASASERDOTI BOSE YO KURIMBURA UMWAKA W’UBUTUMWA 2014-2015, N’IKIRINGO C’IMYAKA ITANU 2010-2015 KIRIKO KIRAHERA, BE N’UGUTEGURA IKIRINGO GISHASHA C’IMYAKA ITANU 2015-2020

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 26 gitugutu 2015, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega yarakoranije abasaserdoti bose mu nama yabereye mu nyubakwa z’urugo rwa Marita mweranda i Gitega-Nyabututsi. Iyo nama yari iy’ukurimbura umwaka w’ubutumwa 2014-2015 wariko urarangira, wari washimikiye kuri iki civugo ngo “Dukenguruke ingabirano y’Ekleziya Muryango, igaburirwa na Bibliya nyeranda ikarangwa n’ingo nyeranda be n’ibanga ry’ukwihebera Imana”, n’ikiringo c’imyaka itanu y’ubutumwa yari yahariwe kumenya, gukunda, gukundisha n’ukwubaka Ekleziya Muryango tuyobowe na Kristu , naco nyene cariko kirarangira. Wari kandi umubarwa w’ugutora icivugo c’imyaka itanu 2015-2020 yimirije bagirako baca batangurira ku ndinganizo y’umwaka waco wa mbere w’ubutumwa 2015-2016. Iyo nama yitabwe n’abashika 115.

 Umwungere, ariwe mwene kuyobora inama, yayuguruje igisabisho c’ugusabira Umuryango wa Diyoseze kw’isaha ya gatatu n’iminota 17 hamaze gushika abapatiri bari musi ya 40. Inyuma y’ico gisabisho, patiri Odasi NZOPFABARUSHE yaciye amenyesha ingene ibikorwa vy’uwo musi vyari biringanijwe. Iyo ndinganizo nayo yari iyi :

-        Isaha zitatu : igisabisho n’ijambo ry’intango : Umwungere ;

-        Isaha zitatu n’inusu : kurimbura 2014-2015 na 2010-2015 : Ibiro nshingwabutumwa 

-        Isaha zine n’inusu : kwitsa canke kubaza ;

-        Isaha zitanu : intangamarara : Umwungere ;

-        Integuro ya 2015-2020 : Ibiro nshingwabutumwa ;

-        Isaha zitandatu n’inusu : gufungura ;

-        Isaha umunani n’inusu : guhanahana ivyiyumviro ku civugo ca 2015-2020 no ku civugo c’umwaka umwe umwe ;

-        Isaha icenda n’inusu : amatangazo ashikirizwa n’Umwungere, na patiri mukuru w’Iseminari y’i Mugera, n’abandi,..

-        Isaha icumi n’inusu : gutaha.

 

  1. KURIMBURA UMWAKA 2014-2015 N’IKIRINGO 2010-2015 BE NO GUTEGURA IKIRINGO GISHASHA 2015-2020

 

 Ijambo ry’intangamarara ryashikirijwe n’Umwungere wa Diyoseze

Inyuma y’igisabisho n’ishikirizwa ry’urutonde rw’ibikorwa vy’uyo musi, Umwungere yarahejeje arashikiriza ijambo ry’intango ari ryo ry’iri :

“Twari dusanzwe tuzi ko iyi nama iturindiriye kandi twoyikoze mu gihe cayo. Ariko kubera ko jewe mpamagawe mu nama i Roma mu mpera za munyonyo kuva kw’igenekerezo rya 28 gushika ku rya 30 zakwo, nashatse ko iyi nama tuyigira hakiri kare, ivyo dutegekanya kurangura tugashobora kubikorana turi kumwe namwe mwese.

Turahejeje umukama w’imyaka 5 twagerageje gutegereramwo icarico Ekleziya- Muryango kandi vyaribonekeje ko ico kiringo cagize ico kituvyariye. Abakristu bagategera ugusumba ico bari. Ni vyiza kandi mbere ko twahavuye tunabona bamwe bamwe mu bacu bakididira. Nibwira ko n’ibimaze imisi biba mu gihugu vyohava bidindiza bamwe bamwe mbere bagasubira n’inyuma tutahagabiye. Ariko rero, turavye ivyagiye birakorwa, biratwereka ko abakristu bateye imbere mu guserura ko bagize umuryango kandi ko uwo muryango bawukorera bwa muryango bakawitaba bwa muryango.

Hasigaye ko bawurwanira bwa muryango, ntibishinge kuguma aho baterwa ubwoba n’aba na bariya mu gihe uwo muryango ufise akantu koshobora kuwugirira nabi canke kagatuma benewo badebukirwa. Ko turi mu kibira c’amadini n’amashengero, bomenya guhagararira umuryango wabo, naco ico bumvise kidahuje n’uwo muryango bamenye kugicira urubanza n’ukucigirayo. Aho  ndazi neza ko tuhakeneye iyindi ntambwe y’ukugira.

Ikiringo twari twageneye imyaka itanu tuzogisozera ku musi mukuru wa Kristu Mwami twimirije. N’uyu mwaka w’ubutumwa twari twageneye gukenguruka uzoba nawo nyene uheze. Na wo nyene ndavye indimburo twawugiriye, ni ivy’ukuri hari imvo nyishi z’uguhimbarwa n’ivyawurangutsemwo. Turumva ko abakristu bose bahimbawe n’ico Umukama yagiye araduhanura twese atwerekeza ku co yadukundiye kurangura.

Tugira ngo rero dutangure ikindi kiringo uwundi mukama w’imyaka itanu. Nipfuje kandi ko ya Nama y’Umuryango wa Diyoseze yatugiriye akamaro mu nteguro yayo,  itugirira n’akamaro mw’iranguka ryayo. Ibintu bishasha dufatiye kuri Ekleziya twayivugiyemwo, tuzobirindiriza inzira bibwirizwa gufata. Ku rwego rw’Inama y’Abepiskopi mu Burundi, bizoja hamwe n’ivy’ayandi madiyoseze birungikwe i Roma. Nabo bazoraba hasi hejuru ibirimwo, hanyuma bazobiduheko inyishu. Imvo ni ukugirango barabe ko tuguma muri bwa bumwe. Si rero ugushaka gusa kuraba ico dukora. Ikindi gituma, ni ukugirango barabe ko ingingo twafashe mw’Ekleziya ataco zokwononera ama-Ekleziya adukikije aha mu Burundi nyene n’ayari mu bihugu bidukikije canke biri hafi y’Uburundi. Ababibona bari hariya i Roma bazofatira ku co tuzoba twaberetse barabe ko kijanye n’iryo sangira-mutima, ku nama tubwirizwa kwamana. Bazoheza baturekurire kubishira mu ngiro. Ariko rero, ivyo twari dusanganywe ntitworeka kubishira imbere.

Uyu musi rero, tugende tubikoze. Turatangura umwaka wa Yubile udasanzwe w’ikigongwe c’Imana, na co kikaba gifatanye n’ico abantu duhana  kibwirizwa kuba cavomye mu Mana, caje kiva mu mpuhwe zayo. Ata gukeka,  turashobora gushira mu ngiro Inama y’Umuryango  wacu duhereye ku coroshe gusumba ibindi. Naho tutokidomako urutoke, ko tuzogenda turaba ikigongwe Imana itugirira kikadukomeza mu kukigiriranira, nibwira ko turi mu mutima, mu ntimatima y’iyo Nama y’Umuryango wa Diyoseze ya Gitega”.

Iryo jambo rirangiye, Patiri Audace Nzopfabarushe yarasomye inyishu zagiye ziratagwa ku bibazo vyo kurimbura umwaka 2014-2015, ikiringo 2010-2015 be no gutegura ikiringo gishasha 2015-2020. Ariko yatanguriye ku kwibutsa ingene ico gikorwa caranguriwe mu Ntara z’Ubutumwa aho Ivyariho vy’Umwepiskopi vyari vyakoranije abasaserdoti, n’abihebeyimana ; kirarangukira kandi mu maparuwase aho inama z’amaparuwase zakoranya abazigize. Bose nyene bishura ku bibazo vyari vyarungitswe n’Umwungere. Nguku uko yavyibukije

-        Kw’igenekerezo rya 5/8/2015, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega yarandikiye mu gifaransa umugwi urimwo ivyariho vyiwe, abapatiri 8 n’umukristu mulayike bajejwe ubutumwa bumwe bumwe ku rwego rwa Diyoseze, abasaba gukorana ngo bigire hamwe ivyokorwa mu mwaka wa Yubile idasanzwe y’Ikigongwe, uzoba umwaka uza. Ng’ibi ibibazo yabatereye :

  1. Muri Diyoseze yacu, twogira iki mu mwaka w’ikigongwe?
  2. Twokigira ryari ?
  3. Twokigira gute ?

Kw’igenekerezo rya 9/9/2015 naho Umwungere yarandikiye mu gifaransa Ivyariho vyiwe abisaba gukoranya abasaserdoti kugirango na bo nyene bige ivy’uwo mwaka uza, mbere bige ivy’imyaka itanu y’ikiringo cimirije, kuko ikindi kiriko kirahera. Ngibi ibibazo yabatereye :

  1. Ikete « Misericordiae Vultus » muryiyumvirako iki ?
  2. Ivyo ryatumye mwibaza ni ibihe?
  3. Imigwi y’abantu ikeneye kwitwararikwa gusumba iyindi kuvyerekeye ikigongwe c’Imana ni iyihe?
  4. Mubona turi Ekleziya nyakigongwe? Turi yo canke tutari yo bibonekera kuki?
  5. Hokorwa iki  mu mwaka w’ikigongwe ?
  6. Twimirije gutangura ikindi kiringo c’imyaka 5 kizorangwa n’ugushira mu ngiro ivyapfunditswe n’Inama y’Umuryango wa Diyoseze.Icivugo c’ico kiringo coba ikihe? Ivyivugo vy’umwaka umwe umwe vyoba ibihe? Icivugo c’umwaka 2015-2016 cobamwo ikigongwe c’Imana.

-        Kw’igenekerezo rya 05 gitugutu 2015, Umwungere wa Diyoseze yarandikiye abasasedoti bayoboye amaparuwase n’uwuyoboye Ibiro vy’Indero muri Diyoseze. Yabasaba gukoranya inama za paruwase ngo zirimbure  ubwa mbere umwaka w’ubutumwa 2014-2015 ; ikiringo c’imyaka itanu 2010-2015. Ubwa kabiri zitegekanye ikindi kiringo c’imyaka itanu 2015-2020, n’umwaka wa mbere 2015-2016 w’ico kiringo.

Ibibazo bisunga muri ukwo kurimbura n’ugutegekanya vyari ibi :

  1. Mw’iparuwase yanyu mwakoze ibiki bijanye n’icivugo c’uyu mwaka 2014-2015 ?
  2. Mubona iki kiringo c’imyaka itanu (2010-2015) twari twahariye Ekleziya kidusigaranye ivyiza ibihe ?Hari akoba kagihaze ? Ni akahe ?
  3. Twaragize Inama y’Umuryango wa Diyoseze yerekeye ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe.Twimirije umwaka wa Yubire idasanzwe w’ikigongwe c’Imana. Mu mwaka uza hazobera i Kigali mu Rwanda Isabukuru mpuzamakungu y’ikigongwe c’Imana. None icivugo c’imyaka itanu 2015-2020 yimirije, cobamwo ivyo vyiyumviro vyose, coba ikihe ? (Iparuwase imwe imwe irungike iciyumviro kimwe gusa).
  4. Icivugo c’umwaka wa mbere (2015-2016) coba ikihe ?
  5. Muri uno mwaka wa mbere 2015-2016, twokora iki n’iki?

-        Inama y’ukurimburira hamwe ku rwego rwa Diyoseze ico gikorwa yayitumiriye ku magenekerezo ya 26 na 27 gitugutu 2015. Kubera ico yabasavye ko boba bashikanye ivyegeranyo mu Biro Nshingwabutumwa vya Diyoseze gushika kw’igenekrezo rya 22 gitugutu 2015.

Icegeranyo c’inyishu c’ivyo bibazo carashimishije bose. Ariko hatanabaye akanya ko kucitsa.

A. Ukwitsa n’ukwunganira icegeranyo c’ivyaranguwe 2010-2015 :

Umwungere :

-      Yarashimye ivyegeranyo vyashikirijwe.Yaboneyeho gukebura abatarondeye canke boba batitayeho kuronderera umwanya w’ukwishura ibibazo bijanye n’iryo rimbura ngo babishikane mu Biro Nshingwabutumwa vya Diyoseze nkuko vyari vyasabwe. Bose barategerejwe kugira ivyo vyegeranyo. Abatabigize baragira nabi kuko atawuheza ngo amenye aho iparuwase barimwo igeze.

-      Yarahsimye ko Umukama yatwongerereje kuko nyene twakengurutse turavye ivyakozwe bikaranguka. “Mbonye ivyo abakristu n’abasaserdoti bakoreye hamwe ngiye guhezagira amasengero, birahimbaye. Sinoreka gushima ibikorwa murangura mu maparuwase, mumashure. Hensi ibintu biriko birahinduka neza ku buryo n’amashure kaminuza yugurutse cne mu vy’ukwemera gushika aho mbere hasabwa abakristu b’abanyeshure barekurirwa kuba abasangizi : imisore n’inkumi bakira ubutumwa bagenzi babo bakagira bati murabubereye. Birashika kumutima”;

-      Arakenguruka n’ingene yagiye arakirwa neza mu maparuwase yagendeye muri uyu mwaka. Abantu baza ari benshi bagshikiriza Umwepiskopi ibibazo bishika kure. Igihe c’ukumsezera naho, baramutekerera bagira bati ntiyogenda iminwe misa ata kazamuzo aronse. Baratana inka, intama, impene.Hambavu y’ivyo, baratanga n’udufungurwa bamurungikana ngo aje guhembuza abana b’aboro n’impfuvyi.Birerekana ko n’aho hari abantu bari ku rushi bauga ibintu bigoramanze, abakristu dufise ubu barazi ico bari;

-      Asaba ko amaparuwase aja arakira abava mu yandi madini bagaruka muri Ekleziya yacu yotanga ibitigiri vyabo batarindiriye ibihe amaparuwase yose abisabwa ;

-      Asabako akagihaze kokwicarirwa. Aribaza ko hoshirwa mu ngiro icaserutse mu gihe c’Isasa y’Inama y’Umuryango havugwa ko igicumuro c’amacakubiri kigiye ahabona coshigwa mu mutigiri w’ibicumuro vy’icese. Ikibazo rero yatereye abari mu nama : abantu bagira amacakubiri mu buryo bwiyanikiye, umuntu yanka uwundi ngo ni uko badasangiye ubwoko, ubwo nticofatwa ko ari igicumuro c’icese?

 

B. Ukwitsa n’ukwunganira icegeranyo c’itunganywa rya 2015-2020, hamwe no kubaza

Ivyiyumviro vy’Umwungere:

-      Mu vyivugo vyashikirijwe, Umwungere yarabonye ko icagutse ane coba ciza ari ikivuga Mutima Mweranda: Mutima w’ikigongwe arekura ibicumuro (Yohani 20,23 : « Ni muhabwe Mutima Mweranda, abo bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo, bizobagumako ». Yaradondaguye amaparuwase amwe amwe mu yahurije kuri Mutima Mweranda : Mwaro, Shombo, Kibungere, Bugendana, Gahemba, Nyabikere, Mubuga-Rutonde. Ariko n’ayandi yaramuvuze mu bundi buryo. Arondeye kumenya aboshima ko icivugo coshimikira kuri Mutima Mweranda, yarasavye abari mu nama bavyemeye gukiriza intoke maze haharurwa abantu 65 kw’ijana na batanu bariho.

-      Yarabonye kandi ko uwundi mutigiri washimye gufatira ku Nkuru nziza yanditse Luka : « Ni mube abanyakigongwe, nkuko na So wanyu ari umunyakigongwe »(Luka 6,36) ; canke iyanditse Matayo : « Ni mwarekurira abandi ibicumuro vyabo, So wanyu wo mw’ijuru namwe azobarekurira »(Matayo 6,14).

Ko ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe ari igikorwa ca Mutima Mweranda, Umwungere yavuze yuko ari ho umuntu azofatira mu kugobotora icivugo.

v  Abavuze ko ivy’ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe twobifatira ku mugani w’ikirundi uvuga ko « Intibagira itabana, Umwungere yavuze ko ukurekurira uwangiriye nabi atari ukwibagira ivyo yangiriye. Ni ugufata ingingo y’ukuvyibuka bitanteranya na we. Sindi bureke kwibuka ikofe umuntu yankubise ashangashiwe. Ukurekurirnira gutuma nibuka iryo kofe, ariko ntaca ndamugurukirako ngo ndamwihore ;

v  Hari uwavuze ko vyobaye vyiza Ekleziya yakiriye kuruta uko yahora bamwe dukunda gukumira canke kuraba nabi kuko bari mu bicumuro vy’icese ;

v  ku civugo hojamwo akajambo k’ukwemera kuvuga ivyatugoye, ivyatubabaje ku mutima, uwagiriye nabi uwundi akavyemanga, agashira ahabona ivyo yagiriye nabi uwundi

v  Ku biraba ibidukikije vyashikirijwe n’iparuwase imwe, Umwungere yipfuza ko hoboneka umwanya w’ukwiga Ikete ry’Umuvyeyi wacu Papa Fransisiko ribivugako vyinshi. Hari ivyo turiko turakora mu Burundi vyonona ibidukikije. Kubw’ivyo, turi kure y’ugusonera iteka ry’umuntu. Ubuzima ntaco bukivuga. Tudasubiye kubwubaha, abantu bazomarana ataco bibabwira bagume bicana. “Ecologie humaine” turabe ingene twoyishira muri iyi myaka, iyo nyigisho nayo nyene ize hafi yacu. Ukwubahiriza ivyo Imana yaremye biraturaba kandi biri mu gusubiza hamwe. Ntitubirondereko ibitunezereza gusa. Iyo ducukura ubutare tuze turibaza aho tugeze ntidutume hisenya. Ntidushike aho twiyononera. Iryo Kete turabe aho tuzorishira ridufashe gutegera uko gusubiza hamwe.

v  Tuzozigama ibi vyiyumviro, maze mu kwezi kwa munyonyo 2016 bazosubire babizane tuzorabe ivyo twoshima. Amaparuwase ni vyiza ko yoba yavyicariye. Ivyivugo vy’iyindi myaka bizoronka umuco wuzuye mu mwaka uza dutegura 2016-2017

v  Mu vyokorwa, dufatiye ku vyavuzwe n’abasaserdoti, abihebeyimana canke amanama ya Paruwase, tworaba ibikurubikuru twofatirako. Mu biraba ibikoresho vy’ugutegera ikigongwe c’Imana, iryo Kete rya Ppa rizoba iremezo ry’amapfungo ya Pasika twimirije. Turisome dushireko inyigisho ijanye n’ico gice duhejeje gusoma, duhanahane ijambo rijanye na co. Ryarahinduwe mu Kirundi na patiri Mariselo MUDOMO, hasigaye ko rikosorwa maze rikandikwa, rikagwizwa rigashikirizwa Igihugu c’Imana ;

v  Ku biraba umutima, twohanura cane  twongera dufasha abakristu gushika ku kurekuriranira.Babikore kandi babiserura bagira bati ego wewe ndakurekuriye kuko wanyibwiriye ko iki wakingiriye n’impaka. Ntikizokworoha ariko ca kigongwe c’Imana dushaka guhabwa, natwe twogihera ahabona. Urwo ruhande ruje ahabona rwose.

v  Hari n’uwundi mugirwa w’ugushikana ikigongwe c’Imana muri twebwe wari ubereye : dusukure amatongo y’abapfuye duhereye ku yari hafi y’amaparuwase yacu n’ibisata vyacu. Twonabimenyesha abakuru b’intwaro ngo badufashe kurangura ico gikorwa. Ni igikorwa coduha ingabirano nyinshi kuko aha mu Burundi twahamvye benshi kandi henshi. Twobanza tukamenya aho bahamvye, tugaheza tukaraba ingene twoza turakurakuranwa kuhasukura. Cokwereka n’abandi bantu ico twebwe Ekleziya Katolika tumaze. Na za mpafu zirimwo abantu amajana twashaka kuzishikako. Na rwa ruhafu batayemwo abantu babiri canke cumi, ibinogo vyamiraguye abantu bacu ni vyaba biri ahabona, tubigire neza twemeze ko aho hantu hatawe abantu. Tuvyemeranije, twohava tugahanuza diyoseze ya Ruyigi yabitanguye, ingene yavyifashemwo. Kitubere mu migirwa y’uguseruriranira ikigongwe muvy’umutima no muvy’umubiri.

v  Hambavu y’ivyavuzwe, dushiremwo n’indurjensiya. Tuzobwirizwa gutegura inyigisho nyinshi ziraba indurujensiya, abakristu bamenye ico arico, ico idufasha tumaze kuyironka, ko ari itunga rinini Ekleziya ifise nk’ikigongwe c’Imana cuzuye. Ni iciyumviro kizoherekeza cane cane umwaka uza twamaze kuvyiyumvira mbere n’ugusenga tugasenga;

v  Ibiraba inyigisho : inyigisho nyamukuru izova ku kumenya neza iryo Kete ry’Umuvyeyi wacu Papa

v  Abepiskopi bipfuza kwugurura uwu mwaka w’Iyubire y’ikigongwe c’Imana ku Kirimba ca Bikira Mariya i Mugera kw’igenekrezo rya 8 kigarama 2015. Kuri uwo musi, bipfuza ko Umwepiskopi mukuru wa Gitega yugurura Irembo ry’ikigongwe kw’isengero ya Mugera. Twese twokwitaba ubwo butumire, abasaserdoti benshi bashoboka b’i Gitega tubwitabane umutima w’ugusangira n’abandi. Kw’igenekerezo rya 13 kigarama naho, Umwungere azokwugurura irembo ry’ikigongwe kw’isengero nkuru ya Diyoseze, ku Mushasha. No ngaho, abasaserdoti bobishobora, vyoba vyiza baje, kandi bakazana n’abakristu baserukira paruwase zabo, baze bategere icarico iyo Sengero nkuru. Ku musi w’Imana ukurikira, Ivyariho vy’Umwungere mu Ntara z’ubutumwa na bo bazokwugurura amarembo y’ikigongwe ku masengero aruta ayandi mu myaka. Mu ntara y’Ubutumwa ya Mugera, Gitongo ni yo izoba yerekewe n’ivyo birori, ko Mugera izoba yakiriye Uburundi bwose ; mu Ntara y’ubutumwa ya Karusi bizobera i Karusi ; mu ya Mwaro bibere mu Kibumbu ; mu ya Makebuko bibere i Makebuko ; mu ya Gishubi bibere i Nyabiraba. Mu Ntara ya Gitega ibizoba vyabaye ku wa 13 kigarama bizoba bikwiye.patiri Emmanueli NGEZIMINWE azotegura imigirwa y’ayo masabamana afatiye ku y’uguhezagira amasengero.

v  Birashoboka ko twokwugurura umuryango w’ikigongwe mu maparuwase amwe amwe adasanzwe : nk’iparuwase y’ibohero ko bafise agasengero kabo. Ahandi, nko mw’iparuwase y’abasoda n’iy’abapolisi naho nyene tuzokwiga ingene ico gikorwa coranguka kandi tugihe n’imisi. Ahari amasengero agendwa imisi yose, tuzoringaniza uburyo abakristu bavyipfuza bagenda bahasanga umusaserdoti canke uwundi mwigisha abafasha kwakira iyo ngabirano. Bica bifatana na kwa kuronka indulujensiya. Ari naho iryo rembo ry’ikigongwe rizogira ibihe ryugururwa cane cane mu misi y’ibikorwa. Aho hose umugirwa uzoba wagizwe, tuzorinda gushira urwandiko kuri urwo rugi ko ari ryo rembo ry’ikigongwe c’Imana.

v  Ku biraba ibicumuro bisanzwe birekurwa n’Umwepiskopi canke na Papa basa, Papa azoturungikira abasaserdoti ahareye uruhusha n’ubwo burenganiza ku buryo budasanzwe bw’ukurekura ibicumuro we nyene abwirizwa kurekura. Ingene bitegekanijwe ntibiratomorwa.

Hari n’ibindi vyiyumviro vyashikirijwe muri iyo nama.

Ingingo y’Umwepiskopi : Komite itegura umwaka w’ikigongwe muri Diyoseze izoba igizwe n’aba :

-      Patiri Odasi NZOPFABARUSHE, Umuyobozi w’uwo Mugwi ;

-      Patiri Venansi MPOZAKO ; Ikirimba ca Bikira Mariya c’i Mugera ;

-      Incoreke ya Bikira Mariya ifashanya na Patiri Venansi MPOZAKO ;

-      P Yohani Klaudiyo NKURUNZIZA, Ikirimba ca Bikira Mariya co ku Mushasha ;

-      Umubikira yunganira patiri Klaudio NKURUNZIZA ; Mama Serafina (BB)

-      P Yusino MUSAKANYIGA, Ikirimba ca Bikira Mariya c’i Kavumu ;

-      P Dominiko Adriano NTUKAMAZINA ;

-      P Luka Baltazaro HAKIZIMANA ;

-      P Emanueli NGEZIMINWE ;

-      P Timothée HAKIZIMANA

-      Umukristu wo kuri paruwase Mwungere Mwiza

 

AMATANGAZO 

1º) Patiri Baranaba NTAHOYAMA yashikirije ibijanye n’ubuzima bw’Iseminari ya Mugera n’ubuzima bw’itorwa.

2º) Patiri Inyasiyo MBONINYIBUKA : ahanini yibutsa ko

-      Umuvinyu w’imisa utegakanywa ari uw’amezi 12 agize umwaka. Aya mango umengo hari amakenga ko uzohava utuzuza ayo mezi. Mu kurindira umushasha, hoba isabikanya, ntihagire abasaba vyinshi ngo batume abandi babura. Amaparuwase aguma ari yo ya mbere awugenerwa ;

-      Abatararungika ivyegeranyo vy’ikoreshwa ry’amafranga ku biringo bitegekanijwe bovyihutira ;

-      Abataratanga ic’icumi c’imperezwa c’igice ca gatatu bahereza Diyoseze, ni bavyihutire kuko ico gihe caheranye n’ukwezi kw’icenda ;

-      Ya ntererano y’ukugura umuduga w’Umwungere yoba yashitse mu kigega ca diyoseze mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2015. Gushika ubu, amaparuwase ane ni yo amaze gushikana amafranga 4 316 520. Hamaze kuboneka aya  mbere yizeza ko n’ayandi azoteba akaboneka, twoba turayisaba iyo ziva. Mugabo, ico tutari bushobore kugira ubu, ni ukugurisha iyishaje ihasanzwe, kuko Umwungere atoheza ngo aronke ikiba kiramwunguruza mu butumwa.

3º) Patiri Gahetano RUCEKE na we nyene yibutsa ko Ibisata vyose vyerekeye Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu vyoronswa abasaserdoti bemewe n’Umwungere. Vyotuma ivyo bikorwa bimenyekana cane. Umwungere yaracakiriye neza aca aboneraho n’ugusaba ko hagati mu mwanya, abasaserdoti bose bokwitwararika ivyo bikorwa vyose uko ari bine.

4º) Imbere y’ugusozera inama, Umwungere yaramenyesheje uko ibikorwa vy’ikigega c’ukubikira hamwe n’ukuguranana CCI-ODAG bigize imisi vyarahungabanye. Haracaronderwa icabitumye ngo hashikirizwe ijambo ritomoye. Igitanguye kwibonekeza mugabo, nuko vyatanguye guhungabana amaparuwase ubwayo ata ruhara abifisemwo. Haciye hajamwo n’ikinyomma c’uko ngo ari amafranga yarungitswe na Papa nk’imfashanyo ica muri Karitasi. Icipfuzo ni uko abari bafisemwo utwabo twobagarukako n’ingoga.

 

GUSOZERA INAMA

 Ibikorwa vy’iyo nama Umwungere yabisozereye akengurukira abavyitavye abashimira n’ingene ikiyago cagenze neza, aca atera igisabisho c’ukuyisozera. Hari kw’isaha y’icumi n’iminota 37.

 

PARUWASE MUSHASHA: UMUSI MUKURU MWIZA W'UMUVUNYI- KRISTU MWAMI.

Umusi mukuri wa Kristu Mwami, umuvunyi wa Paruwase Mushasha warahimbajwe ku buryo budasanzwe uno mwaka. Uwo musi mukuru usanzwe ari uw’abanyamihari bose, uhimbazwa kw’isi yose kuva 1925. Mu kuwitegurira, ku Mushasha, harakozwe ibintu bitari bike :

v Abaserdoti baragendeye abakristu babasanze ku bisata iwabo, barabategura ku mutima ;

v Radio Maria Burundi yamaranye indwi yose na paruwase ;

v Amazaburi n’Inkuka ya Misa y’agatondo, Ibiganiro bitari bike vyaraciye kuri iyo nsamirizi.

v Igiteramo kidasanzwe c’Indirimbo caratunganijwe, muri Cathédrale, ku muhingamo wo ku wa gatandatu urongora Kristu Mwami, gitunganywa n’abaririmvyi bahurikiye muri Choral « LA COLOMBE », aho bari batumiye n’iyindi migwi myinshi y’abaririmvyi bo mugisagara ca Gitega.

v Hagati muri ico giteramo, Patiri Timothée yarashikirije inyigisho, ivuye mu kiganiro yari yatanze kuri Radio-Maria (mu gatondo kuwo musi nyene), atako aravuga n’umweranda Cecilia (Umuvunyi w’abaririmvyi n’abacurarangira Imana), ahereza ku kungene abantu twohindura isi biciye mu kuririmba.

v Kuva mu ma saa moya y’ijoro, hararirimbwe amazaburi yo gushemeza Kristu Mwami  muri Cathédrale nyene ya Kristu Mwami yo ku Mushasha.

v Urubanza rwagakura rwo guhimbaza umuvunyi gwaratunganijwe ruca ruba kuri uwo musi wa rwo nyene.

v Etc.

?Agace k’ikiganiro Patiri Timothée HAKIZIMANA yatanze kuri Radio-Maria buca ari Umusi Mukuru wa Kristu Mwami.

(…) Umusi Mukuru wa Kristu Mwami watangujwe na Papa Piyo XI, kw’igenekerezo rya 11 kigarama mu mwaka mweranda w’1925. Imvo nyamukuru, kwari nko kurondera ikigwanisho c’umutima (une arme spirituelle) cotsinda inguvu z’ububisha bwariko burasambura ubuzima rukristu, ubuzima bw’ukwemera, muri ico gihe. Bashaka ko Kristu aboneka nk’Uwuganza vyose, kandi atambibe zimutangira. Ugasangwa uguhakana Imana n’ibigirankana, bimwe bita « athéisme » vyari vyabaye ndanse mu ma « sociétés » y’ibihugu vyatanguye kwakira no kwigisha Inkuru nziza ya Yezu Kristu. Ivyo navyo bikaba vyari bifise inkurikizi zidasanzwe ziyerekanira mu kugunda no kurandura akabuto k’Ijambo ry’Imana n’ivyamwa vya ryo mu bantu (« sécularisation » mu gifaransa).  

Umwaka w’1925 watowe kuko wahuriranye n’uko hari haheze ibinjana 16 inama Nkuru y’Abepiskopi y’i Niseya ibaye (325), hakaba ari muri iyo nama hemejwe IKINYEGEZWA C’UBUMANA bwa Yezu Kristu, haremezwa UKUNGANA mu bukuru kw’abo ba persona babiri Data na Mwana.

Mu ntango rero, Umusi mukuru wa Kristu Mwami wahimbazwa kw’idominika ya nyuma yo mu kwezi kw’icumi, ari yo dominika irongora umusi mukuru w’aberanda bose. Ariko, mu nyuma vyarahindutse.  

Hamaze kuba inama Nkuru ya Vatikano ya II (1962-1965), harabaye « Ukunagura amasabama”(réforme liturgique). Italiki y’Umusi mukuru wa Kristu Mwami  co kimwe n’iyindi misi mikuru itari mike ica irunguruzwa.

Ni uko rero, kuva mu mwaka w’1969, abakatolika duhimbaza Umusi Mukuru wa Kristu Mwami kw’idominika yanyuma y’Umwaka wa Liturgia, ukwezi kw’icumi na rimwe kwegereje kurangira, ugaca ukurikirwa n’uw’Imana wa 1 w’ubushikiro, ariyo dominika ya 1 yo mu mwaka wa Liturgia. Ni ibintu vyumvikana cane, bibereye ndetse, uravye ingene ibisomwa vy’ijambo ry’Imana dushikirizwa mu mpera z’Umwaka wa liturgia bishimikira cane gose ku bihe vyanyuma, ku rugendo Ekleziya irimwo ngaha kw’isi no ku muzo ugira ka 2 wa Kristu, aje gucira urubanza isi (la Parusie).   

Ubwa kare umusi mukuru wa Kristu Mwami wabonetse bashimikira ku ciyumviro cuko Yezu Kristu ariwe Ntango ya vyose (le Principe qui cause tout- quas Primas)  ibintu vyose, ibihugu vyose, biva muri KRISTU, kandi ko abantu bose bategerezwa  kwubaha amategeko ya Kristu ». Ariko, inyuma y’inama nkuru ya Vatikano igira ka 2, intumbero y’umusi mukuru wa Kristu Mwami yarahinduwe : Ubaye « Umusi Mukuru wa Kristu Mwami w’Amakungu yose » (fête du Christ Roi de l’Univers), waciye ushimikira cane kuciyumviro cuko « muri Kristu Mwami ivyaremwe vyose ari ho bikoranirizwa canke bizokoranirizwa», muri kazoza; kanatsinda vyose bigenda birora kuri Kristu (cf. Col 1,20).

v Aha ubwa mbere (mu 1925) bavuga « Origine, source »: Intango, isoko ry’ibintu n’abantu.

v Ubwa ka 2 naho, ni ukuvuga kuva mu 1969, Kristu Mwami ni umusi mukuru ushimikira kur “Kristu mpera ya vyose”: « le Christ, récapitulation de tout»  mu gifaransa. 

 

Hariho ubudasa hagati y’ivyo vyiyumviro bibiri ariko mu vy’ukuri izo nsiguro zibiri ziza zunganiranira. Insiguro yatanguye ivuga intango. Iya kurikiye ikavuga iherezo. Ivyo rero bigaca vyemeza gose bimwe vyanditse muri mugitabu c’Ivyahishuwe, aho Kristu ahishurira Yohani Ubumana bwiwe bwamyeho kandi buzokwamaho: « Jewe ndi Alfa na Omega, ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma, Itanguriro n’Iherezo »(Ap 22,13).        

 

….(???)

 

 

 

Ku musi mukuru wa Kristu Mwami (22-11-2015), ibirori nyenzina vy’urubanza vyarongoye na Musenyeri Jean Marie HARUSHIMANA, icegera c’Umwungere mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega. Isaha zine niho urugendo rwatangura, inkuka ya Misa ihimbaye irabandanya, ishengero isinzi ryakinje. Inyigisho y’uwo musi yarungitswe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega mu ma sengero yose agizwe Diyoseze; yashikirijwe na Musenyeri Jean Marie muri iyo nkuka ya misa (turayisanga kuri uru rubuga mu ruhande rwa “Souffle pour l’âme”).

Mu majambo yahavugiwe,twovuga:  

v Ijambo ry’Umukuru w’Inama nkuru ya paruwase, umushingantahe Jean Niyonizigiye, yakengurukiye Imana n’abatumwa bayo ku vyiza vyinshi iyo Mana yahunze Paruwase ibaciyeko, agirako aranavuga ivyaranguwe n’imigambi y’iterambere ya paruwase (yose hamwe ni mirongo ibiri n’itanu).

v Ijambo rya Nyakwubahwa Buramatari Mushasha wa Gitega ryo kuramutsa abakristu

v Ijambo ryo gukenguruka no gusaba ry’Uwaserukiye Radio Maria-Burundi- . Ati: “Dufashe Bikira Mariya kudufasha!”, mu guterera iyo Radio n’ubutumwa bwayo, mu kuyikunda, mu gusabira abayitangira,…

v Ijambo ry’Uwurongoye inama mpuzamihari muri Paruwase, aho yakeje gose paruwase n’abanyamihari bose k’urubanza ruhimbaye rw’umuvunyi wabo. Yaranahanuye abanyamihari ngo ntibadebukirwe ku gikorwa cabo ko gukwiza hose imigenzo myiza ya Kristu, aboba barahemukiye indagano zabo nabo ngo bigarure.

v Ijambo ry’urubanza rya Patiri Mukuru wa Mushasha, Patiri Méthode NTAHONDEREYE.   Patiri Mukuru yarashimiye cane Kristu Mwami yama azigamye Paruwase, arashimira abantu b’Imana bose badasiba kwerekana umutima rukristu kandi witanga muri Paruwase ya Mushasha: Abo nabo ni Umwepiskopi mukuru; icegera ciwe yamubereye mu ngoro uyo musi; abasaserdoti; abihebeyimana; abamenyeshamana; abanyamihari, abakristu bose na cane cane abari mu migwi ifasha ubutumwa; abatanga ic’icumi;  abagenzi ba hafi n’abakure baterereye kandi babandanya baterera imigambi ya Paruwase (nk’umugambi w’urwubako); abakristu bibwirije bo ubwabo gusiga irangi no gushariza imbere y’Itabernakulo yo muri cathédrale, n’abandi.

Yasavye ko

1º.    abakristu baba ku Mushasha ariko batarazana ana status yabo ko boyazana

2º.    Abakristu boza barashikiriza paruwase imigambi babona yobafasha nk’abantu bo mu gisagara, kugira ntihagire uwurinda kuyibiyumvirira, ngo ahave abigira nabi

3º.    Abakristu bose bokunda paruwase yabo na cane cane inama z’imibano rukristu. Kuri ico nyene ngo vuba hagiye gutomorwa imbibe hagati ya Mushasha na Mwungere Mwiza.

Inkuka ya Misa irangiye, habandanije agatutu kagizwe no gusangira akajumbu n’agakanywa k’urweze rw’uwo musi.

¡VIVA CRISTO-REY !...   NI  AHANGAME… KRISTU MWANI!

                                                               (A. Timothée HAKIZIMANA). 

 

UMUSI UGIRA 4 W’ISABUKURURY’INGO IGIRA 2 MURI DIYOSEZE YA GITEGA (Le 11-9-2015) –UMUSI WO GUSOZERA.

UMUSI UGIRA 4 W’ISABUKURU Y’INGO IGIRA 2 MURI DIYOSEZE YA GITEGA (Le 11-9-2015)

Umusi ugira 4 w’isabukuru y’ingo igira 2 muri Diyoseze ya Gitega wabaye umusi wo gusozera ibikorwa vyatunganijwe igihe cababa umwaka (kuko inama yambere itegura iyo sabukura yabaye mu kwa gatandatu 2014) biraranguka muri iyi misi itatu yuzuye, kuva italiki 8 gushika kw’10 nyakanga 2015.

Umusi wo gusozera waranzwe n’ibintu bitatu bikomakomeye:

 

-  8h30-9h30: Gutanga ikigongwe kubaje mw’isabukuru (vyabereye muri Cathédrale ya Gitega)

-         9h30-13h15: Imisa yo gusozera (Muri Cathédrale ya Gitega)

-        13h50-15h30: Agatutu ko gusozera (Centre Magnificat – mu Ncoreke za Bikira Mariya).

 

Muri iyo misa yo gusozera yaherejwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega akikijwe n’abasaserdoti bashika 60, 51 muri bo bakaba ari abari bitavye iyo sabukuru tuvuga, harabaye umugirwa wo gusaba ikigongwe ku buryo budasanzwe ku mabi abantu b’imice yose bakoze akabangamira urugo n’imiryango. Abantu 8 barasserukiye abandi mu gusoma ibisabisho vyo gusaba ikigongwe. Nabo bari mu mice ikurikira: 1º) umugabo yaserukiye abagabo bose, 2º)umupfasoni yaserukiye abapfasoni bose, 3º)umwana yaserukiye abana bose, 4º)uwaserukiye intwaro, 5º)uwaserukiye abigisha, 6º)uwuserukiye abaganga, 7º)uwaserukiye abihebeyimana, 8º)uwaserukiye abakristu bose bitavye urubanza.

 

Harashikirijwe, mu mpera y’inkuka ya misa,amajambo atatu: itangazo risozera isabukuru, ijambo rya Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI -umwibutsamana w’ibiro nyunganirango muri Diyoseze ya Gitega-, hamwe n’iry’uwaserukiye abitavye isabukuru bose.

Aha, tugomba tubashikirize iryo tangazo risozera isabukuru, ryasomwe n’umushinganathe Deo SINZINKAYO, akora mu biro vy’Ubutumwa Nyunganirango muri Diyoseze ya gitega.

 

ITANGAZO RISOZERA ISABUKURU Y’INGO IGIRA KABIRI MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA

 

Kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika ku rya 11 nyakanga 2015 mu kigo Magnificat c’incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha harabereye isabukuru y’ingo igira kabiri muri diyoseze nkuru ya Gitega.  Iyo sabukuru yari yitabwe n’abantu 250 b’imigwi itandukanye bavuye mu paruwase ya DiyosezeNkuru ya Gitega n’abaserukiye ayandi ma diyoseze na Leta y’Uburundi.

Inyuma y’ibiganiro bitandukanye bahawe n’uguhanahana ivyiyumviro mu bikorwa vyo mu mirwi ku bibazo bihanze ingo aya mango no kuvyokorwa kugirango itorwa n’iteka vy’urugo bigarukirwe abanyenama basavye ibi bikurikira :

 

I.                 KU NAMA Y’ABEPISKOPI

 

1.      Abepiskopi bogiriranira  amasezerano  na leta hamwe n’amashirahamwe yigenga ; yo  gushigikira ubutumwa bw’ingo kugirango ubutumwa bwo kuremesha ingo kibe igikorwa c’Ekleziya na Leta n’abo bose vyega .

2.      Abepiskopi botegura inyigisho nshasha igenga ingo bafatiye ku gatabu ko kwubaka rukristu.  Turasaba ko bokwongeramwo n’inyigisho nsasha zifayiye ku migenzo yo kwubaka isi y’ubu kugira bahe umuco aba kristu kuri ivyo bihubisha abantu.

3.      Mu ma diyoseze yose no mu maparuwase yose hotunganywa inyigisho zitegura abageni igihe gikwiye hakajamwo icigwa c’uburyo bw’ukurondoka bijanye na kamere y’umuntu mu vy’irondoka  kandi  abashimanye  bakitegura bari kumwe. 

4.      Dusavye inama y’abepiskopi katorika ko ibiro vy’ ubutumwa  nyunganirango  ku rwego rw’igihugu vyosubira gukora ubutumwa vyabwo kuko bwarahagaze kuva 1994.  Maze ivyo biro bikihutira gutunganya inyigisho zigabisha ingo n’imiryango ku nkurikizi z’ivyiyumviro ndon goramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu.

5.      Ibiganiro nyunguranyifato vyokwongerezwa ku rwaruka rwose abize n’abatize ; izo nyigisho zikaba zimwe mu ma diyoseze yose. 

6.      Abepiskopi bosaba Leta ikabaha akanya ko gushikiriza ibiganiro kw’iradiyo y’igihugu ku ndwi kundwi kubijanye n’irondoka hakurikijwe kamere y’umuntu

7.      Gutunganya inama ku mashirahamwe na leta batanga uburyo n’bikoresho vyigisha gukoresha uburyo bw’ubuhingurano kugira ngo babasigurire umugambi w’Ekleziya  mu vyerekeye irondoka.

8.      Hoshingwa ishure ry’ubuvuzi ryegamiye Ekleziya Katolika ryokwigisha neza uburyo bwo kurondoka neza bufatiye kuri kamere y’umuntu mu vy’irondoka.

9.      Hohinyanyurwa inyigisho ndoramana bagashiramwo  inyigisho ishimikiye kw’itorwa n’iteka ry’urugo; hogwizwa n’ ibitabu vy’ inyigisho zofasha abakristu gutegera ibanga ry’ukubaka urugo.  

10.    Hotunganywa isabukuru y’ingo ku rwego rw’igihugu rimwe mu myaka itanu.

11.   Inama y’abepiskopi yoja inama na Leta y’ingene hogenzurwa amazu berekaniramwo amasinema yerekana ibityoza imico myiza runtu na rukristu, bikenewe ivyo bibanza bikugagwa. Hogwizwa amasinema yigisha indero nziza.

12.   Inama y’abepiskopi yosaba Leta gushinga ikigo kigenzura imiti ikoreshwa mu Burundi ku vyerekeye irondoka

 

II.                KU MA DIYOSEZE :

  1. Mu nyigisho umwepiskopi arungikira imibano rukristu yokwitwararika gushiramwo inyigisho yerekeye ubutumwa bw’ingo.
  2. Amakete umwepiskopi arungikira abakristu ku vyerekeye ubutumwa bw’ingo yokwongerezwa.
  3. Kugena no gutegura abasaseredoti boshingwa ubwo butumwa bwegu
  4. Horungikwa abasaseredoti n’abakristu balayike boja kunonosora ivyigwa vyerekeye ingo n’imiryango kugira ngo haboneke abahinga benshi. Hokomezwa n’ivyo vyigwa mu maseminari makuru. Ico gisata coshingwa no mu mashure ndoramana no mu makaminuza yegukira Ekleziya Gatorika.
  5.  Igikorwa co guterereza aba kristu uburyo bwo kwunganira ubutumwa nyunganirango cokurikiranwa neza bikamenyekana ko intererano zatanzwe n’abakristu zashitse iyo zija kandi zakoreshejwe ico zigenewe.
  6. Hoshingwa kandi hakagwizwa ibigo  vyo kwumviririzwamwo ibibazo bigoye ingo (centre d’ecoute).
  7. Amavuriro yegukira Ekleziya na Leta yotanga ibibanza abunganirango bokwakiriramwo ababitura.

 

III.              KU MAPARUWASE

 

1.      Hoba ibiro nyunganirango mu ma paruwase yose, aho bisanzwe bikongereza inguvu kugirango abunganirango baronke aho bakirira kandi bumviririza abakristu babitura. Honashingwa ama komite ajejwe ubutumwa bw’abunganirango gushika mu mibano rukristu.

 

2.      Amaparuwase yoronsa agashirukabute ku bunganirango.

 

3.      Amaparuwase yotunganya amanama ahuza abavyeyi  kugira baganire  ivyerekeye ibanga ry’ukurondoka no kurera neza.

4.      Amaparuwase yokwitwararika gusuzuma ko  abitegurira ubugeni aribo koko bakurikirana inyigisho kandi bakaraba ko bakwije ibisabwa.

5.      Amaparuwase yokwitwararika  gutunganya neza indwi yahariwe ingo rimwe mu mwaka.

6.      Abakurikiranye izi nyigisho bogira isekeza ryo kuja kuzishikiriza abandi mu ma paruwase iwabo gushika no mu mibano nyene.

7.      Amaparuwase amwe amwe arenza urugero mu kworohereza  abitegurira kwubaka izabo bigatuma n’abandi bahunga indinganizo ziri mu maparuwase  iwabo yokwisubirako.

8.      Amaparuwase yose yokwitwararika ko inyambaro z’abageni zoba iz’urupfasoni.

 

Murakoze! Tugire KRISTU!

 

Inyuma y’ayo majambo, Umwepiskopi yarashikirije abaje mw'isabukuru ijambo rigufi ryo kubarungika mu butumwa bwo gukomeza no kunagura ingo  bisunze ivyarivuyemwo. Yahejeje atanga umuhezagiro ku bakristu bari bahari yunganiwe n’abasaserdoti bose.

 

Vyose vyarangijwe n’agatutu ko gusozera kabereye mu kigo Magnificat co mu ncoreke za Bikira Mariya. Amajambo yasubiye kuhavugirwa yabaye ayo gukengurukiranira hagati y’abatunganije isabukuru n'abayijemwo, no kwiyemeza kugira inguvu zose zishoboka ngo urugo rugwanirwe, rukomere kandi rurangure ici Imana yaruremeye. 

 

UMUSI UGIRA 3 W'ISABUKURU IGIRA 2 Y'INGO N'IMIRYANGO MURI DIYOSEZE YA GITEGA (10/10/2015)

UMUSI WA GATATU:

Ku musi ugira gagatu, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri n’igice, bitangurira ku gushikirizwa incamake y’ivyakozwe ku musi wa kabiri (italiki 8/9/2015). Yashikirijwe n’umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA. Haciye hakurikira ikiganiro kigira gatandatu cashikirijwe na Patiri Audace NZOPFABARUSHE, ajejwe Ibiro Nshingwabutumwa muri Diyoseze ya Gitega.:

 

IKIGANIRO CA 6: KUGWANIRA ITORWA N’ITEKA RY’URUGO (Abbé Audace NZOPFABARUSHE, ). 

Yatanguye agira ati: "Iki kiganiro kimeze nk’isubiramwo ry’ivyari bimaze kuvugwa, kuko nza gushimangira ivyo abindi biganiro vyabigishije!"  

 Intambwe z'ico kiganiro ni izi: 

1. Ibisomwa bibiri vyo muri Biblia (A.T) 

 a) Gn 1,26-29: Imana ivuga iti: “Tugire umuntu, tumwishushanye, ... irema umugabo n’umugore..., irabahezagira,...ibabwira iti: ni murondoke,...mugabe ibiri kw’isi vyose..."

b) Gn 2, 4b-25: “Igihe umukama Imana yagira ibintu vyose, nta kintu nakimwe cari kw’isi... nta n’umuntu yari kw’isi ngo ayirime, ..hama Imana irarema umuntu..."

P. Audace ati: “Narondeye aho nfatira, kuko inyoni iguruka yisunga igiti; Imana itavuze umuntu ntiyovuga!

 

2. Amajambo yo gusigura dufatiye kuri ibi bisomwa:

 

a) URUGO: ni iki? Iyo tuvuze urugo ngaha, tuba tuvuze umugabo n’umugore wiwe be n’abana babo. Mugabo, hari Hari abariko barafata ijambo umuryango bakarisubiriza urugo.

b) ITORWA:

Imana yatoreye urugo ibintu bitatu: 1º) Ugutanga ubuzima, 2º) Urukundo no 3º) Gutunganya ibindi biremwa

c) ITEKA: ku bwa  Marie Rodegem, iteka n’icubahiro. Iteka ry’urugo ni ico gituma rwubahwa, rusonerwa atanuwurinze kubikubarira.

Imvo zituma urugo rusonerwa:

-         Ku bwa Africae Munus, n.41: urugo ni ingoro y’ubuzima. Ni umuribo w’umuryango w’abantu (cellule de la famille) 

-         Ku bwa Familiaris Consortio n, 75: kazoza k’isi n’ak’Ekleziya gaca murugo.  

-      :Inama nkuru ya Vaticano igira kabiri  (C.Vat. II, G.S, 47-52) nayo iti: !Iteka n’ibanga ry’ukwubaka rukistu, n' ibanga ry’urugo.

 

d) UKUGWANA/UKUGWANIRA: ni ukugwanya ikikugeramiye. Kugwana ni ugufora ibigwanisho ushaka kugwanya. Ibiganiro vya 2 na 4 vyarekeranye ko itorwa n’iteka ry’urugo biriko biragwanywa. Kandi vyatanguye kuva rukiremwa. None rero dutegerezwa kurugwanira.

 

3) Ingene itorwa n’iteka vyogwanirwa.

 

-         Igisabisho: kumwe kwa Yezu yavuga ati: “Ivyimburwa ni vyinshi abakozi bakaba bake, ni susabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Yemwe abeshe buhoro. Ingo ni nyishi, turategerezwa gusenga ngo zigwanirwe kandi zikingirwe n’Imana yaziremye ikazitera iteka n’ishaza. Turategerezwa kwigisha ingo zikisabira.

 

-         Ubumenyi n’inyigisho vyerekeye ingo: ibihanze ingo ni vyinshi ariko kandi hari n'ivyo gukora ngo tuziteze imbere, tubimenye kandi tubimenyeshe abandi. Erega umbujuju burasubiza inyuma urugo. Ikiganiro  ca 4 carabidushikiyeko: izo nyigisho ziza mu nyigisho z’Ekleziya no mu nyigisho menyamuntu

-         Gutororokanya ibihanze urugo aha, na hariya , kuko ntibisa hose

-         Kwigisha neza ibwirizwa yra 4, irya 5, n’irya 6.

Irya 4 ririgisha abavyeyi n’abana ingene bazigana itorwa ry’urugo. Irya 5 riratanga umuco ku vyerekeye kwubaha gose ubuzima bw'umuntu. Irya 6 ritegura urwaruka rikabazigamira kuzokwubaka neza, batiyanduje.

-         Gutegura neza abitegurira kwubaka rukristu, (badukundiye): harakwiye inovisiya yigisha kwitegurira ibanga rivyara ayandi yose!

-         Kugwiza no kwigisha abategura abubaka ingo rukristu. 

 

Hejuru y’ivyo vyose rero, ni ugushiraho Imana. Imana isumba abahinga, bamwe batuzanira ivyiyumviro bishasha ndongoramigenzo vyiba kandi vyica itorwa n’iteka ry’urugo. Imana irashobora guhongora amenyo ivyo vy’iyumviro vy’abantu.

 

 

Ahejeje kutuyagira, Patiri Audace baramubajije ibi bibazo bikurikira:

 

1. Mbega ntimwofata ingingo itegeka abageni kwigira hamwe, bakareka kwigira ahantu habiri kuko usanga abo 2 badatahuye kumwe inyigisho kandi bategerezwa kubana bazisunze?

 

R/ Patiri Audace yishuye ati: “Kwigirira hamwe inyigisho zibategurira kwubaka rukristu, nivyo vyiza, kandi ntibirekuwe ko biga inyigisho zose batandukanye. Naho bokwigira kubiri, barategerezwa guhuzwa mu nyigisho bari kumwe imbere y’uko bubakana”.

Patiri Fupi aramwunganira ati: “aba fiancés i Bujumbura barabasaba barabategurira kandi bakabatumira mu nyigisho zidasanzwe umwaka wose, imbere yo kwiyandikisha ngo bazokwubakane, hama hazogere kwubakana bafise umushinge mwiza kandi ukomeye. Si ukwigisha abageni gusa, ni ukwigisha cane abitegura kuzobana, tukabigira hakiri kare”.

 

2. Abubakanye bataronse umwana, ni urugo canke si rwo?

 R/ Ni urugo nyene. Abo bantú babashira mu migwi idasanzwe y’ingo. Umwana ni icamwa c’urugo niko, ariko ni kandi ingabirano y’Imana. Iyo abubakanye bataronse ikibondo, barihangana,  urukundo rwabo rugaca rwibaruka ibindi vyiza, na cane cane mu kurera impfuvyi (engendrement spirituel), ukwakira utwanwa bakatugira gwabo mu kutwandikisha kw’izina ry’urugo (adoption). 

3. Dusavye iko mwoduha nyigisho zose mu gitabu.

R/Patiri Juvenal ati: “Ni mureme, harategekanijwe 1.500.000Fbu yo gukora igitabu c’izi nyigisho zose ku baje muri iri sabukuru n’abandi. Tubasavye kutazoca mukivundika kure! Muzogisome mucigishe buri munsi.

 

4. Ko abagabo benshi bataha batevye ntibafashe mu ndero y’abana mwobabwira iki, na rirya urugo ari babiri?

R/ Nka hose mu migwi ifasha ubutumwa bw’Ekleziya, abagabo ni inkehwa: mu mihari, mw’isengero, no mu gutanga imperezwa nyene,... Ico gukora rero ni ukibahanura, bukebuke, ni ukubasabira, na kare Paulo mweranda agira ati: “Ubweranda bw’umugabo w’ikigaba buri mu mugore wiwe”, ariko kandi n’ubweranda bw’umugore w’ikigaba buri mu mugabo wiwe”.

 

 Inyuma y’ico kiganiro bahaye akanya Pariti FUPI Felix  ngo yishure ibibazo bamubajije ku nyigisho yiwe. Yarishuye afashijwe n’umwepiskopi.

 

Bimwe muri ivyo bibazo ni ibi:

1. Mu ntonde z’ivyigwa mu mashure harimwo ivyo kwigisha gukoresha udufuko. None umwigisha w’umukristu yobisimba canke yovyigisha?

R/ Hariho ibintu bibiri vyo gukorerako:

1º) Ico umuntu w’umukristu ári n'ico yogenderrako nk’umukristu: “objection de conscience”: “Uwugutumye kwica uri umukristu ntushobora kubikora”.

2º) Umwigisha arigisha vyose, avuga ukuri kwose, akigisha n’inkurikizi z’ubwo buryo bw’ubuhingurano. Hari abaganga bamaze gufata ico cemezo kandi iyo bahejeje kubisigurira neza abantu, bakababwira ibishobora gushikira uwabukoresheje, benshi baca bababwira bati: “Bayi, urakoze!”. Mu gusigura rero ntitwohera ku nkurikizi zo ku mubiri.

Twohera kuziraba umutima, tugahereza ku nkurikizi ziraba umubiri. Erega  ivyo kwishiramwo ibintu mu mubiri bimuhindura uko Imana y’amuremye bimubuza kunywana n’Imana!

3. Abamaraya babigira kubera ubukene. None boheba umwuga ubabeshejeho?

R/ Nta numwe Imana yarekuriye gucumura na rimwe! Iyo abana bakuriye muri bimwe bita kwifasha ku mashure, hari igihe bahava bimenyera bakibaza ko hari igihe babirekuriwe. N’uwiba agira ati nifashije! None Ekleziya yohava igashigikira abo bantú? Ikintu kitwubaka twese nk’abantu kandi kidutandukanya n’ibikoko ni ukwirimbura no kwigumya. Bene abo bantu rero ni ukubegera, tukabanza tukabakiza ku mutima, ahandi ho naho wobaha umutahe ungana iki, ntiboheba ico bagize ingeso, Imana bataye!

5. Abaremesha kiyago bigisha ugukoresha ubuhinga bw’ubuhingurano bwo kurondoka  barashobora gusangira?

R/ Birakenewe ko abantu bigishwa bakamenya uko ibintu bimeze. Uwakoze igicumuro akizi we nyene ategerezwa kwibwiriza kutegera Ukaristiya. Ari ukwigisha gusa atari uguhimiriza kubukoresha, ntangorane, no mu mashure n’ahandi  abigisha barabigira. Hari ibicumuro bigoye cane rero nko gukorora inda, kubifashamwo, guterera amahera, n’ibindi, ... uwabikoze ntashobora kwegera Yezu mu Karistiya. N’ikigongwe akironka arekuriwe n’umwepiskopi canke uwo yatumye. Icumvikana kandi ni uko umuntu yoba ari nk’umusangizi, umumenyeshamana, aramutse yemera kuja gukwiragiza ubufuko, ntiyosubira kuza muri ubwo butumwa bw’Ekleziya, canke kwakira Yezu.

6. Ko dukenye, hama abazanye udufuko bakabuduha ku buntu, bakanatanga akanoti muri uwo mugambi, turemeshe!

      R/ Yemwe ntawushobora guhitamwo Mamon (imana y’amafaranga) n’Imana y’ukuri  icarimwe!

8. Wotubwira iki kunyambaro mbi z’ubu n’indirimbo za Rock-satanique, n’igwirirana ry’amadinidini?

R/ Hari ba bantú bavuga ngo “Kirazira kuvuga ngo kirazira” bararondera uburyo bwinshi bwo gukwegera abantu mu biterasoni, bakoresheje amafranga. Hari aho batanga 1.000.000 y’amadolari  bakayaha umwigeme yifotoje yamabaye agahuzu gato gashoboka ngo bamanike iyo foto kw’ibarabara.

Igwirirana ry’amadini naryo nyene rigamije kugwanya ivyiza nshimikiro vy’Ekleziya, ngo mu nyuma hazobe idini rimwe ritagira ishingiro (New age).

9.   None abo bantú bishimiye iki ko twebwe abemera twishimiye Imana?

 

R/ Bishimiye ubutegetsi n’ amafaranga kuko bose ntawuhobahoba mu vy’amafaranga Barimwo abarongoye ibihugu, intara, ibisagara, amashirahamwe akomakomeye kw’isi, … 

(...Biracaza...)

 

UMUSI UGIRA KA 2 W'ISABUKURU RY'INGO RIGIRA KA 2 MURI DIOSEZE YA GITEGA (9/9/2015)

UMUSI WA 2 (Le 9/9/2015):

 

Ku musi wa 2 w’Isabukuru, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri  zo mugitondo. Umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA yaradushikirije mu majambo make icegeranyo c’ivyizwe n’ivyaganiriwe ku musi wa mbere (ITALIKI 8/9/2015). Haciye hakurikira ikiganiro kigira kane catanzwe na muganga Melchior NGOWENUBUSA, akoreka mu bitaro vyo mu kibumbu, intara ya Mwaro, Diyoseze nkuru ya Gitega.     

 IKIGANIRO CA 4: ITERAMBERE N’AMAGARA MEZA MU RUGO (Dr NGOWENUBUSA Deo Hopital Kibumbu)

 Intangamarara :

 Yatanguye ashima ubutumire aca abaza abahari ko bazi neza ico arico urugo.

Urugo ni iki? Abihebeyimana babana ni urugo? Bamwe n’abandi baratanzde ivyiyumviro vyabo, hama biraboneka ko bitoroshe guhuriza hamwe naho womengo ivyo bibazo biroroshe !

Muganga ati : « Urugo ni abantu baba hamwe kandi bose barondera iterambere ry’ubutunzi hamwe. Abo bantu bashobora kuba bagize umuryango, kandi kenshi bavuga ko ari urugo bafatiye ku muryango ugizwe n’umugabo n’umugore ».

Ng’uku uko yatanze ikiganiro ciwe :

•        Urugo ni iki

•        Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

•        Ibijanye n’iterambere ry’ubutunzi

•        Bikuru bikuru bituma iterambere ritaboneka

•        Gusozera hamwe n’impanuro ku ngo

 

  1. Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

Muganga Melchior ati: “Nta terambere rishoboka, amagara y’abantu adateye imbere!”

Mu migambi munani y’iterambere y’ikimpumbi ca 3, itatu yose ifatiye ku magara y’abantu:

–       Kugabanya impfu z’abana bari musi y’imyaka itanu

–       Kugabanya impfu z’abavyeyi (abapfasoni cane cane)

–       Kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, malaria n’izindi

 

Nk’uko ishirahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu ribivuga « Gushira imbere amagara y’abantu ni uburyo nyabwo bworohereza iterambere ry’ubutunzi n’imibano » :

Mu cigwa ca gizwe mu mwaka w’2003, basanze kwitaho amagara y’abakene woba umushinge w’ugutorera umuti ibibazo vy’iterambere rirama kw’isi. Bisigura ko gushira umutahe mw’iterambere ry’amagara y’abantu vyofasha cane mu kugabanya ubukene.

 

  1. Iterambere ry’ubutunzi 

Iterambere ry’ubutunzi rijanye cane cane n’iterambere ry’ubumenyi. Aha rero mu rugo hategerezwa gushirwa imbere kurwanya ubujuju. Ubujuju ni intandaro y’amabi menshi :

v Ubujuju butuma wigerezako

v Ubujuju butuma utigerera

v Ubujuju butuma udashishoza

v Ubujuju butuma ugenza itima

v Ubujuju butuma ugenza umutwe nk’imbasha.

Aha dushaka kuvuga ko ishure n’ibindi bigo bitunganya gukarihiriza ubwenge abantu ari nkenerwa gose kugira tugire ubumenyi bwotuma tuja mw’iterambere.

 

Iterambere ry’ubutunzi rirajanye kandi n’iterambere ry’umutima ni ukuvuga

Bimwe bita kugira agatima nkebuzo (conscience) kuko n’ubumenyi butagira agatima nkebuzo buba bupfuye kandi bukica na kame ka muntu.

Iterambere kandi rirajanye n’ukuja hamwe na cane cane ku bagize urugo, bakaja inama n’ingingo y’ukugene bohangana n’ibibangamiye iterambere ryabo.

v Mu kwirinda gusuzugurana

v Mu kworohereza iciyumviro c’umwe umwe

v Mu guharanira guteza imbere n’ugushigikira ubushobozi bw’umwe umwe wese

v Kutarya imitsi abandi

 

Iterambere rirajanye kandi n’amagara meza mu rugo

Ø  Nk’uko twabibonye ahandi hato, urugo rushobora kuba rugizwe n’umugore n’umugabo hamwe n’abana canke ukaba ugizwe n’uwundi mugwi w’abantu bashize hamwe.

Ø  Ku bijanye n’amagara meza mu rugo bijanye n’ivyo twadondaguhe hejuru ariko ukongerako n’imigenzo n’inyifato ya kurwanya ingwara

Ø  Kuko ingwara ituma umuntu abaho ataco akora, bigasaba abamugwaza kandi bompi bari kwunganira urugo mw’iterambere, canke igatuma anapfa bigahungabanya abo mu muryango mbere n’iterambere rigahungabana.

Ø  Ibikuru bikuru bijanye n’amagara y’abantu bindi vyokorwa mu rugo  navyo ni ibi :

Ø  Gucandagisha abana

Ø  Gukurikiza amabwirizwa cumi y’isuku

Ø  Gukurikirana neza ivyo kugaburira umwana, umukenyezi yibungenze canke yonsa

Ø  Gukurikirana ivyo gutandukanya imvyaro

Ø  Kumenya ibimenyetso bimwe bimwe vy’ingwara zituma zifata abantu benshi canke  zihitana abantu benshi : Nka malariya, Ingwara z’ugucibwamwo, Igituntu, etc.  

 

Ø  Kwirinda ibiyayura mutwe

Ø  Gupimisha imbanyi kwa muganga ukurikije ikiranga misi

Ø  Kwitaho kumenya ivyitonderwa mu gihe hari uwibungenze mu rugo (Les signes de danger)

Ø  Kwirinda ico cose cotuma SIDA iza mu rugo

Ø  Kwitwararika kuja kwa muganga hakiri kare utarasinzikara

 

GUSOZERA

Iterambere ry’igihugu rihera mw’iterambere ry’urugo (ry’imiryango) naryo rikavana n’uko abagize umuryango  canke  urugo bakomeye ni ukuvuga bafise amagara meza kandi bitayeho iryo terambere.

 

Inyuma y’ico kiganiro harabaye ibibazo n’ivyiyumviro vyo gusaba umuco no kwunganira iyo nyigisho muri bimwe bimwe.

Isaha zitanu, abari mw’isabukuru  bose baciye bahamvya abandi bakristu isinzi mu nkuka ya Misa yo kwibuka igandagurwa rya Musenyeri Yohakimu RUHUNA (kumwibuka ku ncuro ya 19). Imisa yabereye muri Katedrale ya Kristu Mwami, ku Mushasha, hakurikira gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe iri aho mw’isengero no kucibutso ciwe nyene kiri muri karatiye ya RANGO.

Abari mw’isabukuru babandanije ibikorwa vyabo isaha indwi n’igice, bahera kugufungura, hakurikira ikiganiro kigira ga 5 kivuga IVYIYUMVIRO NDONGORAMIGENZO (Nouvelle éthique mondiale), categuwe, gishikirizwa na Patiri Felix FUPI, Umwibutsamana w’ubutumwa nyunganirango, muri Diyoseze ya Bujumbura.

Ikiganiro ciwe cari gishingiye ku ngingo nkuru nkuru zikurikira:

1°.   Ivyiyumviro ndongoramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu ni ukuvuga iki ?

2°.   Gusambura urugo biciye mu mugambi wo kunganisha ibitsina.

3°.   Ugushira imbere politike y’irondoka rijanye n’amagara meza.

 

(Iki kiganiro tuzokibashirira cose muri ya « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru aha nyene)

 

IIème CONGRES DIOCESAIN DES FAMILLES - CENTRE MAGNIFICAT DE MUSHASHA, le 8/9/ 2015

IIème CONGRES DIOCESAIN POUR LES FAMILLES (GITEGA). 1ÈR JOUR (8/9/2015)

Nkuko twari tugize imisi tubibamenyesha, rya sabukuru ry’ingo rigira kabiri muri Dioseze Nkuru ya Gitega ryashitse. Mbere ryaraye ryuguruwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega ku Mushasha kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 7 nyakanga 2015. Ibirori vyo kuritanguza vyabereye mu nkuka ya Misa yaherejwe muri Cathédrale ya Gitega kuva isaha icenda z’umuhingamo (15h).

Tugira tubashikirize ngaha bikurubikuru vyabaye ku musi wa mbere w’isabukuru:

UMUSI WA 1:

Abaje mw’isabukuru bahuriye muri Centre Magnificat, mu kigo c’Incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha, igihe c’isaha zibiri n’igice. Batanguriye ku gisabisho kirongowe n’umwibutsamana w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze nkuru ya Gitega, Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI (Kwambaza Mutima Mweranda: Ururirimbo: “Veni creator spiritus mu kirundi”. Ijambo ry’Imana: Ps 127 : Kwizigira indavyi.  +Notre Père + Ave Maria.

 

1. IJAMBO RYO KWAKIRA ABATUMIRE MURI FORUM.

Umwibutsamana  w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze, A. Juvenal NKENGUBURUNDI yagize ati: “Ino sabukuri ibaye iyigira ka 2, muri Diyoseze yacu ya Gitega. Iya mbere yari yabaye ku magenekerezo ya 28-30/8/2002. Hari mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Papa Yohani Paulo wa kabiri, i Songa-Gitega. Twiteze ko iyi sabukuru izoduha ivyiza vyinshi nk’iyambere, mbere no kuyiruta. Kaze rero batumire, mw’isange ! Mumererwe neza mu misi yose tugiye kumarana. Niyo hagira ico mukenera, murabaze umwe umwe muri twebwe twayitunganije. Muzotumenyera kuri « bage » na « Foulards » (isa n’ibendera rya Vaticano).

Abatumiwe bari mu migwi myinshi, nk’uko  biri kw’ifoto y’abatumiwe (raba hejuru). 

Abaje turavye intara z’Ubutumwa ni aba (abari bamaze gushika izo saha bibiri n’igice z’agatondo): 

I. GITEGA :

Mushasha: 4; Rukundo 5; Bon Pasteur: 5, Yoba: 2; Magarama: 1; Mucunguzi: 3, Gihiza:5, St Ambroise : 2 ; Reine des Pauvres (Prison) : 0; Mubuga Rutonde: 3

II. GIHETA:

     Giheta : 5; Murayi : 3; Kibungere:5 ; Mpanuka : 4

III. MUGERA:

      Mugera : 3, Kirimbi :3 Bugendana : 3 ; Mutoyi : 1

IV. MAKEBUKO

     Makebuko: 5; Buhoro :3; Bukirasazi :4; Ndava : 2; Murenda : 3; Mumuri:1

V. KARUSI:

     Karusi: 5; Gihogazi: 3; Rabiro:3; Nyabikere:5; Shombo:3;  Gatonde: 1

VI. MWARO:

       Mwaro: 3; Nyabihanga: 2; Kibumbu: 2; Gisozi: 3; Mbogora: 3;

VII. GISHUBI:  

       Gishubi: 4; Nyabiraba:6, Nyangwa: 4, Nyarusange: 2, Muyuga, 3; ntita:3

Abandi :

EPM-Gitega: 2, ISPM-Nyabugogo: 1; G.S Kiryama : 1, G.S Gitega: 1;UPG: 3; Université Espoir d’Afrique :2, 

Ly. Communal Karusi: 3; Ly. Ste Marie Auxiliatrice de Gitongo: 1; Ly. Gishubi: 1

Diocèse Muyinga: 1; Rutana:1; Bujumbura:1, Ngozi: 1

Umwibutsamana yaciye asaba ko Umwepiskopi yotwugururira ku buryo bwisanzuye isabukuru.

Umwungere Mukuru, Simoni NTAMWANA  yaciye avuga ijambo ryo kwugurura Isabukuru rigira kabiri ry’Ingo muri Diyosezi ya Gitega, ashimira abariteguye, abariterereye (cane cane abakristu bakwiragiye mu ma paruwase ya Gitega begeranije 13.000.000 Fbu), abarijemwo n’abandi babandanya barisabira.  Yaciye akurikiza inyigisho ya mbere y’iryo sabukuru, nayo yari ifise ijambo ry’Umutwe ngo: “ICO IMANA YAREMEYE URUGO N’UMURYANGO URUKOMOKAKO”.

 

Yagabuye iyo nyigisho mu mice ine ariyo y’iyi:   

  1. Urugo n’umuryango mu Burundi.
  2. Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore.
  3. Inyigisho y’Ekleziya mu  Nama Nkuru ya Vat.ya II.
  4. Inyigisho zibangamiye urugo n’umuryango iki gihe : uguhakana ubutumwa bw’urugo ; urugo ruhindanye rukaba  urw’abasangiye ibitsina.

Ibiri aha iwacu :

a) Ukubura ikiyago mu rugo : kandi ivyo bikaba akamenyero ka misi yose. Bidatevye ico kintu kirasambura urugo. Ico kiyago tubwirizwa kukirerana abana bacu, kuko batakireranywe bazoca bahengamira kuri wa mu gani ngo . «Umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi ».

b) Ukuja mu bigirwamana : ukugereka ibintu bibi ku bandi, ugasanga imiryango iracanyemwo, iricanye

ukubesheranira, ukwiganza, n’abubakanye bagahava bafata ingingo yo kuvana.

c) Ukutitwararika indero n’ineza y’abana bikwiye : benshi baragenda iyo, bakagisha ! Ntibitwararika abana na cane cane abana bamugaye ! ntibamenya ibitabahimbaye ngo babikosore hakiri kare.

d) Ibiyayuramutwe n’inzoga : abana ba bene abo bantu ntibagoye kumenya : ntibambara, ntibiga neza, … Ahegereye aho bacukura ubutare hoho, abagabo n’abagore barazobereye muri ico gikorwa, bagaca bafatanya n’ukunywa, ibintu bigaca biyangara,..

e) Amaronko azanana na politike n’akazi ka kure y’urugo : bikunda gushikana ku guharika.

Muri iyi misi ivyo biriko biribagiza itegeko ry’igihugu ribuza guharika, bivuye kuri ya maronko, ka kazi kari kure yo muhira. Hari n’umugenzo wa kuguranana abacance wadutse (“échangisme” !).

f) Ukwahukana, bivuye ku mvo nshishi

 (Iyi nyigisho turashobora kuyisoma umurava muri « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru-)

Inyuma y’akaruhuko k’isaha zitanu n’igice, hakurikiye Inyigisho ya 2 y’uwo musi, yateguwe ishikirizwa n’: Umushingantahe Deo SINZINKAYO, akora muri Action Familiale-Gitega.

 

INYIGISHO YA 2: IBIBAZO HIHANZE URUGO AYA MANGO (Mr Deo SINZINKAYO)

Mu ntangamarara yaratubwiye ati: “Urugo ni umugambi w’Imana. Ni Ingabirano y’ubuzima. Nico rwatorewe.

Mu gihugu, iyo rwubatse neza rufasha mu guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere. Ariko aya mango, ntirworohewe muri ico gikorwa co guterera mw’iterambere, no mw’ibanga ryarwo nyene.” Ng’izi inkingi z’ikiganiro yaduteguriye: 

Ingorane canke ibibazo bihanze urugo biri mu mice ibiri: Hari ingorane z’imbere mu rugo nyene n’iziva hanze.

A) Iziva mu rugo:

1. Ukudategera neza ibanga ry’ukwubaka urugo:

2. Ubunebwe mu ngo z’abirimizi:

3. Ukuba kubiri kw’abubakanye bitewe n’akazi.

4. Ukutaja inama n’ingingo mw’ibanga ryo kurondoka.

 

B) Ingorane ziva inyuma y’urugo 

1. Itituka ry’imico y’abarundi n’ugutambira akaje.

2. Ubukene buhanze isi:

3. Uruhagarara rutumwa n’ivya politike.

(n’iyi nyigisho nyene turashobora kuyisanga muri “Souffle pour l’âme”)

Inyuma y’umutaga, twarakirikiranye ikiganiro ca 3 citwa : inyifato ibereye abakristu imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro cashikirijwe na Patiri Deo NITUNGA, patiri mukuru wa Paroisse RUSHUBI, Diosezi ya Bujumbura.

 

INYIGISHO YA 3: INYIFATO IBEREYE  ABAKRISTU IMBERE Y’UBURYO BUKORESHWA MW’IRINGANIZWA RY’IMVYARO (Patiri Deo NITUNGA, Curé de RUSHUBI-Buja)

Murazi ko Imana mu kurema umuntu yavuze ati : “Tugire umuntu, tumwishushanyeko, ase natwe” ibarema ari umugabo n’umugore,irabahezagira, ica ibabwira kugaba isi n’ibiri kuriyo vyose ariko  sivyo bimugaba .

Tobito nawe igihe yarongora Sara, yavuze ati : “Mu kurongora Sara ico nishakira si akaryohemubiri”

Inyifato ibereye umukristu rero imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro ni inyifato  Yezu yadusigaranye : urukundo, ukwihangana, ikiyago mungo, n’ukuraba igitera iteka umuryango kikaninahaza Imana. Ekleziya nico yigisha kuko arico yatumwe kugira ntihagire umuntu numwe yotakara kubera ukutamenya ico Imana imusaba.

(Rondere iyi nyigisho muri « Souffle pour l’âme »)

 

(…Biracaza!)

 

ISABUKURU RY’URWARUKA KU RWEGO RWA DIYOSEZE NKURU YA GITEGA MURI PARUWASE MAKEBUKO, KUVA KU 04-08/08/2015

Inyuma y’amasabukuru yagiye arakurikirana mu ntara z’ubutumwa n’amaparuwase amwamwe yo muri Diyosese yacu ya Gitega, haciye hashikirwa Isabukuru ry’urwaruka rwose rwa Diyoseze. Ryabereye muri Paruwase ya Makebuko, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 8 myandagaro 2015. Aho hahuriye urwaruka rwinshi cane rwaserukiye abandi. Baragize isabukuru ryagakura, bariga vyinshi, barigishwa i Nkuru nziza bongera barayimenyesha mu gusenga, mu kuninahaza Imana, mu gukwiza akanyamuneza mu mihana yabakiriye n’ahandi,… baranatanga ubutumwa bukomeye cane… eka ntiworavye! Iryo Sabukuru ryari rishingiye ku civugo ngo: HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA (Mt 5,8).

Ngaha, turabashikiriza ingene vyagenze ku musi wo kwugurura iryo sabukuru, n’umusi wo kurisozera. 

Umusi wa 1

Imisa yo kwugurura isabukuru yatanguye igihe c’isaha icenda z’umuhingamo irongowe na nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA Umwungere Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega.

Mw’ijambo ry’ikaze  ryashikirijwe na patiri mukuru wa Paruwase Makebuko, Patiri Gamaliyeri NTAHOKAGIYE yarashimye iciyumviro c’uko isabukuru y’urwaruka ibera  mw’iparuwase  arongoye kuko rifasha cane urwaruka  mu nyigisho zihashikiririzwa  kuko zibakomereza ukwemera ariko kandi n’abakristu bose  baraharonkera akaryo ko gukomeza umuvukano  mu gusabikanya  utwo bafise twose bigaheza bikabakomereza ubucuti  bikabateza imbere no mu bukristu nyene. Yaciye agirako aha ikaze abitavye iyo sabukuru ahereye kuri nyakubahwa Umbwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega; abasaserdoti  baherekeje urwo rwaruka hamwe n’urwo rwaruka rwose rwavuye mu ma paruwase yose agize Diyoseze nkuru ya Gitega. Ntiyibagiye no gushimira  ingo n’imibano rukristu yashimye kubakira. 

Umwibutsamana w’imihari n’urwaruka muri Diyoseze, nyakubahwa PatiriVisenti NZOHABONIMANA, yaciye yerekana abitavye ihwaniro. Ama paruwase yose  yari yaserukiwe. Yarashimye kandi ko abibutsamana bari bitavye ari benshi. Abari bamaze gushika ni aba: 

-         mu ntara y’ubutumwa ya Karusi: Patiri Terensiyo BARAYAMBARA arangurira ubutumwa muri  Paruwase RABIRO akaba n’umwibutsamana muri iyo  ntara y’ubutumwa;

-         mu ntara y’ubutumwa ya Mugera: Patiri Fulgence MINANI umwibutsamana muri paruwase KIRIMBI;

-         mu ntara ya Gitega : Patiri Boniface KWITONDA umwibutsamana muri iyo ntara y’ubutumwa akaba arangurira ubutumwa muri paruwase ya YOBA, Patiri  Ferdinand NDIHOKUBWAYO umwibutsamana muri Paruwase Mwungere Mwiza, Patiri Innocent RUTAYISIRE  wo mu muryango w’abene Fransisko wi Asize Mweranda arangurira ubutumwa mu Magarama, Patiri Placide NYAMWERU umwibutsamana w’imihari muri Paruwase GIHIZA, Patiri Prosuperi NAKUMURYANGO  wo mu batumwa b’Umwungere Mwiza n’Umugabekazi w’isenakuro arangurira ubutumwa muri Paruwase Mubuga-Rutonde;

-         mu  ntara y ‘ubutumwa ya GISHUBI: Patiri Basile HARUSHA arangurira ubutumwa muri Paruwase GISHUBI; Patiri Yohani RWAMA  umwibutsamana muri Paruwase  MUYUGA;

-         mu ntara y’ubutumwa ya Makebuko : Patiri Aloys NDERAGAKURA umwibutsamana muri iyo ntara y’ubutumwa akaba arangurira ubutumwa muri Paruwase Bukirasazi, Patiri Elyse HABOGORIMANA umwibutsamana w’imihari muri Paruwase Makebuko, Patiri Yohani Claude KUBWIMANA umwibutsamana muri Paruwase MURENDA, patiri  Onesphore NZOHABONIMANA patiri mukuru wa Paruwse MUMURI akaba n’umwibutsamana w’imihari muri iyo paruwase, Patiri Porosuperi NIZIGIYIMANA umwibutsamana w’imihari muri Paruwase BUHORO, patiri Desire HAVYARIMANA umwibutsamana  w’imihari muri paruwase NDAVA; na Patiri Gamaliel NTAHOKAGIYE  Patiri mukuru wa Paruwase Makebuko hamwe na Patiri Ildephonse MISIGARO arangurira ubutumwa mw’iseminari nkuru y’I BUJUMBURA yari yateye iteka ivyo birori.

Mu nsiguro Umwepiskopi  yashikirije yagize ati: “ Bavukanyi Basaserdoti mwaje muherekeje urwaruka rwacu, bavukanyi mwihebeye Imana mwaje muherekeje ibi bibondo muguma musabira, bavyeyi dukunda mwashimye kugumana natwe haba uyu musi eka mbere n’iyindi misi ngo dushobore gusabikaniriza ukwemera kwanyu iyi misore n’izi nkumi, uru rwaruka rutoyi rwaje mw’isabukuru yarwo ; rwaruka dukunda cane :

mbanje kubashimira kuko mwaje koko muri benshi ndabona yuko muriko murarenga ibihumbi bine mbere na bitanu bikerekana ko rino sango muryipfuza kandi mwariteguye mu ntara z’ubutumwa zacu eka mbere no mu maparuwase yacu yose. Mbega rwaruka vyukuri turi bwirukire nde wundi atari Yezu Kristu kuko ariwe afise amajambo arimwo umutima mwiza n’ubuzima budahera ? Turahimbawe rero n’uko duhuriye muri iyi Paruwase ya Makebuko tungana gurtyo. Ingo dushimire ingo z’i Makebuko zemeye kutwakira. Urukundo mwagiye mwigishwa mwashatse kurushira mu ngiro no kuruserura imbere y’Umukama n’imbere ya runo rwaruka, mwashatse kuza ngo musangire natwe ivyiza vy’ukuzirikana ijambo ry’Imana, ivyiza biva mu kwigishwa n’Umukama kuko atujana kwa Data akongera akanibutsa wa  muvukano utigera usaza kandi ntusubirizwe, maze uwo muvukano ukatwungira ubumwe…

Iri hwaniro ryacu novuga yuko ari ihwaniro ryo kubonana n’Umukama. Duhejeje kubonana n’Umukama akatwungira ubumwe kuko yunze urukundo rwacu tukaboneraho rero kuba indemesha z’amahoro. Ni mwumvirize ivyabaye hagati ya Musa n’abavukanyi biwe Aroni na Miriyamu bari abavukanyi ba Musa. Aroni turamenyereye kumwumva kenshi ariko rero na Miriyamu mushiki wabo ng’uyu arabonetse yari nawe nyene umupfasoni yubaha Imana yashaka yuko Imana yoninahazwa mu ngiro n’ingendo vyiwe. Ivyabashikiye twavyumvise. Babonye Musa yabiriye umwigeme wo muri Etiyopiya muri afrika yiwacu rero ngo niho baca bamutonganya.

Musa ni ikimenyetso n’imburi ya Yezu Kristu ataje gukiza abayuda bonyene ataje gukiza abo basangiye urukoba bonyene ariko yazanywe na twebwe twese abantu bo kw’isi iyo iva ikagera. Ibidutandukanya, ivyiyumviro vyacu, ari ivyipfuzo vyiza vyacu, ari amatungo dushobora kuba dufise ari urukoba rw’umubiri wacu canke imico twebwe tubayemwo twese nyene amakungu iyo ava akagera uko tuyazi iki gihe eka mbere rwaruka rwacu n’ingene twoshoba kuyamenya ejo tukamenya ko n’ahandi ku kwezi canke ku bindi binyenyeri abantu bashobora kubako, tuhasanze abantu nabo nyene,  babwirizwa gucungugwa na Yezu Kristu Jambo wa Data n’umukiza akaba n’umucunguzi uwo Dawe wa twese yaturungikiye akavyagwa na Bikira Mariya ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Ni naco gituma bavukanyi, Aroni na Miriyamu batari bakeneye kurinda gutonganya uwo Musa. Musa yari yavukiye muri afrika mu misiri ni kuki atari gushima umwigeme w’umu ny’etiyopiyakazi agashobora koko kwubaka urugo rwiwe n’uwo mucance! Niho rero Imana ibahamagara mwihwaniro ngo bitabe mw’ihema ryibonaniro.

Rwaruka nkunda, mwaje mw’ihema ry’ibonaniro mwaje ngo Umukama abayagire kandi ngo abegeranirize murukundo rwiwe, muramuhanga mumwumviriza, muramusenga, muramutakambira rwaruka, muramwereka ikiri kumutima. Nibwira yuko urwaruka rwacu rw’iki gihe mubabaye cane kwumva yuko abany’epolitike bacu badashobora kutwubakira igihugu kirimwo amahoro bakaduhitana tukajana nabo mu nzira iryanisha abarundi. Ntivyashobotse! Abavuga ngo politike ikinwa gutyo nyene kugirango abanyagihugu bose ntibashobore kwumvikana. Mbega yemwe uwo mugambi wa politike woba usa gute? Nico gituma bavukanyi mwebwe mwaje muri iri hema ry’ibonaniro, muri iri sabukuru yacu y’urwaruka mwoshimika tugasabira uburundi bwacu. None duhezanye ? none duhonyanye? None tumarane? None uburundi buzotahira nde? Buzokukira nde? Rwaruka rwacu ni mushike muri iri hema ry’ibonaniro mukundire Umukama aheze abanywanye aheze abanywanishe yongere abahe intumbero ishobora koko  kubafasha kwubaka igihugu na Ekleziya yacu.

Imana yarahanuye Musa, Aroni na Miriyamu baragerageza gusubiza hamwe. Ico bubaha muri musa cari iki ? Ico bubaha muri Musa ni kimwe, nuko Imana yari kumwe nawe. Rwaruka rwacu,ehe raba nimurabane mumaso ! ni murabe mumaso !  murakoze cane! Ndumva yuko ico kintu kibatwengeje mwese. Jewe ndababona mu maso mwese ;  ikimpimbaye n’iki ? ni ishusho y’Imana ndababonyeko. N’uko musa nanje ! n’uko mushobora kwiyumvira nkanje. N’uko mushobora gukunda ico nkunda nanje hamwe Umukama ambarira ati ico ushaka ko abandi bakugirira, kibagirire nawe. Mbwira none ushaka ko ndakugirira iki ? ndazi neza yuko ushaka ko ndakugirira ineza. Ni kuki weho udahindukira ukangirira neza ? ukanyubaha ? ukangira umuntu abushitse ? ukangira umupfasoni, umushingantahe abushitse maze iki gihugu cacu kigashobora kuhatorera akoyoko ?

Miriyamu na Aroni si ikindi babwirizwa kubona muri Musa atari agashusho k’Imana. Atari iryo shusho ry’Imana yabakunda, iyo Mana yabacunguye, Imana yabakuye mubuja mu ntara ya Misiri ; niyo  ibibukije ko ikorera muri uyo muntu yitwa Musa. Imana  natwe itwibukije ko ikorera muri mwebwe rwaruka rwacu. Nico gituma ntangura gukunda muri mwebwe ico nayo ikunda : agashusho kayo, ubwiza bwayo, ubutore Imana yatwiremaniye.  Aroni na Miriyamu baciye bakira impanuro Imana ibahaye. Erega ni kwa kwemera kwacu, ni imburi y’uku kwemera kwacu twebwe twigishwa na Kristu Yezu. Niwe agira ati “uwunyemera azobaho kubwanje” ; uwunyemera kandi akigenza gutyo kuko nyene anyemera, araheza akagabana ubuzima budahera. Iryo jambo bavukanyi niryo dusanga mu Nkuru Nziza. Baba abo bantu Yezu yari yagiriye neza, baba abo bigishwa yasanze aho mubwato akaza abakurikira  we agendera ku mazi, yaba Petero yatumwe kugendera ku mazi kugirango amusange iyo ari, baba abo yakijije indwarazabo muri iyo ntara y’i genezareti bose abasaba kimwe : ukwemera.

Ukwemera bavukanyi  Umukama arakudusaba kuko azi neza ko ariyo nkingi y’ubuzima. Ukwemera Umukama arakudusaba kuko arikwo gahivu gafatanya umwigishwa wiwe na we. Ukwemera nikwo kandi guhindukira kugahuza twese. Uwemera agakunda ico nanje nemera, ico nanje nkunda tuzoheza dusenyere ku mugozi umwe. Rwaruka rwacu ni mwemere. Ni mwemere basha ! Ehe raba hari abagikekereza. Ni mwemere. Ni mwemere Umukama Yezu mureke kumuca hambavu. Ni mwemere umukama Yezu mureke ku muroha. Ni mwemere umukama Yezu mureke kumuguza ibindi nzi neza ko bidashobora kubatuma muba abantu bashitse. Ukwemera nikwo kwubaka twese turi ngaha turi benshi gutya kuko twemera Umukama Yezu. None wazanywe n’iki ga hewe ? wazanywe n’iki atari ukwo kwemera ? ndazi yuko atayindi nyishu muri bumpe ;  mwaje kuko mwemera Umukama Yezu. Kwemera Umukama Yezu nico kigutumye wicara ngaha ahandi ho wari kwigira kwironderera irengwe. Ntakindi cagutumye wicara muri iyi sengero y’i Makebuko kuri uyu muhingamo, urushe. Ni kuki uri ngaha unezerewe ? ndabona ko ndabavugishije nkababwira akajambo kabakora ku mutima muca mumwenyura. Ni kuki mumwenyura ? atari uko mufise ukwemera muri mwebwe ?

Rwaruka rwacu ntimuse na Petero muri aka kanya. Petero araduhaye akarorero kabi ko kwihebura ko kugira ubwoba mu ngorane, mu bimushikiye wewe atari yiteze. Rwaruka nkunda mwebwe muri iyi misi muriko murashikirwa n’ivyo mutari mwiteze na gatoyi : kwumva ko duhakwa kugwa mu ngwano, kwumva yuko dushobora kugwa mu kaga k’ubwicanyi tubona ko abantu bamwe bamwe bubahuka gushora amaboko ku bandi bakabica, ubwo  murazi yuko ata muntu numwe naho yoba afise ububasha bungana gute bwo kwica? Nta numwe afise uburenganzira bwo kwica. Nta numwe. None ehe raba biriko biradushikira yemwe. None ehe raba biriko birashika mu gihugu cacu bikatwibutsa ako kabi kabishe twahitiyemwe imyaka n’iyindi. Umusi uri izina sinzi ingene Imana idukubise agashi iti : bane banje zamwareka ! Ego vyari vyashobotse ni kuki bitoshoba ubu ? ni kuki bitoshoboka ubu rwaruka ? Namwe muriko mushikirwa n’ibintu mutari mwiteze na gato. Ari naco gituma ndiko ndababwira ngo ntitwigane Petero ngo ntituje ngaho dutwarwe. Twebwe tubwirizwa kugira umutima mwiza. Nico gituma atagatosi k’igicumuro twigumizamwo. Gutyo rero tukaba abana b’Imana. Ni kuki twebwe tutoshobora iki gihe gushika aho dushobora kwubakira amahoro muri twebwe  kuko turi bene Mana? Rwaruka nkunda, ngico ico tuzomara iyi misi ine yose tuganira.  Mushitse ku musi wa kabiri muzotaha ku musi wa gatandatu. Ndifuza yuko iyi misi yose twokwumvira koko ico Umukama atubwira. Ese umuvunyi w’umwe umwe muri twebwe yodusabira. Ese umuvyeyi Bikira Mariya yodukandira akaba hafi ya Yezu akamubwira ico dukeneye mbere akatubwira ati : murakore ico cose aza kubabwira, ico cose aza kubategeka. Ese umukama yotugabira Mutima mweranda wiwe akatugira koko indemesha z’amahoro.  Imana n’ihezagire iri sabukuru ryacu ! ».

Inkuka yaciye ibandanya. Inyuma yayo naho ; hakurikira gutanga indaro aho wabona imiryango myishi inyuragiranwa bihuta gutora abo baja guha indaro.

 

Ku musi wa 4: « HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA                  (Mt 5,8 »)Msgr Simon NTAMWANA.

 

Inyigisho yatanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega. Hatanguye akaririmbo ko kwakira mu kanyamuneza Umwungere wacu, hama turambaza Mutima Mweranda. 

Ati: “Icatumye tuza ngaha ni ukugira tugabire Umukama, tumuhe ituro rimubereye. Isabukuru yacu iratandukanye n’ukuza kuvyina”… Ati: “ndazi ko mubizi kuko muza n’umutima wanyu mumubaza muti none ga Mukama kugira turonke ubuzima bwawe twogira dute? Twoburonka gute? Araheza akaduha inyihu mbere ishobora n’ukugorana kwakira mugabo avuga vyo kuko kugira turonke ubuzima nuko tuba twemye kuba abagenzi b’Imana b’ukuri”. Ni naco ciyumviro bamusavye gushimikirako kugira ngo ni twataha dushobore kugumana na Nyenubuzima. Iyo tuvuze ubuzima hari abiyumvira ubuzima budahera canke bw’umutima. Oya haba namba ni ubuzima bwose: kw’ishure, kw’isoko , mu ma nama y’amajambere,... Ibihe vyose aho ubuzima bwacu bwose bwibonekeza. Yipfuza ko urwaruka rwotaha hagize akantu kiyongerako kuko hari abantu barImwo tubiri iyo bavuye aha baca basubira mu vyo bahorawo, bakaba ibirirahabiri. Mwese rero mwirinde kubamwo tubiri. Kuko ubwirizwa kwifata, kwigenza nka  Kristu.

Umuvyeyi wacu Papa ariko arategura urugendo ruzogana i Pologne muri Cracovia, ewe barahiriwe abazojayo. Hamwe umwe umwe yotanga akajana nka kabiri mu mwaka nukuri vyokunda ko hoboneka n’umwe aduserukira. Papa atumirira abavyeyi, abasaserdoti, abihebeye Imana ko bokwama bibutsa ico ciyumviro. Umuvyeyi wacu Papa yashatse ko twitegura tuzirikana kandi dushira mu ngiro iri jambo ngo “Hahiriwe abari n’umutima mwiza kuko bazobona Imana”  (Mt5,8).

Iri jambo ni agatangaza: uguhirwa. Umuntu wese yama arondera anyoterwa kumererwa neza, nta muntu n’umwe adafise ako kanyota. Umuntu atagafise yoba ari igihume, ntiyoba akomeye. Ariko n’umukehabwenge nawe nyene tumwitondeye tukaraba uruhande rugikomeye dusanga nawe nyene afise iyo nyota yo guhirwa.  Nico gituma kugira uko guhirwa gukwire hose n’uko nyene bose baba bafise ico bipfuza, turategera rero ingene igihugu cacu kidahiriwe namba kuko  hari benshi baharanira guhirwa mugabo baciye ku nabi! Umu rusiya yitwa Fiyodoro  niwe yagize ati: “Mu gisagara n’umwana umwe arize kuko atanezerewe ico gisagara ni ico gusamburwa cose”. N’ukuvuga ko naho umuntu umwe yorira turabwirizwa kwiruka kuraba ikimubabaje.

Uguhirwa ni akaranga k’umuntu, uguhirwa nta muntu n’umwe atabirondera. Ukwo guhirwa gushika neza igihe turonse uwuduha ako gahimbare kuzuye, tumurondere kandi turazi ko abantu dushobora kugemuriranira, gufashanya. Ariko ivyo birateba bikanahera canke bikarambira, iyo wipfuza ikirenga aho sinshobore kukironka kuri mugenzanje. None agahimbare kuzuye ndagakesha Imana. Imana yo nsa niyo ishobora guha agahimbare kagwiye umuntu. Hari abantu baduhema ngo ni twagira ibi niho tuzohirwa. Rwaruka, ahatari Imana umuriro udahera uca utangura. Bwa buhirwe, wa mutima mwiza uca ucuya, uca utosekara kuko uwaguha kwa guhirwa nyako, ka kanyamuneza gashitse atariho acicaye, niho uheza ukarondera,  ukipfuza mugabo nturonke. Ibi rero si ivyo umuntu yiga n’ubwenge bwinshi canke ngo abisome mu bitabu; ahubwo ni ivyo yiyumvamwo. Cane cane harya agira asangire niho agira ati. “ndaronse mafubo”, kuko niwe yavyivugiye ati: “nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi” (Mt 28,20). Ng’aho aho akanyamuneza gakomoka. Ego umugenzi arashobora kunezereza mugabo igihe ntamushize muri ubwo bunywanyi n’Imana ubwo bunywanyi bumara akanya urume rumara; mugabo uri kumwe n’ Imana yamaho, ako kanyamuneza,ubwo buhirwe bwamaho,

 

Umutima mwiza ni ukuvuga iki?

Mu Burundi twebwe tumeze nk’abayuda. Iyo turavye neza, dusamaye baratubwira bati wa gipfamutima! Bati nta mutima ugira!

Umutima si ikibiribiri. Haba namba! Uratandukanye n’umushaha, mbere tugira duti umutima uri  mu nda, bagira bati subiza umutima mu nda. Ntibagira ngo wusubize mu gatuntu!

Umutima rero ni burya bubasha dufise bwo guhimbarwa, bwo kugenda dusangira ijambo. Ng’uyo umutima. Igihe vyase ko dusangira na mugenzanje aha rero mba ndiko ndabura umutima.

Umutima; ni burya bushobozi bwo gusangira n’abandi. Umutima ni agahambaye mbere ingene mu Burundi tubitegera ni neza cane. Iyo bagize bati urya ni umuntu w’umutima ni ukuvuga ko uwo muntu ari umwizigirwa. Umwana w’umutima ni uwo. Mu mutima niho Umukama afatira akagira ati “hahiriwe abari n’umutima mwiza” niho  hari ugukunda, kuvavanura no kurya umutima abandi, kubihebera. Mu mutima mwiza hari ukwogushima Imana, kuyigira umuvyeyi wanje, kuyigira kirumara waje. Muri uwo mutima niho dusanga ubutungane, ubugororotsi, urukundo nyakuri. Ndabivuga nshimitse kuko nzi ko aho muvira aha hari abazobabwira ibihushanye n’ibi mbabwiye: Ukwiba, ukwica, ubusambanyi, umunoho, uburwanabi, ukunyanganya, ugutanga ibiturire,… ng’ uyo umutima mubi. 

Umuvyeyi wacu Papa ati: “umutima urimwo ivyo ni vyo bituma umuntu ananirwa n’ugucudika n’Imana, n’abantu”. Wa mutima mwiza ujanye nyene n’imigenderanire myiza n’ Imana na bene wacu. Wa wundi uhiga kwama mu nama nziza na bagenzanje, nkumva ko ndiko ndagerageza igihimbara mugenzanje. Muri Amerika y’epfo, Papa ariko araganira n’abantu baserukira abandi n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivya politike, ati: “Ehe raba ingene igihugu coba umuryango!”. Mbega uburundi bwoba umuryango gute? Kugira ngo igihugu kibe umuryango, uburundi bube umuryango? ati n’uko:

  1. kuba dufise uwo mutima mwiza, niryo humbi rya mbere
  2. nuko twese dufatana mu nda, kuko habaye imirwi ine itanu ntibikunda
  3. kwitwararikana: wewe ubwawe nturindire gusa ko hari ico bakugirira ahubwo uhaguruke utangure witange ku buntu kandi nturindire impembo canke ngo wubahuke usabe igiturire!
  4. Ukwubahana: dushaka uburundi-muryango ni uko twubahana tugashaka kugenda twese twubahana, tukubaha amatageko yose atugenza ntihagire uwuba umuja w’uwundi.

Uwo mutima mwiza witeguye gutyo urashobora no kwitaba Imana urashobora kwakira Imana ugaha iteka Imana. Ntawushobora kubaha amahoro, itekane mu mutima atari Imana yo nyenye (Pape François aux jeunes en Belgique) 

Umutima w;umuntu ntushobora gutekana utarimwo Imana, Augustino mweranda arabitwibutsa.

Naho twoba dutunze ibingana iki, ata Mana, nta mahoro. Naho twogira ngo :“ubutare turafise!”, ata Mana,  tuzoguma turyana, dutanako imyikomo. Iryo jambo ry umuvyeyi wacu papa rirakomeye: “Mudafise Imana muguma muri igiharwe, muri igicubwa”. Kugira ube umuntu abukwiye ubwirizwa kuba wugururiye Imana. Hahiriwe abafise umutima mwiza..

Mu mazabuli atari make Umukama aratwigisha uko kubona Imana Imana, yo ntoranwa yanje (Rondere Imana: ps 127,8)

 Izaya ati rondera Imana bigishoboka. Imana irashobora kutwihisha kuko dusa n abayirondera mugabo atariyo namba dushaka. Iyo ubonye Imana, mugahuza amaso, ukayikundira, ng ubwo ubuhirwe nyabo. Bikira Mariya yakiriye Mana Mwana muriwe aho yagira ati jewe ndi umusavyi wawe… Mu nyuma yaciye yatura ati umutima wanje uraninahaza Imana. No ngaha iwacu turafise akajambo keza ngo arafise imbanyi. Kuba umubanyi wa  naka, ko nabaye imbanyi y’abavyeyi banje. Bikira Mariya yumvise ko afise imbanyi y’Imana ntiyari kureka kwishongora.

Kugira tubone Umukama adusaba kugira umutima mwiza.

Inyuma yiyo nyigisho hakurikiye ibibazo bikurikira n’inyishu zavyo hamwe n’intahe zashinzwen’abihebeyimana.

Ibibazo:

  1. Itandukaniro riri hagati y’umushaha, umutima n’umuzirikanyi + kami ka muntu
  2. Ko umutima ari umubiri mukaba muvuze ko umutima uri munda iyo mibiri iratandukanye
  3. Wipfuza kugira umutima mwiza mugabo ukaba ifise ababanyi bagukwegakwega nk abanya politike bakaguharira ivomo wogira gute ngo uzigame uwo mutima mwiza?
  4. Kugira umutima mwiza bivanye naho usanzwe ubaye ukagerageza mugabo urugo ntirukworohereze, worubamwo gute?
  5. Harya papa asoma isi bisigura iki?
  6. Mu buzima bwo ngaha kw’isi, iyo umwana yahatswe gukororwa imbanyi amaze kuvuka yogira umutima mwiza gute ?

Hakurikiye Inkuka y’imisa yari irongowe na nye nicubahiro umwungere wacu.

 

Mu nyigisho yiwe  yashimikiye ku ntambwe zitatu.

1. Intambwe ya mbere yatumiriye urwsaruka gukenguruka ivyiza Imana idasiba kutugirira. Aho naho yigishimikije igisomwa ca mbere (’Amategeko 4, 32-40), aho Musa yereka abanyisraeli ivyiza Imana yagiye irabagirira, haba igihe bari bagorewe mu misiri (Umukama akabatoza inzira yo kuvayo), haba n’inyuma yaho. Ivyo Umukama yagiriye abanyisrayeri nivyo yama atugirira na twe umwe umwe wese, naho rimwe na rimwe umengo ntitubibona. Nk’umugenzi adukunda Imana yama itugirira neza. None rero umaze kubitahura ko bimeze gutyo ko ariwe iturasanako mu magorwa ntitworeka kugira nka Petero tuti : «mbega Mukama turi bwirukire nde wundi ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima ? » . Rwaruka ni mwame mwibuka ivyiza Imana yabagiriye hama mukenguruke. Ego twaraciye mungorane zinyuranye aha muburundi ariko no muri izo ngorane Umukama yashatse kuduhishuka urukundo rwiwe. Namwe musanzwe muzi ko urukundo rwiturwa urundi.  Intambara twaciyemwo kandi n’ubu itarahera neza novuga ko ari umusalaba twikoreye nk’abarundi. Naho bimeze gutyo dutangarira urukundo rw’Imana iguma itugirira ivyiza. Kubera ivyiza itugirira, bituma tuyihebera.

2. Intambwe ya kabiri n’ukwihebera Imana. Wibutse ivyiza Umukama yakugiriye aciye kuri uriya n’uriya, ukibuka mbere n’ivyagiye birakubabaza, ariko ukaguma wizigiye Umukama ntiworeka gushima.  Yezu ati : « uwushaka kungendanira niyihebe we nyene » (Mt16, 24-28). Ukwihebera Imana ni ukuja mu muryango w’abihebeyImana. Ariko n’abatuvyaye, abavyeyi bacu barihebeye Imana mu kuturera neza. Nobasaba ko mwokwitabana uwo muhamagaro wo kuba  abavyeyi mwabanje kuzirikana ko mugiye gukorera Imana aco kimwe n’umuhamagaro wo kwihebera Imana. Ayo matorwa yose arashaka ko tubanza kwiheba. Ntabanga na rimwe rishoboka utarishizemwo umutima wo kwiheba. Utabanje kuritosora umutima wo kwikunda. Wa mutima mwiza twigishwa na Papa Francisko ushaka ko ndeka kwikunda ndondere riho amajambere ya mugenzanje. Iyo umuvyeyi wanje atabanza kwiheba akareka kwironderera ikimuryohera, simba ndiho.

3. Intambwe ya gatatu ni ukwikorera umusalaba.  Kwikorera umusalaba cari igihano gihabwa abaja. Ariko uwo mwana w’Imana yarikoreye Umusalaba kubera jewe, kubera wewe. Kwikorera umusalaba ngo dukurikire Umukama bisigura ko twemeye no kugorwa kubera Imana Data kugirango tugaragaze urwo rukundo muri bene wacu. Ivyo tubiranguye Data aca atubwira ati : “Bwabutore burashitse” kuko atubwira ati: “Urakunda mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene”. Yezu  akongerako ati:  “Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe” . Ahandi  naho ati : « Ni mukundane nkuko nabakunze ». ntimushobora guteza imbere uburundi mutemeye kwiheba. Kandi murabishobora kuko mufashwa na Mutima Mweranda. Nawe yafashije benshi none ntiyovyima wewe!

Amen.

Inyuma y’Inkuka y’Imisa. Urwaruka rwarashikirije ijambo ryo gukenguruka no gusaba. Bagira bati :

« IGENEKEREZO RYA  7 MYANDAGARO UMWAKA WA 2015

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’URWARUKA RWO MURI DIOSEZE NKURU YA GITEGA RURI MW’ISABUKURU  YO KU RWEGO RWA DIYOSEZE MURI PARUWASE YA MAKEBUKO

Nyene icubahiro Mwungere wacu,

Twebwe turiko turasozera ihwaniro ry’urwaruka muri Diyoseze twabanje kurangiza amahwaniro yo mu maparuwase yose no mu ntara z’ubutumwa zose, twagira tubashikirize iryo tugona kandi mudukundiye tubatume muridutambukirize ku bo musangiye kutuyobora muri Ekleziya riheze rishikire abaturongoye mu gihugu bishobotse no mu makungu.

Turakengurutse cane umwitwarariko Ekleziya idufiseko wo kwama idutegekaniriza ibiringo nk’ibi vy’ukwinagura kumutima kugirango twisubize itoto twebwe urwaruka.Maze mukadutegekaniriza izi nyigisho zikabura ukwemera kwacu, zigakiranura imigenzo yacu, zikadutumirira kuba intumwa z,ukwubahiriza ubuzima bw,umuntu wese n’agateka kiwe, ubuzima bw’umuntu ni katihabwa. Kira noneho ijambo ry’Imana riratwereka ko amaraso y’umuntu Imana itazoreka kuyahora (Amamuko 4,10). Zikadutumirira kandi kuba  ibivumbiko vy’amahoro,ukurekuriranira no gusubiza hamwe.Izo nyigisho turazishima kandi ko zidukaburira  gukunda no gukorera igihugu catwibarutse, turabikengurutse cane. Turasavye ko mwotugwiriza ibiringo nk’ibi. Turakengurutse kandi ko mudasiba kutubwira ko kubu na kazoza k’Ekleziya kari muri twebwe.

Turakengurukiye kandi abo mu twaro bo ataco batagira kugira batwumvishe ko twebwe urwaruka ari twebwe Burundi bw’uyu musi n’ubw’ejo ko tutojana nyabahururu ngo twisamburireko nk’impene, turashima impanuro zitandukanye mudasiba kuduha.

Mu dukundire natwe nk’abana banyu tubashikirize akari ku mutima. Twebwe urwaruka rwanyu turatewe ubwoba n’ibiriko biraba mu gihugu cacu. Turahagaritswe umutima n’abarundi birirwa baricwa mu buryo bubabaje. Tukumva ko hariho n’abatotezwa  kubera ivyiyumviro vyabo abandi nabo baborezwa igufa. Turababajwe cane na bene wacu b’abarundi bagorewe mu buhungiro. Turi n’impungenge, twuzuye ubwoba, kuko dutinya ko intambara ishobora kwaduka. Turatinya kandi ko amakungu azohava adufatira ibihano. Vyongeye turafise  impungenge z’uko ivyo bihano biramutse bifashwe ari twebwe urwaruka ataho tuvunika tuva bizobangamira ubwa mbere.

Twebwe  urwaruka rwanyu mudukundire tubatume ku Nama y’Abepiskopi Gatolika bo bavyeyi bacu. Mudushikirire Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu hamwe n’abamufasha ngo:

  1. Agire ibishoboka vyose turonke amahoro maze abantu bareke kubandanya bicwa bazira ukutumvikana ku bibazo vya politique biri mu Burundi.
  2. Abarongoye imigambwe nabo mubatubwirire kutatugira ibiraro vyo gushikira ubutegetsi bipfuza mukudukoresha mu bikorwa bigayitse vyo gutoteza abo batavuga rumwe.
  3. Aba nyepolitike nabo turabazambiye dushimitse  ko bosubira mubiganiro vyotuma ibibazo bihanze igihugu cacu bitorerwa umuti kuko basokuru bacu barayamaze bati: “Ibigiye inama bigira Imana”. Muti: Turabasavye muturinde intambara. Mbega ubutegetsi bwoba bumaze iki abarundi bariko barahona kandi basubiranamwo?
  4. Natwe urwaruka twokwima amatwi abo bose badutumirira kwankana, kwica no gutoteza  benewacu. Kuko “Urya incuti ukinovora intuntu”.
  5. Mudushikiririze amakungu ko yobandanya akigoro yatanguye ko gufasha abarundi kurondera amahoro biciye mu nzira y’ibiganiro kugira ngo n’imfashanyo ntizihagarare.

 

Turangije tubakengurukira ku kigoro mwakiranye ivyipfuzo vyacu.


Urwaruka rwanyu.                                                               

(Icegeranyo cafashwe na Patiri Basile HARUSHA, Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE hamwe na Furera Evariste HARERIMANA. Caciye gitosorwa na Patiri Timothée HAKIZIMANA).