Skip to main content

YUBILE Y'IMYAKA 100 UMUVYEYI BIKIRA MARIYA ABONEKEYE LUCIA, YASINTA NA FRANCISKO I FATIMA

Kw’igenekerezo rya 30 nyakanga 2017, Ekleziya y’i Gitega yarahimbaje Yubile y’imyaka 100 Bikira Mariya abonekeye abana batatu, Lusiya, Yasinta na Francisko, i Fatima mu gihugu ca Portugalo. Uwo musi mukuru wasabwe (ko woba mu madiyoseze yo kw’isi yose) na Nyenubweranda Papa Francisko igihe yasozera umusi mukuru w’ihimbazwa ry’iyo Yubile nyene ku wa 13 rusama i Fatima. Kuri iyo taliki nyene, niho Papa yashira ku rutonde rw’aberanda babiri muri abo bana, aribo Yasinta na Francisko. Twokwibutsa ko Umuvyeyi Bikira Mariya yababonekeye incuro 6 zose mu mezi 5, ni ukuvuga, kuva kw’igenekerezo rya 13 rusama gushika ku rya 13 gitugutu 1917.Yabahaye ubutumwa bazoshikiriza Ekleziya yose bushimikiye ku guhinduka, gusenga cane tuvuga irozari, no kwishikana ku Mushaha wiwe utatyoye ngo isi ironke amahoro. Ni mu gihe intamabara ya mbere y’isi yose (1914-1918) yari iriko irabica bigacika.

 

Urubanza rero, ino iwacu, rwabereye ku Kirimba citiriwe Bikira Mariya Umugabekazi w’i Fatima, Umuvyeyi wo Guhinduka no Gusubizahamwe, kiri i Kavumu, muri Paruwase Bikinga; kikaba kirabwa n’Ababikira ba Bikira Mariya Inabwuzure. Harabaye ingendo nyeranda zagizwe n’abakristu baje bava irya n’ino. Kuva ku mugoroba w’uwagatanu italiki 29/9, habaye inkuka ya misa yo kwugurura igiteramo ceranda yakurikiwe n’uguse-nga, ukwigishwa hamwe no gutanga isakaramentu ry’ikigongwe, ijoro ryose. Bukeye, ku musi w’urubanza nyezina, umwepiskopi mukuru wa Gitega yarigishije ishengero ryari ryakinje (mu misa) ashimikiye kuri aya majambo: “Twifatanye n’Umuvyeyi Bikira Mariya tube abasavyi b’Umukama b’ukuri, turangure ubutumwa uwo muvyeyi aduhaye: guhinduka ngo dushobore gusubiza hamwe nk’abana b’Imana, tugaruke kuri iyo Mana, twubake Ekleziya-Muryango.

 

Umwungere wa Diyose yaribukije ko kubonekerwa ari ingabirano y’Imana: uwuvyihagira agashaka kubigira agatongo kiwe, aba ariko aravyibuza na gose! Niho rero yatumirira ishengero kwitabana ubwira ubwo butumwa bwa Bikira Mariya avuga ati: “Ni muhinduke kugira ngo muronkere amahoro isi! Ni mwijukire igisabisho c’irozari, igisabisho kibafasha kubana n’Imana no kubana n’abayo! Erega Intango yo guhinduka ni ukuba umusavyi w’Umukama!”Yaciye asigura iryo jambo yishimikije uturorero twa Noé, Aburahamu na Musa; aranerekana umuhamagaro, ingiro n’ingendo vy’Umusavyi n’Umu-suku w’Imana, nkuko umuhanuzi Izaya abidonda mu ndirimbo zine dusanga mu bigabane vya 42; 49; 50; 52 na 53 vy’igitabu ciwe. Uwo musuku nawe arangwa no kwakira ishaka ry’Imana naho yokwikorera umusalaba nka Kristu, we Musuku w’abasuku. Yasozereye asubira gusaba ishengero guhinduka ngo tuzanire uburundi bwacu amahoro. Ati: “Ivyo navyo bizoba twemeye kuba abasuku b’Imana basa na Kristu; tukemera kubeshwaho n’infungura  yo gukora ishaka ry’Imana nka Kristu nyene”. (P. Timothée HAKIZIMANA)  

To top

IMISA ISOZERA INAMA Y’ISHIRAHAMWE RY’ABEPISIKOPI KATOLIKA B’I BURUNDI N’I RWANDA (Catedral Mushasha, 22-3-2017))

Kuri uyu wa 22 ntwarante 2017, muri Cathédral Kristu Mwami ya Mushasha, Abepiskopi Katolika b’i Burundi n’i Rwanda baragize imisa isozera ibikorwa vy’inama y’ishirahamwe bahurikiyemwo “ACOREB” (mu mpunyapfunyo y’igifaransa). Bari hahuriye mw’Iseminari nkuru yitiriwe Umweranda Yohani Paulo wa Kabiri, i Songa i Gitega kuva ku mugroba w’italiki 20 kugera mu gitondo w’uwa 23 ntwarante 2017. Mu misa, bose hamwe bari 13:

Indwi  b’i Burundi, aribo: Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga akaba n’Umukuru w’Inama y’Abepskopi Katolika b’i Burundi; Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi  Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba n’icegera c’Umukuru w’Inama y’Abespiskopi Katolika b’i Burundi; Musenyeri Simon NTAMWANA, Umwepiskopi  Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega; Musenyeri Jean NTAGWARARA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza; Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana; Musenyeri Blaise NZEYIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi na Musenyeri Georges BIZIMANA, Umwepiskopi-Samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza.

Mu b’i Burundi, hari hafatiriwe Umwungere wa Ngozi n’uw’i Bururi. Ariko uw’i Bururi wewe yari yashoboye kuza mu nama, aca arakenerwa vyihuta mw’i Diyoseze aragijwe, inama igihera.

Batandatu nibo baje bava mu Rwanda; Musenyeri Philippe RUKAMBA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya BUTARE, akaba n’Umukuru w’Inama y’Abepskopi Katolika b’i Rwanda; Musenyeri Smaragde MBONYINTEGE, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Kabgayi, akaba n’Umukuru w’Ishirahamwe ry’amanama y’Abespikopi Katolika b’i Burundi, Rwanda na Congo-Kinshasa (ACEAC); Musenyeri Vincent HAROLIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruhengeri; Musenyeri Servilien NZAKAMWITA, Umwepiskopi wa Diyoseze Byumba ; Musenyeri Céléstin HAKIZIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Gikongoro na Musenyeri Anaclet MWUMVANEZA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Nyundo. Abatashoboye kuza ni Umwungere mukuru wa Diyoseze  ya Kigali; uwa Kibungo n’uwa Cyangugu.

Iyo misa twavuze yatanguye isaha cumi n’imwe (17h00) z’umugoroba, irongowe na Nyakwubahwa Musenyeri Simon NTAMWANA, Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega. Ariko, insiguro y’ijambo ry’Imana yashikirijwe n’Umukuru w’Inama y’Apepiskopi b’i Burundi, Nyakwubahwa Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE. Tubaye turareka, abanyamabanga babiri b’abo  Bepiskopi b’ivyo bihugu bibiri, abandi baserdoti barenga 20 bari baje kubashigikira. Abihebeyimana n’abakristu balayike, bari bagwiriyemwo urwaruka rwo mu mashure yisumbuye, barakubise harazima, ntibashoboye no gukwigwa mw’isengero. 

Mu majambo yahavugiwe, eka mbere no munsiguro y’ijamabo ry’Imana, Abepiskopi bacu, baserukiwe na n’Abipskopi barongoye Inama zabo i Burundi n’ i Rwanda, hamwe na Musenyeri Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega (ari nawe yavuze ijambo ryo kubakira mw’isengero nkuru  ya Diyoseze), barashimikiye ku bucuti bafitaniye ; ubucuti bufatiye cane cane kukugene ibi bihugu bibiri bisangiye akahise eka mbere n’akubu; ubucuti kandi buva ku mico n’imigenzo vyegeranye cane, ku buryo ibihimbaye n’ibigoye, vyose womengo twama tubisangira. Ubwo bucuti rero, nkuko Musenyeri Simoni Ntamwana yabitomoye, buca bugarararira no mu kwemera kurangwa muri Ekleziya yacu ishashe muri ibi bihugu.

Mu gushimangira ko abantu b’ibi bihugu  bibiri –Uburundi n’Urwanda-  n’ama Ekleziya yaho (ni ukuvuga amadiyoseze) basimba basangiye amajanja, Musenyeri Philippe RUKAMBA we yivugiye ati : « Hari igihe abarundi mugwara ibicurane, natwe tukasamura !». Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE nawe ati : « Birahimbaye kwibonera abatoranye kuja kwigisha ijambo ry’Imana. Bakristu mwese, aba basenyeri bakoraniye ngaha uyu musi, bavuye mu ma Diyoseze atandukanye y’Uburundi n’Urwanda ku mvo z’urukundo n’ubumwe vyibonekeza hagati yacu ». Arongera ati:  “Aka karyo kabaye keza ngo dusubire kwerekana ko Ekleziya ishashe i Burundi n’iyishashe mu Rwanda zunze ubumwe ».

 Afatiye kw’Ijambo ry’Inkuru nziza ryasomwe uwo musi aho Yezu yigisha ati: « Ntimugire ngo nazanywe no gukura itegeko canke abahanuzi. Sinazanywe no kuzimanganya, naje kunogerereza » (Mt 5,17), Musenyeri Yohakimu yarasiguye neza ko Yezu yigishije ivyo Imana yashatse kuva kera ko bija mu ngiro mu gihugu cayo; Yezu  akavyiroreshako kugira ngo abirangura uko vyategetswe, ndetse abinogerereze. Ivyabwirijwe navyo ni birora ngaha: « Ko Abantu bose bokundira ishaka ry’Imana ryagaragajwe na Yo mu mabwirizwa yayo yose”. Musenyeri Yohakimu akongera ati: « Yezu yararanguye amabwirizwa yose, arayanogerereza mu kurangurira vyose ku musalaba, kugira ngo ico ahamagarira  abantu bose kibanze kiranguke muri we nyene. Ku bw’ivyo, Yezu arafise uburenganzira bwo kuvuga ati : ‘ uzuzorangura mabwirizwa akongera akigisha n’abandi kuyarangura azogirwa mukuru mu bwami bw’ijuru` ». Yasozereye atumirira abakristu kwihweza akarorero ka Yezu mu kurangura abwirizwa yose y’Imana , kugira ico Yezu abipfuriza kiranguke muri bo, anabahanura kwirinda abangushi baguma batanguza utudini twinshi mu bihugu vyacu (600 mu Burundi, 900 mu Rwanda) no kw’isi yose, ariko ukurenga ku mabwirizwa bikaguma ari kwa kundi, kuko batemera ko ubumwe Yezu yipfuje buranguka nkuko yabishatse.

Abo bungere, bafashe amajambo, barongeye kandi  baremenyesha abakristu,  ko basanzwe bahura nu nama isanwe kabiri mu mwaka: mu kwa gatatu no mu kw’icumi na rimwe. Baranavuze, mu ncamake, ibikorwa bikuru bikuru bakoze muri iryo hwaniro (risanzwe ryo mu kwagatatu) bariko bararangiza:   

1.      Kwigira hamwe ico Ekleziya y’i Burundi n’i Rwanda yoterera abarundi n’abanyarwanda mu bijanye no kuremesha amahoro, muri iki gihe havurwa impuzi ziguma zongerekana uko bukeye uko bwije muri bino bihugu vyacu. Gufasha kuremesha  izo mpunzi no kuzifasha gutahuka igihe cose bishoka.

2.      Kurabira hamwe ico Ekleziya y’i Burundi n’i Rwanda yokora mu kuremesha ingo n’imiryango hamwe n’umuti yotorera ingoranze zihanze izo ngo mu gihe ca none, aho nyishi muri zo atamwumvikano uzirangwamwo, mbere ibitigiri vy’ingo nshasha zisambuka (ingo zitaramara imyaka myinshi zubatswe) kikaguma ciyongera ku murindi uteye ubwoba muri bino bihugu vyacu.   

3.      Ico korwa ngo bafashe abahuye n’ivyago n’impanuka  biturutse ku  kirere : Imvura itara canke ikarwa ari mbi (imiyaga n’urubura vyishe vyinshi).

Inkuka ya misa, yari ihimbaye cane, yagiye kurangira igihe c’isaha imwe z’ijoro n’iminota mirongo ibiri, abantu banezerewe cane ; hari n’abatashaka gutaha ! Abo bashitsi biteka baciye bajanwa kwakirwa, mu giteramo c’ubumwe n’umuvukano, ku kirimba c’Umwepiskopi mukuru wa Gitega. 

(P. Timothée HAKIZIMANA)

 

 

INTUNTU N'AGAHINDA MURI PARUWASE GAHEMBA (9-3-2017)

Paruwase Gahemba ni imwe mu ma Paruwase agize Diyoseze Nkuru ya Gitega. Iri muri Zone Rugabano, Komine ya Mwakiro mu Ntara ya Muyinga. Irongowe na Patiri Anatole NDUWIMANA, akunganirwa na  Patiri Dieudonné NZEYIMANA

 Ku musi wa kane igenekerezo rya 9 Ntwarante 2017, mu masaha ashira isaha y’icenda yo ku muhingamo, niho ibara ryagwa muri iyo Paruwase, abantu barahundagara, intuntu n’agahinda bifata icicaro mu miryango itari mike yegereye Paruwase. Nkuko  Paruwase yari yabitunganije muri iyo ndwi, uwo musi hari hategekanijwe amapfungo ku mugwi w’abagabo bo mu gisata ca Gahemba hamwe n’inama y’abashinzwe ubutumwa bwa Karitasi. Bugingo basozereye izo nyigisho niho hakungagirana imvura ivanze n’urubura rwinshi harimwo n’imituragaro. Muri iyo mituragaro rero hahava hajamwo n’imiravyo inkuba ica ihitana abantu babibri baca bahasiga ubuzima ubwo nyene. Abo nabo ni uwitwa Yanwari ITANGISHAKA yararongoye Umubano, akaba kandi no muri Komite nkuru ya Paruwase, Yoronimu SIMPARAYE, nawe akaba yari arongoye Umuhari w’Ingendanyi ku rwego rwa Paruwase. Abandi bane nabo barakomeretse, bamwe impuzu bari bambaye zikaba zarahiye zicika umunyota. Muribo uwubabaye cane akaba ari uwitwa Firidore BANCIRYANINO asanzwe ari umwunganira-ngo muri Paruwase.

Mu ncamake rero, abo bagize isanganya bose bari abunganira Paruwase kandi bitangira ubutumwa. Hambavu y’ivyo hari n’ibindi vyononekaye. Aha twovuga nk’ imirima yegereye hafi ya Paruwase (ibigori, imyumbati, ibitoke, ibiyoba, ikawa, ibiharage, imboga,…) ikaba yarononekaye cane kubera urubura. Umuntu agereranije hoba hononekaye nk’uburinganire bwa hegitari zibiri. Inyubakwa z’Abasaseredoti nazone zarononekaye; cane cane urugi rw’inzu, ibiyo vy’amadirisha hamwe rero n’ivyuma vyahora bibaha umuco uvuye ku mishwarara y’izuba.

Imiryango itari mike muri kino gihe ikaba yipfumbereje itagira ayo icira n’ayo imira. Itabaza uwo wese yogira ico aterera ko yobagarukirako. Turetse ibigori vyari vyeze bariko barasarura, ibindi ni ivyobafashije mu misi iri imbere.

 

 

UMUSI MUKURU W’UBUZIMA BWIHEVYI WARITEGURIWE KANDI URAHIMBAZWA BIMWE BISHEMEYE MURI DIYOSE NKURU YA GITEGA 05/02/2017

 

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 02/02, amakungu yama ahimbaza umunsi mukuru udasanzwe wahariwe ibanga ry’Ubuzima bw’ukwitura Imana. Uno mwaka ukaba wahimbajwe ku ncuro ya 21 (kw’isi yose)  kuva ushinzwe na Nyene ubweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri mu 1996, ariko muri Ekleziya y’i Burundi, yabaye incuro ya 17, ni ukuvuga ko Umusi mukuru w’Abihebeyimana watanguye guhimbazwa biboneka mu Burundi kuva mu 2000. 

Muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, uwo musi mukuru wahimbajwe ku musi w’Imana igenekrezo rya 05/02/2017 muri Paruwase Kristu Umwami yo ku Mushasha, aho wahuriranye n’amibukiro y’imyaka 28 Umwepiskopi wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, amaze yatiwe muri iryo banga. Inkuka y’Imisa rero niwe yahihereje, iberamwo imigirwa idasanze kubera izo mvo zibiri, ariko kandi hari n’umugwi munini w’abahurikiye mu muhari wa CHIRO bariko barahimbaza umuvunyi wabo Patiri Yohani Bosco.  

Kubera ko umusi mukuru mpuzamakungu w’Abihebeyimana wamaze kumenyekana cane no ngaha iwacu i Burundi, uno mwaka wariteguriwe bimwe bidasanzwe mu ntambuko zitatu.

Intambuko ya mbere ikaba yabaye iyo kuremesha igisabisho c’Imisi icenda (neuvaine) no kwegeranya agafashanyo ko kunganira abagwaye bo mu bitaro bikuru vy’i Gitega. Muri ico gisabisho, Abihebeyimana bararose akanya ko kuzirikana bitonze ingene mukugumya ibanga mu buzima bwabo bwihevyi, baba ivyabona vy’ikigongwe c’Imana bahereye mu mibano yabo nyene».

Iryo jambo kandi, niryo ryabaherekeje mu ntambuko ya kabiri yari ijanye n’umwiherero ubategurira guhimbaza umusi mukuru nyezina. Uwo nawo wabaye ku wa gatandatu italiki 4/2/2017, ubera ku kirimba ca Bikira Mariya, Muvyeyi w’Ikigongwe (ku Mushasha). Uwabafashije kuzirikana, Mama Yozofina TOYI, MWENE-TEREZIYA, yarabibukije yongera arabigisha ingene ikigongwe c’Imana cokwibonekeza gihereye mu mubano umwe umwe wose, ati: “Ikigongwe c’Imana tubanze tucakire nk’ingabirano Imana ivotorera umwe umwe”. Agirako kandi amenyesha ko abanyamubano bose bahamagariwe gusabikanya ivyo bafise vyose nkuko vyaranze abigishwa ba mbere. Aronger ati: “Ubudasa bw’abanyamubano bube itunga ry’Umubano wose”… Yasozereye yerekana ko ikigongwe giha akandi karyo umuntu kugirango asubire atangure ubuzima bushasha muri Kristu.

Intambuko ya gatatu,yabaye iy’Inkuka y’Imisa yaherejwe na Nyene Icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, aho yabanje guhezagira amatara, haca hakurikira urugendo rw’Abihebeyimana bose bava ku kirimba c’Umwepiskopi bagana  ingoro y’Imana; Inkuka y’Imisa ica iratangura.

Akanyamuneza kari kose na mwanya Umwepiskopi mukuru wa Diyosezi nkuru ya Gitega, yari aramutse ahimbaza umwaka ugira 28 yatiwe mu bwepiskopi. Mu nsiguro yiwe, yarasiguriye ishengero ryari aho ko: “Ubuzima bw’ukwiheberimana aribwo buryo busumbirije bwo kwitanga wese wihereza Data ukurikije akarorero ka Kristu”. Arabandanya ati: “Indagano ndangankurunziza (ubwubashi, ubwewe ntegerwa n’ubworo), zigirwa n’Abihebeyimana, zibafatanya gose na Ekleziya n’amabanga yayo”. Musenyeri yarongeye kandi gutera intege Abihebeyimana mu kubaremesha mw’Ibanga batoranye ati: “Murame mwibuka ko mwagenewe kuba umuco n’umunyuvy’isi! Mwatorewe kuranga ubwami bw’Imana mu bantu, muyihereze mufise imitima itryoroye, mwihangane mu mageragezwa muhura mu butumwa ubwo ari bwo bwose. Murame mutubera itara n’ikimenyetso kizima kitwereka ubuzima tuzoba turimwo mw’ijuru, mwitwararike  kugumya ibanga ukwo mushoboye kwose”.  

 

Eka n’abandi bagiye barafata amajambo, bagumye bagaruka k’ubugumyabanga bw’abo Bihebeyimana no kukarorero keza bokwama berekana aho bari hose, muvyo bakora vyose. Aha twovuga nk’ijambo rya Patiri Alexis IHORIHOZE, CBY, arongoye Urunani rw’Imiryango y’Abihebeyimana mu Burundi bwose (ASUMA). Uwo yarasavye Abihebeyimana ko bokwama bashira mungiro indagano z’ubutumwa, bakabukora bishimikije UKURI, URUKUNDO n’UBUTUNGANE KURI BOSE, kandi bikiha ihangiro ryo gushira mu ngiro ibiri mu gisabisho c’Umweranda Francisko w’i Asize citwa “Mukama ungire intumwa y’amahoro”. Yagize ati:

 

“Ese muri ubu Burundi bwacu no kwisi yose Abihebeyimana twotegera ibanga n’ubutumwa bwacu, tukarangwa na wa mutima wa Francisko w’i Assize Mweranda, ca gisabisho ciwe kikatwama ku muzirikanyi tuti :

Mukamadufashe tube abantu baharanira amahoro.

Ahari urwanko, dushireho urukundo ;

Ahari imitongano, dushireho ikigongwe ;

Ahari amacakubiri, dushireho ubumwe ;

Ahari ikinyoma, dushireho ukuri ;

Ahari amakenga, dushireho    ukwemera ;

Ahari ukwihebura, dushireho ukwizera ;

Ahari umwijima, dushireho umuco ;

Ahari amaganya, dushireho akanyamuneza…..”

 

Inyuma y’Inkuka y’Imisa, Abihebeyimana bose n’abatumire babo baciye babadaniriza ikiyago ca kivukanyi mu nyubakwa z’amanama zo mukigo c’Incoreke za Bikira-Mariya, baboneraho no gukeza Nyene icubahiro Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ku myaka 28 aze mw’ibanga ry’Umwepisikopi.  

Furera Onephore BIGIRIMANA; cby. 

PARUWASE MUSHASHA: UMUSI MUKURU MWIZA W'UMUVUNYI- KRISTU MWAMI.

Umusi mukuri wa Kristu Mwami, umuvunyi wa Paruwase Mushasha warahimbajwe ku buryo budasanzwe uno mwaka. Uwo musi mukuru usanzwe ari uw’abanyamihari bose, uhimbazwa kw’isi yose kuva 1925. Mu kuwitegurira, ku Mushasha, harakozwe ibintu bitari bike :

v Abaserdoti baragendeye abakristu babasanze ku bisata iwabo, barabategura ku mutima ;

v Radio Maria Burundi yamaranye indwi yose na paruwase ;

v Amazaburi n’Inkuka ya Misa y’agatondo, Ibiganiro bitari bike vyaraciye kuri iyo nsamirizi.

v Igiteramo kidasanzwe c’Indirimbo caratunganijwe, muri Cathédrale, ku muhingamo wo ku wa gatandatu urongora Kristu Mwami, gitunganywa n’abaririmvyi bahurikiye muri Choral « LA COLOMBE », aho bari batumiye n’iyindi migwi myinshi y’abaririmvyi bo mugisagara ca Gitega.

v Hagati muri ico giteramo, Patiri Timothée yarashikirije inyigisho, ivuye mu kiganiro yari yatanze kuri Radio-Maria (mu gatondo kuwo musi nyene), atako aravuga n’umweranda Cecilia (Umuvunyi w’abaririmvyi n’abacurarangira Imana), ahereza ku kungene abantu twohindura isi biciye mu kuririmba.

v Kuva mu ma saa moya y’ijoro, hararirimbwe amazaburi yo gushemeza Kristu Mwami  muri Cathédrale nyene ya Kristu Mwami yo ku Mushasha.

v Urubanza rwagakura rwo guhimbaza umuvunyi gwaratunganijwe ruca ruba kuri uwo musi wa rwo nyene.

v Etc.

?Agace k’ikiganiro Patiri Timothée HAKIZIMANA yatanze kuri Radio-Maria buca ari Umusi Mukuru wa Kristu Mwami.

(…) Umusi Mukuru wa Kristu Mwami watangujwe na Papa Piyo XI, kw’igenekerezo rya 11 kigarama mu mwaka mweranda w’1925. Imvo nyamukuru, kwari nko kurondera ikigwanisho c’umutima (une arme spirituelle) cotsinda inguvu z’ububisha bwariko burasambura ubuzima rukristu, ubuzima bw’ukwemera, muri ico gihe. Bashaka ko Kristu aboneka nk’Uwuganza vyose, kandi atambibe zimutangira. Ugasangwa uguhakana Imana n’ibigirankana, bimwe bita « athéisme » vyari vyabaye ndanse mu ma « sociétés » y’ibihugu vyatanguye kwakira no kwigisha Inkuru nziza ya Yezu Kristu. Ivyo navyo bikaba vyari bifise inkurikizi zidasanzwe ziyerekanira mu kugunda no kurandura akabuto k’Ijambo ry’Imana n’ivyamwa vya ryo mu bantu (« sécularisation » mu gifaransa).  

Umwaka w’1925 watowe kuko wahuriranye n’uko hari haheze ibinjana 16 inama Nkuru y’Abepiskopi y’i Niseya ibaye (325), hakaba ari muri iyo nama hemejwe IKINYEGEZWA C’UBUMANA bwa Yezu Kristu, haremezwa UKUNGANA mu bukuru kw’abo ba persona babiri Data na Mwana.

Mu ntango rero, Umusi mukuru wa Kristu Mwami wahimbazwa kw’idominika ya nyuma yo mu kwezi kw’icumi, ari yo dominika irongora umusi mukuru w’aberanda bose. Ariko, mu nyuma vyarahindutse.  

Hamaze kuba inama Nkuru ya Vatikano ya II (1962-1965), harabaye « Ukunagura amasabama” (réforme liturgique). Italiki y’Umusi mukuru wa Kristu Mwami  co kimwe n’iyindi misi mikuru itari mike ica irunguruzwa.

Ni uko rero, kuva mu mwaka w’1969, abakatolika duhimbaza Umusi Mukuru wa Kristu Mwami kw’idominika yanyuma y’Umwaka wa Liturgia, ukwezi kw’icumi na rimwe kwegereje kurangira, ugaca ukurikirwa n’uw’Imana wa 1 w’ubushikiro, ariyo dominika ya 1 yo mu mwaka wa Liturgia. Ni ibintu vyumvikana cane, bibereye ndetse, uravye ingene ibisomwa vy’ijambo ry’Imana dushikirizwa mu mpera z’Umwaka wa liturgia bishimikira cane gose ku bihe vyanyuma, ku rugendo Ekleziya irimwo ngaha kw’isi no ku muzo ugira ka 2 wa Kristu, aje gucira urubanza isi (la Parusie).   

Ubwa kare umusi mukuru wa Kristu Mwami wabonetse bashimikira ku ciyumviro cuko Yezu Kristu ariwe Ntango ya vyose (le Principe qui cause tout- quas Primas)  ibintu vyose, ibihugu vyose, biva muri KRISTU, kandi ko abantu bose bategerezwa  kwubaha amategeko ya Kristu ». Ariko, inyuma y’inama nkuru ya Vatikano igira ka 2, intumbero y’umusi mukuru wa Kristu Mwami yarahinduwe : Ubaye « Umusi Mukuru wa Kristu Mwami w’Amakungu yose » (fête du Christ Roi de l’Univers), waciye ushimikira cane kuciyumviro cuko « muri Kristu Mwami ivyaremwe vyose ari ho bikoranirizwa canke bizokoranirizwa», muri kazoza; kanatsinda vyose bigenda birora kuri Kristu (cf. Col 1,20).

v Aha ubwa mbere (mu 1925) bavuga « Origine, source »: Intango, isoko ry’ibintu n’abantu.

v Ubwa ka 2 naho, ni ukuvuga kuva mu 1969, Kristu Mwami ni umusi mukuru ushimikira kur “Kristu mpera ya vyose”: « le Christ, récapitulation de tout»  mu gifaransa. 

 

Hariho ubudasa hagati y’ivyo vyiyumviro bibiri ariko mu vy’ukuri izo nsiguro zibiri ziza zunganiranira. Insiguro yatanguye ivuga intango. Iya kurikiye ikavuga iherezo. Ivyo rero bigaca vyemeza gose bimwe vyanditse muri mugitabu c’Ivyahishuwe, aho Kristu ahishurira Yohani Ubumana bwiwe bwamyeho kandi buzokwamaho: « Jewe ndi Alfa na Omega, ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma, Itanguriro n’Iherezo » (Ap 22,13).        

 

….(???)

 

 

 

Ku musi mukuru wa Kristu Mwami (22-11-2015), ibirori nyenzina vy’urubanza vyarongoye na Musenyeri Jean Marie HARUSHIMANA, icegera c’Umwungere mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega. Isaha zine niho urugendo rwatangura, inkuka ya Misa ihimbaye irabandanya, ishengero isinzi ryakinje. Inyigisho y’uwo musi yarungitswe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega mu ma sengero yose agizwe Diyoseze; yashikirijwe na Musenyeri Jean Marie muri iyo nkuka ya misa (turayisanga kuri uru rubuga mu ruhande rwa “Souffle pour l’âme”).

Mu majambo yahavugiwe, twovuga:  

v Ijambo ry’Umukuru w’Inama nkuru ya paruwase, umushingantahe Jean Niyonizigiye, yakengurukiye Imana n’abatumwa bayo ku vyiza vyinshi iyo Mana yahunze Paruwase ibaciyeko, agirako aranavuga ivyaranguwe n’imigambi y’iterambere ya paruwase (yose hamwe ni mirongo ibiri n’itanu).

v Ijambo rya Nyakwubahwa Buramatari Mushasha wa Gitega ryo kuramutsa abakristu

v Ijambo ryo gukenguruka no gusaba ry’Uwaserukiye Radio Maria-Burundi- . Ati: “Dufashe Bikira Mariya kudufasha!”, mu guterera iyo Radio n’ubutumwa bwayo, mu kuyikunda, mu gusabira abayitangira,…

v Ijambo ry’Uwurongoye inama mpuzamihari muri Paruwase, aho yakeje gose paruwase n’abanyamihari bose k’urubanza ruhimbaye rw’umuvunyi wabo. Yaranahanuye abanyamihari ngo ntibadebukirwe ku gikorwa cabo ko gukwiza hose imigenzo myiza ya Kristu, aboba barahemukiye indagano zabo nabo ngo bigarure.

v Ijambo ry’urubanza rya Patiri Mukuru wa Mushasha, Patiri Méthode NTAHONDEREYE.   Patiri Mukuru yarashimiye cane Kristu Mwami yama azigamye Paruwase, arashimira abantu b’Imana bose badasiba kwerekana umutima rukristu kandi witanga muri Paruwase ya Mushasha: Abo nabo ni Umwepiskopi mukuru; icegera ciwe yamubereye mu ngoro uyo musi; abasaserdoti; abihebeyimana; abamenyeshamana; abanyamihari, abakristu bose na cane cane abari mu migwi ifasha ubutumwa; abatanga ic’icumi;  abagenzi ba hafi n’abakure baterereye kandi babandanya baterera imigambi ya Paruwase (nk’umugambi w’urwubako); abakristu bibwirije bo ubwabo gusiga irangi no gushariza imbere y’Itabernakulo yo muri cathédrale, n’abandi.

Yasavye ko

1º.    abakristu baba ku Mushasha ariko batarazana ana status yabo ko boyazana

2º.    Abakristu boza barashikiriza paruwase imigambi babona yobafasha nk’abantu bo mu gisagara, kugira ntihagire uwurinda kuyibiyumvirira, ngo ahave abigira nabi

3º.    Abakristu bose bokunda paruwase yabo na cane cane inama z’imibano rukristu. Kuri ico nyene ngo vuba hagiye gutomorwa imbibe hagati ya Mushasha na Mwungere Mwiza.

Inkuka ya Misa irangiye, habandanije agatutu kagizwe no gusangira akajumbu n’agakanywa k’urweze rw’uwo musi.

¡VIVA CRISTO-REY !...   NI  AHANGAME… KRISTU MWANI!

                                                               (A. Timothée HAKIZIMANA). 

 

 

UMUSI UGIRA 4 W’ISABUKURU Y’INGO IGIRA 2 MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA (Le 11-9-2015) –UMUSI WO GUSOZERA.

UMUSI UGIRA 4 W’ISABUKURU Y’INGO IGIRA 2 MURI DIYOSEZE YA GITEGA (Le 11-9-2015)

Umusi ugira 4 w’isabukuru y’ingo igira 2 muri Diyoseze ya Gitega wabaye umusi wo gusozera ibikorwa vyatunganijwe igihe cababa umwaka (kuko inama yambere itegura iyo sabukura yabaye mu kwa gatandatu 2014) biraranguka muri iyi misi itatu yuzuye, kuva italiki 8 gushika kw’10 nyakanga 2015.

Umusi wo gusozera waranzwe n’ibintu bitatu bikomakomeye:

 

-  8h30-9h30: Gutanga ikigongwe kubaje mw’isabukuru (vyabereye muri Cathédrale ya Gitega)

-         9h30-13h15: Imisa yo gusozera (Muri Cathédrale ya Gitega)

-        13h50-15h30: Agatutu ko gusozera (Centre Magnificat – mu Ncoreke za Bikira Mariya).

 

Muri iyo misa yo gusozera yaherejwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega akikijwe n’abasaserdoti bashika 60, 51 muri bo bakaba ari abari bitavye iyo sabukuru tuvuga, harabaye umugirwa wo gusaba ikigongwe ku buryo budasanzwe ku mabi abantu b’imice yose bakoze akabangamira urugo n’imiryango. Abantu 8 barasserukiye abandi mu gusoma ibisabisho vyo gusaba ikigongwe. Nabo bari mu mice ikurikira: 1º) umugabo yaserukiye abagabo bose, 2º)umupfasoni yaserukiye abapfasoni bose, 3º)umwana yaserukiye abana bose, 4º)uwaserukiye intwaro, 5º)uwaserukiye abigisha, 6º)uwuserukiye abaganga, 7º)uwaserukiye abihebeyimana, 8º)uwaserukiye abakristu bose bitavye urubanza.

 

Harashikirijwe, mu mpera y’inkuka ya misa,amajambo atatu: itangazo risozera isabukuru, ijambo rya Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI -umwibutsamana w’ibiro nyunganirango muri Diyoseze ya Gitega-, hamwe n’iry’uwaserukiye abitavye isabukuru bose.

Aha, tugomba tubashikirize iryo tangazo risozera isabukuru, ryasomwe n’umushinganathe Deo SINZINKAYO, akora mu biro vy’Ubutumwa Nyunganirango muri Diyoseze ya gitega.

 

ITANGAZO RISOZERA ISABUKURU Y’INGO IGIRA KABIRI MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA

 

Kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika ku rya 11 nyakanga 2015 mu kigo Magnificat c’incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha harabereye isabukuru y’ingo igira kabiri muri diyoseze nkuru ya Gitega.  Iyo sabukuru yari yitabwe n’abantu 250 b’imigwi itandukanye bavuye mu paruwase ya DiyosezeNkuru ya Gitega n’abaserukiye ayandi ma diyoseze na Leta y’Uburundi.

Inyuma y’ibiganiro bitandukanye bahawe n’uguhanahana ivyiyumviro mu bikorwa vyo mu mirwi ku bibazo bihanze ingo aya mango no kuvyokorwa kugirango itorwa n’iteka vy’urugo bigarukirwe abanyenama basavye ibi bikurikira :

 

I.                 KU NAMA Y’ABEPISKOPI

 

1.      Abepiskopi bogiriranira  amasezerano  na leta hamwe n’amashirahamwe yigenga ; yo  gushigikira ubutumwa bw’ingo kugirango ubutumwa bwo kuremesha ingo kibe igikorwa c’Ekleziya na Leta n’abo bose vyega .

2.      Abepiskopi botegura inyigisho nshasha igenga ingo bafatiye ku gatabu ko kwubaka rukristu.  Turasaba ko bokwongeramwo n’inyigisho nsasha zifayiye ku migenzo yo kwubaka isi y’ubu kugira bahe umuco aba kristu kuri ivyo bihubisha abantu.

3.      Mu ma diyoseze yose no mu maparuwase yose hotunganywa inyigisho zitegura abageni igihe gikwiye hakajamwo icigwa c’uburyo bw’ukurondoka bijanye na kamere y’umuntu mu vy’irondoka  kandi  abashimanye  bakitegura bari kumwe. 

4.      Dusavye inama y’abepiskopi katorika ko ibiro vy’ ubutumwa  nyunganirango  ku rwego rw’igihugu vyosubira gukora ubutumwa vyabwo kuko bwarahagaze kuva 1994.  Maze ivyo biro bikihutira gutunganya inyigisho zigabisha ingo n’imiryango ku nkurikizi z’ivyiyumviro ndon goramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu.

5.      Ibiganiro nyunguranyifato vyokwongerezwa ku rwaruka rwose abize n’abatize ; izo nyigisho zikaba zimwe mu ma diyoseze yose. 

6.      Abepiskopi bosaba Leta ikabaha akanya ko gushikiriza ibiganiro kw’iradiyo y’igihugu ku ndwi kundwi kubijanye n’irondoka hakurikijwe kamere y’umuntu

7.      Gutunganya inama ku mashirahamwe na leta batanga uburyo n’bikoresho vyigisha gukoresha uburyo bw’ubuhingurano kugira ngo babasigurire umugambi w’Ekleziya  mu vyerekeye irondoka.

8.      Hoshingwa ishure ry’ubuvuzi ryegamiye Ekleziya Katolika ryokwigisha neza uburyo bwo kurondoka neza bufatiye kuri kamere y’umuntu mu vy’irondoka.

9.      Hohinyanyurwa inyigisho ndoramana bagashiramwo  inyigisho ishimikiye kw’itorwa n’iteka ry’urugo; hogwizwa n’ ibitabu vy’ inyigisho zofasha abakristu gutegera ibanga ry’ukubaka urugo.  

10.    Hotunganywa isabukuru y’ingo ku rwego rw’igihugu rimwe mu myaka itanu.

11.   Inama y’abepiskopi yoja inama na Leta y’ingene hogenzurwa amazu berekaniramwo amasinema yerekana ibityoza imico myiza runtu na rukristu, bikenewe ivyo bibanza bikugagwa. Hogwizwa amasinema yigisha indero nziza.

12.   Inama y’abepiskopi yosaba Leta gushinga ikigo kigenzura imiti ikoreshwa mu Burundi ku vyerekeye irondoka

 

II.                KU MA DIYOSEZE :

     

  1. Mu nyigisho umwepiskopi arungikira imibano rukristu yokwitwararika gushiramwo inyigisho yerekeye ubutumwa bw’ingo.
  2.  

  3. Amakete umwepiskopi arungikira abakristu ku vyerekeye ubutumwa bw’ingo yokwongerezwa.
  4.  

  5. Kugena no gutegura abasaseredoti boshingwa ubwo butumwa bwegu
  6.  

  7. Horungikwa abasaseredoti n’abakristu balayike boja kunonosora ivyigwa vyerekeye ingo n’imiryango kugira ngo haboneke abahinga benshi. Hokomezwa n’ivyo vyigwa mu maseminari makuru. Ico gisata coshingwa no mu mashure ndoramana no mu makaminuza yegukira Ekleziya Gatorika.
  8.  

  9.  Igikorwa co guterereza aba kristu uburyo bwo kwunganira ubutumwa nyunganirango cokurikiranwa neza bikamenyekana ko intererano zatanzwe n’abakristu zashitse iyo zija kandi zakoreshejwe ico zigenewe.
  10.  

  11. Hoshingwa kandi hakagwizwa ibigo  vyo kwumviririzwamwo ibibazo bigoye ingo (centre d’ecoute).
  12.  

  13. Amavuriro yegukira Ekleziya na Leta yotanga ibibanza abunganirango bokwakiriramwo ababitura.

 

III.              KU MAPARUWASE

 

1.      Hoba ibiro nyunganirango mu ma paruwase yose, aho bisanzwe bikongereza inguvu kugirango abunganirango baronke aho bakirira kandi bumviririza abakristu babitura. Honashingwa ama komite ajejwe ubutumwa bw’abunganirango gushika mu mibano rukristu.

 

2.      Amaparuwase yoronsa agashirukabute ku bunganirango.

 

3.      Amaparuwase yotunganya amanama ahuza abavyeyi  kugira baganire  ivyerekeye ibanga ry’ukurondoka no kurera neza.

4.      Amaparuwase yokwitwararika gusuzuma ko  abitegurira ubugeni aribo koko bakurikirana inyigisho kandi bakaraba ko bakwije ibisabwa.

5.      Amaparuwase yokwitwararika  gutunganya neza indwi yahariwe ingo rimwe mu mwaka.

6.      Abakurikiranye izi nyigisho bogira isekeza ryo kuja kuzishikiriza abandi mu ma paruwase iwabo gushika no mu mibano nyene.

7.      Amaparuwase amwe amwe arenza urugero mu kworohereza  abitegurira kwubaka izabo bigatuma n’abandi bahunga indinganizo ziri mu maparuwase  iwabo yokwisubirako.

8.      Amaparuwase yose yokwitwararika ko inyambaro z’abageni zoba iz’urupfasoni.

 

Murakoze! Tugire KRISTU!

 

Inyuma y’ayo majambo, Umwepiskopi yarashikirije abaje mw'isabukuru ijambo rigufi ryo kubarungika mu butumwa bwo gukomeza no kunagura ingo  bisunze ivyarivuyemwo. Yahejeje atanga umuhezagiro ku bakristu bari bahari yunganiwe n’abasaserdoti bose.

 

Vyose vyarangijwe n’agatutu ko gusozera kabereye mu kigo Magnificat co mu ncoreke za Bikira Mariya. Amajambo yasubiye kuhavugirwa yabaye ayo gukengurukiranira hagati y’abatunganije isabukuru n'abayijemwo, no kwiyemeza kugira inguvu zose zishoboka ngo urugo rugwanirwe, rukomere kandi rurangure ici Imana yaruremeye. 

 

UMUSI UGIRA 3 W'ISABUKURU IGIRA 2 Y'INGO N'IMIRYANGO MURI DIYOSEZE YA GITEGA (10/10/2015)

UMUSI WA GATATU:

Ku musi ugira gagatu, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri n’igice, bitangurira ku gushikirizwa incamake y’ivyakozwe ku musi wa kabiri (italiki 8/9/2015). Yashikirijwe n’umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA. Haciye hakurikira ikiganiro kigira gatandatu cashikirijwe na Patiri Audace NZOPFABARUSHE, ajejwe Ibiro Nshingwabutumwa muri Diyoseze ya Gitega.:

 

IKIGANIRO CA 6: KUGWANIRA ITORWA N’ITEKA RY’URUGO (Abbé Audace NZOPFABARUSHE, ). 

Yatanguye agira ati: "Iki kiganiro kimeze nk’isubiramwo ry’ivyari bimaze kuvugwa, kuko nza gushimangira ivyo abindi biganiro vyabigishije!"  

 Intambwe z'ico kiganiro ni izi: 

1. Ibisomwa bibiri vyo muri Biblia (A.T) 

 a) Gn 1,26-29: Imana ivuga iti: “Tugire umuntu, tumwishushanye, ... irema umugabo n’umugore..., irabahezagira,...ibabwira iti: ni murondoke,...mugabe ibiri kw’isi vyose..."

b) Gn 2, 4b-25: “Igihe umukama Imana yagira ibintu vyose, nta kintu nakimwe cari kw’isi... nta n’umuntu yari kw’isi ngo ayirime, ..hama Imana irarema umuntu..."

P. Audace ati: “Narondeye aho nfatira, kuko inyoni iguruka yisunga igiti; Imana itavuze umuntu ntiyovuga!

 

2. Amajambo yo gusigura dufatiye kuri ibi bisomwa:

 

a) URUGO: ni iki? Iyo tuvuze urugo ngaha, tuba tuvuze umugabo n’umugore wiwe be n’abana babo. Mugabo, hari Hari abariko barafata ijambo umuryango bakarisubiriza urugo.

b) ITORWA:

Imana yatoreye urugo ibintu bitatu: 1º) Ugutanga ubuzima, 2º) Urukundo no 3º) Gutunganya ibindi biremwa

c) ITEKA: ku bwa  Marie Rodegem, iteka n’icubahiro. Iteka ry’urugo ni ico gituma rwubahwa, rusonerwa atanuwurinze kubikubarira.

Imvo zituma urugo rusonerwa:

-         Ku bwa Africae Munus, n.41: urugo ni ingoro y’ubuzima. Ni umuribo w’umuryango w’abantu (cellule de la famille) 

-         Ku bwa Familiaris Consortio n, 75: kazoza k’isi n’ak’Ekleziya gaca murugo.  

-      :Inama nkuru ya Vaticano igira kabiri  (C.Vat. II, G.S, 47-52) nayo iti: !Iteka n’ibanga ry’ukwubaka rukistu, n' ibanga ry’urugo.

 

d) UKUGWANA/UKUGWANIRA: ni ukugwanya ikikugeramiye. Kugwana ni ugufora ibigwanisho ushaka kugwanya. Ibiganiro vya 2 na 4 vyarekeranye ko itorwa n’iteka ry’urugo biriko biragwanywa. Kandi vyatanguye kuva rukiremwa. None rero dutegerezwa kurugwanira.

 

3) Ingene itorwa n’iteka vyogwanirwa.

 

-         Igisabisho: kumwe kwa Yezu yavuga ati: “Ivyimburwa ni vyinshi abakozi bakaba bake, ni susabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Yemwe abeshe buhoro. Ingo ni nyishi, turategerezwa gusenga ngo zigwanirwe kandi zikingirwe n’Imana yaziremye ikazitera iteka n’ishaza. Turategerezwa kwigisha ingo zikisabira.

 

-         Ubumenyi n’inyigisho vyerekeye ingo: ibihanze ingo ni vyinshi ariko kandi hari n'ivyo gukora ngo tuziteze imbere, tubimenye kandi tubimenyeshe abandi. Erega umbujuju burasubiza inyuma urugo. Ikiganiro  ca 4 carabidushikiyeko: izo nyigisho ziza mu nyigisho z’Ekleziya no mu nyigisho menyamuntu

-         Gutororokanya ibihanze urugo aha, na hariya , kuko ntibisa hose

-         Kwigisha neza ibwirizwa yra 4, irya 5, n’irya 6.

Irya 4 ririgisha abavyeyi n’abana ingene bazigana itorwa ry’urugo. Irya 5 riratanga umuco ku vyerekeye kwubaha gose ubuzima bw'umuntu. Irya 6 ritegura urwaruka rikabazigamira kuzokwubaka neza, batiyanduje.

-         Gutegura neza abitegurira kwubaka rukristu, (badukundiye): harakwiye inovisiya yigisha kwitegurira ibanga rivyara ayandi yose!

-         Kugwiza no kwigisha abategura abubaka ingo rukristu. 

 

Hejuru y’ivyo vyose rero, ni ugushiraho Imana. Imana isumba abahinga, bamwe batuzanira ivyiyumviro bishasha ndongoramigenzo vyiba kandi vyica itorwa n’iteka ry’urugo. Imana irashobora guhongora amenyo ivyo vy’iyumviro vy’abantu.

 

 

Ahejeje kutuyagira, Patiri Audace baramubajije ibi bibazo bikurikira:

 

1. Mbega ntimwofata ingingo itegeka abageni kwigira hamwe, bakareka kwigira ahantu habiri kuko usanga abo 2 badatahuye kumwe inyigisho kandi bategerezwa kubana bazisunze?

 

R/ Patiri Audace yishuye ati: “Kwigirira hamwe inyigisho zibategurira kwubaka rukristu, nivyo vyiza, kandi ntibirekuwe ko biga inyigisho zose batandukanye. Naho bokwigira kubiri, barategerezwa guhuzwa mu nyigisho bari kumwe imbere y’uko bubakana”.

Patiri Fupi aramwunganira ati: “aba fiancés i Bujumbura barabasaba barabategurira kandi bakabatumira mu nyigisho zidasanzwe umwaka wose, imbere yo kwiyandikisha ngo bazokwubakane, hama hazogere kwubakana bafise umushinge mwiza kandi ukomeye. Si ukwigisha abageni gusa, ni ukwigisha cane abitegura kuzobana, tukabigira hakiri kare”.

 

2. Abubakanye bataronse umwana, ni urugo canke si rwo?

 R/ Ni urugo nyene. Abo bantú babashira mu migwi idasanzwe y’ingo. Umwana ni icamwa c’urugo niko, ariko ni kandi ingabirano y’Imana. Iyo abubakanye bataronse ikibondo, barihangana,  urukundo rwabo rugaca rwibaruka ibindi vyiza, na cane cane mu kurera impfuvyi (engendrement spirituel), ukwakira utwanwa bakatugira gwabo mu kutwandikisha kw’izina ry’urugo (adoption). 

3. Dusavye iko mwoduha nyigisho zose mu gitabu.

R/Patiri Juvenal ati: “Ni mureme, harategekanijwe 1.500.000Fbu yo gukora igitabu c’izi nyigisho zose ku baje muri iri sabukuru n’abandi. Tubasavye kutazoca mukivundika kure! Muzogisome mucigishe buri munsi.

 

4. Ko abagabo benshi bataha batevye ntibafashe mu ndero y’abana mwobabwira iki, na rirya urugo ari babiri?

R/ Nka hose mu migwi ifasha ubutumwa bw’Ekleziya, abagabo ni inkehwa: mu mihari, mw’isengero, no mu gutanga imperezwa nyene,... Ico gukora rero ni ukibahanura, bukebuke, ni ukubasabira, na kare Paulo mweranda agira ati: “Ubweranda bw’umugabo w’ikigaba buri mu mugore wiwe”, ariko kandi n’ubweranda bw’umugore w’ikigaba buri mu mugabo wiwe”.

 

 Inyuma y’ico kiganiro bahaye akanya Pariti FUPI Felix  ngo yishure ibibazo bamubajije ku nyigisho yiwe. Yarishuye afashijwe n’umwepiskopi.

 

Bimwe muri ivyo bibazo ni ibi:

1. Mu ntonde z’ivyigwa mu mashure harimwo ivyo kwigisha gukoresha udufuko. None umwigisha w’umukristu yobisimba canke yovyigisha?

R/ Hariho ibintu bibiri vyo gukorerako:

1º) Ico umuntu w’umukristu ári n'ico yogenderrako nk’umukristu: “objection de conscience”: “Uwugutumye kwica uri umukristu ntushobora kubikora”.

2º) Umwigisha arigisha vyose, avuga ukuri kwose, akigisha n’inkurikizi z’ubwo buryo bw’ubuhingurano. Hari abaganga bamaze gufata ico cemezo kandi iyo bahejeje kubisigurira neza abantu, bakababwira ibishobora gushikira uwabukoresheje, benshi baca bababwira bati: “Bayi, urakoze!”. Mu gusigura rero ntitwohera ku nkurikizi zo ku mubiri.

Twohera kuziraba umutima, tugahereza ku nkurikizi ziraba umubiri. Erega  ivyo kwishiramwo ibintu mu mubiri bimuhindura uko Imana y’amuremye bimubuza kunywana n’Imana!

3. Abamaraya babigira kubera ubukene. None boheba umwuga ubabeshejeho?

R/ Nta numwe Imana yarekuriye gucumura na rimwe! Iyo abana bakuriye muri bimwe bita kwifasha ku mashure, hari igihe bahava bimenyera bakibaza ko hari igihe babirekuriwe. N’uwiba agira ati nifashije! None Ekleziya yohava igashigikira abo bantú? Ikintu kitwubaka twese nk’abantu kandi kidutandukanya n’ibikoko ni ukwirimbura no kwigumya. Bene abo bantu rero ni ukubegera, tukabanza tukabakiza ku mutima, ahandi ho naho wobaha umutahe ungana iki, ntiboheba ico bagize ingeso, Imana bataye!

5. Abaremesha kiyago bigisha ugukoresha ubuhinga bw’ubuhingurano bwo kurondoka  barashobora gusangira?

R/ Birakenewe ko abantu bigishwa bakamenya uko ibintu bimeze. Uwakoze igicumuro akizi we nyene ategerezwa kwibwiriza kutegera Ukaristiya. Ari ukwigisha gusa atari uguhimiriza kubukoresha, ntangorane, no mu mashure n’ahandi  abigisha barabigira. Hari ibicumuro bigoye cane rero nko gukorora inda, kubifashamwo, guterera amahera, n’ibindi, ... uwabikoze ntashobora kwegera Yezu mu Karistiya. N’ikigongwe akironka arekuriwe n’umwepiskopi canke uwo yatumye. Icumvikana kandi ni uko umuntu yoba ari nk’umusangizi, umumenyeshamana, aramutse yemera kuja gukwiragiza ubufuko, ntiyosubira kuza muri ubwo butumwa bw’Ekleziya, canke kwakira Yezu.

6. Ko dukenye, hama abazanye udufuko bakabuduha ku buntu, bakanatanga akanoti muri uwo mugambi, turemeshe!

      R/ Yemwe ntawushobora guhitamwo Mamon (imana y’amafaranga) n’Imana y’ukuri  icarimwe!

8. Wotubwira iki kunyambaro mbi z’ubu n’indirimbo za Rock-satanique, n’igwirirana ry’amadinidini?

R/ Hari ba bantú bavuga ngo “Kirazira kuvuga ngo kirazira” bararondera uburyo bwinshi bwo gukwegera abantu mu biterasoni, bakoresheje amafranga. Hari aho batanga 1.000.000 y’amadolari  bakayaha umwigeme yifotoje yamabaye agahuzu gato gashoboka ngo bamanike iyo foto kw’ibarabara.

Igwirirana ry’amadini naryo nyene rigamije kugwanya ivyiza nshimikiro vy’Ekleziya, ngo mu nyuma hazobe idini rimwe ritagira ishingiro (New age).

9.   None abo bantú bishimiye iki ko twebwe abemera twishimiye Imana?

 

R/ Bishimiye ubutegetsi n’ amafaranga kuko bose ntawuhobahoba mu vy’amafaranga Barimwo abarongoye ibihugu, intara, ibisagara, amashirahamwe akomakomeye kw’isi, … 

(...Biracaza...)

 

UMUSI UGIRA KA 2 W'ISABUKURU RY'INGO RIGIRA KA 2 MURI DIOSEZE YA GITEGA (9/9/2015)

UMUSI WA 2 (Le 9/9/2015):

 

Ku musi wa 2 w’Isabukuru, ibikorwa vyatanguye isaha zibiri  zo mugitondo. Umushingantahe Isaïe NTAKARUTIMANA yaradushikirije mu majambo make icegeranyo c’ivyizwe n’ivyaganiriwe ku musi wa mbere (ITALIKI 8/9/2015). Haciye hakurikira ikiganiro kigira kane catanzwe na muganga Melchior NGOWENUBUSA, akoreka mu bitaro vyo mu kibumbu, intara ya Mwaro, Diyoseze nkuru ya Gitega.     

 IKIGANIRO CA 4: ITERAMBERE N’AMAGARA MEZA MU RUGO (Dr NGOWENUBUSA Deo Hopital Kibumbu)

 Intangamarara :

 Yatanguye ashima ubutumire aca abaza abahari ko bazi neza ico arico urugo.

Urugo ni iki? Abihebeyimana babana ni urugo? Bamwe n’abandi baratanzde ivyiyumviro vyabo, hama biraboneka ko bitoroshe guhuriza hamwe naho womengo ivyo bibazo biroroshe !

Muganga ati : « Urugo ni abantu baba hamwe kandi bose barondera iterambere ry’ubutunzi hamwe. Abo bantu bashobora kuba bagize umuryango, kandi kenshi bavuga ko ari urugo bafatiye ku muryango ugizwe n’umugabo n’umugore ».

Ng’uku uko yatanze ikiganiro ciwe :

        Urugo ni iki

        Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

        Ibijanye n’iterambere ry’ubutunzi

        Bikuru bikuru bituma iterambere ritaboneka

        Gusozera hamwe n’impanuro ku ngo

 

     

  1. Isano riri hagati y’amagara meza n’iterambere

Muganga Melchior ati: “Nta terambere rishoboka, amagara y’abantu adateye imbere!”

Mu migambi munani y’iterambere y’ikimpumbi ca 3, itatu yose ifatiye ku magara y’abantu:

       Kugabanya impfu z’abana bari musi y’imyaka itanu

       Kugabanya impfu z’abavyeyi (abapfasoni cane cane)

       Kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, malaria n’izindi

 

Nk’uko ishirahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu ribivuga « Gushira imbere amagara y’abantu ni uburyo nyabwo bworohereza iterambere ry’ubutunzi n’imibano » :

Mu cigwa ca gizwe mu mwaka w’2003, basanze kwitaho amagara y’abakene woba umushinge w’ugutorera umuti ibibazo vy’iterambere rirama kw’isi. Bisigura ko gushira umutahe mw’iterambere ry’amagara y’abantu vyofasha cane mu kugabanya ubukene.

 

     

  1. Iterambere ry’ubutunzi 

Iterambere ry’ubutunzi rijanye cane cane n’iterambere ry’ubumenyi. Aha rero mu rugo hategerezwa gushirwa imbere kurwanya ubujuju. Ubujuju ni intandaro y’amabi menshi :

v Ubujuju butuma wigerezako

v Ubujuju butuma utigerera

v Ubujuju butuma udashishoza

v Ubujuju butuma ugenza itima

v Ubujuju butuma ugenza umutwe nk’imbasha.

Aha dushaka kuvuga ko ishure n’ibindi bigo bitunganya gukarihiriza ubwenge abantu ari nkenerwa gose kugira tugire ubumenyi bwotuma tuja mw’iterambere.

 

Iterambere ry’ubutunzi rirajanye kandi n’iterambere ry’umutima ni ukuvuga

Bimwe bita kugira agatima nkebuzo (conscience) kuko n’ubumenyi butagira agatima nkebuzo buba bupfuye kandi bukica na kame ka muntu.

Iterambere kandi rirajanye n’ukuja hamwe na cane cane ku bagize urugo, bakaja inama n’ingingo y’ukugene bohangana n’ibibangamiye iterambere ryabo.

v Mu kwirinda gusuzugurana

v Mu kworohereza iciyumviro c’umwe umwe

v Mu guharanira guteza imbere n’ugushigikira ubushobozi bw’umwe umwe wese

v Kutarya imitsi abandi

 

Iterambere rirajanye kandi n’amagara meza mu rugo

Ø  Nk’uko twabibonye ahandi hato, urugo rushobora kuba rugizwe n’umugore n’umugabo hamwe n’abana canke ukaba ugizwe n’uwundi mugwi w’abantu bashize hamwe.

Ø  Ku bijanye n’amagara meza mu rugo bijanye n’ivyo twadondaguhe hejuru ariko ukongerako n’imigenzo n’inyifato ya kurwanya ingwara

Ø  Kuko ingwara ituma umuntu abaho ataco akora, bigasaba abamugwaza kandi bompi bari kwunganira urugo mw’iterambere, canke igatuma anapfa bigahungabanya abo mu muryango mbere n’iterambere rigahungabana.

Ø  Ibikuru bikuru bijanye n’amagara y’abantu bindi vyokorwa mu rugo  navyo ni ibi :

Ø  Gucandagisha abana

Ø  Gukurikiza amabwirizwa cumi y’isuku

Ø  Gukurikirana neza ivyo kugaburira umwana, umukenyezi yibungenze canke yonsa

Ø  Gukurikirana ivyo gutandukanya imvyaro

Ø  Kumenya ibimenyetso bimwe bimwe vy’ingwara zituma zifata abantu benshi canke  zihitana abantu benshi : Nka malariya, Ingwara z’ugucibwamwo, Igituntu, etc.  

 

Ø  Kwirinda ibiyayura mutwe

Ø  Gupimisha imbanyi kwa muganga ukurikije ikiranga misi

Ø  Kwitaho kumenya ivyitonderwa mu gihe hari uwibungenze mu rugo (Les signes de danger)

Ø  Kwirinda ico cose cotuma SIDA iza mu rugo

Ø  Kwitwararika kuja kwa muganga hakiri kare utarasinzikara

 

GUSOZERA

Iterambere ry’igihugu rihera mw’iterambere ry’urugo (ry’imiryango) naryo rikavana n’uko abagize umuryango  canke  urugo bakomeye ni ukuvuga bafise amagara meza kandi bitayeho iryo terambere.

 

Inyuma y’ico kiganiro harabaye ibibazo n’ivyiyumviro vyo gusaba umuco no kwunganira iyo nyigisho muri bimwe bimwe.

Isaha zitanu, abari mw’isabukuru  bose baciye bahamvya abandi bakristu isinzi mu nkuka ya Misa yo kwibuka igandagurwa rya Musenyeri Yohakimu RUHUNA (kumwibuka ku ncuro ya 19). Imisa yabereye muri Katedrale ya Kristu Mwami, ku Mushasha, hakurikira gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe iri aho mw’isengero no kucibutso ciwe nyene kiri muri karatiye ya RANGO.

Abari mw’isabukuru babandanije ibikorwa vyabo isaha indwi n’igice, bahera kugufungura, hakurikira ikiganiro kigira ga 5 kivuga IVYIYUMVIRO NDONGORAMIGENZO (Nouvelle éthique mondiale), categuwe, gishikirizwa na Patiri Felix FUPI, Umwibutsamana w’ubutumwa nyunganirango, muri Diyoseze ya Bujumbura.

Ikiganiro ciwe cari gishingiye ku ngingo nkuru nkuru zikurikira:

1°.   Ivyiyumviro ndongoramigenzo vy’ukwubaka isi y’ubu ni ukuvuga iki ?

2°.   Gusambura urugo biciye mu mugambi wo kunganisha ibitsina.

3°.   Ugushira imbere politike y’irondoka rijanye n’amagara meza.

 

(Iki kiganiro tuzokibashirira cose muri ya « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru aha nyene)

 

IIème CONGRES DIOCESAIN DES FAMILLES (GITEGA). 1ÈR JOUR (8/9/2015)

Nkuko twari tugize imisi tubibamenyesha, rya sabukuru ry’ingo rigira kabiri muri Dioseze Nkuru ya Gitega ryashitse. Mbere ryaraye ryuguruwe n’Umwepiskopi Mukuru wa Gitega ku Mushasha kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 7 nyakanga 2015. Ibirori vyo kuritanguza vyabereye mu nkuka ya Misa yaherejwe muri Cathédrale ya Gitega kuva isaha icenda z’umuhingamo (15h).

Tugira tubashikirize ngaha bikurubikuru vyabaye ku musi wa mbere w’isabukuru:

UMUSI WA 1:

Abaje mw’isabukuru bahuriye muri Centre Magnificat, mu kigo c’Incoreke za Bikira Mariya ku Mushasha, igihe c’isaha zibiri n’igice. Batanguriye ku gisabisho kirongowe n’umwibutsamana w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze nkuru ya Gitega, Patiri Juvenal NKENGUBURUNDI (Kwambaza Mutima Mweranda: Ururirimbo: “Veni creator spiritus mu kirundi”. Ijambo ry’Imana: Ps 127 : Kwizigira indavyi.  +Notre Père + Ave Maria.

 

1. IJAMBO RYO KWAKIRA ABATUMIRE MURI FORUM.

Umwibutsamana  w’Ubutumwa nyunganirango muri Diyoseze, A. Juvenal NKENGUBURUNDI yagize ati: “Ino sabukuri ibaye iyigira ka 2, muri Diyoseze yacu ya Gitega. Iya mbere yari yabaye ku magenekerezo ya 28-30/8/2002. Hari mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Papa Yohani Paulo wa kabiri, i Songa-Gitega. Twiteze ko iyi sabukuru izoduha ivyiza vyinshi nk’iyambere, mbere no kuyiruta. Kaze rero batumire, mw’isange ! Mumererwe neza mu misi yose tugiye kumarana. Niyo hagira ico mukenera, murabaze umwe umwe muri twebwe twayitunganije. Muzotumenyera kuri « bage » na « Foulards » (isa n’ibendera rya Vaticano).

Abatumiwe bari mu migwi myinshi, nk’uko  biri kw’ifoto y’abatumiwe (raba hejuru). 

 

Abaje turavye intara z’Ubutumwa ni aba (abari bamaze gushika izo saha bibiri n’igice z’agatondo):

 

I. GITEGA :

Mushasha: 4; Rukundo 5; Bon Pasteur: 5, Yoba: 2; Magarama: 1; Mucunguzi: 3, Gihiza:5, St Ambroise : 2 ; Reine des Pauvres (Prison) : 0; Mubuga Rutonde: 3

 

II. GIHETA:

     Giheta : 5; Murayi : 3; Kibungere:5 ; Mpanuka : 4

III. MUGERA:

      Mugera : 3, Kirimbi :3 Bugendana : 3 ; Mutoyi : 1

IV. MAKEBUKO

     Makebuko: 5; Buhoro :3; Bukirasazi :4; Ndava : 2; Murenda : 3; Mumuri:1

V. KARUSI:

     Karusi: 5; Gihogazi: 3; Rabiro:3; Nyabikere:5; Shombo:3;  Gatonde: 1

VI. MWARO:

       Mwaro: 3; Nyabihanga: 2; Kibumbu: 2; Gisozi: 3; Mbogora: 3;

VII. GISHUBI:  

       Gishubi: 4; Nyabiraba:6, Nyangwa: 4, Nyarusange: 2, Muyuga, 3; ntita:3

 

Abandi :

EPM-Gitega: 2, ISPM-Nyabugogo: 1; G.S Kiryama : 1, G.S Gitega: 1;UPG: 3; Université Espoir d’Afrique :2, 

Ly. Communal Karusi: 3; Ly. Ste Marie Auxiliatrice de Gitongo: 1; Ly. Gishubi: 1

Diocèse Muyinga: 1; Rutana:1; Bujumbura:1, Ngozi: 1

 

Umwibutsamana yaciye asaba ko Umwepiskopi yotwugururira ku buryo bwisanzuye isabukuru.

 

Umwungere Mukuru, Simoni NTAMWANA  yaciye avuga ijambo ryo kwugurura Isabukuru rigira kabiri ry’Ingo muri Diyosezi ya Gitega, ashimira abariteguye, abariterereye (cane cane abakristu bakwiragiye mu ma paruwase ya Gitega begeranije 13.000.000 Fbu), abarijemwo n’abandi babandanya barisabira.  Yaciye akurikiza inyigisho ya mbere y’iryo sabukuru, nayo yari ifise ijambo ry’Umutwe ngo: “ICO IMANA YAREMEYE URUGO N’UMURYANGO URUKOMOKAKO”.

 

Yagabuye iyo nyigisho mu mice ine ariyo y’iyi:  

 

     

  1. Urugo n’umuryango mu Burundi.
  2.  

  3. Imana yaremye umuntu, irema  umugabo n’umugore.
  4.  

  5. Inyigisho y’Ekleziya mu  Nama Nkuru ya Vat.ya II.
  6.  

  7. Inyigisho zibangamiye urugo n’umuryango iki gihe : uguhakana ubutumwa bw’urugo ; urugo ruhindanye rukaba  urw’abasangiye ibitsina.
  8.  

Ibiri aha iwacu :

a) Ukubura ikiyago mu rugo : kandi ivyo bikaba akamenyero ka misi yose. Bidatevye ico kintu kirasambura urugo. Ico kiyago tubwirizwa kukirerana abana bacu, kuko batakireranywe bazoca bahengamira kuri wa mu gani ngo . «Umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi ».

 

b) Ukuja mu bigirwamana : ukugereka ibintu bibi ku bandi, ugasanga imiryango iracanyemwo, iricanye

ukubesheranira, ukwiganza, n’abubakanye bagahava bafata ingingo yo kuvana.

 

c) Ukutitwararika indero n’ineza y’abana bikwiye : benshi baragenda iyo, bakagisha ! Ntibitwararika abana na cane cane abana bamugaye ! ntibamenya ibitabahimbaye ngo babikosore hakiri kare.

 

d) Ibiyayuramutwe n’inzoga : abana ba bene abo bantu ntibagoye kumenya : ntibambara, ntibiga neza, … Ahegereye aho bacukura ubutare hoho, abagabo n’abagore barazobereye muri ico gikorwa, bagaca bafatanya n’ukunywa, ibintu bigaca biyangara,..

 

e) Amaronko azanana na politike n’akazi ka kure y’urugo : bikunda gushikana ku guharika.

Muri iyi misi ivyo biriko biribagiza itegeko ry’igihugu ribuza guharika, bivuye kuri ya maronko, ka kazi kari kure yo muhira. Hari n’umugenzo wa kuguranana abacance wadutse (“échangisme” !).

 

f) Ukwahukana, bivuye ku mvo nshishi

 

 (Iyi nyigisho turashobora kuyisoma umurava muri « page » yacu yitwa “Souffle pour l’âme”- Raba hejuru-)

 

 

Inyuma y’akaruhuko k’isaha zitanu n’igice, hakurikiye Inyigisho ya 2 y’uwo musi, yateguwe ishikirizwa n’: Umushingantahe Deo SINZINKAYO, akora muri Action Familiale-Gitega.

 

 

 

INYIGISHO YA 2: IBIBAZO HIHANZE URUGO AYA MANGO (Mr Deo SINZINKAYO)

 

Mu ntangamarara yaratubwiye ati: “Urugo ni umugambi w’Imana. Ni Ingabirano y’ubuzima. Nico rwatorewe.

Mu gihugu, iyo rwubatse neza rufasha mu guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere. Ariko aya mango, ntirworohewe muri ico gikorwa co guterera mw’iterambere, no mw’ibanga ryarwo nyene.” Ng’izi inkingi z’ikiganiro yaduteguriye: 

 Ingorane canke ibibazo bihanze urugo biri mu mice ibiri: Hari ingorane z’imbere mu rugo nyene n’iziva hanze.

 A) Iziva mu rugo:

 1. Ukudategera neza ibanga ry’ukwubaka urugo:

2. Ubunebwe mu ngo z’abirimizi:

3. Ukuba kubiri kw’abubakanye bitewe n’akazi.

4. Ukutaja inama n’ingingo mw’ibanga ryo kurondoka.

 B) Ingorane ziva inyuma y’urugo.

 1. Itituka ry’imico y’abarundi n’ugutambira akaje.

2. Ubukene buhanze isi:

3. Uruhagarara rutumwa n’ivya politike.

 (n’iyi nyigisho nyene turashobora kuyisanga muri “Souffle pour l’âme”)

Inyuma y’umutaga, twarakirikiranye ikiganiro ca 3 citwa : inyifato ibereye abakristu imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro cashikirijwe na Patiri Deo NITUNGA, patiri mukuru wa Paroisse RUSHUBI, Diosezi ya Bujumbura.

 

INYIGISHO YA 3: INYIFATO IBEREYE  ABAKRISTU IMBERE Y’UBURYO BUKORESHWA MW’IRINGANIZWA RY’IMVYARO (Patiri Deo NITUNGA, Curé de RUSHUBI-Buja)

Murazi ko Imana mu kurema umuntu yavuze ati : “Tugire umuntu, tumwishushanyeko, ase natwe” ibarema ari umugabo n’umugore,irabahezagira, ica ibabwira kugaba isi n’ibiri kuriyo vyose ariko  sivyo bimugaba .

Tobito nawe igihe yarongora Sara, yavuze ati : “Mu kurongora Sara ico nishakira si akaryohemubiri”

Inyifato ibereye umukristu rero imbere y’uburyo bukoreshwa mw’iringanizwa ry’imvyaro ni inyifato  Yezu yadusigaranye : urukundo, ukwihangana, ikiyago mungo, n’ukuraba igitera iteka umuryango kikaninahaza Imana. Ekleziya nico yigisha kuko arico yatumwe kugira ntihagire umuntu numwe yotakara kubera ukutamenya ico Imana imusaba. 

(Rondere iyi nyigisho muri « Souffle pour l’âme »)

 

 

(…Biracaza!)

 

JUENES DU CHRIST À l'ECOLE DU MAITRE: FORUM DIOCESAIN DES JEUNES A LA PAROISSE MAKEBUKO (4 AU 8 AOUT 2015)

Inyuma y’amasabukuru yagiye arakurikirana mu ntara z’ubutumwa n’amaparuwase amwamwe yo muri Diyosese yacu ya Gitega, haciye hashikirwa Isabukuru ry’urwaruka rwose rwa Diyoseze. Ryabereye muri Paruwase ya Makebuko, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 8 myandagaro 2015. Aho hahuriye urwaruka rwinshi cane rwaserukiye abandi. Baragize isabukuru ryagakura, bariga vyinshi, barigishwa i Nkuru nziza bongera barayimenyesha mu gusenga, mu kuninahaza Imana, mu gukwiza akanyamuneza mu mihana yabakiriye n’ahandi,… baranatanga ubutumwa bukomeye cane… eka ntiworavye! Iryo Sabukuru ryari rishingiye ku civugo ngo: HAHIRIWE ABARI N’UMUTIMA MWIZA KUKO BAZOBONA IMANA (Mt 5,8).

Mu kunzi w’umuhora ngurukanabumenyi wacu, ukaba ushaka kumenya ingene vyagenze aho i Makebuko, raba muri “Soufle pour l’âme” (option ultérieure à celle-ci”) urahasanga ibitangaza!

Ariko ntiwogenda tutagushikirije ngaha nyene ubu butumwa bw’ugwaruka, bwashikirijwe Umwepiskopi Mukuru wacu, nawe ngo abujane mu Nama Nkuru y’Abepiskopi Catolika b’i Burundi (CECAB), abushire kandi Umukuru w’Igihugu cacu n’abandi barongozi, abanyepolitike n’abandi. Umva ingene urwaruka rwacu ruvyivugira: 

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’URWARUKA RWO MURI DIOSEZE NKURU YA GITEGA RURI MW’ISABUKURU  YO KU RWEGO RWA DIYOSEZE MURI PARUWASE YA MAKEBUKO

Nyene icubahiro Mwungere wacu,

Twebwe turiko turasozera ihwaniro ry’urwaruka muri Diyoseze twabanje kurangiza amahwaniro yo mu maparuwase yose no mu ntara z’ubutumwa zose, twagira tubashikirize iryo tugona kandi mudukundiye tubatume muridutambukirize ku bo musangiye kutuyobora muri Ekleziya riheze rishikire abaturongoye mu gihugu bishobotse no mu makungu.

Turakengurutse cane umwitwarariko Ekleziya idufiseko wo kwama idutegekaniriza ibiringo nk’ibi vy’ukwinagura kumutima kugirango twisubize itoto twebwe urwaruka.Maze mukadutegekaniriza izi nyigisho zikabura ukwemera kwacu, zigakiranura imigenzo yacu, zikadutumirira kuba intumwa z,ukwubahiriza ubuzima bw,umuntu wese n’agateka kiwe, ubuzima bw’umuntu ni katihabwa. Kira noneho ijambo ry’Imana riratwereka ko amaraso y’umuntu Imana itazoreka kuyahora (Amamuko 4,10). Zikadutumirira kandi kuba  ibivumbiko vy’amahoro,ukurekuriranira no gusubiza hamwe.Izo nyigisho turazishima kandi ko zidukaburira  gukunda no gukorera igihugu catwibarutse, turabikengurutse cane. Turasavye ko mwotugwiriza ibiringo nk’ibi. Turakengurutse kandi ko mudasiba kutubwira ko kubu na kazoza k’Ekleziya kari muri twebwe.

Turakengurukiye kandi abo mu twaro bo ataco batagira kugira batwumvishe ko twebwe urwaruka ari twebwe Burundi bw’uyu musi n’ubw’ejo ko tutojana nyabahururu ngo twisamburireko nk’impene, turashima impanuro zitandukanye mudasiba kuduha.

Mu dukundire natwe nk’abana banyu tubashikirize akari ku mutima. Twebwe urwaruka rwanyu turatewe ubwoba n’ibiriko biraba mu gihugu cacu. Turahagaritswe umutima n’abarundi birirwa baricwa mu buryo bubabaje. Tukumva ko hariho n’abatotezwa  kubera ivyiyumviro vyabo abandi nabo baborezwa igufa. Turababajwe cane na bene wacu b’abarundi bagorewe mu buhungiro. Turi n’impungenge, twuzuye ubwoba, kuko dutinya ko intambara ishobora kwaduka. Turatinya kandi ko amakungu azohava adufatira ibihano. Vyongeye turafise  impungenge z’uko ivyo bihano biramutse bifashwe ari twebwe urwaruka ataho tuvunika tuva bizobangamira ubwa mbere.

Twebwe  urwaruka rwanyu mudukundire tubatume ku Nama y’Abepiskopi Gatolika bo bavyeyi bacu. Mudushikirire Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu hamwe n’abamufasha ngo:

     

  1. Agire ibishoboka vyose turonke amahoro maze abantu bareke kubandanya bicwa bazira ukutumvikana ku bibazo vya politique biri mu Burundi.
  2.  

  3. Abarongoye imigambwe nabo mubatubwirire kutatugira ibiraro vyo gushikira ubutegetsi bipfuza mukudukoresha mu bikorwa bigayitse vyo gutoteza abo batavuga rumwe.
  4.  

  5. Aba nyepolitike nabo turabazambiye dushimitse  ko bosubira mubiganiro vyotuma ibibazo bihanze igihugu cacu bitorerwa umuti kuko basokuru bacu barayamaze bati: “Ibigiye inama bigira Imana”. Muti: Turabasavye muturinde intambara. Mbega ubutegetsi bwoba bumaze iki abarundi bariko barahona kandi basubiranamwo?
  6.  

  7. Natwe urwaruka twokwima amatwi abo bose badutumirira kwankana, kwica no gutoteza  benewacu. Kuko “Urya incuti ukinovora intuntu”.
  8.  

  9. Mudushikiririze amakungu ko yobandanya akigoro yatanguye ko gufasha abarundi kurondera amahoro biciye mu nzira y’ibiganiro kugira ngo n’imfashanyo ntizihagarare.
  10.  

 

Turangije tubakengurukira ku kigoro mwakiranye ivyipfuzo vyacu.


Urwaruka rwanyu.

 

 

 

UKWAKIRA IBISIGI VY’ABA-EREMITE BERANDA B’AMAHORO NIKOLA W’I FLUE NA CHARBEL MAKHLOUF MURI PARUWASI MUSHAHSA DIYOSEZI NKURU YA GITEGA (14-16/4/2016)

Paruwase-Cathédrale ya Mushasha iherutse kwakira ibisigi vy’Aberanda Nikola w’i Flue (wo mu gihugu c’Ubuswise) na Charbel Makhlouf (wo mu gihugu ca Libani). Abo Beranda bazwi ko mu buzima bwabo baranzwe n’ubunywanyi bafitaniye n’Imana be n‘amahoro.

Ng’uku uko vyagenze:

-        Ku wa 4, italiki 14/4/2016: Gushika no kwakirwa: Mugatondo, i Bujumbura, ku muhingamo isha 9 (15h00), i Gitega (kuva aho bita ku Museke). Hakurikiye urugendo rw’agakura rugana cathédrale Kristu Mwami ku Mushasha.

-        Ku wa 5, italiki 15/4/2016: Guteramana n’abo beranda dusaba amahoro (uyu musi niho hazosozerwa igisabisho catanguye ku wa 1 w'iyo ndwi mu gitondo co kwitegurira kwakira abisigi vy’abo beranda).  

-        Ku wa 6, igenekerezo rya 16/4/2016: kuva isaha 4 z’agatondo (10h00), habaye Imisa yo kwakira icese abo beranda mu bisigi vyabo, dusabe amahoro kandi dushimira Imana kuri iyo migisha.

Muri aka katayamara, tugiye reka turabire hamwe ibijanye n’ubuzima bw’abo Beranda babiri be n’ico bashobora kutwungura mu buzima bwacu bwa misi yose, kuri umwe umwe wese, be no ku rwego rw’igihugu cacu c’Uburundi.

 

I.        AMAMUKO Y’UWO MUZO W’ABO BERANDA MU BURUNDI

 

Mu ci ry’i 2015, intumwa z’ishirahamwe “Artisans de Paix Burundi„ - Urunani rw’abaharanira amahoro mu Burundi – zari zagiye mu manama agirigwa buri mwaka i Caux [soma "Ko"] mu Buswise. Ayo manama ahurirwamwo n’abantu bavuye imihingo yose. Ico gihe izo ntumwa z’Urunani rw’abaharanira amahoro mu Burundi zahahuriye n’izindi zivuye mu mihingo myishi, harimwo iziserukira ishirahamwe ryitwa "Solidarité Liban-Suisse".

Maze izo ntumwa zo mu Burundi ziriko ziravuga ivyo zikora, izo muri “Solidarité Liban-Suisse„ ziba zatonze kumviriza. Ziheraho zihava ziramenyana n’izo z'i Burundi ; zirashikirana, ziraganira utuntu n’utundi tujanye n’ibikorwa be n’ubuzima bw’ibihugu umwe wese akomokamwo. Maze intumwa zo muri « Solidarité Liban- Suisse » zibwira Abarundi ziti : “Twumvirije ivyo mukora kandi tukabona n’ukuntu mwifata, twiyumvira ko hari Aberanda bari n’ico bobamarira„ ; ziti "kandi abo Beranda twoshobora kubazanira ibisigi vyabo iwanyu". Abarundi na bo bati: “Reka tuzobiture abadukurira mu kwemera iyo tuva, hanyuma tuzoheza tubabwire„.

Intumwa zo mu runani rw’Abaharanira amahoro mu Burundi zitahutse, zarahejeje zitura Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ivyo zayaze n’abagenzi bahuriye mu Buswise. Umwungere nawe abona ko ari vyiza, hanyuma abivugana n’abo yashinze ubutumwa muri Paruwasi Mushasha, baca babona ko ivyo bisigi vyabo Beranda bije muri Paruwasi yacu vyoba vyiza. Niko gutangura kuronderera hamwe ukuntu ivyo bisigi vyokwakirwa mu cubahiro kibereye.

 

II.           UBUZIMA BW’ABO BERANDA

II.1. Nikola w'i Flue : umurimyi n'umworozi, akaba n‘umu-eremite

Nikola w’i Flue yavukiye ahitwa Flüeli-Ranft, muri komine ya Sachseln iri muri Leta ya Obvald, imwe mu ntara (Cantons) 26 zigize igihugu c’Ubuswise. Aho hari kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante, mu mwaka w’i 1417. Akiri muto, yari umwana w’indero, yigenza neza, kandi akunda kwiherera wenyene, kugira ngo asenge Imana. Uko yakura niko yaguma arushirizaho gukunda Imana n’igihugu ciwe.

Afise imyaka mirongo itatu, Nikola w’i Flue yubakanye n’umwigeme yitwa Doroteya Wyss; maze Imana irabaha, bararondoka, bavyarana abana icumi : abahungu batanu n’abigeme batanu nyene. Kandi uwo muhezagiro warabandanije, abana babo nabo nyene bararondotse.

N’ubwo Nikola w’i Flue ata mashuli yari yize, nticabujije ko akorera neza igihugu camwibarutse kandi agashingwa n’amabanga akomeye. Yari afise ubwitonzi budasanzwe. Abanyagihugu baramwemera kandi bakamukunda. Rukamvye, ntiyarutinya, ahubwo yatangaza abo barikumwe ku rugamba, ku buryo abakuru bageze aho bakamushinga gutegeka abandi, akaba intwazangabo kugeza naho aronka ipete rya Kapitene.

Mu mahoro, abantu baguma bemera ubuntu n’ubutwari vya Nikola w’i Flue. Niko kumutora kuba umucamanza, hanyuma bamutorera kuba umwe mubagize inama ya Leta itwara intara ya Obvald yakomokamwo. Ivyo vyose, Nikola w’i Flue yabikorana ubutungane nyabwo n’umutima w’urukundo. Ariko kandi yagumana umutima w’ukwicisha bugufi ; kenshi bashatse kumutora ngo abe ariwe arongora iyo ntara ya Obvald, ariko aravyanka.

Ikindi kandi gihambaye, ni uko ivyo yakora vyose, Nikola w’i Flue yabikora yisunze Imana.

Mu 1467, yarashikanye imyaka mirongo itanu. Mu kirundi twovuga ko yarabaye umuhumure. Ico gihe rero yaratangaje abari bamuzi bose, kubera ingingo itoroshe na gatoya yafashe.

Amaze kwumvikana n’umugenzi wiwe Doroteya be n’abana babo, yahisemwo kuja kwibana wenyene, kugirango ashobore kunywana n’Imana ata kindi kimuciramwo. Ni ukuvuga kubaho ari ?umu-eremite”, asenga kandi yisonzesha, kugeza yitabe Imana kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 1487. Yitavye Imana ashigikiwe na Patiri Mukuru w’aho yaba, n’umugenzi wiwe Doroteya ben’ibibondo vyabo vyose ! Yari yumije imyaka 70.

Kw’igenekerezo rya 15 Rusama 1947 niho Nyenubweranda Papa Piyo wa XII yemeza icese ko Nikola w’i Flue yinjiye mu muryango w’Aberanda b’Imana na Ekleziya Gatolika.

Kuva ico gihe, igihugu c’Ubuswise camugize umuvunyi waco.

Yahise kandi aba Umuvunyi w’Amahoro kw’isi yose.

Aca aba kandi n’umuvunyi w’Abasoda bashinzwe gukingira Papa i Vatikano.

Ni n’umuvunyi w’ingo zarondotse.

Ni umuvunyi w’abakora umwuga w’uguhuza abantu n’abandi.

Ni n’umuvunyi kandi w‘abanarugo batabana n’abanega babo [nkuko vyari vyashikiye Doroteya].

 

II.2. Charbel Makhlouf : Umumonaki, umu-eremite, akaba n’umweranda

 

Youssef Antoun Makhlouf yavukiye i Bika’Kafia – mu buraruko bw’igihugu ca Libani, kw’igenekerezo rya 8 Rusama 1828. Abavyeyi biwe bari boro, batunzwe n’ukworora. Bavuga ko amaze gushikana imyaka indwi yaja kuragira ibitungwa vy’abavyeyi biwe, hanyuma ivyo bitungwa biruhutse agaca anyarukira kwiherera mw’isenga ryari hafi y’aho. Amashuli yashoboye kugira yamufashije kumenya gusoma no kwandika be n’ugukorera imisa.

Amaze gushikana imyaka mirongo ibiri n’itatu, yasavye kwinjira mu muryango w’abamonaki bo mu kwemera kw’Abamaronite bo muri Libani, bitiriwe Umuvyeyi Bikira Mariya w’i Maïfouk. Bamwemereye kwihebera Imana, yaciye ahindura izina, afata iry’umweranda yitwa Charbel, yatanze ubuzima bwiwe mu mwaka w’i 107.

Kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro 1859, niho Charbel Makhlouf yahabwa ubusaserdoti. Araheza amara imyaka 16 ari umumonaki mu kigo citiriwe umweranda Maroun w’i Annaya. Hanyuma ahava arasaba umukuru w’ico kigo uruhusha rwo kubaho ari wenyene mu gice c’ico kigo cagenewe aba-eremite. Aronse urwo ruhusha yaciye abaho mu gacerere n’ukwisonzesha, ahereza imisa, ashengerera isakaramentu ryeranda. Bisubiye kandi yaguma yitaho abakene n’abo bose bamwitura ngo abasabire ku Mana. Abantu baramukunda, bakaza kumusaba impanuro kuko bamufata nk’umweranda.

Charbel Makhlouf yitavye Imana kw’igenekerezo rya 24 Kigarama, umwaka w'i 1898, amaze imyaka 23 ari umumonaki w‘umu-eremite. Yari yumije imyaka 70 y’amavuka, nka Nikola w’i Flue.

Mu misi umunani ya nyuma yamaze imbere y’uko ashengera, yagumye asubiramwo aya majambo y’inkuka y’imisa : ?Dawe Nyen’ukuri, nguy’Umwana wawe, Incungu nyayo igushimisha”.

 

III.   NIKOLA W'I FLUE NA CHARBEL MAKHLOUF : ABA-EREMITE BERANDA B’AMAHORO

Umuntu aravye uko ibintu vyagiye biraba mu buzima bwabo Beranda be n’ivyashitse bamaze kwitaba Imana asanga abo ba-eremite babiri babaye abanyamahoro muri bo be no mu buzima bwabo hamwe n‘abandi.

 

III.1.-Nikola w’i Flue : umweranda w’isi yose

·          Nikola w’i Flue : Umucamanza w’intungane n‘ingingo

Amaze gutorwa ngo abe umucamanza, Nikola w’i Flue yamye arondera kwumvikanisha abantu n’abandi, yarondera gutunganiriza abamwituye. Imbere ya vyose yama arondera ko abari mu matati bumvikana.

·         Nikola w’i Flue : Umuhuza abushitse

Mu mwaka w’i 1481, Abaswise bari bashamiraniye, bagira batane mu mitwe ku buryo bari guca basambura igihugu basekuru babo bari bubatse kuva 1291 – uwo mwaka niho intara zambere ziri hagati na hagati zava hasi zikiganzura umwami w'aba Habsburg yabacura bufuni na buhoro. Impera n’imperuka, niho umwe mu bari mu nama yariko igirirwa ahantu hitwa i Stanz, yaja kurondera Nikola w’i Flue, akamusaba ko yoza kubahanura. Uwo nawe yari umupatiri akaba n'umugenzi wa Nikola w’i Flue.

Nikola w’i Flue arateba aremera, araza kubahanura kugeza aho abumvikanisha. Abari muri iyo nama kaminuza barahejeje bavaho batoreye umuti ibibazo bari bafise hagati yabo ; maze bavaho bishinze kubandanya kwumvikana no kwubakira hamwe igihugu cabo. Aho gutabagurana, bavanye igihugu c’Ubuswise cungutse izindi ntara [Leta] zibiri n’ubu zikiri mu zikigize [nazo ni Fribourg na Soleure].

Nikola w’i Flue amaze kuja kwiherera ubutacisubirako, abantu benshi, harimwo abakuru bakuru muri Ekleziya no mu batwara ibihugu vyari bikomeye ico gihe, bama baza kumusaba impanuro iyo hari ibibazazaniye.

·         Nikola w’i Flue : igihangange mu vyiyumviro bijanye n'amahoro n’ubumenyi bw'ivy'Imana

Kuri we, amahoro yama imisi yose mu Mana, akomoka ku Mana, agasubira ku Mana: Imana ni Mahoro. Amahoro atuma abayafise nabo nyene bagana Imana. Iki ciyumviro kirahambaye: raba icegeranyo c’ivyiyumviro bijanye ku rupapuro rukuirikira.

·         Nikola w’i Flue : Umuvunyi w’Amahoro kw’isi yose, uhereye ku gihugu camwibarutse c'Ubuswise. Benshi baranavuga ko yakingiye igihugu c’Ubuswise mu gihe c‘intambara yo kw’isi yose igira kabiri.

·         Nikola w’i Flue ni umuvunyi w’ingo, yitaho mu buryo budasanzwe abubakanye batabana nk'uko we vyamushikiye be na Doroteya.

Nikola Mweranda akwiriye kwitugwa n’isi yose; ingeso n’imigenzo vyiwe bishobora kubera akarorero benshi. Mu buzima bwiwe yabaye :

 

Umurimyi n’umworozi w‘iteka

Umukozi wa Leta n’umunyepolitike,

Umu-eremite

Serugo abushitse

Umuhanuzi n’Umuhuza

Umunywanyi w’Imana

Umuntu yicisha bugufi

Umuntu yabona kure muri kazoza

Umuvuzi w’imitima

 

Umuremeshamahoro

 

 

Umwe mu banditsi bo mu Buswise, Heinrich Federer, yavuze ati : « Furera Nikola – niko kenshi bakunda kwita Nikola w’i Flue- arakomeye cane k’uburyo tudashobora kumwigungana mu Buswise ».

 

III.2 – Charbel Makhlouf

 

Icatangaje abantu bose ni uko Charbel Maklhouf amaze kwitaba Imana, umubiri wiwe wagumye umeze nkuko wari uri umusi ashengera. N’umwambaro wiwe w’ubumonaki kwabaye uko nyene, kiretse ko wari umeze nk’uko boba bawuvayanze mu maraso. Ivyo vyagaragaye igihe bugurura uruhapfu bamushinguyemwo, bariko barondera ibimenyetso vy’uko bomushira mu rutonde rw’abatoni barindiriye kugigwa aberanda. Basanze kandi umubiri wiwe uvamwo ibintu bimeze nk’amaraso avanze n’amavuta.

Kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu 1977, Nyenubweranda Papa Paulo VI yemeje ko Charbel Makhlouf yinjiye icese mu gihari c’Aberanda b’Ekleziya Gatolika :

-         akaba ari akarorero kadasanzwe mu kubaho nk'uko Yezu Kristu yabigenjeje,

-         yabayeho mu mahoro, atekanye, abaje bamugana kumuhanuza, bataha nabo nyene batekaniwe.

-         Ni umweranda adasanzwe wa Ekleziya yo mu Buseruko

-         akaba n’Umuhuza w’ukwumvikanisha ibice vy’isi yose vyo mu Buseruko no mu Burengero. Ico gihe ivyo bice vy’isi murazi ko vyari bishamiranye bimwe bidasanzwe, ku buryo umuntu yama yibaza ati mbega ni ryari bizohava bitana mu mitwe, inganda zigatikira !

Turetse ibijanye n’umubiri wiwe be n’amaraso yawuvamwo inyuma y’aho yitabiye Imana, hariho n‘ibindi bitangaro bijanye na Charbel Makhlouf. Hari cane cane abantu benshi bakize ingwara zidasanzwe kandi zananiranye zari zibarembeje, bamwe bamwe mbere zari zanabasinzikaje.

Uturorero tumwe tumwe muri bwinshi tutari budondagure :

o    Hari umupfasoni yari yafashwe n’ubwoko bw‘ingwara idakira ya "cancer" yo mu nda. Abaganga bikoze ku miti n’ubuhinga, ntako batari baragerageje, ariko vyari vyarananiranye. Yihebuye, azi ko ata kindi asigaje atari gupfa, hari uwamubwiye kwambaza Charbel Makhlouf ; arabigira hanyuma arakira. Umugabo wiwe nawe nyene agera aho akira ingwara simusiga yari yamufashe.

o    Umudereva w’indege yagize isanganya, indege yiwe itembagarira mu bibuye vyo mu misozi yo hejuru mu bukonje, irasaba. Abo bari kumwe bahise bapfa. Nawe umutwe urasaba, ubwonko burasaba, igice gisohoka hanze. Bamushize ku mutwe amavuta ya Charbel mweranda, ubwonko bwiwe burasubira buraterana, burakira ; yongera arasubira kuvuga.

o    Umusi uri izina basanze ifoto yiwe yivanze mu mafoto yafashwe n’umugwi w’abantu bari baje kumwambaza kandi atigeze yifotoza na rimwe. Iyo foto niyo yabaye isanamu yiwe.

 

IV.  ABO BERANDA HARI ICO BODUFASHAMWO ?

 

1.     Mu buzima bwacu, icambere na mbere abo beranda botumarira ni ukutubera akarorero keza. Umwe wese muri twebwe ashobora kugira ico afatiyeko mu buzima bwiwe, kugira ngo ahinduke, arorane n’Imana kandi agire amahoro muri we no mu bandi. Gutyo agaca afatira aho mu kwambaza Imana no mu kuyikorera.

 

2.     Nikola w’i Flue yari umunega abushitse, yama yitaho urugo rwiwe. Batubwira ko yama akorana ubwira; urugo rwiwe rwari rwifashe, rumeze neza, ruhimbaye. Be n'umugenzi wiwe Doroteya bama bashize hamwe mu vyo bakora, na cane cane mu gutunganya urugo rwabo, kugeza n’igihe Nikola afata ingingo y’uko ava mu rugo akaja kwihererana n’Imana ubutacisubirako – ingingo itari yoroshe na gatoya ! Benshi ubu bavuga bati: Nikola Imana yaramufashije mu ku muha kubakana na Doroteya, ahandiho ivyo yaranguye, ntiyari kubirangura nkuko yabigize. Turavye neza mu mico y’Ikirundi be n’ukubaka rukiristu, hari vyinshi Nikola na Doroteya bashobora kudufashamwo.

3.     Turavye ukuntu Nikola w'i Flue yumva amahoro, tumwambaje azodufasha kuronka ituze n’itekane mu mitima no mu ngo zacu, mbere no mu gihugu cose. Kanatsinda kugira amahoro muri twebwe, mu ngo, mu vyacu no mu bacu niyo nkingi y'amahoro abushitse.

4.     Ku rwego rw‘Igihucu cacu, Nikola w’i Flue mweranda ashobora gufasha igihugu cacu kurondera uko cova mu ngorane n’indyane twamamwo, maze tukogorora nka kurya Abaswise babigize, mu 1481, bakwirikije impanuro abahaye.

5.     Abajejwe amabanga y’ubwoko bunyuranye bashobora kumwambaza kugira ngo abafashe kwigira inama n’ingigo nkuko nawe yabigize mu mabanga yarimwo, igihe yari mu bategeka Leta avukamwo canke igihe yari umucamanza.

 

6.     Charbel Makhlouf yari umuntu yifata ruto kandi yama atekanye. Uko gutekana kwiwe yagukura ku Mana, kwamufasha guhumuriza abahahamutse baje bamugana, baje kumutura ibibabangamiye. Yari yihebeye Imana bwegu kugira ngo ayiyegereze mu gacerere ka misi yose. Abamwituye basubira inyuma batunganiwe. Natwe rero, haba mu buzima bwacu bwa misi yose, haba mu mabanga tujejwe mu buryo bunyuranye, dushobora kwambaza Nikola w'i Flue na Charbel Beranda ngo badusabire ku Mana kugirango dushobore kwigira inama n'ingingo nkuko nabo babigize mu mabanga yabo, kugirango dushobore kugira amahoro no kuyaremesha mu bandi imisi yose, kugirango kandi twame twibuka ko ayo mahoro akomoka ku Mana, kandi ko Imana ari Mahoro yacu abushitse.

 

V.      IGISABISHO CA NIKOLA MWERANDA W’I FLUE

 

mukama wanje, mana yanje,

nkuramwo ibishobora kunyigiza kure yawe vyose,

mukama wanje, mana yanje,

mpa ibishobora kukunyegereza vyose

mukama wanje, mana yanje,

mfasha nshobore kwivako jewe nyene

kugira ngo ndakwihereze wese

amen.

 

VI.     IGISABISHO CA CHARBEL MAKHLOUF

 

MANA MUSHOBORAVYOSE,

UGIZWE N'ABAPERESONA BATATU,

WARIHAMAGARIYE CHARBEL MWERANDA

KUGUKORERA MUKUKWIHEBERA,

HANYUMA URAMUHUNDA IMIHEZAGIRO MYINSHI.

UCÎYE KURI WE, WARAGWANYEKO ABAGOWE BENSHI,

WARAKIJIJE ABAGWAYE BENSHI,

WARAHINDUYE ABACUMUZI,

WARAHOJEJE ABABABAYE.

NDEMERA NTAKEKERANYA KO CHARBEL MWERANDA ASHOBORA KUMFASHA MU KUMBERA MU NGORO.

NDAGUTUYE INGESO NZIZA ZIWE, UTWIGORO N'IBISABISHO VYIWE.

NDAGUSAVYE NICISHIJE BUGUFI NGO UMFASHE VUBA MU BINGOYE NO MU BIMBABAZA.

MANA MUSHOBORAVYOSE, NINAHAZA UBUBASHA BWAWE, UBWIZA BWAWE N'UMUSAVYI WAWE CHARBEL MUKWAKIRA IGISABISHO CANJE.

HAMWE NAWE NSHAKA KUGUSHIMIRA N'UMUTIMA WANJE WOSE,

NDAKUNINAHAZE,  NDAGUSENGE

WEWE RUKUNDO

WEWE UGABA UKAGANZA IBIREMWA VYOSE, MU MYAKA YOSE.

 

AMEN.

 

 

To top

ISABUKURU Y’URWARUKA MU NTARA Y’UBUTUMWA YA GITEGA (Kuva ku wa gatatu gushika ku wa gatanu : 6-8/4/2016) (Suivre les détails dans la Page "Paroisses")

To top